ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/1 rup. 3
  • Umugabo n’umugore baremwe kugira bunganirane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umugabo n’umugore baremwe kugira bunganirane
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Umugabo n’Umugore ba Mbere
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Imana irema abantu ba mbere
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Umugabo n’umugore—Umwe wese yahawe uruhara ruteye iteka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/1 rup. 3

Umugabo n’umugore baremwe kugira bunganirane

UMUGABO n’umugore bamye bipfuza kubana. Ivyo vyatangujwe n’Imana. Yehova yarabonye ko atari vyiza ko umugabo wa mbere Adamu abandanya kubaho ari wenyene. Ku bw’ivyo, Imana yararondereye uwo mugabo “umufasha, [‘amubera umwunganizi’, NW]”.

Yehova yarasinzirije Adamu ubutikoma, amukuramwo rumwe mu mbavu ziwe hanyuma “arukūramw’umugore, amuzanira uwo muntu”. Adamu yararyohewe cane abonye ico kiremwa ciza Yehova yaremye ku buryo yaciye avuga ati: “Uyu n’igufa ryo mu magufa yanje, n’akara ko mu mara yanje”. Uwo mugore atagira agasembwa, ari we Eva, kubera kamere ziranga abakenyezi yari afise, yari uw’igikundiro vy’ukuri. Adamu na we, uwutari afise agasembwa kandi akaba yari afise iteka ry’ubushingantahe, yari akwiye icubahiro. Baremwe kugira bunganirane. Bibiliya ivuga iti: “Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe”.​—Itanguriro 2:18-24.

Ariko rero, muri iki gihe ingo ziriko zirasambuka, kandi akenshi usanga umugabo n’umugore bafatana nabi canke ugasanga ubucuti bwabo burangwamwo ubwikunzi. Agatima ko guhiganwa hagati y’abagabo n’abagore karatumye haba amatati n’ukutumvikana. Ivyo vyose birahushanye n’umugambi Imana yari ifitiye umugabo n’umugore. Umugabo yari yagenewe kurangura uruhara rwiza cane kw’isi. Umugore yari afise uruhara rudasanzwe kandi rubereye rwo kuba umwunganizi w’umugabo wiwe. Bategerezwa gukora banama rimwe. Kuva mu ntango y’ukubaho kw’abantu, abagabo n’abagore batinya Imana baragerageje gushitsa ata guca ku ruhande uruhara Yehova yabageneye, kandi ivyo vyatumye barushiriza kugira agahimbare n’ugushira akanyota. None urwo ruhara ni uruhe, kandi twoshobora gute kurushitsa?

[Ifoto ku rup. 3]

Umugabo n’umugore bagenewe kurangura uruhara ruteye iteka mu ndinganizo y’Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika