ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/2 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Harumagedoni—Intango iteye akanyamuneza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Harumagedoni—Intambara y’Imana izorangiza izindi ntambara zose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/2 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

“Intambara . . . [y]’Imana ishobora vyose” yo kuri Haru-Magedoni ni iki, kandi ni ibiki izoshikako?​—Ivyahishuriwe 16:14, 16.

Tubivuze mu buryo bworoshe, intambara ya Haru-Magedoni ni indwano izoba kw’isi yose aho Umwami yagenywe na Yehova, ari we Yezu Kristu, azosangangura abansi b’Imana. Bibiliya isigura ko “impwemu z’abadayimoni” ari zo zigomora abo bansi b’Imana, ari bo “bami bo mw isi yose”, zikabakoraniriza hamwe “ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose, . . . [zikabakoraniriza] ahantu hitwa Haru-Magedoni mu Giheburayo”.​—Ivyahishuriwe 16:14, 16.

Aho hantu iyo migwi irwana ikoranira si ikibanza bubanza. Izina Haru-Magedoni risobanura ngo “Umusozi wa Megido” (Ivyahishuriwe 16:16). Nta musozi witwa gutyo wigeze ubaho. N’ikindi kandi, “abami bo kw isi n’ingabo zabo” ntiboshobora gukoranira bukoranire ahantu hamwe (Ivyahishuriwe 19:19). Ahubwo riho, aho “hantu” ni imimerere abategetsi bo mu vya politike bo kw’isi hamwe n’ababashigikira bashirwamwo, ni ukuvuga imimerere yo kurwanya Yehova n’“ingabo zo mw ijuru” ziyobowe n’‘Umwami w’abami akaba n’Uwuganza abaganza’, ari we Yezu Kristu.​—Ivyahishuriwe 19:14, 16.

Biri n’ico bivuze kuba ijambo “Haru-Magedoni” rifitaniye isano n’igisagara ca kera co muri Isirayeli citwa Megido. Ico gisagara cari giherereye ahantu heza cane mu Buseruko bw’Umusozi Karumeli. Carimwo amabarabara akomakomeye yacamwo abadandaza be n’ingabo. Muri ico gisagara kandi harabera intambara zikomakomeye. Nk’akarorero, “ku mazi y’i Megido” ni ho wa mucamanza w’Umwisirayeli Baraki yatsindiye ingabo zikomeye z’Abanyakanani zari zirongowe na Jenerali Sisera (Abacamanza 4:12-24; 5:19, 20). Muri ako karere nyene, ni ho Umucamanza Gideyoni yaneshereje Abamidiyani bimwe vy’akamaramaza (Abacamanza 7:1-22). Mu gusanisha Megido n’intambara yimirije, Bibiliya iradukura amazinda yuko Imana, ibicishije ku Mwana wayo, izotsinda bimwe bishitse ingabo zose ziyirwanya.

None ni ibiki iyo ntambara izoshikako? Intambara ya Haru-Magedoni izokura kw’isi ukwononekara kwose be n’ubukozi bw’ikibi bwose. Izocira inzira igihe giteye igomwe kuruta ibindi vyose vyigeze kubaho kuva abantu babayeho (Ivyahishuriwe 21:1-4). Isi izohindurwa iparadizo aho abagororotsi bazokwibera ibihe bidahera, ivyo bikaba bizogirwa bihagarikiwe mu buryo burangwa urukundo n’Ubwami bw’Imana.​—Zaburi 37:29.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika