ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/10 rup. 21-25
  • “Mwame Mugavye”, igihe c’urubanza cashitse!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mwame Mugavye”, igihe c’urubanza cashitse!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni imburi kuri bande?
  • Ubuzima bwawe buriko bwerekeza he?
  • ‘Igihe c’urubanza cashitse’!
  • Ntiwigere wibagira ko ibintu vyihutirwa!
  • “Mwame Mugavye”!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Kubera iki dukwiye ‘kuguma turi maso’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • ‘Igihe c’urubanza’ cashitse
    Mwame Mugavye!
  • “Mwame Mugavye”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/10 rup. 21-25

“Mwame Mugavye”, igihe c’urubanza cashitse!

Amayagwa ari muri iki kiganiro co kwiga ashingiye kuri ka gatabu Mwame mugavye!, kasohowe ku mahwaniro y’intara yabaye hirya no hino kw’isi mu mwaka wa 2004 ushira uwa 2005.

“Mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako”.​—MATAYO 24:42.

1, 2. Yezu yasanishije neza ukuza kwiwe n’iki?

WOKORA iki nka hamwe womenya ko hari igisuma kigenda comboka kigenzwa no kwiba, kikagenda gisenya inzugi z’ababanyi? Kugira ngo ukingire abawe hamwe n’ibintu utunze, woguma urikanuye, ugavye. Erega nakare igisuma ntikibanza kurungika ikete ngo kimenyeshe igihe kizozira. Ahubwo riho, kiza ku ruyeri ku rwenge, ata wari avyiteze.

2 Incuro zitari nke, Yezu yaratanze ibigereranyo afatiye ku kuntu igisuma gikora (Luka 10:30; Yohana 10:10). Ku vyerekeye ibintu vyobaye mu gihe c’iherezo imbere y’uko Yezu aza gushitsa urubanza, yatanze imburi ati: “Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako. Arikw ibi mubimenye: iyaba nyen’urugo yar’asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw inzu yiwe yimbga” (Matayo 24:42, 43). Urabona rero ko Yezu yasanishije ukuza kwiwe n’ugushika kw’igisuma: yoje igihe ata wuvyiteze.

3, 4. (a) Twokwumvira gute imburi Yezu yatanze yerekeye ukuza kwiwe? (b) Ni ibibazo ibihe bivyuka?

3 Ico kigereranyo cari kibereye, kubera ko igenekerezo nyezina Yezu yoziriyeko ata worimenye. Imbere y’aho, muri ubwo buhanuzi nyene, Yezu yavuze ati: “Arik’uwo musi cank’iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’Umwana w’Imana, atari Data gusa” (Matayo 24:36). Ni co gituma Yezu yahimirije abamwumviriza ati: “Mwame mwiteguye” (Matayo 24:44). Abumvira imburi ya Yezu bokwiteguye, bakigenza mu buryo bubereye, bataravye igihe yoziriyeko gushitsa urubanza rwa Yehova.

4 Hariho ibibazo bihambaye bica bivyuka: None imburi Yezu yatanze yoba iraba gusa abantu b’isi, canke n’abakirisu b’ukuri barakeneye na bo nyene ‘kwama bagavye’? Ni kubera iki bihambaye ko ‘twama tugavye’, kandi ivyo twobigira gute?

Ni imburi kuri bande?

5. Tuzi dute ko imburi yo ‘kwama tugavye’ iraba abakirisu b’ukuri?

5 Ni ivy’ukuri ko Umukama azoza nk’igisuma ku bantu b’isi biziba amatwi ntibumvire imburi yerekeye agatikizo kimirije (2 Petero 3:3-7). Ariko none, abakirisu b’ukuri bobo bite? Intumwa Paulo yandikiye abo basangiye ukwizera ati: “Ubganyu mu[ra]zi neza yuk’umusi w’Umwami wacu uzoza nk’ukw igisuma kiza mw ijoro” (1 Ab’i Tesalonike 5:2). Nta makenga dufise mu mizirikanyi yacu yuko ‘umusi wa Yehova uzoza’. Ariko none ivyo vyoba bikwiye gutuma dufata minenegwe ivy’uko dukeneye kwama tugavye? Uramenya yuko abigishwa ba Yezu ari bo yabwiye ati: “Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye” (Matayo 24:44, ni twe dushimitse.). Imbere y’aho, igihe Yezu yariko ahimiriza abigishwa biwe kubandanya kurondera Ubwami, yabagabishije ati: “Mwame mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye” (Luka 12:31, 40, ni twe dushimitse.). Ntibitomoye none yuko Yezu yariko yiyumvira abayoboke biwe igihe yatanga imburi ati: “Mwame mugavye”?

6. Ni kubera iki dukeneye ‘kwama tugavye’?

6 Ni kubera iki dukeneye ‘kwama tugavye’ no ‘kwama twiteguye’? Yezu yasiguye ati: “Abagabo babiri bazoba mu murima, umwe azojanwa, uwundi arekwe. Abagore babiri bazoba bariko barasēra hamwe ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi arekwe” (Matayo 24:40, 41). Abazoboneka ko bagumye biteguye ‘bazojanwa’, canke bazorokoka, igihe isi itubaha Imana izosangangurwa. Abandi ‘bazorekwa’ basangangurwe kubera ko biberaho bironderera ivyabo. Aho hashobora kuzoba harimwo n’abantu bigeze kumurikirwa mu vy’impwemu mugabo ntibagume bagavye.

7. Kuba tutazi igihe umuhero uzozira biduha akaryo ko gukora iki?

7 Kuba tutazi igenekerezo nyezina umuhero w’uru runkwekwe rushaje uzozira, biraduha akaryo ko kwerekana yuko dukorera Imana tubitumwe n’imvo nziza. Uti gute? Twoshobora kubona umenga umuhero usa n’uwatevye gushika. Ikibabaje, abakirisu bamwebamwe babona ibintu muri ubwo buryo bararetse umwete bari bafise mu murimo wa Yehova urayama. Yamara, mu kwiyegura kwacu, twarishikanye kuri Yehova ata co twisigarije kugira ngo tumusukurire. Abazi Yehova baratahura yuko umwete umuntu azogaragaza ku munuta wa nyuma ata co uzoba uvuze kuri Yehova. Arabona ibiri mu mutima.​—1 Samweli 16:7.

8. Ugukunda Yehova bituvyurira gute umutima wo kwama tugavye?

8 Kubera dukunda Yehova vy’ukuri, turahimbarwa rwose no gukora ivyo agomba (Zaburi 40:8; Matayo 26:39). Vyongeye, dushaka gusukurira Yehova ibihe bidahera. Kuba dutegerezwa kurindira kandi gatoyi kuruta uko twari tuvyiteze imbere y’uko imihezagiro imwimwe iranguka, ntibica bituma ico cizigiro gita agaciro. Ikiruta vyose, tuguma tugavye kubera yuko twiteganye umushasharo ico umusi wa Yehova uzokora mu gushitsa umugambi wiwe. Icipfuzo gikomeye dufise co guhimbara Imana kiratuvyurira umutima wo gushira mu ngiro impanuro yo mw’Ijambo ryayo no gushira Ubwami bwayo mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu (Matayo 6:33; 1 Yohana 5:3). Nimuze turimbure ingene kwama tugavye bikwiye kugira ico bikoze ku ngingo dufata no ku kuntu tubaho ku musi ku musi.

Ubuzima bwawe buriko bwerekeza he?

9. Ni kubera iki bikenewe bimwe vyihutirwa yuko abantu bo mw’isi batahura insobanuro y’ibihe tubayemwo?

9 Abantu benshi muri iki gihe barabona yuko ingorane zikomeye be n’ibintu vy’agacavutu vyama vyabaye ku musi ku musi, bakaba kandi boshobora kuba batanezerejwe n’inzira ubuzima bwabo buriko burajana. Ariko none, boba bazi insobanuro nyakuri y’ibintu biriko birashika kw’isi? Boba batahura yuko tubayeho mu “nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu” (Matayo 24:3, NW)? Boba batahura yuko ukwimonogoza kw’ubwikunzi, ubukazi, eka mbere n’ukutubaha Imana, vyerekana yuko ibi bihe ari “imisi y’iherezo” (2 Timoteyo 3:1-5)? Birakenewe bimwe vyihutirwa yuko bikangura bagatahura insobanuro y’ivyo vyose, bakongera bakarimbura inzira ubuzima bwabo buriko burajana.

10. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo duhere amazinda yuko turi abantu baguma bagavye?

10 Tweho bite? Ku musi ku musi biraba ngombwa ko dufata ingingo zijanye n’akazi dukora, amagara yacu, umuryango wacu be n’ugusenga kwacu. Turazi ivyo Bibiliya ivuga kandi turihatira kubishira mu ngiro. Ku bw’ivyo, vyoba vyiza umwe wese yibajije ati: ‘Noba nararetse imyitwarariko yo mu buzima ikantesha inzira? Noba ndiko ndareka amafilozofiya y’isi, ni ukuvuga ivyiyumviro vyayo, akaba ari yo anshingira amahitamwo ngira?’ (Luka 21:34-36; Ab’i Kolosayi 2:8). Turakeneye kubandanya kwerekana yuko twizigira Yehova n’umutima wacu wose kandi yuko tutishimikiza ubwenge bwacu (Imigani 3:5). Nitwabigira gutyo, ‘tuzocakira ubuzima nyakuri’, ni ukuvuga ubuzima budahera mw’isi nshasha y’Imana.​—1 Timoteyo 6:12, 19.

11-13. Ni igiki dushobora kwigira ku burorero bw’ivyabaye (a) mu misi ya Nowa? (b) mu gihe ca Loti?

11 Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bwo kutuburira bushobora kudufasha kuguma tugavye. Rimbura ivyabaye mu misi ya Nowa. Hagisigaye igihe kirekire ngo Imana ihaguruke, yaritwararitse yuko hatangwa imburi. Mugabo turetse Nowa n’abo mu rugo rwiwe, abantu nta co bitayeho (2 Petero 2:5). Ku bijanye n’ivyo, Yezu yavuze ati: “Uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu kuza kw’Umwana w’umuntu. Kukw ari ko bāri bameze mu misi umwuzure utaribgatere: bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, ntibagira ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose; ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera” (Matayo 24:37-39). Ivyo bitwigisha iki? Nimba muri twebwe hari abariko bareka imyitwarariko y’ivy’isi, washaka n’ibikorwa bisanzwe vyo mu buzima, bikanyoha imirimo y’ivy’impwemu Imana iduhimiriza kugumiza mu kibanza ca mbere, turakeneye kuzirikana ata gufyina ku kuntu ivyacu vyifashe.​—Abaroma 14:17.

12 Zirikana kandi ku gihe ca Loti. Igisagara ca Sodomu, aho Loti n’umuryango wiwe baba, cari gisagamvye mu vy’ubutunzi, ariko cari carageseye mu vyo kwigenza runtu. Yehova yararungitse abamarayika biwe kugira ngo basangangure aho hantu. Nya bamarayika barahimirije Loti hamwe n’umuryango wiwe guhunga bakava i Sodomu kandi ntibarabe inyuma. Babiremeshejwemwo n’abamarayika, baravuye muri ico gisagara. Ariko rero, biboneka ko muka Loti yagumye yiyumvira umuhana wabo i Sodomu. N’ukugambarara n’akantu, yararavye inyuma, bituma ahasiga ubuzima (Itanguriro 19:15-26). Ku bijanye n’igihe kiri imbere, Yezu yatuburiye ati: “Mwibuke muka Loti”. Twoba turiko turumvira iyo mburi?​—Luka 17:32.

13 Abumviye imburi iva ku Mana barazigurijwe. Ukwo ni ko vyagenze kuri Nowa n’umuryango wiwe be no kuri Loti hamwe n’abakobwa biwe (2 Petero 2:9). Uko tuzirikana ku mburi ziri muri ubwo burorero, na twebwe nyene turaremeshwa n’ubutumwa bwerekeye ukurokoka buri muri izo mburi bwagenewe abakunda ukugororoka. Ivyo bituma imitima yacu irushiriza kwitegana icizigiro iranguka ry’umuhango Imana yatanze wo gushiraho “ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo”.​—2 Petero 3:13.

‘Igihe c’urubanza cashitse’!

14, 15. (a) “Igihe” c’urubanza kigizwe n’iki? (b) ‘Gutinya Imana no kuyihimbaza’ bisaba iki?

14 Uko tuguma turi maso, dukwiye kwitega iki? Igitabu c’Ivyahishuriwe kiravuga ibintu bizogenda biraba mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Kwumvira ivyo kivuga birahambaye nimba dushaka kwerekana ko twiteguye. Ubwo buhanuzi buradondora mu buryo butomoye ibintu vyobaye ku “musi w’Umukama”, uwatanguye igihe Kirisitu yimikwa mw’ijuru mu 1914 (Ivyahishuwe 1:10, UB). Mu Vyahishuriwe hatubwira ivy’umumarayika yahawe ‘ubutumwa bwiza butazoshira bwo kubarira abantu’. Avuga n’ijwi rirenga ati: ‘Mutinye Imana kandi muyihimbaze, kuko igihe c’urubanza rwayo cashitse’ (Ivyahishuriwe 14:6, 7). Ico “gihe” c’urubanza ni ikiringo gitoya; kigizwe n’itangazwa be n’ishitswa ry’imanza zidondorwa muri ubwo buhanuzi. Ubu turi muri ico kiringo.

15 Ubu, imbere y’uko igihe c’urubanza kirangira, duhimirizwa uku: ‘Mutinye Imana kandi muyihimbaze’. Ivyo none bisaba iki? Ugutinya Imana kubereye gukwiye gutuma duca kure ikibi (Imigani 8:13). Nimba duhimbaza Imana, tuzoyumvira tubigiranye icubahiro cinshi. Ntituzotwarwa n’ibindi bintu ku buryo tudasoma Ijambo ryayo Bibiliya ubudahorereza. Ntituzofatira mu rwara impanuro itanga yo kwitaba amakoraniro ya gikirisu (Abaheburayo 10:24, 25). Tuzoshima cane agateka ko gutangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana buganzwa na Mesiya, kandi tuzoyitangaza n’umwete. Tuzokwizigira Yehova ibihe vyose, n’umutima wacu wose (Zaburi 62:8). Kubera twemera yuko Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose, turamuhimbaza mu kumuyobokera n’umutima ukunze nka we Segaba w’ubuzima bwacu. Woba vy’ukuri utinya Imana ukongera ukayihimbaza muri ubwo buryo bwose?

16. Ni kubera iki twovuga ko urubanza rwaciriwe Babiloni Hahambaye ruvugwa mu Vyahishuriwe 14:8 rumaze gushitswa?

16 Mu Vyahishuriwe ikigabane ca 14 habandanya kudondora ibindi bintu bibwirizwa gushika muri ca gihe c’urubanza. Babiloni Hahambaye, ni ukuvuga ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, ni yo ivugwa ubwa mbere uku: “Umumarayika wundi wa kabiri akurikirirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye” (Ivyahishuriwe 14:8). Ego cane, twisunze ukuntu Imana ibona ibintu, Babiloni Hahambaye yaramaze gukomvomvoka. Mu 1919 abasavyi ba Yehova basizwe barabohowe bakurwa mu buja bw’inyigisho be n’imigenzo vyo muri Babiloni bimaze imyaka ibihumbi n’ibindi vyiganziye amoko y’abantu n’amahanga (Ivyahishuriwe 17:1, 15). Gutyo bari bashoboye kwitunira ku vyo kuremesha ugusenga kw’ukuri. Kuva ico gihe, inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana iriko iramamazwa kw’isi yose.​—Matayo 24:14.

17. Kuva muri Babiloni Hahambaye bisaba iki?

17 Urubanza Imana yaciriye Babiloni Hahambaye ntirugarukira aho. Isangangurwa ryayo rya nyuma ririmirije (Ivyahishuriwe 18:21). Birumvikana rero kubona Bibiliya ihimiriza abantu aho bari hose iti: “Ni muve i we [ni ukuvuga kwa Babiloni Hahambaye], kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe” (Ivyahishuriwe 18:4, 5). Ni gute tuva muri Babiloni Hahambaye? Ivyo ntibigarukira gusa ku guhagarika imigenderanire iyo ari yo yose twari dufitaniye n’idini ry’ikinyoma. Akosho kayo karigaragariza mu misi mikuru be no mu migenzo bikwiragiye henshi, mu kuntu irekerana ibijanye n’igitsina, mu kuntu ivy’ukwinezereza birangwamwo ubupfumu bigenda birushiriza gukundwa, n’ibindi n’ibindi. Kugira ngo twame tugavye, birahambaye yuko mu vyo dukora no mu vyo umutima wacu wipfuza, dutanga ikimenyamenya c’uko twitandukanije vy’ukuri na Babiloni Hahambaye mu buryo bwose.

18. Turavye ibidondorwa mu Vyahishuriwe 14:9, 10, abakirisu barikanuye biyubara ku biki?

18 Mu Vyahishuriwe 14:9, 10 haradondora uwundi muce w’‘igihe c’urubanza’. Uwundi mumarayika avuga ati: “Ni hagira umuntu asenga ca gikōko n’igishushanyo caco, akemera gushirwakw ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana”. Kubera iki? Kubera yuko “ca gikōko n’igishushanyo caco” bigereranya ubutegetsi bw’abantu butemera ko Yehova ari we Segaba. Abakirisu barikanuye bariyubara kugira ngo mu gatima bafise canke mu vyo bakora, ntiboshwe canke ngo bamere nk’abashizweko ikimenyetso cerekana yuko bajakariye abantu batemera ubusegaba kaminuza bwa ya Mana y’ukuri Yehova. Abakirisu barazi yuko Ubwami bw’Imana bwamaze gushingwa mw’ijuru, yuko buzokuraho ubutegetsi bwose bw’abantu, be n’uko buzokwamaho ibihe bidahera.​—Daniyeli 2:44.

Ntiwigere wibagira ko ibintu vyihutirwa!

19, 20. (a) Uko turushiriza kwinjira mu misi y’iherezo, ni ibiki twomenya neza yuko Shetani azogerageza gukora? (b) Dukwiye kwiyemeza gukora iki?

19 Uko turushiriza kwinjira mu misi y’iherezo, imikazo be n’inyosha mbi ntibizobura kwongerekana. Kubera yuko tuba muri uru runkwekwe rw’ibintu rushaje tukongera tukabangamirwa n’agasembwa kacu bwite, turashikirwa n’ibintu bitandukanye, nk’ukugira amagara mabi, ugusaza, ukubura abacu, akababaro, ukuvunika umutima mu gihe duhura n’abantu batitabira utwigoro tugira mu kwamamaza Ijambo ry’Imana, n’ibindi vyinshi. Ntuze wigere wibagira yuko Shetani ata kindi arota atari ugufatira kuri iyo mikazo idushikira ngo atwoshe gutana n’akabando, ni ukuvuga guhagarika kwamamaza inkuru nziza canke guheba kubaho twisunga ingingo mfatirwako z’Imana (Abanyefeso 6:11-13). Iki si co gihe co guhirahira ngo twibagire ko ibintu vyihutirwa ku bijanye n’ibihe tubayemwo!

20 Kubera ko Yezu yari azi yuko twoshikiwe n’imikazo myinshi irondera gutuma dutana n’akabando, yaduhanuye ati: “Mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako” (Matayo 24:42). Nimuze rero twame tuzi aho tugeze mu bijanye n’igihe. Nimuze tube maso ku mayeri ya Shetani ashobora gutuma tudebukirwa canke tugatana n’akabando. Nimuze twiyemeze kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana n’umwete mwinshi kuruta uko twahora. Uko vyogenda kwose, nimuze tugume tubona ko ibintu vyihutirwa, mu gihe twumvira imburi ya Yezu igira iti: “Mwame mugavye”. Nitwabigira gutyo, tuzotuma Yehova aterwa iteka twongere tube mu bo azohezagira gushika ibihe bidashira.

Wokwishura gute?

• Tuzi dute ko imburi Yezu yatanze yo ‘kwama tugavye’ iraba abakirisu b’ukuri?

• Ni uburorero bwo kutuburira bwo muri Bibiliya ubuhe bushobora kudufasha ‘kwama tugavye’?

• Igihe c’urubanza ni iki, kandi duhimirizwa gukora iki imbere y’uko ico gihe kirangira?

[Ifoto ku rup. 23]

Yezu yasanishije ukuza kwiwe n’ugushika kw’igisuma

[Ifoto ku rup. 24]

Isangangurwa rya Babiloni Hahambaye riregereje

[Ifoto ku rup. 25]

Nimuze twiyemeze kwamamaza n’umwete mwinshi kuruta uko twahora

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika