Woba wumva ko ata co umaze?
UWITWA Lena yamaze igice kinini c’ubuzima bwiwe anyinyana n’inyiyumvo zo kwikengera. Yavuze ati: “Imyaka namaze nshurashuzwa nkiri umwana yatumye numva ko ata gaciro kanini mfise. Numva yuko ata co maze na gato”. Uwitwa Simone na we, atereje amaso inyuma akibuka ubuto bwiwe, avuga ati: “Muri jewe numva yuko hari ikintu kinini mbuze, nkumva kandi yuko ata gaciro mfise”. Umubabaro mwinshi uva kuri mwene izo nyiyumvo usa n’uwukwiye hose muri iki gihe. Ishirahamwe rimwe riha impanuro imiyabaga biciye kuri telefone rivuga yuko hafi igice c’ababakura bavuga yuko “baguma bumva ko ata co bamaze”.
Nk’uko abahinga bamwebamwe babivuga, umuntu atangura kwumva yuko ata co amaze igihe abandi bamushize hasi. Izo nyiyumvo zirashobora gutsimbatara mu muntu igihe yama atatirwa, anebagurwa birenze urugero canke igihe yama acurwa bufuni na buhoro. Ico vyovako cose, inkurikizi zavyo zirashobora guca umuntu inkokora mbere zikanamugirira nabi. Ivyigwa biherutse kugirwa mu vy’ubuvuzi vyerekanye yuko abantu bafise inyiyumvo zo kwikengera usanga bafise impengamiro yo kutiyizigira no kutizigira abandi, gutyo bagasanga bononye ubucuti bwa hafi be n’ubugenzi bwa hafi bafitaniye n’abandi. Raporo yavuye muri ivyo vyigwa ivuga iti: “Ni nk’aho ivyo batinya cane ko vyobashikira ari vyo nyene baba biteye”.
Abantu biyumva muri ubwo buryo akenshi barashikirwa n’ico Bibiliya yita “ivyiyumviro bidurumbanya” (Zaburi 94:19, NW). Bumva yuko ata co bokwigera bashobora gukora neza. Igihe hari ikintu kitagenze neza, baca bitako umwikomo. Naho abandi bobakeza ku vyo bashitseko, imbere muri bo bumva umengo ivyo bakoze ni ibintu vy’uruhendo bizoteba bigahinyurwa. Abenshi, kubera yuko bibwira ko badakwiriye kugira umunezero, baca bagira inyifato ibagirira nabi, bakumva ko badashobora kuyikosora. Umwe Lena twavuga mu ntango, yahavuye atangura kuza arafungura nabinabi bitumwe n’ukwikengera, kandi yiyemera ati: “Numva ata co nshoboye guhindura”.
None abantu banyinyana n’ivyo “vyiyumviro bidurumbanya” boba ata co bazopfa bashoboye guhindura? Hoba hari icokorwa kugira ngo umuntu atsinde mwene izo nyiyumvo? Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako be n’impanuro ngirakimazi zafashije benshi gutsinda urwo rugamba. Zimwezimwe muri izo ngingo ngenderwako ni izihe, kandi zafashije gute abafise iyo ngorane kuronka umunezero? Ikiganiro gikurikira kirabitwereka.