Fasha abandi bagamburuke ivyo Bibiliya yigisha
“Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana”.—LUKA 8:15.
1, 2. (a) Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? kigenewe iki? (b) Yehova yahezagiye gute utwigoro abasavyi biwe bagize muri iyi myaka iheze two guhindura abantu abigishwa?
“IKI gitabu ni ciza ntiworaba! Abo nigisha Bibiliya baragikunda, kandi nanje ni ukwo. Iki gitabu kirafasha umuntu gutanguza inyigisho za Bibiliya ahagaze imbere y’umuryango”. Ukwo ni ko umutsimvyi umwe w’igihe cose w’Icabona ca Yehova yavuze ku bijanye n’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?a. Uwundi mwamamaji w’Ubwami ageze mu zabukuru yavuze ku bijanye n’ico gitabu nyene ati: “Mu myaka 50 maze ngira uruhara mu busuku, naratewe agateka ko gufasha abantu benshi kumenya Yehova. Ariko ico nobabwira, ni uko iki gitabu kidufasha kwiga Bibiliya coco ari agakura. Ibigereranyo n’amashusho bikabura birimwo usanga ari vyiza cane”. Ukwo kwoba ari ko nawe ubona igitabu Ivyo Bibiliya yigisha? Ico gitabu gifasha kwiga Bibiliya kigenewe kugufasha gushitsa itegeko Yezu yatanze rigira riti: “Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose”.—Matayo 28:19, 20.
2 Nta gukeka ko Yehova ahimbarwa igihe abona Ivyabona vyiwe bashika 6.600.000 bagamburuka n’umutima ukunze iryo tegeko Yezu yatanze ryo guhindura abantu abigishwa (Imigani 27:11). Yehova ariko arahezagira bimwe bigaragara utwigoro bagira. Nk’akarorero mu 2005, inkuru nziza yamamajwe mu bihugu 235, kandi tugize incahagati, hayobowe inyigisho za Bibiliya zirenga 6.061.500. Ivyo vyatumye abantu benshi ‘bumva ijambo ry’ubutumwa, ntibaryemera nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko’ (1 Ab’i Tesalonike 2:13). Mu myaka ibiri iheze, abigishwa bashasha barenga 500.000 barahuje ubuzima bwabo n’ingingo mfatirwako za Yehova Imana hanyuma baramwiyegurira.
3. Ni ibibazo ibihe bijanye n’ukuntu twokoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha tuza kurimbura muri iki kiganiro?
3 Woba uherutse kugira umunezero wo kuyoborera umuntu inyigisho ya Bibiliya? Kw’isi yose, haracariho abantu b’‘umutima mwiza utunganye’ bokwumva ijambo ry’Imana bagaca ‘barigumya, bakama imbuto [babigiranye] ukwihangana’ (Luka 8:11-15). Reka turabe ukuntu ushobora gukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Muri iki kiganiro tuza kurimbura ibi bibazo bitatu: (1) Ushobora gute gutanguza inyigisho ya Bibiliya? (2) Ni uburyo bwo kwigisha ubuhe buba ngirakamaro kuruta ubundi? (3) Ushobora gute gufasha umuntu kudacika gusa umutohoji w’Ijambo ry’Imana ryanditswe, ari ryo Bibiliya, ariko kandi agacika umwigisha waryo?.
Ukuntu wotanguza inyigisho ya Bibiliya
4. Ni kubera iki hari abatoshoka bemera kwiga Bibiliya, kandi wokora iki kugira ngo amaherezo bemere kuyiga?
4 Hamwe bokubwira ngo usimbe uruzi, hari aho utokwemera. Ariko igihe rwotondekwamwo amabuye yo kujabukirako, hari aho wokwemera kugerageza kurujabuka. N’umuntu afise vyinshi acurumbamwo yoshobora kudashoka yemera kwiga Bibiliya. Yoshobora kwiyumvira yuko kwiga Bibiliya bitwara umwanya munini kandi ko bitoroshe. Wokora iki none kugira ngo uwo muntu amaherezo yemere kwiga? Ugiye uragiranira na we ibiyago bigufibigufi kandi bigira ico bimwigishije, urashobora gukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha maze ugatuma amaherezo yemera kwiga Ijambo ry’Imana adahorereza. Niwaza urategura neza, incuro yose uzoba usubiye kugendera uwo muntu izoba ari nk’ibuye ryo kujabukirako rimushikana ku kugiranira ubucuti na Yehova.
5. Ni kubera iki ukeneye gusoma igitabu Ivyo Bibiliya yigisha?
5 Ariko rero, imbere y’uko ushobora gufasha uwundi muntu kwungukira ku gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, urakeneye kubanza kukimenya neza. Woba umaze kugisoma cose? Igihe umugabo umwe n’umukenyezi wiwe bafata urugendo bagiye mu karuhuko, baritwaje ico gitabu maze bariko barafata akayaga ku nkengera y’ibahari, batangura kugisoma. Igihe umugore umwe w’aho hantu agurisha utuntu ku ngenzi yabegera, yarakubise ijisho umutwe w’ico gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Yaciye ababwira yuko amasaha makeyi imbere y’aho, yari yasenze ku bijanye n’ico kibazo nyene asaba Imana ko yomuronsa inyishu yaco. Uwo mugabo n’umugore barahimbawe no guca baha uwo mugore ikopi y’ico gitabu. Woba ‘uricungurira umwanya’ wo gusoma ico gitabu, kumbure incuro igira kabiri, nk’igihe urindiriye umuntu mwahanye isango canke igihe uruhutse ku kazi kibure kw’ishure (Abanyefeso 5:15, 16, NW)? Hamwe ivyo wobigira, womenya neza ico gitabu gifasha kwiga Bibiliya, kandi vyotuma na wewe uronka uturyo two kubwira abandi ibiri muri co.
6, 7. Ushobora gute gukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu gutanguza inyigisho za Bibiliya?
6 Igihe ushikiriza ico gitabu mu busuku bwo mu ndimiro, nukoreshe neza amashusho, ivyanditswe be n’ibibazo dusanga ku rupapuro rwa 4, rwa 5 n’urwa 6. Nk’akarorero, woshobora gutanguza ikiyago mu kubaza uti: “Uravye ingorane zose zihanze abantu muri iki gihe, wewe ubona ari hehe umuntu ashobora gukura ubuyobozi bwo kwizigirwa?”. Umaze kwumviriza witonze ico uwo muntu yishuye, nuce usoma muri 2 Timoteyo 3:16, 17, maze umusigurire yuko Bibiliya itanga umuti nyawo w’ingorane zihanze abantu. Nuce umwereka ibiri ku rupapuro rwa 4 n’urwa 5, hanyuma umubaze uti: “Muri ibi bintu vyerekanywe ngaha, ni ikihe kikubabaza cane kuruta ibindi?”. Amaze kwerekana kimwe muri ivyo, numusabe afate ico gitabu kugira ngo usome icanditswe muri Bibiliya yawe kijanye n’ico kintu yahisemwo. Hanyuma, nusome ibiri ku rupapuro rwa 6, maze umubaze uti: “Muri ibi bibazo bitandatu biri aha hepfo kuri uru rupapuro, ni ikihe woshima kuronkera inyishu?”. Uwo muntu amaze guhitamwo kimwe, nuce umwereka ikigabane cishura ico kibazo, umusigire ico gitabu, maze muvugane neza ukuntu wosubira kumugendera kugira ngo muganire ivy’ico kibazo.
7 Ikiyago mwene ico gishobora kumara nk’iminuta itanu gusa. Ariko rero, muri iyo minuta mikeyi uzoba wamaze kumenya ibiraje ishinga uwo muntu, wasomye ivyanditswe bibiri kandi wabisiguye, ube kandi wamaze gucira inzira isubirayo. Ico kiyago kigufi uzoba ugiranye n’uwo muntu hari aho wosanga gushika kuri uwo musi ari co kintu kimuremesheje kandi kimuhumurije kuruta ibindi vyose vyari bimaze kumushikira. Hari aho ivyo vyotuma n’umuntu afise vyinshi acurumbamwo yipfuza cane kumarana nawe iyindi minuta mikeyi yiyongereye uko ugenda uramufasha gutera intambwe ikurikira izomushikana ku ‘nzira ijana mu buzima’ (Matayo 7:14). Mu nyuma, uko uwo muntu azogenda ararushiriza gushimishwa, umwanya inyigisho imara ukwiye kuzokwongerekana. Ivyo ushobora kubigira mu kumusaba nimba mwoshobora kwicara mukamara umwanya munaka urushirije kuba munini muriko muriga.
Uburyo bwo kwigisha buba ngirakamaro kuruta ubundi
8, 9. (a) Ushobora gute gutegura umutohoji wa Bibiliya gutsinda intambamyi n’ibigeragezo bishobora kumushikira? (b) Ni hehe twokura ibikoresho birinda umuriro vyodufasha kwubaka ukwizera gukomeye?
8 Igihe umuntu atanguye kugamburuka ivyo Bibiliya yigisha, hari aho yohura n’intambamyi zoshobora kumubuza gutera imbere neza. Intumwa Paulo yavuze ati: “Abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa” (2 Timoteyo 3:12). Paulo yagereranije ivyo bigeragezo n’umuriro ushobora gutongora ibikoresho vyo kwubaka bidakomeye mugabo ibikoresho nk’izahabu, ifeza n’amabuye y’agaciro vyo ntibigire ico biba (1 Ab’i Korinto 3:10-13; 1 Petero 1:6, 7). Kugira ngo ufashe umutohoji wa Bibiliya kugira kamere zikenewe zomufasha kunanira ibigeragezo vyomushikira, urakwiye kumufasha mu kwubakisha ibikoresho birinda umuriro.
9 Umwanditsi wa Zaburi agereranya “amajambo y’Uhoraho” n’“ifeza iramuriye mu ruganda rwo mw isi, ivugutiwe ibihetangabo ndwi” (Zaburi 12:6). Ni vyo, Bibiliya irimwo ibikoresho vy’agaciro vyose bishobora gukoreshwa mu kwubaka ukwizera gukomeye (Zaburi 19:7-11; Imigani 2:1-6). Kandi igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kirerekana ukuntu wokoresha Ivyanditswe mu buryo ngirakamaro.
10. Ushobora gute kwerekeza ivyiyumviro vy’umutohoji kuri Bibiliya?
10 Mu gihe c’inyigisho, niwerekeze ivyiyumviro vy’umutohoji ku vyanditswe biri mu kigabane muriko murarimbura. Nukoreshe ibibazo kugira ngo umufashe gutahura ivyanditswe nyamukuru vyo muri Bibiliya no kuvyiyerekezako. Ntabe ari wewe umubwira ico akwiye gukora. Ahubwo riho, niwigane Yezu. Igihe umugabo umwe yari azi cane Ivyagezwe yabaza Yezu ikibazo, Yezu yaciye amwishura ati: “Vyanditswe bite mu vyagezwe, kand’usoma iki?”. Uwo mugabo yishuye yisunze Ivyanditswe, Yezu na we aca aramufasha gutahura ukuntu yokwiyerekezako ingingo ngenderwako yo mu Vyanditswe. Mu gutanga ikigereranyo, Yezu yarafashije uwo mugabo gutahura ukuntu iyo nyigisho ikwiye kugira ico ikoze kuri we (Luka 10:25-37). Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kirimwo ibigereranyo vyinshi vyoroshe gutahura ushobora gukoresha mu gufasha umutohoji kwiyerekezako ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe.
11. Igihe cose mwiga n’umutohoji, mukwiye kurimbura amayagwa angana iki?
11 Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kirakoresha imvugo yoroshe kandi idomako mu gusigura Ijambo ry’Imana, nka kurya nyene Yezu yashikiriza ivyiyumviro bigoye akoresheje imvugo yoroshe (Matayo 7:28, 29). Numwigane. Nushikirize ivyiyumviro biri muri ico gitabu mu buryo bworoshe, butomoye kandi butarimwo amakosa. Ntiwihutire kumara amayagwa. Ahubwo riho, igihe cose wiga n’umutohoji, nureke uko ivyiwe vyifashe be n’ubushobozi bwiwe bibe ari vyo bigufasha kumenya ingingo mwokwiga uko zongana. Yezu yari azi aho ubushobozi bw’abigishwa biwe bugarukira ku buryo atabaremereza ibintu vyinshi biruta ivyo bari bakeneye kumenya ico gihe.—Yohana 16:12.
12. Amayagwa y’inyongera akwiye gukoreshwa gute?
12 Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kirimwo amayagwa y’inyongera agizwe n’ibiganiro 14. Bivanye n’ivyo umutohoji akeneye, wewe umwigisha ni we ukwiye kuraba ukuntu ayo mayagwa y’inyongera yokoreshwa mu buryo bwiza kuruta. Nk’akarorero, igihe umutohoji bimugoye gutahura ikintu kinaka canke akaba afise ibibazo binaka bivanye n’ivyo yahora yemera, hari aho vyoba bihagije umweretse igice c’ayo mayagwa y’inyongera kibereye maze akaba ari we acirimburira. Ikindi gihe na ho, bivanye n’ivyo uwo mutohoji akeneye, hari aho vyosaba ko ayo mayagwa muyarimburira hamwe. Ayo mayagwa y’inyongera arimwo ibiganiro bihambaye bishingiye ku Vyanditswe, nk’ikivuga ngo “Abantu boba vy’ukuri bafise muri bo igihimba kitaboneka kandi kidahwera?” be n’ikivuga ngo “Ukuntu twomenya ‘Babiloni Hahambaye’ ico ari co”. Hari aho woshima kuyaga n’umutohoji kuri ivyo biganiro. Kubera ko ata bibazo vyatanzwe bijanye n’ivyo biganiro vyo mu mayagwa y’inyongera, uzokenera kumenya neza ayo mayagwa kugira ngo ushobore kubaza ibibazo biri n’ico bivuze.
13. Isengesho rigira uruhara uruhe mu bijanye no gukomeza ukwizera?
13 Zaburi 127:1 ivuga iti: “Uhoraho iy’atari we yubaka inzu abayubaka baba baruhira ubusa”. Ku bw’ivyo, igihe witegurira kuyobora inyigisho ya Bibiliya, nusabe imfashanyo Yehova. Amasengesho utura imbere n’inyuma y’inyigisho, niyerekane ubucuti burangwa igishika ufitaniye na Yehova. Nuremeshe umutohoji gusaba Yehova ubukerebutsi bwomufasha gutahura Ijambo ryiwe be n’inkomezi zomufasha gukurikiza impanuro ritanga (Yakobo 1:5). Uwo mutohoji niyabigenza gutyo, azogira inkomezi zizomufasha kwihanganira ibigeragezo kandi abandanye gukomera mu kwizera.
Nufashe abatohoji ba Bibiliya gucika abigisha
14. Ni iterambere irihe abatohoji ba Bibiliya bakeneye kugira?
14 Kugira ngo abatohoji ba Bibiliya bitondere ivyo Yezu yageze abigishwa biwe “vyose”, barakeneye gutera imbere bakaba abigisha b’Ijambo ry’Imana aho kuguma ari abatohoji baryo gusa (Matayo 28:19, 20; Ivyakozwe n’intumwa 1:6-8). Wokora iki none kugira ngo ufashe umutohoji gutera iyo ntambwe yo mu vy’impwemu?
15. Ni kubera iki ukwiye kuremesha umutohoji wa Bibiliya kwitaba amakoraniro ya gikirisu?
15 Mugitangura kwiga Bibiliya ari bwo bwa mbere, numutumire kujana nawe ku makoraniro y’ishengero. Numusigurire yuko ku makoraniro ari ho wigishirizwa kuba umwigisha w’Ijambo ry’Imana. Mu kiringo c’amayinga nk’angahe, nuze urafata iminuta mikeyi inyuma y’inyigisho ya Bibiliya umusigurire ibijanye na porogarama y’inyigisho y’ivy’impwemu uronkera ku makoraniro no ku materaniro atandukanye. Nuvugane igishika ivyiza uharonkera (Abaheburayo 10:24, 25). Uwo mutohoji amaze gutangura kwitaba adahorereza amakoraniro, arashobora gucika umwigisha w’Ijambo ry’Imana.
16, 17. Ni imigambi imwimwe iyihe umutohoji wa Bibiliya ashobora kwishingira akayishikako?
16 Nufashe umutohoji wa Bibiliya kwishingira imigambi ashobora gushikako. Nk’akarorero, numuremeshe kuza arabwira incuti canke abagenzi ivyo ariko ariga. Vyongeye, numugire inama yo kwishingira umugambi wo gusoma Bibiliya yose. Niwamufasha kwishiriraho urutonde rwo gusoma Bibiliya adahorereza no kurukurikiza, ruzomugirira akamaro n’inyuma y’aho azoba yaramaze kubatizwa. N’ikindi kandi, ubona gute ugiriye uwo mutohoji inama yo kwiyemeza kuza aribuka n’imiburiburi icanditswe kimwe cishura ikibazo nyamukuru ku kigabane kimwekimwe cose muba mugezeko co muri ico gitabu Ivyo Bibiliya yigisha? Ivyo bizomufasha gucika “umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri”.—2 Timoteyo 2:15.
17 Aho kwigisha umutohoji kuza arasubiramwo gusa ivyanditswe canke kuvuga mu ncamake ico bivuga, numuremeshe gusigura ivyanditswe bibereye vyo muri Bibiliya igihe yishura abamubajije igituma yemera inyigisho yinaka. Kugira imyimenyerezo migufimigufi vyoshobora kumufasha, wewe ukaza uramubera nk’incuti canke uwo bakorana amusaba gusigura ivyo yemera. Uwo mutohoji ahejeje kwishura, numwereke ingene yoza arishurana “ubugwaneza, [“be n’icubahiro kigera kure”, NW]”.—1 Petero 3:15.
18. Igihe umutohoji wa Bibiliya akwije ibisabwa kugira ngo abe umwamamaji atarabatizwa, ni ibindi bintu ibihe womufashamwo?
18 Mu nyuma, uwo mutohoji yoshobora gukwiza ibisabwa kugira ngo agire uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Nushimike ku vy’uko kwemererwa kugira uruhara muri ico gikorwa ari agateka (2 Ab’i Korinto 4:1, 7). Abakurambere bamaze kuraba ko uwo mutohoji akwije ibisabwa kugira ngo abe umwamamaji atarabatizwa, numufashe gutegura uburyo bworoshe bwo gushikiriza inkuru nziza hanyuma mujane mu murimo wo mu ndimiro. Nubandanye kuza urakorana na we mu mice itandukanye y’ubusuku bwo mu ndimiro, wongere umwigishe ukuntu yokwitegurira gusubira kugendera abo bayaze be n’ukuntu yobigira mu buryo bugira ico buvamwo. Akarorero keza utanga kazogira ikintu ciza kamumariye.—Luka 6:40.
‘Niwikizanye n’abakwumva’
19, 20. Ni umugambi uwuhe dukwiye kwishingira, kandi kubera iki?
19 Nta gukeka ko gufasha umuntu kugira ngo ashike ku “kumenya ivy’ukuri” ari igikorwa kitoroshe (1 Timoteyo 2:4). Ariko rero, si ibintu vyinshi mu buzima usanga bitera umunezero nko gufasha umuntu kugamburuka ivyo Bibiliya yigisha (1 Ab’i Tesalonike 2:19, 20). Emwe, ese ukuntu ari agateka kuba ‘dukorana n’Imana’ muri ico gikorwa co kwigisha kirangurirwa kw’isi yose!—1 Ab’i Korinto 3:9.
20 Biciye kuri Yezu Kristu no ku bamarayika b’abanyenkomezi, Yehova agiye kugira ico abaza “abat[azi] Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu” (2 Ab’i Tesalonike 1:6-8). Ubuzima bw’abantu burageramiwe. Ubona wokwishingira umugambi wo kuyobora n’imiburiburi inyigisho imwe ya Bibiliya mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Igihe ugize uruhara muri ico gikorwa, uraronka akaryo ko “[kwi]kizanya n’abakwumva” (1 Timoteyo 4:16). Ubu, kuruta ikindi igihe ico ari co cose, birihutirwa ko dufasha abandi kugamburuka ivyo Bibiliya yigisha.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Wize iki?
• Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kigenewe iki?
• Ushobora gute gutanguza inyigisho za Bibiliya ukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha?
• Ni uburyo bwo kwigisha ubuhe buba ngirakamaro kuruta ubundi?
• Wofasha gute umutohoji wa Bibiliya gucika umwigisha w’Ijambo ry’Imana?
[Amafoto ku rup. 26]
Woba uriko urakoresha neza iki gitabu?
[Amafoto ku rup. 26]
Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
[Ifoto ku rup. 27]
Ikiyago kigufi kirashobora gutuma umuntu agirira akayabagu ubumenyi bwerekeye Bibiliya
[Ifoto ku rup. 29]
Wokora iki kugira ngo werekeze ivyiyumviro vy’umutohoji kuri Bibiliya?
[Ifoto ku rup. 30]
Nufashe umutohoji wa Bibiliya gutera imbere