Ibibazo vy’abasomyi
Gukina udukino tw’ubukazi two kuri orodinateri vyoba bishobora kwonona ubucuti umuntu afitaniye na Yehova?
Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yanditse ati: “Uhoraho asuzuma abagororotsi: arik’umunyakibi n’ūkunda [“ubukazi, umutima wiwe vy’ukuri”, NW] urabanka” (Zaburi 11:5). Ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryahinduwe ngo “kwanka” rishobora gusobanura “umwansi”. Ku bw’ivyo rero, umuntu wese akunda ubukazi aba ariko yigira umwansi w’Imana. Ikibazo gica kivyuka rero ni iki: Gukina udukino tumwetumwe two kuri orodinateri vyoba bishobora gutuma umuntu akunda ubukazi?
Udukino two kuri orodinateri tw’ubukazi, duhayagiza ivyo gukoresha ibirwanisho. Akenshi twigisha nyene kudukina ubuhinga bwo kurwana. Ikinyamakuru kimwe (The Economist) cavuze giti: “Udukino two kuri orodinateri ni two ahanini abasoda bo muri Amerika bakoresha mu kwimenyereza. Udukino tumwetumwe tugenewe abasoda usanga n’abasivile bashobora kuturonka”.
Ego ni ko, abantu bakina udukino tw’ubukazi two kuri orodinateri ntibaba bariko baragirira nabi abantu bazima. Ariko none, kuba bahisemwo ukwinezereza bene ukwo, vyerekana iki ku bijanye n’ikiba kiri mu mitima yabo (Matayo 5:21, 22; Luka 6:45)? Wokwiyumvira iki ku muntu yahora akunda ivyo gucumita imbugita abantu batabaho, kubarasa, kubakomeretsa bimwe bibi canke kubica? Bite hoho igihe uwo muntu yoba yahora amara amasaha n’amasaha ku ndwi ku ndwi ariko araraba ivyo bintu vy’ubukazi aryohewe, gushika n’aho utwo dukino duhakwa kumugira umuja watwo? Uko biri kwose, ntiwobura kwiyumvira ko yariko aratsimbataza ugukunda ubukazi, nka kurya nyene n’umuntu araba ivyerekana ubushegabo aba ariko aratsimbataza ivyipfuzo vy’ubuhumbu.—Matayo 5:27-29.
Yehova yanka ukungana iki umuntu akunda ubukazi? Dawidi yavuze ko Yehova ‘vy’ukuri amwanka’. Mu misi ya Nowa, Yehova yarerekanye ukuntu urwo yanka abakunda ubukazi rungana. Yehova yabwiye Nowa ati: “Ndamaramaje guherengeteza abari n’umubiri bose, kukw isi yuzuye [“ubukazi”, NW] kubgabo; nuko nzobarandurana n’isi” (Itanguriro 6:13). Imana y’ukuri yararanduye isi nzima y’abantu kubera inzira zabo z’ubukazi. Yazigurije Nowa n’umuryango wiwe bonyene, ni ukuvuga abantu umunani batakunda ubukazi.—2 Petero 2:5.
Abipfuza kuba abakunzi ba Yehova ‘inkota zabo bazivunjavunjamwo amasuka, amacumu yabo na yo bakayavunjavunjamwo inkero’. Aho kwiga gukunda ubukazi, “nti[bi]ga kurwana ukundi” (Yesaya 2:4). Kugira ngo tugume turi abakunzi b’Imana aho gucika abansi bayo, dutegerezwa ‘kuzibukira ibibi, tugakora ivyiza’. Turakeneye ‘kurondera amahoro kandi tukayakurikira’.—1 Petero 3:11.
Twokora iki nka hamwe twoba dusanzwe dukina udukino tw’ubukazi two kuri videwo? Ico gihe twoba dukeneye gufata umwiyemezo ntabanduka wo guhimbara Yehova mu guheba gukora ivyo yanka. Nta nkeka dukwiye gusenga kugira impwemu yera y’Imana idufashe kuvavanura n’iyo ngeso yonona mu buryo bw’impwemu. Twoshobora kuyiheba igihe tworeka kamere nk’amahoro, ukumera neza be n’ukwigumya zigatuma tubaho duhuza n’inzira z’Imana.—Luka 11:13; Ab’i Galatiya 5:22, 23.