ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/5 rup. 11-13
  • Ni kubera iki twokwitaba amakoraniro?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni kubera iki twokwitaba amakoraniro?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ni muze kuri jewe”
  • Mwebwe “abananiwe n’abaremerewe”
  • ‘Ingǒgo yanje ntibabaza, n’umutwaro wanje urahwahutse’
  • “Nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima”
  • “Muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu”
  • Kubera iki dukwiye gukoranira hamwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova yokugirira akamaro akahe?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ukuntu Yehova Ariko Aratuyobora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Woba ugira uruhara mu vyo gutuma amakoraniro ya gikirisu aba ayubaka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/5 rup. 11-13

Ni kubera iki twokwitaba amakoraniro?

UWITWA Christine yagiye abona umugabo wiwe amuta inyuma y’imyaka 20 bari bamaze bubakanye. Christine yasigaye yirerana abana b’abahungu ndwi be n’umukobwa umwe. Imfura muri abo bana yari afise imyaka 18, umuhererezi na we akagira imyaka 7. Uwo mukenyezi avuga ati: “Ico gihe ni jewe ubwanje nategerezwa gufata ingingo zose zihambaye. Narumva ndemerewe n’iryo banga kandi nkipfuza cane gufatwa mu mugongo no kuronka ubuyobozi”. None ni hehe Christine yaronkeye iyo mfashanyo yari akeneye?

Avuga ati: “Amakoraniro ya gikirisu yaratubereye ngirakamaro cane twe n’umuryango wanje. Turi ku makoraniro twararemeshwa n’abagenzi bacu tukongera tukaronka ubuyobozi buva mw’Ijambo ry’Imana. Kwitaba amakoraniro ubudahorereza vyaradufashije mu mice yose ihambaye y’ubuzima bwacu uko tugize umuryango”.

Muri ibi “bihe bigoye”, twese dutegerezwa gushikirwa n’ibintu bigoye bitandukanye (2 Timoteyo 3:1). Nk’ukwo kwa Christine, ushobora kuba ubona ko amakoraniro agirwa n’Ivyabona vya Yehova ari ngirakamaro cane mu vy’impwemu, akaba n’umuce uhambaye cane w’ugusenga Yehova. Birashoboka cane ko amakoraniro atanu y’ishengero agirwa buri ndwi atuma urushiriza gukunda Imana, agakomeza icizigiro ufise ku bijanye na kazoza, akongera akakuronsa ubuyobozi bushingiye kuri Bibiliya bugufasha kuvyifatamwo neza mu bintu bitoroshe.

Ariko rero, hari abo bigora kwitaba amakoraniro badahorereza. Bugorovye usanga barushe basanzaye, ku buryo kwihindura bakambara mu buryo bubereye maze bakaja kw’ikoraniro rinaka bishobora gusa n’urugamba kuri bo. Hari abo usanga akazi bakora gakunda kubabuza kwitaba amakoraniro. Kugira ngo bashobore kwitaba amakoraniro yose, vyoba ngombwa ko bemera guhembwa amahera make canke bakemera guhakwa gukurwa mu kazi. Hari bamwebamwe boshobora gusiba amakoraniro kubera biyumvira yuko uburyo bunaka bwo kwisamaza bwoshobora kubaruhurira cane kuruta ukuba bari kumwe n’ishengero.

None, ni imvo izihe zikujijura yuko ukwiye kwitaba amakoraniro ya gikirisu? Wokora iki kugira ngo ayo makoraniro atume wumva uruhuriwe? Kugira ngo turonke inyishu z’ivyo bibazo, reka twihweze akamo kavuye ku mutima Yezu adutera dusanga muri Matayo 11:28-30. Yavuze ati: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze [“ingǒgo”, NW] yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu. Kukw [“ingǒgo”, NW] yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse”.

“Ni muze kuri jewe”

Yezu yavuze ati: “Ni muze kuri jewe”. Uburyo bumwe bwo kwitaba ako kamo ni mu kuja ku makoraniro tudahorereza. Turi n’imvo yumvikana yo kwitaba amakoraniro kubera yuko igihe kimwe Yezu yavuze ati: “Aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo”.​—Matayo 18:20.

Mu kinjana ca mbere, Yezu ubwiwe yarateye akamo abantu batandukanye ngo bamukurikire. Gutyo yari abahaye akaryo ko guhimbarwa n’ukwifatanya cane na we. Bamwebamwe baciye ubwo nyene bitaba ako kamo (Matayo 4:18-22). Abandi na bo bararetse ibintu bimwebimwe nk’amatungo birababuza kwitaba ako kamo (Mariko 10:21, 22; Luka 9:57-62). Yezu yasubirije umutima mu nda abamukurikiye ati: “Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije”.​—Yohana 15:16.

Kristu amaze gupfa akongera akazuka, ntiyari akiri kumwe n’abigishwa biwe mu buryo bw’umubiri. Ariko yari akiri kumwe na bo mu buryo bw’uko yayobora igikorwa barangura akongera akihweza ukuntu bakira impanuro ziwe. Nk’akarorero, haciye nk’imyaka 70 Yezu azutse, yarahaye impamuro amashengero ndwi yo muri Aziya Ntoya yongera arayaremesha. Ivyo yabwiye ayo mashengero vyarerekanye ko yari azi neza aho abari bagize ayo mashengero bari bakomeye be n’aho bari barwaye.​—Ivyahishuriwe 2:1–3:22.

Yezu aracitwararika cane umwumwe wese mu bigishwa biwe. Asezerana ati: “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi” (Matayo 28:20). Ubu tubayeho mu gihe c’iherezo, tukaba rero dukeneye kwitaba akamo Yezu adutera ko kumukurikira. Uburyo bumwe bwo kubigira ni mu kwitaba amakoraniro tudahorereza. Yezu yipfuza ko tumutega yompi maze “[t]ukigishirizwa muri we” biciye ku nyigisho zishingiye kuri Bibiliya zama zigirirwa ku makoraniro be n’insiguro zama zihashikiririzwa (Abanyefeso 4:20, 21). Woba uriko uritaba akamo Yezu agutera kagira gati: “Ni muze kuri jewe”?

Mwebwe “abananiwe n’abaremerewe”

Imvo ihambaye cane ituma twitaba amakoraniro ni ukugira ngo turemeshwe (Abaheburayo 10:24, 25). Nta gukeka yuko benshi muri twebwe ‘bananiwe kandi baremerewe’ mu buryo butandukanye. Woshobora kuba uremerewe n’ibintu bikuraje ishinga, nk’akarorero ingorane z’amagara. Igihe uri ku makoraniro ya gikirisu, urashobora kunezerwa no guhanahana indemesho n’abandi (Abaroma 1:11, 12). Nk’akarorero, urahumvira insasanuro zikomeza mu vy’impwemu, ukibutswa ibijanye n’icizigiro ufise gishingiye kuri Bibiliya, ukongera ukitegereza ukwizera kw’abandi bariko bihanganira ingorane. Ivyo vyose birashobora kugufasha kwihangana no kubona mu buryo bubereye ingorane ufise.

Zirikana kuri aya majambo yavuzwe n’umuvukanyikazi umwe atorohewe kubera indwara amaranye igihe kirekire. Asigura ati: “Kubera indwara ndwaye, ndakunze kumara igihe kinaka mu bitaro. Kuja ku makoraniro nari maze igihe kinaka mu bitaro hari ukuntu bitanyorohera, mugabo nkiyumvamwo yuko ari ho nkwiye kuba ndi. Igishika n’urukundo abavukanyi n’abavukanyikazi banje bangaragariza biratuma nsubira kugira umunezero mwinshi, kandi inyigisho be n’ubuyobozi Yehova na Yezu batangira ku makoraniro biratuma ubuzima bwanje bugira ico buvuze”.

‘Ingǒgo yanje ntibabaza, n’umutwaro wanje urahwahutse’

Urabona yuko mu canditswe turiko turihweza Yezu yavuze ati: “Munyigireko”. Biciye ku kwigira kuri Yezu turaba abigishwa biwe, kandi tukishirako ingǒgo yiwe igihe twiyeguriye Imana tukongera tukabatizwa (Matayo 28:19, 20). Kwama tugira uruhara mu makoraniro birahambaye cane kugira ngo tugume turi abigishwa ba Yezu. Uti kubera iki? Kubera yuko ku makoraniro ya gikirisu ari ho twigishirizwa ivyerekeye Yezu, inyigisho ziwe be n’uburyo yakora ibintu.

None uwo mutwaro Kristu ashaka ko twikorera ni uwuhe? Ni urya mutwaro na we nyene asanzwe yikoreye, ni ukuvuga agateka ko gukora ivyo Imana igomba (Yohana 4:34; 15:8). Naho kugamburuka amategeko y’Imana bisaba akigoro, uwo mutwaro si amananiza. Woshobora kumera nk’uwuremereye mu gihe tugerageza kuwikorera dukoresheje inkomezi zacu bwite. Ariko rero, mu gihe dusenze dusaba Imana ngo iduhe impwemu yayo tukongera tukihereza imfungurwa z’ivy’impwemu zitangirwa ku makoraniro, turaheza tukaronka “ubushobozi buhebuje” butangwa n’Imana (2 Ab’i Korinto 4:7). Igihe dutegura amakoraniro tukongera tukayagiramwo uruhara, biratuma urukundo dukunda Yehova rurushiriza gukomera. Igihe rero dukora ibintu tubitumwe n’urukundo, ivyagezwe vy’Imana biraheza bikaba ‘ibitagoye’ kuri twebwe.​—1 Yohana 5:3.

Abantu muri rusangi usanga bahangana n’ibintu bitoroshe nk’ukwironsa ibibatunga, ingorane z’amagara be n’ukurondera gutorera umuti izindi ngorane bifitiye. Ariko rero, kugira ngo tuvyifatemwo neza muri ivyo bintu bitoroshe, ntitwiheka gusa ku bukerebutsi bw’abantu. Amakoraniro y’ishengero aradufasha kureka ‘kwiganyira’, kubera yuko Yehova aturonsa ivyo dukeneye akongera akadufasha kuvyifatamwo neza igihe turi mu ngorane (Matayo 6:25-33). Tuvugishije ukuri, amakoraniro ya gikirisu ni ikimenyamenya c’uko Imana idukunda.

“Nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima”

Yezu yarakunda kuja kw’isinagogi aho Ijambo ry’Imana ryaganirwako. Igihe kimwe ari kw’isinagogi, yarafashe umuzingo wa Yesaya maze arasoma ati: “[Im]pwemu [y]’Uhoraho [i]ri kuri jewe, ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’impumyi ko zihumūka, no kubohora abanywagutse imitima, no kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho” (Luka 4:16, 18, 19). Ese ukuntu wari kugira akamwemwe iyo uba uhari maze ukumva ingene Yezu yerekana ico ayo majambo asigura mu kuvuga ati: “Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi, nk’ukw amatwi yanyu yiyumviye”!​—Luka 4:21.

Yezu, we “Mwungere mukuru” w’umugwaneza, aracahagarikiye ibijanye no kwitwararika abayoboke biwe mu vy’impwemu (1 Petero 5:1-4). Wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”, ayobowe na Yezu, yaragenye mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova yo kw’isi yose abagabo ngo babe abungere (Matayo 24:45-47; Tito 1:5-9). Abo bagabo “[bararagira] ishengero ry’Imana” mu bugwaneza bakongera bagatanga akarorero keza mu kwitaba amakoraniro badahorereza. Urashobora kugaragaza ko ukenguruka abo bagabo b’‘ingabirano’ mu kwitaba amakoraniro, aho ushobora kuremesha abandi mu kuba ari ho uri no mu kuyagiramwo uruhara.​—Ivyakozwe n’intumwa 15:30-33; 20:28; Abanyefeso 4:8, 11, 12.

“Muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu”

Igihe witaba amakoraniro ya gikirisu, wokora iki kugira ngo wumve ko ayo makoraniro akuruhurira koko? Ikintu kimwe wokora ni ugushira mu ngiro iyi mpanuro ya Yezu igira iti: “Mwiyubare uburyo mwumva” (Luka 8:18). Abantu wasanga bipfuza cane kumenya barumviriza Yezu bitonze. Baramusaba kubasigurira ibigereranyo yatanga maze ivyo bigatuma bironkera ugutahura kugera kure.​—Matayo 13:10-16.

Na wewe urashobora kwigana abo bantu bari bafise inzara yo mu vy’impwemu, mu kwihatira gutega yompi ibiganiro bishikirizwa ku makoraniro tugira (Matayo 5:3, 6). Kugira ngo ivyiyumviro vyawe ntivyangare, nugerageze gukurikirana ukuntu ivyiyumviro umushikirizansiguro ashikiriza bigenda birakurikirana. Niwibaze mu bwenge mwene ibi bibazo: ‘Noshira gute mu ngiro ibi biriko biravugwa? Nobikoresha gute kugira ngo mfashe abandi? Noshobora gute gusigura ico ciyumviro gishikirijwe?’. N’ikindi kandi, nuze uraraba ivyanditswe umushikirizansiguro akoresha bishigikira ivyiyumviro nyamukuru ashikiriza. Uko urushiriza kwiyubara mu buryo utega yompi ku makoraniro ni ko uzorushiriza kwumva ko aruhura.

Amakoraniro arangiye, nuganire n’abandi ivyashikirijwe muri yo. Niwibande ku vyiyumviro vyagiye biraganirwako no ku kuntu mwobishira mu ngiro. Ibiyago vyubaka bituma amakoraniro aba ayaruhura cane.

Emwe, nta gukeka yuko turi n’imvo zumvikana zotuma twitaba amakoraniro. Umaze gusubira kwihweza ivyiza twavuze biva ku kwitaba amakoraniro, ubona gute uciye wibaza uti: ‘Ndiko nitaba gute ka kamo Yezu adutera kagira gati: “Ni muze kuri jewe”?’.

[Ifoto ku rup. 11]

Hoba hari ibindi bintu bikubuza kwitaba amakoraniro?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika