ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/6 rup. 12-13
  • Ugukebwa coba ari ikimenyetso c’ubugabo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ugukebwa coba ari ikimenyetso c’ubugabo?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Imana ibona ivyo gukebwa
  • Tuvuge iki ku vyitwa ngo ni amashure y’ivy’ugukebwa?
  • Ni igiki gituma umukirisu aba umugabo?
  • “Bamaze gucanamwo cane”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Abakirisu bo mu ntango be n’Ivyagezwe vya Musa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/6 rup. 12-13

Ugukebwa coba ari ikimenyetso c’ubugabo?

MU MIHINGO myinshi yo kw’isi, abana b’abahungu bakiri inzoya barakebwa kugira ngo bakingirwe indwara zinaka. Mu yindi, usanga kenshi abantu b’igitsina-gabo baguma badakebwe. Bamwebamwe, nk’Abayuda be n’Abisilamu, babona ko ugukebwa atari ikintu kijanye no gukinga indwara gusa, ariko ko ari ikintu gihambaye mu bijanye n’ivy’idini.

Yamara, mu bihugu bimwebimwe umugenzo wo gukebwa ugirwa igihe umwana w’umuhungu akuze. Akenshi ivyo bisaba kurungika uwo muhungu kw’ishure ryigisha imigenzo y’ikibano kinaka, aho akebwa akongera akamara ikiringo c’indwi nka zingahe atari mu kibano abamwo gushika akize aho yakebwe. Muri ico kiringo cose, uwo muhungu ategerezwa gukurikiza imigenzo minaka akongera akigishwa kuba umugabo. None mwene ukwo gukebwa kwoba gukenewe kugira ngo biboneke ko umwana w’umuhungu yabaye umugabo? Reka turabe ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuntu Imana ibona ivyo gukebwa.​—Imigani 3:5, 6.

Ukuntu Imana ibona ivyo gukebwa

Abantu bamwebamwe bo mu bihe vya kera, nk’Abanyamisiri, barakurikiza umugenzo wo gukebwa, uwugirwa mu gukurako agashato ko kw’isonga ry’igihimba c’irondoka c’umugabo. Ariko rero, Aburahamu ntiyavukiye ahantu bakurikiza mwene uwo mugenzo. Nkako, yamaze hafi ubuzima bwiwe bwose atarakebwa. Ikigeretseko, naho atari bwakebwe, yaragaragaje ko ari umugabo w’intatinyurukamvye. Ari kumwe n’abagabo bakeyi cane, yarakurikiye ingabo z’abami bane zari zafashe mpiri Loti umuhungwabo yongera arazinesha (Itanguriro 14:8-16). Haciye nk’imyaka 14, Imana yarategetse Aburahamu kwikebesha no gukeba abantu b’igitsina-gabo bose baba mu rugo rwiwe. Ni kubera iki Imana yatanze iryo tegeko?

Nta gukeka ko ico kitari ikimenyetso cerekana ko Aburahamu avuye mu bwana akaba umugabo, narirya yakebwe afise imyaka 99 (Itanguriro 17:1, 26, 27). Imana yaravuze igituma itanze iryo tegeko iti: “Muze mukebge ku munwa w’ico mwambariye; kizoba ikimenyetso c’isezerano riri hagati yanje namwe” (Itanguriro 17:11). Iryo sezerano Imana yagiranye na Aburahamu ryarimwo umuhango w’uko biciye kuri we, “imiryango yose yo mw isi” yohavuye ironka imigisha myinshi (Itanguriro 12:2, 3). Ku bw’ivyo, Imana ntiyabona ko ugukebwa ari ikintu cerekana ko umuntu abaye umugabo. Kwagirwa kugira ngo vyerekane ko umuntu ari uwo mu Bisirayeli bakomoka kuri Aburahamu, abari batewe agateka ko “ [kubitswa] ivyavuzwe n’Imana”.​—Abaroma 3:1, 2.

Ihanga rya Isirayeli ryahavuye riboneka ko ritakibereye kubitswa ivyo bintu kubera ko ryiyamirije Urubuto nyakuri rwa Aburahamu, ari rwo Yezu Kristu. Ni co gituma Imana yabahevye, kandi ukuba bari barakebwe nta co vyari bikivuze mu nyonga z’Imana. Ariko rero, hari abakirisu bo mu kinjana ca mbere bashimika cane ku vy’uko ugukebwa ari ikintu cari kigisabwa n’Imana (Ivyakozwe n’intumwa 11:2, 3; 15:5). Ico ni co catumye intumwa Paulo arungika Tito mu mashengero atandukanye kugira ngo ‘atunganye [“ibintu vyari n’agahaze”, NW]’. Paulo yandikiye Tito ku bijanye n’ikintu kimwe cari n’agahaze, ati: “Hariho benshi b’ibiganda, cane-cane n’abo mu bākebge, bavuga ibitagira ikimazi, n’inyosha mbi, bakwiye kuzibga iminwa, kuko har’imiryango bagwisha igahenebera, bigisha ibidakwiye kubg’inyungu mbi”.​—Tito 1:5, 10, 11.

Iyo mpanuro Paulo yatanze iracakora no muri iki gihe. Nta gukeka ko vyoba biteye kubiri n’Ivyanditswe mu gihe umukirisu w’ukuri yohimiriza uwundi muntu gukebesha umwana wiwe. Aho “kwita mu [“vy’abandi”, UB]”, umukirisu arareka abavyeyi bakaba ari bo bifatira ingingo kuri ivyo (1 Petero 4:15). N’ikindi kandi, Paulo ahumekewe n’Imana, yaranditse ibijanye n’ugukebwa kwasabwa n’Ivyagezwe vya Musa, ati: “Mbega harih’umuntu yahamagawe yarakebge? Ntagacike nk’ūtakebge. Harih’umuntu yahamagawe atākebge? Ntagakebge. Gukebga nta co kumaze, no kudakebga nta co kumaze, arikw ikigira ico kimaze n’ukwitondera ivyagezwe n’Imana. Umuntu wese, uko yar’ari mw ihamagarwa ryiwe, abigumemwo”.​—1 Ab’i Korinto 7:18-20.

Tuvuge iki ku vyitwa ngo ni amashure y’ivy’ugukebwa?

Bite nka hamwe abavyeyi bakirisu bahisemwo ko abana babo b’abahungu bakebwa? Vyoba bihuye n’ivyo Bibiliya ivuga barungitse abana babo b’abahungu muri ya mashure twamaze kuvuga yitwa ngo ni ay’ivy’ugukebwa? Kuja muri ayo mashure birimwo n’ibindi uretse gusa gukurwako agashato ko kw’isonga ry’igitsina. Uwugiye muri iryo shure amara amayinga nk’angahe ari kumwe n’abandi bahungu be n’abigisha, badasenga Yehova. Ibintu vyinshi vyigishwa muri ayo mashure birateye kubiri n’ingingo mfatirwako ziri hejuru zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu. Bibiliya itugabisha iti: “Kubana n’ababi kwonona ingeso nziza”.​—1 Ab’i Korinto 15:33.

N’ikindi kandi, ibintu bitera akaga ku mubiri birarushiriza kwigaragaza ku baja muri ayo mashure. Mu 2003, ikinyamakuru kimwe (South African Medical Journal) cagabishije giti: “Ingaruka ziteye ubwoba zituruka ku gukebwa zarasubiye kwibonekeza muri uwu mwaka, ivyo bikaba bigaragarira mu maraporo y’abapfa be n’abagirirwa nabi ku mubiri asohorwa hirya no hino kw’isi n’inzego zose zikomakomeye zimenyesha amakuru. . . . Muri make, menshi mu mashure yo muri iki igihe yitwa ngo ni ay’ivy’ugukebwa usanga ari ay’uruhendo akaba ashobora no gutuma abantu bapfa”.

Uretse ko ivyo bishobora gutuma uwukiri muto agira ingorane ku mubiri, mu buryo bw’impwemu ho birimwo akaga mbere gakomeye kuruta. Inyigisho zitangwa muri ayo mashure be n’imigenzo ihagirirwa birafitaniye isano cane n’ubupfumu be n’ugusenga ba sokuruza bapfuye. Nk’akarorero, aho kwemera ko ingorane zishikira abo bakebwa ziva ku gusamara kw’ababakeba be no kw’isuku rike, abantu benshi bemera ko bano baba batewe n’intezi canke ko vyaturutse kw’ishavu rya ba sekuruza bapfuye. Ku bijanye n’ukwifatanya n’idini ry’ikinyoma, Bibiliya itanga itegeko rigira riti: “Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’umuco n’umwiza bifatanya bite? . . . Nuko muve hagati ya ba bandi, mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; nanje nzobākira” (2 Ab’i Korinto 6:14-17). Twisunze iyo mpanuro, nta bukerebutsi na bukeyi abavyeyi bakirisu boba bagaragaje mu gihe borungika abana babo b’abahungu mw’ishure nk’iryo.

Ni igiki gituma umukirisu aba umugabo?

Ubugabo bw’umukirisu, ntibuhagaze ku kuba yarakebwe canke atakebwe. Ikintu nyamukuru abakirisu b’ukuri bitwararika ni uguhimbara Imana, si ‘ukuboneka neza mu mubiri’.​—Ab’i Galatiya 6:12, NW.

Yamara rero, kugira ngo umukirisu ahimbare Imana, ategerezwa ‘gukebwa ku mutima’ (Gusubira mu vyagezwe 10:16; 30:6; Matayo 5:8). Ukwo gukebwa ntikugirwa hakoreshejwe imbugita, ariko kugirwa mu kwamirira kure ivyipfuzo bibi be n’ivyiyumviro biranga ubwibone, nka kimwe kivuga yuko ukuba umuntu yarakebwe ku mubiri bituma aruta abandi. Umukirisu, yaba yarakebwe canke atakebwe, ashobora kwerekana ko ari umugabo mu gihe yihanganira ibigeragezo akongera ‘agashikama mu kwizera’.​—1 Ab’i Korinto 16:13; Yakobo 1:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika