‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’
Gushinga intahe inogangije n’“umutima rugabo”
ISINZI ry’abantu b’inkazi ryiyemeje gukubita umusavyi w’Imana agamburuka, gushika ribonye apfuye. Hasigaye gato gusa ngo abo bantu bamudendure, abasoda b’Abaroma baramukura mu vyara vyabo maze bakamushira ahantu baguma bamurinze. Ivyo bica biba intango y’urukurikirane rw’ibintu bizomara nk’imyaka itanu. Ico bivamwo, ni uko Abaroma benshi bo mu nzego zo hejuru bumva ivyerekeye Yezu Kirisitu.
Uwo muntu ari mu mubabaro, ni intumwa Paulo. Nko mu 34 G.C., Yezu yarahishuye ko Paulo (uwitwa kandi Sauli) yojanye izina ryiwe imbere y’“abami” (Ivyakozwe n’intumwa 9:15). Mu mwaka wa 56 G.C., ivyo ntivyari bwabe. Ariko rero, ibintu bisa n’ibigira bihinduke igihe iyo ntumwa iri hafi kurangiza urugendo rwayo rugira gatatu rw’ubumisiyonari.
Arakorerwa amabi yamara ntateshwa ngo ate
Paulo arabandanya urugendo rwiwe aja i Yeruzalemu, maze abakirisu bamwe “bavugishijwe n’[im]pwemu” baramuburira ko agiye guhamwa muri ico gisagara bimwe bikomeye. Paulo avugana umutima rugabo ati: “Siniteguye kuboherwa gusa i Yerusalemu, ariko no gupfirayo, kubg’izina ry’Umwami Yesu” (Ivyakozwe n’intumwa 21:4-14). Paulo agihonyoza ikirenge mu rusengero rw’i Yeruzalemu, Abayuda bo muri Aziya bazi ukuntu iyo ntumwa yashoboye gukwiragiza inkuru nziza aho hantu, baragumura isinzi ry’abantu kugira bamwice. Abasoda b’Abaroma baca banyaragasa kumutabara (Ivyakozwe n’intumwa 21:27-32). Ukwo gutabarwa kuratuma Paulo aronka uturyo tw’imbonekarimwe two kubwira ukuri kwerekeye Kirisitu abantu buzuye urwanko hamwe n’abantu bo mu nzego zo hejuru.
Kwamamaza ku bantu batoroshe gushikira
Paulo baramukwega agashika ahantu hatagira inkomanzi hejuru ku ngazi z’igihome bita ngo Umunara wa Antoniaa. Iyo ntumwa iri kuri izo ngazi, irashinga intahe ikomeye kuri iryo sinzi ry’abanyedini (Ivyakozwe n’intumwa 21:33–22:21). Ariko rero, agicisha mu kanwa ko yatumwe gushinga intahe ku Banyamahanga, abo bantu baca bongera gushangashirwa. Intwazangabo yitwa Lisiyasi irategeka ko Paulo bamusambisha bamutonagura kugira bamenye igituma Abayuda bamwagiriza. Yamara rero, Paulo amenyesheje ko ari umunyagihugu w’Umuroma, baca bareka kumutonagura. Bukeye, Lisiyasi atwara Paulo imbere y’Ikombe kugira amenye igituma Abayuda bamwagiriza.—Ivyakozwe n’intumwa 22:22-30.
Paulo ahagaze imbere y’iyo sentare nkuru, araronka akandi karyo keza ko gushinga intahe ku Bayuda bagenziwe. Uwo mwamamaji w’intatinyurukamvye aravuga ukwizera afise ku bijanye n’izuka (Ivyakozwe n’intumwa 23:1-8). Urwanko ruranga ubwicanyi rw’Abayuda, ruguma ari rwinshi bigatuma Paulo aca ajanwa mw’iboma. Mw’ijoro rikurikira, arasubirizwa umutima mu nda n’Umukama muri aya majambo: “[“Gira umutima rugabo”, NW]; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma”.—Ivyakozwe n’intumwa 23:9-11.
Inama baja yo kwica Paulo iracika ubusa igihe iyo ntumwa ica ijanwa ningoga na ningoga mu mpisho i Kayisariya, umurwa mukuru w’intwaro y’Abaroma i Yudaya (Ivyakozwe n’intumwa 23:12-24). I Kayisariya, utundi turyo twiza turongera kuboneka maze Paulo agashinga intahe ku “bami”. Ariko rero imbere ya vyose, iyo ntumwa irereka Buramatari Feliki ko ata kimenyamenya na kimwe kihari cotuma yemera ivyo bamwagiriza. Mu nyuma, we n’umukenyezi wiwe Durusila, Paulo ababwira ubutumwa bwerekeye Yezu, ukwigumya, ubugororotsi hamwe n’urubanza rwimirije gushika. Naho ari ukwo, Paulo aragumizwa mw’ibohero imyaka ibiri, kubera ko Feliki yizigiye ko azoronka igiturire, ico na co akaba akirindira amaso agahera mu nzira.—Ivyakozwe n’intumwa 23:33–24:27.
Feliki amaze gusubirirwa na Fesito, Abayuda barongera kwiyamvya kugira Paulo akubitwe intahe mu gahanga maze yicwe. Urubanza rurongera kwumviririzwa i Kayisariya, maze kugira ngo ntirwungururizwe i Yeruzalemu, Paulo avuga ati: “Mpagaze aha imbere y’intebe y’imanza ishinzwe na Kayisari. . . . Nzokwitwara kuri Kayisari” (Ivyakozwe n’intumwa 25:1-11, 20, 21). Haciye imisi mikeyi, iyo ntumwa imaze kwitwara imbere y’Umwami Herode Agiripa wa kabiri, uwo mwami avuga ati: “Unkwegesha ivyo bike ng’umpindure Umukristo?” (Ivyakozwe n’intumwa 26:1-28). Nko mu 58 G.C., Paulo ararungikwa i Roma. Igihe iyo ntumwa izi guhuza n’uko ibintu vyifashe ipfungiwe aho hantu, imara iyindi myaka ibiri ibandanya kurondera uburyo bwo kwamamaza ivyerekeye Kirisitu (Ivyakozwe n’intumwa 28:16-31). Biboneka ko Paulo yahavuye arenguka imbere y’Umwami w’Abami Nero, maze arambikwa izera hanyuma arongera kuvyura igikorwa ciwe c’ubumisiyonari yidegemvya. Nta nkuru itubwira ko hari iyindi ntumwa n’imwe yaronse akaryo ko gushikira abanyacubahiro bene abo ibashiriye inkuru nziza.
Nk’uko ivyo tubonye bivyerekana, intumwa Paulo yabaho yisunga ingingo ngenderwako ihambaye abakirisu bagenziwe bavugiye imbere ya sentare y’Abayuda, na yo ikaba ari iyi: “Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu” (Ivyakozwe n’intumwa 5:29). Mbega akarorero keza yadusigiye! Naho abantu atako batagize ngo bateshe iyo ntumwa, yaragamburutse ata gahaze itegeko ryo gushinga intahe inogangije. Icavuye muri ukwo kugamburukira Imana kutanyiganyiga ni uko Paulo yaranguye neza igikorwa yashinzwe ari nk’‘ikintu catoranirijwe’ gushingira intahe izina rya Yezu “imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli”.—Ivyakozwe n’intumwa 9:15, ni twe dushimitse.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2006, novembre–décembre.
[Ifoto ku rup. 9]
PAULO YOBA YASHIMISHWA NO KWIBURANIRA GUSA?
[Ifoto ku rup. 9]
Umwanditsi yitwa Ben Witherington wa gatatu yaragize ico avuga kuri ico kibazo. Yandika ati: “Ufatiye ku buryo Paulo . . . abona ibintu, igihambaye cane kuri Paulo si ukwiburanira, ahubwo riho ni ugushingira intahe injili ku bategetsi, baba Abayuda canke Abanyamahanga. . . . Mu vy’ukuri, injili ni yo iriko iraburanywa”.