Genda urongorwa n’ukwizera, nturongorwe n’ivyo ubona!
“Tugenda turōngōrwa n’ukwizera, ntiturōngōrwa n’ivyo tubona”.—2 Ab’i Korinto 5:7.
1. Ni igiki cerekana ko intumwa Paulo yagenda arongorwa n’ukwizera aho kurongorwa n’ivyo abona?
NI MU mwaka wa 55 G.C. Haraheze nk’imyaka 20 umugabo yahora yitwa Sauli abaye umukirisu, akaba yarahama abakirisu. Ntiyaretse ngo ukwizera Imana kwiwe kuje kuragabanuka canke kuragoyagoya uko igihe kirengana. Naho nyene ata bintu vyo mw’ijuru yiboneye n’amaso yiwe, arashikamye mu kwizera. Ni co gituma igihe intumwa Paulo yandikira abakirisu basizwe bari bafise icizigiro co kuja mw’ijuru, yavuze ati: “Tugenda turōngōrwa n’ukwizera, ntiturōngōrwa n’ivyo tubona”.—2 Ab’i Korinto 5:7.
2, 3. (a) Twerekana gute ko tugenda turongorwa n’ukwizera? (b) Kugenda umuntu arongorwa n’ivyo abona bisobanura iki?
2 Kugenda turongorwa n’ukwizera bisaba ko twizigira tugaherezako yuko Imana ifise ubushobozi bwo kuyobora ubuzima bwacu. Dutegerezwa kujijuka neza ko vy’ukuri izi ivyotubera vyiza kuruta ibindi (Zaburi 119:66). Igihe dufata ingingo mu buzima be n’igihe tuzishira mu ngiro, turisunga “ibitabonwa” (Abaheburayo 11:1). Muri ivyo harimwo rya “juru risha n’isi nsha” vyasezeranywe (2 Petero 3:13). Kugenda turongorwa n’ivyo tubona vyovyo bisobanura ko dukurikirana ingendo igengwa gusa n’ivyo tumenyeshwa n’ibihimba vy’umubiri bidufasha kumenya ibidukikije. Aho harimwo akaga kubera ko bishobora kudushikana ku kwibagira gaputi ivyo Imana igomba.—Zaburi 81:12; Umusiguzi 11:9.
3 Twaba turi abo mu “busho buto” bahamagariwe kuja mw’ijuru canke turi abo mu “zindi ntama” bafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi, umwe wese muri twebwe akwiye gushira ku mutima iyo mpanuro yo kugenda turongorwa n’ukwizera aho kurongorwa n’ivyo tubona (Luka 12:32; Yohana 10:16). Nimuze turabe ukuntu gukurikiza iyo mpanuro yahumetswe bidukingira ugutwarwa n’‘uguhimbarirwa ivyaha kw’akanya gato’, bikanadukingira kugwa mu mutego wo guhahamira amaronko be no kwibagira ko umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu wegereje. Turaza kandi kwihweza akaga kari mu kugenda turongorwa n’ivyo tubona.—Abaheburayo 11:25.
Twiyamirize ‘uguhimbarirwa ivyaha kw’akanya gato’
4. Musa yahisemwo iki, kandi kubera iki?
4 Iyumvire ubuzima Musa, umuhungu wa Amuramu, yari gushobora kugira. Kubera ko Musa yari yarerewe hamwe n’abana b’umwami mu Misiri, yari gushobora kugira ububasha, ubutunzi, akaba n’umwubahwa. Musa yari gushobora kwiyumvira ati: ‘Narize cane mu bijanye n’ubwenge buvugangwa bwo mu Misiri, kandi ndi umugabo w’ijunja n’ijambo. Ndamutse ngumye mu bo mu nzu y’i bwami, noshobora gukoresha ikibanza mfise ku neza y’Abaheburayo benewacu bacurwa bufuni na buhoro!’ (Ivyakozwe n’intumwa 7:22). Aho kwiyumvira gutyo, Musa yahisemwo “kugiriranwa nabi n’abantu b’Imana”. Uti kubera iki? Ni igiki catumye Musa aheba ibintu vyose yari kuronka mu Misiri? Bibiliya yishura iti: “Ukwizera ni kwo kwatumye [Musa] ava muri Egiputa, ntiyatinya uburake bg’umwami, kuko yashikamye nk’ah’abona Ītaboneka” (Abaheburayo 11:24-27). Ukwizera Musa yari afise adakekeranya yuko Yehova azomuha impera ku bw’ukugororoka kwiwe, kwaramufashije kurwanya icaha n’ibihimbaro vyaco vy’akanya gato.
5. Ivyo Musa yakoze bituremesha gute?
5 Na twebwe nyene kenshi turakenera gufata ingingo zikomakomeye ku bijanye n’ibibazo nk’ibi: ‘Noba nkwiye kuvavanura n’ingeso canke imigenzo iteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? Noba nkwiye kwemera akazi biboneka ko kondonsa ubutunzi yamara kakambuza gutera imbere mu vy’impwemu?’. Akarorero ka Musa karaturemesha kutagira amahitamwo aranga ukubona hafi kw’iyi si. Dukwiye nyabuna kugaragaza ko twizeye ubukerebutsi burimwo ukubona kure bw’“Ītaboneka”, na yo ikaba ari Yehova Imana. Nka kumwe kwa Musa, ese twoha agaciro ukugiranira ubucuti na Yehova kuruta ikindi kintu ico ari co cose iyi si yotanga!
6, 7. (a) Esau yerekanye gute ko yashimye kugenda arongorwa n’ivyo abona? (b) Ni akarorero akahe ko kutuburira dukura kuri Esau?
6 Musa yari atandukanye na Esau, umuhungu w’umwe sokuruza Isaka. Esau yashimye ukuryoherwa kw’akanya gato (Itanguriro 25:30-34). Kubera ko Esau “[ataha] agaciro ibintu vyeranda” (NW), yarahevye uburenganzira yari afise bwo kuba samuragwa, abukaba “ingaburo imwe” (Abaheburayo 12:16). Yarananiwe n’ukurimbura ukuntu ingingo afashe yo kugurisha uburenganzira bwiwe bwo kuba samuragwa yogize ingaruka mbi ku bucuti yari afitaniye na Yehova, canke kurimbura ico ivyo yagira akore vyari guhindura ku ruvyaro rwiwe. Yari abuze ukubona ibintu mu buryo bw’impwemu. Esau yariyobagije imihango y’agaciro Imana yari yarasezeranye, ayibona nk’iyitagira agaciro. Yagenda arongorwa n’ivyo abona, ntiyarongorwa n’ukwizera.
7 Esau aratubera akarorero ko kutuburira muri iki gihe (1 Ab’i Korinto 10:11). Igihe tugomba gufata ingingo, zaba izihambaye canke izidahambaye, ntidukwiye kwigera dutwarwa na poropagande y’isi ya Shetani, iyivuga ngo ikintu umuntu yipfuza ategerezwa kukironka ubu nyene. Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Hoba hari impengamiro nk’iza Esau zoba zibonekeza mu ngingo mfata? Ukuntu ndondera ivyo nshaka kwoba gutuma ivy’impwemu ndabiherereza inyuma? Amahitamwo ngira yoba ariko ashira mu kaga ubucuti mfitaniye n’Imana be n’impera nzoronka muri kazoza? Ni akarorero nyabaki ndiko mpa abandi?’. Nimba amahitamwo tugira yerekana ko duha agaciro ibintu vyeranda, Yehova azoduhezagira.—Imigani 10:22.
Twirinde umutego wo guhahamira amaronko
8. Ni imburi iyihe abakirisu b’i Lawodikiya bahawe, kandi ni kubera iki na twebwe idufitiye akamaro?
8 Mu vyo intumwa Yohani yahishuriwe mu mpera z’ikinjana ca mbere, Yezu Kirisitu yaninahajwe yararungikiye ubutumwa ishengero ry’i Lawodikiya muri Aziya Ntoya. Bwari ubutumwa bubaburira ku bijanye n’uguhahamira amaronko. Naho abakirisu b’i Lawodikiya bari batunze mu vy’umubiri, mu vy’impwemu hoho bari baracupiye. Aho kubandanya kugenda barongorwa n’ukwizera, bararetse amatungo yo mu buryo bw’umubiri arabahuma amaso mu buryo bw’impwemu (Ivyahishuriwe 3:14-18). No muri iki gihe guhahamira amaronko bigira ingaruka nk’izo nyene. Biratuma ukwizera kwacu kugoyagoya, bikanatuma duheba ‘gusiganirwa ubuzima twihanganye’ (Abaheburayo 12:1). Tutabaye maso, ‘ibihimbaro vyo mu buzima’ birashobora gupfukiranya ibikorwa vyo mu vy’impwemu gushika n’aho ‘binyohwa’.—Luka 8:14.
9. Ukubumbwa n’ivyo dufise hamwe n’ugukenguruka ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu, bidukingira gute?
9 Akabanga ko gukingirwa mu vy’impwemu, ni ukubumbwa n’ivyo dufise aho gukoresha cane iyi si no kwirundaniriza amatungo y’ivy’umubiri (1 Ab’i Korinto 7:31; 1 Timoteyo 6:6-8). Igihe tugenda turongorwa n’ukwizera aho kurongorwa n’ivyo tubona, turaronkera umunezero mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. Iyo dufunguye ku bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu, ntiduca none twumva ‘turirimbishijwe n’umunezero wo mu mitima’ (Yesaya 65:13, 14)? Vyongeye, turanezerwa no kwifatanya n’abantu bagaragaza ivyamwa vy’impwemu y’Imana (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Ese ukuntu bihambaye yuko ivyo Yehova atanga vyo mu buryo bw’impwemu bitumara akanyota kandi bikaturuhurira!
10. Ni ibihe bibazo dukwiye kwibaza?
10 Vyoba vyiza twibajije ibi bibazo: ‘Ibintu vy’umubiri ndabiha ikihe kibanza mu buzima bwanje? Ibintu vy’umubiri ntunze, noba ndabikoresha mu kwinezereza canke mu guteza imbere ugusenga kw’ukuri? Ni ibiki numva bimpimbaye kuruta ibindi? Kwoba ari ukwiga Bibiliya no kwifatanya n’abandi ku makoraniro ya gikirisu canke ni ukumara impera z’imishamvu nibereye mu bindi nkareka kurangura amabanga njejwe ya gikirisu? Noba ntegekanya impera z’imishamvu nyinshi zo kwiruhura aho gukoresha mwene ako kanya mu busuku bwo mu ndimiro no mu bindi bikorwa bijanye n’ugusenga gutyoroye?’. Kugenda turongorwa n’ukwizera bisobanura ko tuguma dufise vyinshi dukora mu gikorwa c’Ubwami, twizigiye duherejeko ivyo Yehova yasezeranye.—1 Ab’i Korinto 15:58.
Tugume tubona ko umuhero uri hafi
11. Kugenda turongorwa n’ukwizera bidufasha gute kuguma tubona ko umuhero uri hafi?
11 Kugenda turongorwa n’ukwizera biradufasha kwamirira kure ukubona ibintu mu buryo bw’umubiri ngo umuhero uracari kure nk’ukwezi, canke ngo ntuzokwigera uza. Twebwe ntitumeze nka ba bantu bakekeranya, basuzugura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Turabona ukuntu ibiba mw’isi bihuye n’ivyo Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ku vyerekeye iki gihe turimwo (2 Petero 3:3, 4). Nk’akarorero, uravye agatima abantu muri rusangi bagaragaza be n’ukuntu bigenza, ntuca none ubona ko turi mu “misi y’iherezo” (2 Timoteyo 3:1-5)? Dukoresheje amaso y’ukwizera, turabona yuko ibintu biriko biraba ubu mw’isi atari ibipfa gushika nk’uko vyamye. Ahubwo nyabuna ni ibigize “ikimenyetso . . . c’ukuhaba kwa [Kirisitu] n’ic’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu”.—Matayo 24:1-14; gereranya na NW.
12. Amajambo ya Yezu yanditswe muri Luka 21:20, 21 yarangutse gute mu kinjana ca mbere?
12 Rimbura ibintu vyabaye mu kinjana ca mbere mu gihe cacu, bisa n’ivyo muri iki gihe. Igihe Yezu Kirisitu yari ng’aha kw’isi, yaburiye abayoboke biwe ati: “Ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ubuyobe bgaho bugira bushike. Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, kand’abazoba bari hagati muri Yerusalemu baze bahasokoroke” (Luka 21:20, 21). Ubwo buhanuzi bwarangutse igihe ingabo z’Abaroma zirongowe na Cestius Gallus zakikuza Yeruzalemu mu 66 G.C. Ariko rero izo ngabo zariyonjoroye ata wari avyiteze, bica bibera ikimenyetso abakirisu bari ng’aho, bibaha n’akaryo ko ‘guhungira ku misozi miremire’. Mu 70 G.C., ingabo z’Abaroma zaragarutse, ziratera igisagara ca Yeruzalemu zongera zirasenyagura urusengero rwaho. Uwitwa Josèphe avuga ko Abayuda barenga umuliyoni bahasize agatwe, abashika 97.000 na bo bajanwa mu bunyagano. Imana yarashikije urubanza rwayo kuri urwo runkwekwe rw’ivy’Abayuda. Ico gihe abantu bagenda barongorwa n’ukwizera maze bakumvira imburi ya Yezu, bararokoye igufa.
13, 14. (a) Ni ibiki vyimirije gushika? (b) Ni kubera iki dukwiye kwama tureretse iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya?
13 Hari ikintu gisa n’ico kigiye gushika muri iki gihe cacu. Abo mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU bazogira uruhara mw’ishitswa ry’urubanza rw’Imana. Nk’uko nyene ingabo z’Abaroma zo mu kinjana ca mbere zari zashiriweho kubungabunga ico bise Pax Romana (Amahoro y’Abaroma), ni ko n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryo muri iki gihe ryashiriweho kuba igikoresho co kubungabunga amahoro. Naho ingabo z’Abaroma zagerageje kuzana agahengwe mw’isi yari izwi ico gihe, ni zo zakoreshejwe mu gusangangura Yeruzalemu hagasigara ari umusaka. No muri kino gihe, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekana ko ibihugu vya rutura bikomeye mu vya gisirikare bihurikiye mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU bizobona idini nk’ikintu kigorana, bice bikuraho Yeruzalemu ya none, ni ukuvuga amadini y’abiyita abakirisu, hamwe n’imice yose isigaye ya Babiloni Hahambaye (Ivyahishuriwe 17:12-17). Emwe, inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma uko yakabaye, ni kabiri na rimwe igasangangurwa.
14 Isangangurwa ry’idini ry’ikinyoma rizoba yo ntango y’amarushwa ahambaye. Mu mpera y’ayo marushwa ahambaye, imice izoba isigaye y’uru runkwekwe rw’ibintu rubi izosangangurwa (Matayo 24:29, 30; Ivyahishuriwe 16:14, 16). Kugenda turongorwa n’ukwizera biratuma tuguma tureretse iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Ntiduhendwa ngo twiyumvire ko Imana izokoresha ishirahamwe na rimwe ryashinzwe n’umuntu, nka rya Shirahamwe mpuzamakungu ONU, mu kuzana amahoro n’umutekano nyakuri. Ivyo none ntibikwiye gutuma twerekana mu buryo tubayeho yuko twajijutse ko “umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi”?—Zefaniya 1:14.
Ni akaga akahe kari mu kugenda turongorwa n’ivyo tubona?
15. Naho ihanga rya Isirayeli ryiboneye imihezagiro y’Imana, ni umutego uwuhe ryaguyemwo?
15 Ivyashikiye Isirayeli ya kera birerekana akaga kari mu kureka ukugenda turongorwa n’ivyo tubona kugatuma ukwizera kwacu kugoyagoya. Naho Abisirayeli bari bariboneye vya vyago cumi vyatetereza imana zo mu Misiri, bakanibonera ingene bahabuzwa mu buryo bw’akumiza bacishijwe mu Kiyaga Gitukura, nticabujije ko bahingura n’ubugarariji n’akantu imasa y’inzahabu bagatangura kuyisenga. Ntibagumije umutima, bituma barambirwa no kurindira Musa, kuko ngo yari “atevye kur’uwo musozi, atamanutse” (Kuvayo 32:1-4). Ukutihangana kwatumye basenga ikigirwamana babona n’amaso. Ukugenda barongowe n’ivyo babona kwaratukishije Yehova kwongera gutuma hapfa abantu “nk’ibihumbi bitatu” (Kuvayo 32:25-29). Ese ukuntu bibabaje iyo umuntu asenga Yehova muri iki gihe agize amahitamwo yerekana ko atizigira Yehova be n’uko atizigira ubushobozi afise bwo gushitsa ivyo yasezeranye!
16. Ibiboneka inyuma vyateje ingorane gute Abisirayeli?
16 Ibiboneka inyuma vyarateje ingorane Abisirayeli mu bundi buryo. Kugenda barongorwa n’ivyo babona vyatumye bajugumira imbere y’abansi babo (Guharūra 13:28, 32; Gusubira mu vyagezwe 1:28). Vyatumye barwanya ubukuru Musa yahawe n’Imana, baranidogera ukuntu babayeho. Ukwo kubura ukwizera kwatumye bashima kwisubirira mu Misiri, igihugu cari ciganziwe n’amadayimoni, bakirutisha ca Gihugu c’Isezerano (Guharūra 14:1-4; Zaburi 106:24). Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba yarababaye igihe yabona ukutubaha kw’agahomerabunwa abasavyi biwe bagaragarije Umwami wabo ataboneka!
17. Mu misi ya Samweli, ni igiki catumye Abisirayeli banka ubuyobozi bwa Yehova?
17 No mu misi y’umuhanuzi Samweli, ihanga rya Isirayeli ryari ryaratoneshejwe, ryaraguye mu mutego wo kugenda rirongorwa n’ivyo ribona. Abantu batanguye kwipfuza kuganzwa n’umwami bashobora kubona. Naho Yehova yari yarerekanye ko ari Umwami wabo, kuri bo ivyo ntivyabaye ibihagije ngo bitume bagenda barongorwa n’ukwizera (1 Samweli 8:4-9). N’ubupfu n’akantu, baranse ubuyobozi butagira akanenge bwa Yehova, bahitamwo kumera nk’amahanga yari abakikuje, baba bikuye amata mu kanwa.—1 Samweli 8:19, 20.
18. Ni ivyigwa ibihe dushobora gukura ku kaga kari mu kugenda turongorwa n’ivyo tubona?
18 Twebwe abasavyi ba Yehova bo muri kino gihe, turafatana uburemere ubucuti bwiza dufitaniye n’Imana. Turashashaye gukura ivyigwa ku vyabaye muri kahise, ivyo vyigwa tugaheza tukabishira mu ngiro mu buzima bwacu (Abaroma 15:4). Igihe Abisirayeli bagenda barongorwa n’ivyo babona, baribagiye ko Imana ari yo yabayobora ibicishije kuri Musa. Tutabaye maso, na twebwe nyene turashobora kwibagira yuko Yehova Imana hamwe na Musa Mukuru ari we Yezu Kirisitu ari bo bayobora ishengero rya gikirisu muri kino gihe (Ivyahishuriwe 1:12-16). Dutegerezwa kugaba ngo ntitubone umuce wo kw’isi w’ishirahamwe rya Yehova nk’uko abantu babona ibintu. Hamwe twowubona gutyo, vyohava bituma tugira agatima ko kwidoga maze ntitube tucubaha abaserukira Yehova canke ngo dukenguruke imfungurwa zo mu vy’impwemu zitangwa na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”.—Matayo 24:45.
Niwiyemeze kugenda urongorwa n’ukwizera
19, 20. Wiyemeje gukora iki kandi kubera iki?
19 Bibiliya ivuga iti: “Abo tunigana [si] ab’inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru” (Abanyefeso 6:12). Umwansi wacu mukuru ni Shetani wa Mucokoranyi. Intumbero afise ni iyo gusenyura ukwizera Yehova kwacu. Ntazogisha iciyumviro na kimwe coshobora kutujijura ngo duhebe ingingo twafashe yo gukorera Imana (1 Petero 5:8). Ni igiki kizodukingira kugira ngo ntiduhendwe n’ibiboneka inyuma vy’urunkwekwe rwa Shetani? Ni ukugenda turongorwa n’ukwizera aho kurongorwa n’ivyo tubona! Kwizera no kwizigira ivyo Yehova yasezeranye bizoturinda ‘gusāba nk’ubwato mu vy’ukwizera kwacu’ (1 Timoteyo 1:19). Nimuze rero twiyemeze kubandanya tugenda turongorwa n’ukwizera, twizigiye duherejeko yuko Yehova azoduhezagira. Ese kandi twoguma dusenga ngo tuzokire ibintu vyose biraririye gushika muri kazoza ka vuba!—Luka 21:36.
20 Turafise akarorero keza ntangere mu vyo kugenda turongorwa n’ukwizera aho kurongorwa n’ivyo tubona. Bibiliya ivuga iti: ‘Kirisitu yarabababarijwe, abasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe’ (1 Petero 2:21). Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ukuntu twobandanya kugenda nk’uko yagenda.
Woba uvyibuka?
• Wigiye iki ku karorero ka Musa be n’aka Esau ku bijanye n’ukugenda urongorwa n’ukwizera aho kurongorwa n’ivyo ubona?
• Akabanga ko kwirinda guhahamira amaronko ni akahe?
• Kugenda turongorwa n’ukwizera bidufasha gute kwirinda kubona ko umuhero ukiri kure nk’ukwezi?
• Ni kubera iki kugenda turongorwa n’ivyo tubona harimwo akaga?
[Ifoto ku rup. 17]
Musa yagenda arongorwa n’ukwizera
[Ifoto ku rup. 18]
Ukwiruhura kwoba gukunda kukubuza gukora ibikorwa vya gitewokarasi?
[Ifoto ku rup. 20]
Ugutega yompi Ijambo ry’Imana kugukingira gute?