Twoba dukwiye gutinya ukuza kwa Kristu?
WUMVISE ukuza kwa Kristu uca ubona iki? Woba uca ubona umusi w’ivyago, w’agatikizo canke w’igihano? Canke woba witeze ko ukwo kuza kwiwe kuzotuma ingorane zose dufise zihera? Twoba dukwiye gutinya ukuza kwa Kristu? Canke twoba dukwiye kukwitegana umushasharo?
Ku bijanye n’ukuza kwa Kristu, Bibiliya ivuga iti: “Eh’arazanana n’ibicu, kand’ijisho ryose rizomwibonera, . . . kand’amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we” (Ivyahishuriwe 1:7). Ukwo kuza kwerekeza ku gihe Yezu azoza kugira ngo ahe impera abagororotsi yongere ahane abanyakibi.
Intumwa Yohani ntiyatinya ukwo kuza kwa Kristu, ahubwo riho yari akwiteganye umushasharo. Amaze guhishurirwa ibijanye n’ukwo kuza be n’ico kuzomarira isi, yasenganye ubwira ati: “Urakaza, Mwami Yesu” (Ivyahishuriwe 22:20). Ni kubera iki none “amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we”? Ni mu buryo ki “ijisho ryose” rizomwibonera? Ukuza kwa Kristu kuzorangura iki? Kwizera ukwo kuza bishobora gute kutugirira akamaro muri iki gihe? Ikiganiro gikurikira kirishura ivyo bibazo.