ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/5 rup. 13-16
  • Woba ufise “ubushizi bg’amanga”?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ufise “ubushizi bg’amanga”?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni igiki kidufasha kwamamaza turi n’ubushizi bw’amanga?
  • Kwamamaza dushize amanga
  • Igihe twigisha
  • Igihe dutura amasengesho
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Tuvuge amajambo ‘meza yubaka’
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • ‘Nuvuge Ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba uri “akarorero . . . mu mvugo”?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/5 rup. 13-16

Woba ufise “ubushizi bg’amanga”?

ABANTU barenga imiliyoni zitandatu bo mu bihugu 235 barafise ico Bibiliya yita “ubushizi bg’amanga” (Ab’i Filipi 1:20; 1 Timoteyo 3:13; Abaheburayo 3:6; 1 Yohana 3:21). None “ubushizi bg’amanga” busobanura iki? Ni ibiki bidufasha kugira ubushizi bw’amanga? Ni mu mice iyihe ubwo bushizi bw’amanga budufasha kuvuga ata bwoba?

Igitabu kimwe c’inyizamvugo c’uwitwa Vine (Expository Dictionary of Old and New Testament Words) kivuga yuko ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ubushizi bg’amanga” risobanura “ukugira umwidegemvyo wo kuvuga, ukuvuga utarya umunwa, . . . ukuvuga ata bwoba. Ku bw’ivyo, ririmwo iciyumviro c’ugushira umutima mu nda, kugira umutima rugabo urangwa ubuntu, kugira uburindutsi, atari mu bijanye gusa n’ukuvuga”. Ariko rero, ubwo bushizi bw’amanga ntibukwiye kwitiranywa n’ukutiyubara mu kuvuga canke kutavugana urupfasoni. Bibiliya ivuga iti: “Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana” (Ab’i Kolosayi 4:6). Kuvugana ubushizi bw’amanga birimwo ukuguma dukoresha ubugenge, tutareka ngo ibintu bitesha umutwe canke ugutinya abantu bitubuze kuvuga.

Ubushizi bw’amanga coba ari ikintu mvukanwa? Rimbura ivyo intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Efeso. Yavuze ati: “Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera”. Paulo yongeyeko yuko biciye kuri Yezu Kirisitu “duh[ab]wa ubushizi bg’ubgoba no gushikīra Imana tuyizigiye, kubgo kumwizera” (Abanyefeso 3:8-12). Ubushizi bw’ubwoba, canke ubushizi bw’amanga, si ikintu mvukanwa. Ahubwo riho tuburonka biciye ku bucuti tugiranira na Yehova Imana bushingiye ku kwizera Yezu Kirisitu. Reka turabe ivyodufasha kugira ubushizi bw’amanga be n’ukuntu dushobora kubugaragaza igihe twamamaza, igihe twigisha be n’igihe dutura amasengesho.

Ni igiki kidufasha kwamamaza turi n’ubushizi bw’amanga?

Yezu Kirisitu ni we karorero ruheta mu bijanye n’ugushira amanga. Umwete yari afise watuma atagisha uturyo two kwamamaza yaronka. Haba igihe yaba aruhutse, igihe yaba ariko yihereza udufungurwa ku muhana w’umuntu kanaka, canke igihe yaba ariko aragenda mu nzira, ntiyigera agisha akaryo na kamwe ko kuvuga ivy’Ubwami bw’Imana. Kaba agatyekezo canke ukurwanywa mu buryo bwibonekeza, nta na kimwe cateye ubwoba Yezu ngo abure kugira ico avuze. Ahubwo riho, yararindutse arashira ku kabarore indongozi z’idini z’ikinyoma zo mu gihe ciwe (Matayo 23:13-36). Mbere n’igihe yafatwa akongera agasambishwa, Yezu yavuganye umutima mu nda ata bwoba.​—Yohana 18:6, 19, 20, 37.

Intumwa za Yezu na zo nyene zaragize ubushizi bw’amanga. Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., Petero yaravuganye ubushizi bw’amanga imbere y’isinzi ry’abantu barenga 3.000. Igitangaje ni uko imisi mikeyi imbere y’aho, vyari vyarashitse aratekerwa n’ubwoba igihe umusukukazi umwe yamenya uwo ari we (Mariko 14:66-71; Ivyakozwe n’intumwa 2:14, 29, 41). Igihe Petero na Yohani barengutswa imbere y’indongozi z’idini, ntibaciye basha coba. Ata gutinya, barashingiye intahe Yezu Kirisitu uwari amaze kuzuka, babigiranye ubushizi bw’amanga. Nkako, kuba Petero na Yohani barashize amanga ni vyo vyatumye izo ndongozi z’idini zimenya ko abo bagabo bari barabanye na Yezu (Ivyakozwe n’intumwa 4:5-13). Ni igiki none cabafashije kuvugana ubushizi bw’amanga gutyo?

Yezu yari yarasezeraniye intumwa ziwe ati: “Babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muvuga n’ingene muzokivuga, kukw ivyo muvuga muzobihabga mur’ako kanya. Kukw atazoba ari mwebge muvuga, azoba ari [im]pwemu [y]a So [i]vugira muri mwebge” (Matayo 10:19, 20). Impwemu yera ni yo yafashije Petero be n’abandi gutsinda isoni canke ubwoba vyari gushobora gutuma batavugana ubushizi bw’amanga. Iyo nguvu ikomeye irashobora na twebwe nyene kudufasha.

Bitayeko, Yezu yarashinze abayoboke biwe igikorwa co guhindura abantu abigishwa. Vyari bibereye ko abashinga ico gikorwa narirya ari we yahawe “ububasha bgose mw ijuru no mw isi”. Kandi, ‘ari kumwe na bo’ (Matayo 28:18-20). Kuba abigishwa bo mu ntango bari bazi ko Yezu abashigikiye, vyatuma bagumana umutima mu nda igihe baba babangamiwe n’abategetsi bari biyemeje kubabuza kwamamaza (Ivyakozwe n’intumwa 4:18-20; 5:28, 29). Na twebwe nyene, kuba tuzi ko Yezu adushigikira birashobora kudufasha.

Mu gushira ahabona ikindi kintu gituma tugira ubushizi bw’amanga, Paulo yaravuze amajambo yerekana ko hariho isano hagati y’icizigiro be n’“ubushizi bw’amanga bwinshi” (2 Ab’i Korinto 3:12, NW; Ab’i Filipi 1:20). Kubera yuko ubutumwa butanga icizigiro bwari bwiza cane ku buryo abakirisu batari kubwigumizamwo, bategerezwa kububwira abandi. Vy’ukuri, icizigiro dufise ni imvo imwe ituma dushira amanga.​—Abaheburayo 3:6.

Kwamamaza dushize amanga

Dushobora gute kwamamaza dushize amanga n’igihe tuba turi mu bintu vyoshobora gutuma duhagarika umutima? Rimbura akarorero k’intumwa Paulo. Igihe yari apfungiwe i Roma, yarasavye abakirisu bagenziwe ngo bamusabire kugira ngo ‘ahabwe [“ububasha bwo gukurako umunwa”, UB], asigure ashize amanga nk’uko bimubereye kuvuga’ (Abanyefeso 6:19, 20). Ayo masengesho yoba yarishuwe? Me! Igihe Paulo yari agipfunzwe, yarabandanije “[‘kwamamaza ubwami’, NW] bg’Imana . . . ashize amanga rwose, ata wumubuza”.​—Ivyakozwe n’intumwa 28:30, 31.

Gukoresha neza uturyo turonka two gushinga intahe ku kazi, kw’ishure, canke igihe turi ku rugendo, birashobora kwerekana nimba dufise ubushizi bw’amanga. Kugira amasoni, gutinya uko abantu bovyakira, canke kwumva umengo ntitubishoboye vyoshobora gutuma tudakurako umunwa. No muri ivyo nyene, intumwa Paulo aratanga akarorero keza. Yanditse ati: “[Twarashize] amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi” (1 Ab’i Tesalonike 2:2). Kwiheka kuri Yehova ni vyo vyatumye Paulo ashobora gukora ivyo atari kwishoboza we ubwiwe.

Isengesho ryarafashije umukenyezi umwe yitwa Sherry kuvugana ubushizi bw’amanga igihe yaronka akaryo kizanye ko gushinga intahe. Umusi umwe, igihe yari arindiriye ko umunega wiwe agaruka avuye kuraba uwo bari bahanye isango, yarabonye umugore na we nyene yari n’uwo arindiriye. Sherry yavuze ati: “N’ikigumbagumba cinshi, narasavye Yehova ngo amfashe kugira umutima rugabo”. Igihe Sherry yegera uwo mugore, yagiye abona umupasitori umwe wo mu babatisite abatuyeko amaguru. Sherry ntiyari yiteze guhura n’umukuru wo mw’idini nk’uwo. Yamara rero, yarasubiye gutura isengesho maze arashobora gushinga intahe. Yarasigiye uwo mugore ibitabu bongera baravugana ukuntu bosubira kubonana. Igihe dukoresheje neza uturyo turonka two gushinga intahe, turashobora guhera amazinda yuko kwiheka kuri Yehova bizodufasha kuvuga dushize amanga.

Igihe twigisha

Ubushizi bw’amanga burafitaniye isano cane n’ukwigisha. Ku bijanye n’abagabo ‘bakora neza igikorwa c’ibango ryabo’ mw’ishengero, Bibiliya ivuga iti: “Bīronkera igishingo ciza n’ubushizi bg’amanga bginshi mu kwizera Kristo Yesu” (1 Timoteyo 3:13). Ubwo bushizi bw’amanga baburonka mu gushira mu ngiro ubwabo ivyo bigisha abandi. Iyo babigenjeje gutyo, biraheza bigakingira ishengero bikongera bikarikomeza.

Igihe tugize ubushizi bw’amanga muri ubwo buryo, impanuro dutanga zirarushiriza kuba ngirakamaro kandi bikoroha cane ko zikurikizwa. Ico gihe, abumviriza bararemeshwa n’ukuntu ubwacu dushira mu ngiro ivyo turiko tubigisha. Ariko mu gihe tutoba tubishitsa neza, boca basamazwa n’ukuba tudatanga akarorero keza. Ubwo bushizi bw’amanga butuma abakwije ibisabwa mu vy’impwemu bashobora ‘kubogora umuvukanyi wabo’, imbere y’uko ingorane afise ikomera (Ab’i Galatiya 6:1, NW). Igihushanye n’ivyo, igihe umuntu adatanga akarorero keza, yoshobora gutinya kugira ico avuze, akumva umengo we ntakwiye no gukurako umunwa. Guteba gutanga impanuro ikenewe vyoshobora kuvamwo ingaruka z’agahomerabunwa.

Kuvugana ubushizi bw’amanga ntibisobanura kuba umuntu atorana amahinyu, yemeza abandi ivyiyumviro vyiwe ku nguvu, canke adakurwa kw’ijambo. Paulo yarahimirije Filemoni “kubg’urukundo” (Filemoni 8, 9). Kandi biboneka ko ivyo Paulo yamubwiye vyagize ikintu ciza bivamwo. Vy’ukuri, igihe cose umukurambere ashatse gutanga impanuro, urukundo ni rwo rukwiye kumuvyurira umutima wo kubigira.

Nta gukeka ko kuvugana ubushizi bw’amanga bihambaye cane igihe umuntu aba agomba gutanga impanuro. Ariko kandi, birahambaye no mu bindi bihe. Paulo yandikiye ishengero ry’i Korinto ati: “[“Mfise ubushizi bw’amanga bwinshi ku biberekeye”, NW], ndabirata cane” (2 Ab’i Korinto 7:4). Paulo ntiyabura gukeza abavukanyi n’abavukanyikazi biwe igihe baba babikwiriye. Urukundo yakunda abo basangiye ukwizera rwatuma yibanda cane kuri kamere zabo nziza, naho yaba azi utunenge bafise. No muri iki gihe, ishengero rya gikirisu usanga ryubakwa mu gihe abakurambere bakunda cane gukeza no kuremesha abavukanyi n’abavukanyikazi babo.

Abakirisu bose, kugira ngo babe abigisha kirumara, barakeneye kugira ubushizi bw’amanga. Umwe Sherry twamaze kuvuga, yaripfuje kuremesha abana biwe gushinga intahe kw’ishure. Ubwiwe yiyemerera ati: “Naho narerewe mu kuri, ni gake nashinga intahe kw’ishure. Kandi, ni gake cane nshinga intahe akaryo kizanye. Nibajije nti: ‘Mbega ndiko mpa akarorero akahe abana banje?’”. Ivyo vyatumye Sherry arushiriza kugira akigoro ko kwamamaza akaryo kizanye.

Ni vyo, abandi barihweza ivyo dukora, kandi iyo bishitse ntidukore ivyo twigisha, barabibona. Ku bw’ivyo rero, nimuze tugire ubushizi bw’amanga mu kwihatira guhuza ivyo tuvuga n’ivyo dukora.

Igihe dutura amasengesho

Ubushizi bw’amanga burahambaye canecane mu bijanye n’amasengesho dutura Yehova. Turashobora kubwira Yehova ibiri mu mutima ata co twinona, twizigiye tudakeka ko yumva amasengesho tumutura kandi ko azoyishura. Gutyo, turahimbarwa no kugiranira na Dawe wa twese wo mw’ijuru ubucuti bwa hafi burangwa igishika. Ntidukwiye kwigera dutinya kwiyegereza Yehova, twibaza yuko ata co tumaze na gato. Tuvuge iki none nk’igihe kwiyagiriza kubera ikosa canke icaha kanaka twakoze bitubuza kumuserurira ibiri mu mutima? Twoba na ho nyene dushobora kwiyegereza Segaba w’ibiriho vyose umutima uri mu nda?

Ikibanza kiri hejuru Yezu afise bwa Muherezi Mukuru gituma tugira iyindi mvo yo gutura amasengesho umutima uri mu nda. Mu Baheburayo 4:15, 16 dusoma duti: “Umuherezi mukuru dufise, [si] ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze. Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye”. Uca ubona rero agaciro k’urupfu rwa Yezu be n’ak’uruhara arangura bwa Muherezi Mukuru.

Mu gihe twihatira kugamburukira Yehova, tuba dufise imvo yumvikana yo kwizigira ko azotwumvira. Intumwa Yohani yanditse ati: “Abo nkunda, imitima yacu iy’itadutsindishije, turashira ubgoba imbere y’Imana; kand’ico dusaba cose tugihabga na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo”.​—1 Yohana 3:21, 22.

Kwiyegereza Yehova ata co twinona igihe tumutura amasengesho, bisobanura ko dushobora kumubwira ico ari co cose dufise ku mutima. Ubwoba ubwo ari bwo bwose twoba dufise, ibituraje ishinga vyose, imyitwarariko dufise yose, canke ibiduhagaritse umutima vyose, turashobora kuvyaturira Yehova, twizigiye ko atazoraba hirya nitwamutura amasengesho avuye ku mutima. Naho twoba twakoze icaha gikomeye, ukwiyagiriza ntigukwiye gutuma tudaserura mw’isengesho ibiri mu mutima nimba twigaye vy’ukuri.

Ingabirano y’ubushizi bw’amanga duhabwa tutari tubibereye ni iy’agaciro koko. Iyo ngabirano ituma dushobora kuninahaza Imana mu gikorwa turangura co kwamamaza no kwigisha, tukongera tukarushiriza kuyiyegereza mw’isengesho. Nimuze ‘ntidute ubushizi bw’amanga bwacu, uburi n’impera ikomeye’, iyo na yo ikaba ari ubuzima budahera.​—Abaheburayo 10:35.

[Ifoto ku rup. 13]

Intumwa Paulo yavugana ubushizi bw’amanga

[Ifoto ku rup. 15]

Kugira umuntu yigishe mu buryo kirumara bisaba ko agira ubushizi bw’amanga

[Ifoto ku rup. 16]

Kugira ubushizi bw’amanga igihe dutura amasengesho birahambaye cane

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika