Ibibazo vy’abasomyi
Mu Gusubira mu vyagezwe 14:21 havuga hati: “Ntihaze hagire ikintu na kimwe cīpfiriye murya”. Ivyo vyoba bivuguruza ibivugwa mu Balewi 11:40, ahagira hati: “Horamuka har’ūriye ku muvyimba waco, az’amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba”?
Ivyo vyanditswe bibiri ntibivuguruzanya na gato. Ica mbere gisubiramwo itegeko ribuza kurya igikoko basanze capfuye, kumbure icaba cishwe n’inyamaswa (Kuvayo 22:31; Abalewi 22:8). Ikigira kabiri na co gisigura ico Umwisirayeli yari gukora igihe bishitse akarenga kuri iryo tegeko atabishaka.
Ukuba ikintu cari kibujijwe n’Ivyagezwe ntivyasobanura ko bitari gushika ngo hagire uwukirengako. Nk’akarorero, hari amategeko yabuza kwiba, kwica, kwagiriza umuntu ibinyoma, n’ibindi n’ibindi. Muri ico gihe nyene, hariho ibihano ku muntu arenze kuri ayo mategeko yatanzwe n’Imana. Ivyo bihano vyaratuma amategeko agira uburemere kandi bikerekana ukuntu ahambaye.
Umuntu arenze itegeko ribuza kurya inyama z’igikoko basanze capfuye, yari kuba ahumanye mu nyonga za Yehova, bikaba rero vyosavye ko akurikiza ibintu vyose vyakorwa mu bijanye no kwihumanura. Aramutse atihumanuye nk’uko bikwiriye, yategerezwa “[ku]gībgako n’ibigabitanyo vyiwe”.—Abalewi 17:15, 16.