ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/12 rup. 25-29
  • Yehova ‘azotuma ubutungane bushitswa’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova ‘azotuma ubutungane bushitswa’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imburi ku babaho mu gihe ‘Umwana w’umuntu aza’
  • Turakeneye ‘kwama dusenga’
  • “Ncira urubanza runkiza”
  • ‘Izotuma ubutungane bushitswa’
  • ‘Mbega azosanga ukwo kwizera kw’isi’?
  • Ugusenga n’ukwicisha bugufi ni ntahara
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ugusenga n’Ukwicisha Bugufi Birakenewe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yehova—Soko ry’Ubutungane n’Ubugororotsi Nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Igana Yehova—Ukoreshe Ubutungane n’Ubugororotsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/12 rup. 25-29

Yehova ‘azotuma ubutungane bushitswa’

“Imana ntizotuma ubutungane bushitswa ku bw’abatowe bayo, basemerera bayitakambira umurango n’ijoro?”​—LUKA 18:7, NW.

1. Ni bande wewe ubona ko bakubera isoko ry’indemesho, kandi kubera iki?

HIRYA no hino kw’isi, Ivyabona vya Yehova barahimbarwa no kwifatanya n’abavukanyi be n’abavukanyikazi babo bakirisu bamaze imyaka n’iyindi bakorera Yehova badahemuka. Woba uzi bamwebamwe muri abo bavukanyi n’abavukanyikazi twikundira? Kumbure uciye wibuka umuvukanyikazi ageze mu zabukuru amaze imyaka myinshi abatijwe kandi akaba ari gake cane asiba amakoraniro tugirira ku Ngoro y’Ubwami. Canke na ho ushobora guca ubona mu bwenge umuvukanyi yitereye mu myaka ashigikira adahemuka imirimo ijanye n’ubusuku bwo mu ndimiro ishengero rirangura indwi ku ndwi, kandi akaba amaze imyaka mirongo abigira. Ni ivy’ukuri yuko abenshi muri abo bavukanyi b’intahemuka bahora biyumvira yuko ubu Harumagedoni yobaye imaze kuza. Yamara, kuba iyi si yuzuyemwo akarenganyo itarakurwaho ntivyatumye bataba bacizigira cane ivyo Yehova yasezeranye canke ngo bitume umwiyemezo wabo wo ‘kwihangana gushitsa kw’iherezo’ ugabanuka (Matayo 24:13). Ukwizera kugera kure abo basavyi ba Yehova b’intahemuka bagaragaje, kuraremesha ishengero ryose.​—Zaburi 147:11.

2. Ni ikintu ikihe kitubabaza?

2 Ariko rero, rimwe na rimwe twoshobora kubona abagira inyifato itandukanye n’iyo. Ivyabona bamwebamwe bǎramaze imyaka n’iyindi bagira uruhara mu busuku, mugabo uko igihe cagiye kirarengana, ukwizera bari bafitiye Yehova kwagiye kuragoyagoya amaherezo baraheba kwifatanya n’ishengero rya gikirisu. Biratubabaza kubona ivyo Vyabona bahora bifatanya natwe barahevye Yehova, kandi turipfuza bimwe bivuye ku mutima kubandanya dufasha buri ‘ntama yazimiye’ kugira ngo igaruke mu mukuku (Zaburi 119:176; Abaroma 15:1). Naho ari ukwo, ivyo bintu bibiri bihushanye, ni ukuvuga kuba bamwe baguma ari intahemuka mu gihe abandi batakaza ukwizera kwabo, biratuma umuntu yibaza ibi bibazo: Ni igiki gifasha Ivyabona benshi kuguma bizera ivyo Yehova yasezeranye mu gihe abandi batakaza ukwo kwizera? Umwe wese ku giti ciwe yokora iki kugira ngo agume ajijutse rwose yuko “umusi uhambaye wa Yehova” wegereje (Zefaniya 1:14, NW)? Reka twihweze ikigereranyo kimwe dusanga mu Njili ya Luka.

Imburi ku babaho mu gihe ‘Umwana w’umuntu aza’

3. Ni bande canecane bashobora kwungukira ku kigereranyo c’umupfakazi n’umucamanza, kandi kubera iki?

3 Muri Luka ikigabane ca 18, turahasanga ikigereranyo Yezu yatanze c’umupfakazi n’umucamanza. Ico kigereranyo kirafitaniye isano na kimwe twarimbura mu kiganiro c’imbere y’iki, na co kikaba cari cerekeye wa muntu akovya mu gusaba igihe agenderwa n’umushitsi (Luka 11:5-13). Yamara rero, amakikuro y’imirongo ya Bibiliya irimwo ico kigereranyo c’umupfakazi n’umucamanza, yerekana yuko cerekeye canecane ababaho mu gihe ‘Umwana w’umuntu aza’ ari mu bubasha bw’Ubwami, ico gihe kikaba catanguye mu 1914.​—Luka 18:8a.

4. Ni igiki Yezu yavuze imbere y’uko yigana ca kigereranyo dusanga muri Luka ikigabane ca 18?

4 Imbere y’uko Yezu atanga ico kigereranyo, yaravuze yuko abantu benshi bobaye bashoboye kubona ikimenyamenya c’ukuhaba kwiwe mu bubasha bw’Ubwami, nka kurya nyene “umuravyo urabiriza mu ruhande rw’ijuru, ukarabagiranira mu rundi” abantu benshi bashobora kuwubona (Luka 17:24; 21:10, 29-33). Naho ari ukwo, abantu benshi bobaye bariho mu “gihe c’iherezo” ntibokwitwararitse ivy’ico kimenyamenya cigaragaza (Daniyeli 12:4). None ni igiki cobitumye? Ni kirya nyene catumye abantu bo mu gihe ca Nowa be n’abo mu gihe ca Loti birengangiza imburi Yehova yatanze. Muri ivyo bihe, abantu ‘bararya, baranywa, baradandaza, baragura, baratera, barubaka kugeza ku musi bahoneyeko’ (Luka 17:26-29). Bapfuye kubera ko bari batwawe n’ivyo bacurumbamwo buri musi ku buryo batitayeho ivyo Imana igomba (Matayo 24:39). No muri iki gihe, abantu muri rusangi baratwarwa n’ivyo bacurumbamwo buri musi ku buryo batabona ikimenyamenya cerekana yuko iyi si itubaha Imana, vuba igiye gukurwaho.​—Luka 17:30.

5. (a) Ni bande Yezu yerekejeko imburi yatanze, kandi kubera iki? (b) Ni igiki catumye bamwebamwe batakaza ukwizera kwabo?

5 Biribonekeza yuko Yezu yari arajwe ishinga n’uko abayoboke biwe na bo nyene boshoboye gusamazwa n’isi ya Shetani, ku buryo mbere boshoboye ‘gusubira inyuma’, ni ukuvuga bagasubira ku vyo bari barasize inyuma (Luka 17:22, 31). Kukaba nkako, hari abakirisu vyashikiye. Abo bakirisu bari bamaze imyaka n’iyindi barindiranye umushasharo umusi Yehova azokuriraho iyi si mbi. Yamara, aho baboneye ko Harumagedoni idashikiye ku gihe bo bibaza ko yoshikiyeko, baciye bacika intege. Icizigiro bari bafise c’uko umusi w’urubanza wa Yehova wegereje carayamye. Baratakaje umwete bahora bafise mu busuku maze bagenda buhorobuhoro baritwararika cane ivyo bari basanzwe bacurumbamwo mu buzima ku buryo ivy’impwemu basigara babihebera umwanya mutoyi cane (Luka 8:11, 13, 14). Bahavuye basubira ku vyo bari barasize inyuma. Umve ntuze ukuntu ivyo bibabaje!

Turakeneye ‘kwama dusenga’

6-8. (a) Niwigane ikigereranyo c’umupfakazi n’umucamanza. (b) Yezu yerekanye gute icigwa kiri muri ico kigereranyo?

6 Ni igiki none twokora kugira ngo icizigiro gikomeye dufise ku bijanye n’iranguka ry’ivyo Yehova yasezeranye nticigere kigabanuka (Abaheburayo 3:14)? Yezu yaravuze ivy’ico kibazo ubwo nyene ahejeje kuburira abigishwa yuko badakwiye gusubira mw’isi mbi ya Shetani.

7 Luka avuga yuko Yezu yaciye “abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe”. Yezu yavuze ati: “Mu gisagara habaye umucamanza, adatinya Imana, ntagire udusoni ku bantu. Mur’ico gisagara hār’umupfakazi, aza kuri we kenshi, aramubarira, ati Ncira urubanza runkiza umwansi wanje. Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribgira, ati Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z’abantu, ariko kuk’uwo mupfakazi angoye, ndamucira urubanza rumukiza, ngo ntiyame aza imisi yose, akanzigiriza”.

8 Yezu ahejeje kwigana ico kigereranyo yaciye atanga icigwa caco, ati: “Ni mwumve ivyo uyo mucamanza agabitanya yavuze. [“Mu vy’ukuri none, Imana ntizotuma ubutungane bushitswa ku bw’abatowe bayo, basemerera bayitakambira umurango n’ijoro, naho yiyumanganya ku biberekeye? Ndabibabwiye: Izotuma batunganirizwa bidatevye. Yamara none, Umwana w’umuntu niyashika, azosanga vy’ukuri ukwizera kw’isi”, NW]?”.​—Luka 18:1-8.

“Ncira urubanza runkiza”

9. Ni iciyumviro nyamukuru ikihe cibonekeza mu kigereranyo c’umupfakazi n’umucamanza?

9 Iciyumviro nyamukuru kiri muri ico kigereranyo gikora ku mutima kiribonekeza neza. Abo bantu babiri bavugwa muri ico kigereranyo, hamwe na Yezu ubwiwe, baraserura ico ciyumviro. Umupfakazi yatakamvye ati: “Ncira urubanza runkiza”. Umucamanza na we yavuze ati: “Ndamucira urubanza rumukiza”. Yezu na we yabajije ati: “Imana ntizotuma ubutungane bushitswa?”. N’ikindi kandi, Yezu yavuze ku vyerekeye Yehova ati: “[A]zotuma batunganirizwa bidatevye” (Luka 18:3, 5, 7, 8, NW). None ni ryari canecane Imana ‘izotuma ubutungane bushitswa’?

10. (a) Ni ryari ubutungane bwashikijwe mu kinjana ca mbere? (b) Ni ryari Imana izoshitsa ubutungane ku bw’abasavyi bayo bo muri iki gihe, kandi izobushitsa gute?

10 Mu kinjana ca mbere, ‘imisi yo guhōra’, canke yo gushitsa ubutungane, yashitse mu 70 G.C. igihe Yeruzalemu be n’urusengero rwaho vyasangangurwa (Luka 21:22). Ku bijanye n’abasavyi b’Imana bo muri iki gihe, ubutungane buzoshitswa ku “musi uhambaye wa Yehova” (Zefaniya 1:14, NW; Matayo 24:21). Ico gihe, Yehova ‘azokwishura amarushwa abayatera’ abasavyi biwe, igihe “[Yezu Kristu azokwishura] guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu”.​—2 Ab’i Tesalonike 1:6-8; Abaroma 12:19.

11. Ni mu buryo ki ubutungane buzoshitswa “bidatevye”?

11 Ariko none, dukwiye gutahura gute amajambo asubiriza umutima mu nda Yezu yavuze yuko Yehova azotuma ubutungane bushitswa “bidatevye”? Ijambo ry’Imana ryerekana yuko “naho [Yehova] yiyumanganya”, azoshitsa ningoga ubutungane igihe nicagera (Luka 18:7, 8, NW; 2 Petero 3:9, 10). Mu gihe ca Nowa, igihe Umwuzure watera, abanyakibi bararanduwe bidatevye. No mu gihe ca Loti, igihe umuriro watibuka uvuye mw’ijuru, ni ko vyagenze; abanyakibi baratikiye. Yezu yavuze ati: “Ni ko bizoba, umusi Umwana w’umuntu azoserukirako” (Luka 17:27-30). N’ico gihe nyene, abanyakibi “uguhona kuzobazako giturumbuka” (1 Ab’i Tesalonike 5:2, 3). Emwe, turashobora guhera amazinda yuko Yehova atazokwemera yuko isi ya Shetani imara n’umusi n’umwe woza wiyongera ku yo ubutungane bwiwe busaba!

‘Izotuma ubutungane bushitswa’

12, 13. (a) Ni icigwa ikihe twigira ku kigereranyo Yezu yatanze c’umupfakazi n’umucamanza? (b) Ni kubera iki dushobora kwizigira tudakeka yuko Yehova azokwumviriza ugusenga kwacu maze agatuma ubutungane bushitswa?

12 Ico kigereranyo Yezu yatanze c’umupfakazi n’umucamanza kirashira ahabona n’ibindi bintu vy’ukuri bihambaye. Mu gutanga icigwa kiri muri ico kigereranyo, Yezu yavuze ati: “Ni mwumve ivyo uyo mucamanza agabitanya yavuze. [“Mu vy’ukuri none, Imana ntizotuma ubutungane bushitswa ku bw’abatowe bayo?”, NW]”. Mu bisanzwe, Yezu ntiyariko agereranya Yehova n’uwo mucamanza nk’aho umengo yashaka kuvuga yuko Imana yofashe abayemera nk’uko uwo mucamanza yafashe uwo mupfakazi. Ahubwo riho, Yezu yarigishije abayoboke biwe icigwa ku vyerekeye Yehova mu gushira ahabona itandukaniro riri hagati y’uwo mucamanza n’Imana. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe Imana itandukanye n’uwo mucamanza?

13 Umucamanza avugwa muri ico kigereranyo Yezu yatanze “[yar]agabitanya”, mu gihe “Imana” yo ari “umucamanza agororoka” (Zaburi 7:11; 33:5). Uwo mucamanza ntiyitaho na gato nya mupfakazi ubwiwe, ariko Yehova we aritwararika umuntu umwumwe ukwiwe (2 Ngoma 6:29, 30). Uwo mucamanza nta mutima ukunze yari afise wo gufasha uwo mupfakazi, ariko Yehova we arafise umutima ukunze wo gufasha abamukorera, eka mbere akaba anashashaye kubigira (Yesaya 30:18, 19). None icigwa tuhigira ni ikihe? Niba umucamanza agabitanya yarumvirije ivyo asabwa n’uwo mupfakazi maze akamucira urubanza rumukiza, ntiwumva none ko Yehova azorushiriza kwumviriza ugusenga kw’abasavyi biwe maze ata gukeka agatuma batunganirizwa?​—Imigani 15:29.

14. Ni kubera iki tudakwiye gutakaza ukwizera ku bijanye n’ukuza kw’umusi w’urubanza w’Imana?

14 Ku bw’ivyo rero, abatakaza ukwizera ku bijanye n’ukuza kw’umusi w’urubanza w’Imana baba bakoze ikosa rikomeye cane. Uti kubera iki? Kubera yuko mu gihe baretse kwizera ata gukekeranya yuko “umusi uhambaye wa Yehova” wegereje, ku bwa ngingo baba bakekeranije ku vy’uko Yehova yoba canke atoba yokwizigirwa ku bijanye no gushitsa adahemuka ivyo yasezeranye. Ariko nta muntu n’umwe yoshobora kuronka impamvu yumvikana yotuma agira amakenga ku bijanye n’uko Imana itigera ihemuka (Yobu 9:12). Ikibazo gihambaye cane gica kivyuka ni iki: Umwumwe wese muri twebwe ku giti ciwe, yoba azoguma ari intahemuka? Kandi ico ni na co kibazo Yezu yabajije mu gusozera ico kigereranyo c’umupfakazi n’umucamanza.

‘Mbega azosanga ukwo kwizera kw’isi’?

15. (a) Ni ikibazo ikihe Yezu yabajije, kandi yakibajije kubera iki? (b) Ni ikibazo ikihe natwe dukwiye kwibaza?

15 Yezu yarabajije ca kibazo gituma umuntu azirikana, ati: “Yamara none, Umwana w’umuntu niyashika, azosanga vy’ukuri [“ukwo”, akajambo k’epfo] kwizera kw’isi?” (Luka 18:8, NW). Iyo mvugo ngo “ukwo kwizera” yerekana yuko Yezu atariko avuga ukwizera muri rusangi, ariko ko yashaka kuvuga ukwizera kandondwa, ni ukuvuga ukwizera kumeze nk’ukwo uwo mupfakazi yari afise. Yezu ntiyishuye ico kibazo yabajije. Yakibajije kugira ngo abigishwa biwe bashobore kuzirikana ku kuntu ukwizera bari bafise kwari kumeze. Kwoba kwariko kurayama buhorobuhoro ku buryo bari guhava basubira ku vyo bari barasize inyuma? Canke ukwizera kwabo kwoba kwari kumeze nk’ukwizera uwo mupfakazi yagaragaje? Muri iki gihe, na twebwe turakwiye kwibaza duti: ‘Mbega “Umwana w’umuntu” andavye mu mutima, asanga mfise ukwizera nyabaki?’.

16. Ni ukwizera nyabaki wa mupfakazi yari afise?

16 Kugira ngo tuzobe mu bo Yehova azotunganiriza, turakwiye kwigana uwo mupfakazi. Ni ukwizera nyabaki yari afise? Yarerekanye ukwizera yari afise mu kwama ‘aza kuri [nya mucamanza] akamubarira, ati Ncira urubanza runkiza’. Uwo mupfakazi yagumye asaba akobeje kugira ngo arabe ko uwo muntu agabitanya yomutunganiriza. Muri iki gihe, abasavyi b’Imana na bo nyene barashobora kwizigira badakeka ko Yehova azobatunganiriza, naho vyofata igihe kirekire ugereranije n’ico bari biteze. Vyongeye, baragaragaza ko bizigira ivyo Imana yasezeranye mu gusenga bakobeje, emwe, “basemerera bayitakambira umurango n’ijoro” (Luka 18:7, NW). Mu vy’ukuri, hamwe umukirisu yoreka gusenga asaba ko Yehova ashitsa ubutungane, yoba yerekanye yuko atacizigira ko Yehova agiye kugira ico akoze ku bw’abasavyi biwe.

17. Ni imvo izihe zotuma dukovya mu gusenga kandi tukaguma twizigiye yuko umusi w’urubanza wa Yehova uzoza ata kabuza?

17 Ukuntu ivy’uwo mupfakazi vyari vyifashe biratwereka ko hari izindi mvo zotuma dukovya mu gusenga. Rimbura ibintu bimwebimwe vyerekana itandukaniro riri hagati y’ukuntu ivyiwe vyari vyifashe be n’uko ivyacu vyifashe. Uwo mupfakazi yagumye aza gutakambira nya mucamanza naho ata muntu n’umwe yamuremesha kubigira, ariko tweho Ijambo ry’Imana riraturemesha cane ‘gushishikara gusenga’ (Abaroma 12:12). Uwo mupfakazi nta kintu na kimwe camukura amazinda yuko ivyo yasaba vyokwumviwe, ariko tweho Yehova yaradukuye amazinda yuko azoshitsa ubutungane bwiwe. Yehova, abicishije ku muhanuzi wiwe, yavuze ati: “Naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba” (Habakuki 2:3; Zaburi 97:10). Uwo mupfakazi nta muntu yari afise amufasha mu kumutakambira kugira ngo ivyo asaba birushirize gufatanwa uburemere. Ariko tweho, turifitiye umufasha w’umunyabubasha, “ar’i buryo bg’Imana” kandi ‘adusengera’, ni ukuvuga adutakambira, uwo na we akaba ari Yezu (Abaroma 8:34; Abaheburayo 7:25). Ku bw’ivyo rero, niba uwo mupfakazi yagumye atakambira uwo mucamanza yizigiye yuko yotunganirijwe kandi ivyiwe vyari bigoye, ntiwumva none ko dukwiye kurushiriza kuguma twizeye yuko umusi w’urubanza wa Yehova uzoza ata kabuza?

18. Ni ryari amasengesho dutura akomeza ukwizera kwacu akongera agatuma tuzotunganirizwa?

18 Ico kigereranyo c’umupfakazi kiratwigisha yuko hariho isano rya hafi hagati y’isengesho n’ukwizera be n’uko gukovya mu gusenga bishobora kudufasha kunanira ibintu vyotuma ukwizera kwacu kugoyagoya. Ariko ntiwumve, ivyo ntibisobanura yuko gusenga mu buryo bwo kwiyerekana bikingira umuntu ngo ntatakaze ukwizera kwiwe (Matayo 6:7, 8). Igihe tuvyuriwe umutima wo gusenga tubitumwe n’uko dutahura yuko dukeneye Imana muri vyose, ico gihe amasengesho dutura araheza agatuma twiyegereza Imana akanatuma ukwizera kwacu kurushiriza gukomera. N’ikindi kandi, kubera yuko umuntu asabwa kuba afise ukwizera kugira ngo azorokoke, ntibitangaje rero kuba Yezu yarabonye yuko bikenewe ko aremesha abigishwa biwe ngo ‘bahore basenga, ntibarambirwe’ (Luka 18:1; 2 Ab’i Tesalonike 3:13). Ego ni ko, “umusi uhambaye wa Yehova” ntuzoza kubera amasengesho dutura; twaba dusaba ko uza canke tutabigira, uzoza ata kabuza. Ariko, kugira ngo umwe wese ku giti ciwe azotunganirizwe maze arokoke intambara y’Imana, bizovana n’ukwizera afise, ingendo akurikirana be n’ukuba akunda gusenga.

19. Twerekana gute yuko twizera tudakeka ko Imana ‘izotuma ubutungane bushitswa’?

19 Turibuka yuko Yezu yabajije ati: “Yamara none, Umwana w’umuntu niyashika, azosanga vy’ukuri ukwo kwizera kw’isi?”. None inyishu y’ico kibazo gituma umuntu azirikana ni iyihe? Ese ukuntu duhimbarwa no kubona abasavyi ba Yehova amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi muri iki gihe berekana biciye ku masengesho batura, ku kwihangana be no ku kwumira kw’ibanga, yuko bafise mwene ukwo kwizera! Ni co gituma rero inyishu y’ikibazo Yezu yabajije twoshobora kuvuga yuko ari ego. Mu vy’ukuri, naho muri iki gihe isi ya Shetani iturenganya, turizera ata gukeka ko Imana ‘izotuma ubutungane bushitswa ku bw’abatowe bayo’.

[Akajambo k’epfo]

a Kugira ngo utahure neza insobanuro y’ico kigereranyo, niwisomere muri Luka 17:22-33. Raba ukuntu imvugo ngo “Umwana w’umuntu” iboneka muri Luka 17:22, 24, 30 ifitaniye isano n’ikibazo kibazwa muri Luka 18:8.

Woba uvyibuka?

• Ni igiki catumye abakirisu bamwebamwe batakaza ukwizera?

• Ni kubera iki dushobora kwizera tudakeka ko umusi w’urubanza wa Yehova ugiye kuza?

• Ni imvo izihe zotuma dukovya mu gusenga?

• Gukovya mu gusenga bidufasha gute kwirinda gutakaza ukwizera kwacu?

[Ifoto ku rup. 26]

Ikigereranyo c’umupfakazi n’umucamanza gishimika ku biki?

[Ifoto ku rup. 29]

Abantu amamiliyoni bo muri iki gihe barizera badakeka ko Imana ‘izotuma ubutungane bushitswa’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika