Twoba vy’ukuri turi mu “misi y’iherezo”?
IBINTU bidasanzwe biba mu mice ibiri y’ubuzima biradufasha kubona ico Bibiliya yita imisi y’iherezo. Ivyanditswe biravuga ibintu vyoshitse mu gihe c’“insozero y’ivy’isi” (Matayo 24:3, NW). Bibiliya iravuga kandi ibijanye n’amahinduka mu vy’inyifato z’abantu bo mu “misi y’iherezo” no mu vyo bobaye bakora.—2 Timoteyo 3:1.
Ibiba mw’isi hamwe n’inyifato be n’ingeso vy’abantu, biremeza ko turi mu misi y’iherezo be n’uko Ubwami bw’Imana bugiye kuzanira abakunda Imana imihezagiro yamaho. Duhere ku kwihweza ibintu bitatu nyamukuru Yezu yavuze ko vyoranze imisi y’iherezo.
“Itanguriro ryo kuramukwa”
Yezu yavuze ati: “Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami; amapfa no kunyiganyiga kw’isi bizobaho henshi”. Yongeyeko ati: “Ivyo vyose n’itanguriro ryo kuramukwa” (Matayo 24:7, 8). Nimuze turimbure “ivyo vyose” kimwekimwe ukwaco.
Abantu amasinzi barahitanywe n’intambara be n’indyane zishingiye ku moko muri iki kinjana giheze. Raporo yagizwe n’incabwenge zo mu kigo kimwe (Institut worldwatch) ivuga iti: “Abantu basize ubuzima mu ntambara mu kinjana [ca 20] baruta incuro zitatu abahitanywe n’intambara zose zabaye kuva mu kinjana ca mbere G.C. gushika mu 1899”. Umwanditsi umwe yitwa Jonathan Glove, mu gitabu yanditse (Humanity—A Moral History of the Twentieth Century), avuga ati: “Mu kiringo co guhera mu 1900 gushika mu 1989, haharurwa ko intambara zoba zarahitanye nk’abantu imiliyoni 86. . . . Abapfiriye mu ntambara zo mu kinjana ca mirongo ibiri babaye benshi cane ku buryo usanga bigoye gutahura. Tuvuze ko abantu bagiye barapfa ku rugero rungana muri ico kiringo cose, ntivyoba bihuye n’ivyabaye koko, kubera yuko nk’ibice bibiri kuri bitatu vy’abapfuye (ni ukuvuga imiliyoni 58) biciwe muri za ntambara zibiri z’isi yose zonyene. Ariko rero, dufashe ko abo bantu boba bagiye barapfa ku kanya ku kanya muri ico kiringo, intambara yobaye yahitana nk’abantu 2.500 ku musi ku musi, ni ukuvuga abantu barenga 100 kw’isaha mu myaka mirongo icenda”. Niwibaze intuntu be n’umubabaro ivyo bitegerezwa kuba vyarateye abantu amamiliyoni babuze incuti n’abagenzi?
Naho kw’isi himbuka ibifungurwa vyinshi, mu bintu biranga imisi y’iherezo harimwo amapfa. Abashakashatsi bavuga yuko muri iyi myaka 30 iheze umwimbu wongerekanye kuruta uko abantu bongerekanye. Ariko rero, henshi kw’isi hariho amapfa kubera ko abantu benshi badafise aho barima hakwiye canke amahera ahagije yo kugura ibifungurwa. Mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, abantu nk’umuliyaridi umwe n’imiliyoni amajana abiri babeshwaho n’amahera angana n’idolari rimwe ry’Abanyamerika (nk’igihumbi c’amarundi) ku musi canke ari munsi yaryo. Muri abo, abantu nk’imiliyoni 780 bamana inzara. Nk’uko Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) ribivuga, ugufungura nabi kuri mu bintu nyamukuru bihitana abana barenga imiliyoni zitanu ku mwaka ku mwaka.
Tuvuge iki ku bijanye n’ivyari vyaravuzwe ku vyerekeye ukunyiganyiga kw’isi? Nk’uko Urwego rugira ubushakashatsi mu vy’ubutaka rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rubivuga, ufashe ibinyamugigima vyose vyabaye, wovuga ko kuva mu 1990 gusa, ku mwaka ku mwaka hagiye haraba ibinyamugigima 17 bikomeye ku buryo bisenyura inyubakwa. Muri rusangi, nta mwaka wijanye hadateye ibinyamugigima bikomeye ku buryo bituma inyubakwa zicika ubunywenywe. Ikindi gitabu kivuga giti: “Vya nyamugigima vyahitanye abantu ibihumbi amajana muri iyi myaka 100 iheze”. Kimwe mu bintu bituma ivyo biba, ni uko kuva mu 1914 abantu benshi bagiye barirundaniriza mu bigwati biri ahantu hakarirwa na vya nyamugigima.
Ibindi bintu bihambaye vyobaye
Yezu yavuze ati: ‘Hazoba ibiza biva hamwe bija ahandi’ (Luka 21:11, NW). Muri iki gihe, ni ho ubuhinga mu vy’ubuvuzi bwateye imbere kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Yamara, zaba indwara zimaze igihe kirekire canke indwara nshasha, zirabandanya kwiha inkumbi. Raporo y’urwego rumwe (U.S. National Intelligence Council) ivuga iti: “Indwara mirongwibiri zizwi neza ushizemwo igituntu, malariya na kolera, zarasubiye gutera canke zirakwiragira hirya no hino kuva mu 1973, akenshi zikagaruka zikaze kandi zitakivurwa n’imiti yahora izivura. Hari n’imiburiburi imigera y’indwara 30 yadutse guhera mu 1973, hakaba harimwo umugera wa SIDA, uwa Ebola, uw’indwara y’igitigu yitwa hépatite C be n’umugera w’indwara yitwa Nipah, imiti yazo ikaba itaraboneka”. Nk’uko raporo imwe y’ishirahamwe ry’ugutabara imbabare Croix-Rouge yo ku wa 28 Ruheshi 2000 ibivuga, mu mwaka w’imbere y’uwo, igitigiri c’abantu bahitanywe n’indwara zandukira cararuse nk’incuro 160 igitigiri c’abahitanywe n’ivyago vy’ivyaduka.
‘Ukugwira kw’ubugarariji’ ni ikindi kintu cibonekeje kiranga imisi y’iherezo (Matayo 24:12). Muri iki gihe, mu turere twinshi two kw’isi, usanga abantu badashobora kureka kwugara amazu yabo canke ngo bumve ko ata nkomanzi igihe bari mw’ibarabara mw’ijoro. N’ikindi kandi, twovuga iki ku bijanye n’ingene muri iki gihe hari ugutosekazwa kw’ikirere, ukw’amazi be n’ukw’isi, akenshi bikaba bitosekara kubera ibikorwa bitemewe n’amategeko? Ivyo na vyo nyene biri mw’iranguka ry’ivyo Bibiliya yari yaravuze. Igitabu c’Ivyahishuriwe kiravuga ibijanye n’igihe Imana yashinze co “guhonerezamw’abahonnya isi”.—Ivyahishuriwe 11:18.
Ibiranga abantu bo mu misi y’iherezo
Turakwinginze uzingurure Bibiliya yawe muri 2 Timoteyo 3:1-5 hanyuma uhasome. Intumwa Paulo yandika ati: “Mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye”. Aca rero abandanya avuga kamere 20 zoranze abantu batubaha Imana. Woba umaze kubona zimwezimwe muri izo kamere mu bantu baba mu kibano iwanyu? Raba ibiheruka kuvugwa ku bijanye n’abantu bo muri iki gihe.
“Bikunda gusa” (2 Timoteyo 3:2). [“Ubu, abantu] baguma barondera gukora ivyabo gusa kuruta uko vyigeze kuba. [Bariko] bigira imana kandi biteze ko bafatwa gutyo nyene”.—Ikinyamakuru (Financial Times) co mu Bwongereza.
“Bakunda amahera” (2 Timoteyo 3:2). “Muri iki gihe, agatima karanga ubwikunzi ko guhahamira amaronko gasigaye kiganje kuruta agatima ko kwifata ruto. Iyo mu kibano utaboneka ko utunze, ni nk’aho utari ukwiye no kubaho”.—Ikinyamakuru (Jakarta Post) co muri Indoneziya.
“Batumvira abavyeyi” (2 Timoteyo 3:2). ‘Abavyeyi barateshwa umutwe no kubona akana kabo k’imyaka ine kabategeka nk’aho umengo ni umwami, canke umwana wabo w’imyaka umunani akankama avuga ngo “Ndabanka!”’.—Ikinyamakuru (American Educator) co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
“Bahemuka” (2 Timoteyo 3:2, NW). “Kubona abagabo barushiriza kwipfuza guta abagore n’abana, kumbure ni co kintu nyamukuru cahindutse mu bijanye n’inyifato runtu muri iyi [myaka 40 iheze]”.—Ikinyamakuru (Wilson Quarterly) co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
“Badakunda n’ababo” (2 Timoteyo 3:3). “Ubukazi bubera mu ngo ni co kintu gisigaye ciganje mu buzima bwa misi yose bw’abantu baba hirya no hino kw’isi”.—Ikinyamakuru (Journal of the American Medical Association) co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
“Batigumya” (2 Timoteyo 3:3, NW). “Inkuru nyinshi zisohoka buri gitondo mu binyamakuru zerekana ko abantu batagira ukwigumya, batigenza runtu kandi ko batagirira imbabazi abantu nka bo, eka mbere ntibazigirire bo ubwabo. . . . Ikibano cacu kibandanije kurenza uruho rw’amazi ku bukazi nk’uko biri muri iki gihe, ntikizoteba gucika ikibano aho umwe wese akora ico yishakiye”.—Ikinyamakuru (Bangkok Post) co muri Tayilande.
“Inkazi” (2 Timoteyo 3:3). “Ishavu ata co rivuyeko kandi ridacungerewe usanga rikunda kuboneka mu bantu batwara imiduga, mu bakubagura abandi mu ngo, no mu bakora ivy’ubukazi bitari ngombwa, kenshi bikajana n’ubugizi bwa nabi. Ubukazi bukorwa bitari vyitezwe, ivyo bigatuma abantu babura ico bafata n’ico bareka kandi batagira gitabara”.—Ikinyamakuru (Business Day) co muri Afirika y’Epfo.
“Bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana” (2 Timoteyo 3:4). “Hasigaye hari isekeza ryo kurondera ko abantu bokwishira bakizana mu bijanye n’igitsina, abari muri iryo sekeza bakabona ko inyifato runtu ya gikirisu ari umwansi”.—Ikinyamakuru (Boundless) co kuri Internet.
“Bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo” (2 Timoteyo 3:5). “[Umugore umwe yahoze ari imaraya mu Buholande] yariyemereye yuko amadini ari yo ahanini arwanya ivy’uko [ubumaraya] bwemerwa n’amategeko. Yaciye anuma, maze avuga amwenyura yuko igihe yari akiri imaraya, abakuru [b’amadini] bari mu bakiriya biwe ba misi yose. Yaciye yaduka aratwenga, avuga yuko ‘imaraya zama zivuga ko abazishorera cane ari abanyamadini’”.—Ikinyamakuru (National Catholic Reporter) co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ni ibiki biri imbere?
Muri iki gihe, isi yuzuye ingorane nk’uko nyene Bibiliya yari yarabivuze. Ariko rero, ubuhanuzi bwerekeye “ikimenyetso c’ukuhaba kwa [Kirisitu] n’ic’insozero y’ivy’isi” (NW) burimwo n’ikintu ciza. Yezu yavuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose” (Matayo 24:3, 14). Inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana iriko iramamazwa mu bihugu birenga 230. Abantu barenga imiliyoni zitandatu bo mu “mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose” bariko baragira uruhara bimwe biboneka mu gikorwa co kwamamaza Ubwami (Ivyahishuriwe 7:9). None ico gikorwa bakorana umwete kimaze gushika ku ki? Kimaze gushika kuri ibi: Abantu nka bose bo kw’isi barashobora gushikirwa n’ubutumwa bwerekeye ubwo Bwami ico ari co, ico buzokora, be n’ukuntu boronka ku mihezagiro buzana. Vy’ukuri, [“ubumenyi nyakuri”, NW] bwaragwiriye muri iki gihe c’iherezo’.—Daniyeli 12:4.
Urakwiye kwironsa ubwo bumenyi. Raba ibizoshika inkuru nziza imaze kwamamazwa gushika ku rugero Yehova ashaka. Yezu yavuze ati: “Maz’umuhero uzoca uza” (Matayo 24:14). Igihe c’uko Imana ikura kw’isi ubukozi bw’ikibi bwose, kizoba kigeze. Mu Migani 2:22 hagira hati: “Arikw abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu, kand’abaguranyi bazorandurwa muri co”. Tuvuge iki kuri Shetani n’amadayimoni yiwe? Bazokororerwa i kuzimu, aho batazoba bagishobora kuzimiza amahanga (Ivyahishuriwe 20:1-3). Maze ‘abagororotsi n’abatunganye bazokwama’ kw’isi. Kandi, bazokwironkera imihezagiro myiza igitangaza ivuye ku Bwami.—Imigani 2:21; Ivyahishuriwe 21:3-5.
None ukwiye gukora iki?
Ntiwirirwe urakekeranya ku co wokora. Umuhero w’ivy’iyi si ya Shetani uregereje. Abantu birengagiza ikimenyamenya c’uko turi mu misi y’iherezo, umuhero uje bazohwikirwa (Matayo 24:37-39; 1 Ab’i Tesalonike 5:2). Ni co gituma, Yezu yabwiye abariko baramwumviriza ati: “Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego: kukw ari k’uzoshika ku bantu bose bashagaje mw isi yose. Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu”.—Luka 21:34-36.
Abazohagarara badatsinzwe imbere y’Umwana w’umuntu, ari we Yezu, ni bo gusa bazokwizigira kurokoka umuhero w’ivy’iyi si. Ese ukuntu bihambaye ko dukoresha umwanya usigaye mu kurondera gushimwa na Yehova Imana be na Yezu Kirisitu! Mw’isengesho Yezu yatuye Imana, yavuze ati: “Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo” (Yohana 17:3). Woba rero ugize ibiranga ubukerebutsi urondeye kumenya vyinshi ku vyerekeye Yehova Imana be n’ivyo asaba. Ivyabona vya Yehova b’aho uba bazohimbarwa no kugufasha gutahura ivyo Bibiliya yigisha. Ntiwitinye kubitura canke kwandikira abasohora iki kinyamakuru.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 7]
IBINTU BIRANGA IMISI Y’IHEREZO
IBINTU BIKOMAKOMEYE BIBA:
▪ Intambara.—Matayo 24:6, 7.
▪ Amapfa.—Matayo 24:7.
▪ Ukunyiganyiga kw’isi.—Matayo 24:7.
▪ Indwara z’ibiza.—Luka 21:11.
▪ Ukugwira kw’ubugarariji.—Matayo 24:12.
▪ Uguhonya isi.—Ivyahishuriwe 11:18.
ABANTU:
▪ Barikunda gusa.—2 Timoteyo 3:2.
▪ Bakunda amahera.—2 Timoteyo 3:2.
▪ Baribona.—2 Timoteyo 3:2.
▪ Ntibubaha abavyeyi.—2 Timoteyo 3:2.
▪ Ni intashima.—2 Timoteyo 3:2.
▪ Barahemuka.—2 Timoteyo 3:2.
▪ Ntibakunda ababo.—2 Timoteyo 3:3.
▪ Ntibagira ukwigumya.—2 Timoteyo 3:3.
▪ Ni inkazi.—2 Timoteyo 3:3.
▪ Bakunda ibibahimbara.—2 Timoteyo 3:4.
▪ Ni indyarya mu vy’Imana.—2 Timoteyo 3:5.
ABASENGA B’UKURI:
▪ Barafise ubumenyi bwinshi.—Daniyeli 12:4.
▪ Baramamaza inkuru nziza mw’isi yose.—Matayo 24:14.
[Abo dukesha ifoto]
UNITED NATIONS/ Photo by F. GRIFFING