ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/3 rup. 28-29
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Ishengero nirishemeze Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Umugabo n’umugore—Umwe wese yahawe uruhara ruteye iteka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Woba ugira uruhara mu vyo gutuma amakoraniro ya gikirisu aba ayubaka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Nushigikire bashiki bacu dusangiye ukwemera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/3 rup. 28-29

Ibibazo vy’abasomyi

Intumwa Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko abagore bakwiye ‘gucereza mw’ishengero’?

Paulo yandikiye ishengero ry’abakirisu ry’i Korinto ati: “Nk’uko bimeze mu mashengero yose y’abera, abagore bacereze mw ishengero, kuko batemererwa kuvuga” (1 Ab’i Korinto 14:33, 34). Kugira ivyo tubitahure mu buryo bubereye, vyoba vyiza turimbuye ivyo Paulo yariko aravuga igihe yatanga iyo mpanuro.

Mu 1 Ab’i Korinto ikigabane ca 14, Paulo yaraciye irya n’ino ibijanye n’amakoraniro y’ishengero rya gikirisu. Yaravuze ivyari bikwiye kuganirwako kuri mwene ayo makoraniro yongera aravuga ukuntu yari akwiye kurongorwa (1 Ab’i Korinto 14:1-6, 26-34). Vyongeye, yarashimitse ku ntumbero y’amakoraniro ya gikirisu, iyo na yo ikaba ari iyo “kugira ngw ishengero ryubakwe”.​—1 Ab’i Korinto 14:4, 5, 12, 26.

Impanuro Paulo yatanze yo ‘gucereza’ canke ‘guhora’ iboneka ahantu hatatu mu 1 Ab’i Korinto ikigabane ca 14. Hamwehamwe hose, ihabwa imigwi y’abantu itandukanye yo mw’ishengero, yamara hose itangwa ku bw’impamvu imwe: kugira ngo “vyose bitungane neza, birorane”.​—1 Ab’i Korinto 14:40.

Ubwa mbere, Paulo yavuze ati: “Ni haba harih’abavuga ururimi rutamenyekana, havuge babiri canke batatu, badasāga, kandi bavuge bakurikirana, hagire ūbisobanura. Ariko ni haba hatarih’ūbisobanura, ūvuga urutamenyekana acereze mw ishengero, yibgire, kand’abgire Imana” (1 Ab’i Korinto 14:27, 28, ni twe dushimitse.). Ivyo ntivyashaka kuvuga yuko umuntu nk’uyo atari kwigera akurako umunwa ku makoraniro, ahubwo vyasobanura ko hari ibihe yari akwiye gucereza. Nakare, ya ntumbero y’amakoraniro, imwe yo kuremeshanya, ntiyoshitsweko aramutse avuze mu rurimi ata n’umwe yumva.

Ubwa kabiri, Paulo yavuze ati: “Abavugishwa n’Imana bavuge ari babiri canke batatu, abandi babigenzure. Arik’uwundi yicaye ni yagira ic’ahishūrirwa, uwabanje ahore” (Ni twe dushimitse.). Ivyo ntivyashaka kuvuga yuko uwuvugishwa n’Imana wa mbere yategerezwa kwirinda kuvuga ku makoraniro, ahubwo vyasobanura ko hari ibihe yabwirizwa guhora canke gucereza. Maze, uwaba afise ivyo yahishuriwe ku gitangaro yarashobora kubwira ishengero, gutyo ya ntumbero y’ikoraniro, imwe y’uko ‘bose baremeshwa’, ikaba yobaye ishitsweko.​—1 Ab’i Korinto 14:26, 29-31.

Ubugira gatatu, Paulo yabwiye abagore bakirisu bonyene. Yavuze ati: “Abagore bacereze mw ishengero, kuko batemererwa kuvuga. Ariko baganzwe” (1 Ab’i Korinto 14:34, ni twe dushimitse.). Ni kubera iki Paulo yahaye iryo tegeko abavukanyikazi? Yaribahaye kugira ngo mw’ishengero hagume urutonde. Avuga ati: “Kandi ni hagira ico bagomba kwiga, babarize abagabo babo i muhira, kuko biteye isoni k’umugore avuga mw ishengero”.​—1 Ab’i Korinto 14:35.

Abavukanyikazi bamwebamwe bashobora kuba bararwanya ivyavugwa mw’ishengero. Iyo mpanuro Paulo yatanze yarafashije abavukanyikazi kwamirira kure mwene ako gatima ko gutera umuvurungano maze baremera bicishije bugufi ikibanza bafise mu ndinganizo ya Yehova ijanye n’ubukuru, canecane ku bijanye n’abanega babo (1 Ab’i Korinto 11:3). Vyongeye, abavukanyikazi, mu kuguma bacereje, bobaye berekanye ko batipfuza kuba abigisha mw’ishengero. Igihe Paulo yandikira Timoteyo, yarerekanye ko bitobaye bibereye ko umugore arangura uruhara rwo kuba umwigisha mw’ishengero. Yavuze ati: “Ariko sinkundira umugore ko yigisha canke kw aganza umugabo, arikw atekereze”.​—1 Timoteyo 2:12.

Ivyo vyoba none bisobanura ko umugore mukirisu ategerezwa kutigera akurako umunwa mu gihe c’ikoraniro rya gikirisu? Habe namba. Mu gihe ca Paulo, hari ibihe abagore bakirisu, kumbure basunitswe n’impwemu yera, wasanga basenga bakongera bakavugishwa mw’ishengero. Mu bihe nk’ivyo, baremera icese ikibanza bafise mu kwitwikira mu mutwea (1 Ab’i Korinto 11:5). Vyongeye, mu gihe ca Paulo, abavukanyikazi n’abavukanyi bahimirizwa kwatura ivyizigiro vyabo, bikaba ari na ko biri muri iki gihe (Abaheburayo 10:23-25). Turetse ko abavukanyikazi batura ivyizigiro vyabo mu busuku bwo mu ndimiro, baratura ivyo vyizigiro vyabo bakongera bakaremesha abandi mu makoraniro y’ishengero mu gutanga insasanuro ziyumviriwe neza mu gihe baba basabwe kuzitanga, no mu kwemera kugira uruhara mu myerekano canke mu biganiro bishikirizwa n’abanyeshure.

Ku bw’ivyo, abagore bakirisu ‘baracereza’ mu kwirinda kugerageza kurangura uruhara rwega abagabo no kwigisha ishengero. Ntibavyura ibibazo bizana ibihari vyoshobora guhigisha ubukuru bw’abigisha abandi mw’ishengero. Mu kurangura uruhara rubereye bafise mw’ishengero, abavukanyikazi bakirisu baba bagize ikintu kinini baterereye kugira ngo habe amahoro, aho “vyose [mu makoraniro y’ishengero] bikorw[a] kugira ngw abantu bakomezwe”.​—1 Ab’i Korinto 14:26, 33.

[Akajambo k’epfo]

a Mu bihe vya none, abavukanyikazi bahumuye barakurikiza ako karorero iyo bibaye ngombwa ko basubirira umugabo yabatijwe mu bijanye n’ivy’ishengero, bivuye ku kuntu ibintu vyifashe.​—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2002, urupapuro rwa 26.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika