Barama mu buryo bw’impwemu mu busaza bwabo
“Abatewe mu rugo rw’Uhoraho . . . no mu busāza bazoba bacāma”.—ZABURI 92:13, 14.
1, 2. (a) Abantu bakunze kubona gute ubusaza? (b) Ni umuhango uwuhe dusanga mu Vyanditswe ku bijanye n’ingaruka z’icaha ca Adamu?
UMUNTU avuze ubusaza, wewe uca ubona iki? Woba uca ubona umuntu afise iminkanyari? Umuntu atacumva neza? Atakigira intege mu maboko no mu maguru? Canke woba uca ubona ikindi kintu kiranga “imisi mibi” idondorwa mu majambo akomeye ari mu Musiguzi 12:1-7? Niba ari ukwo, birahambaye yuko wamiza mu muzirikanyi ko ayo majambo dusanga mu Musiguzi ikigabane ca 12 atadondora ukuntu Umuremyi Yehova Imana yari yaratunganije ingene umuntu yomera yitereye mu myaka, ariko ko yerekana ingaruka icaha ca Adamu kigira ku mubiri w’umuntu.—Abaroma 5:12.
2 Kwiterera mu myaka ubwavyo si umuvumo, nakare kugira ngo umuntu abandanye kubaho bisaba yuko amara imyaka n’iyindi. Nkako, ugukura ni ikintu ciza kiranga ibinyabuzima vyose. Ingaruka mbi tubona hirya no hino zituruka ku caha be n’agasembwa zimaze imyaka ibihumbi bitandatu zibica bigacika, vuba zigiye kurangira maze abantu bose bagamburuka bibereho nk’uko vyari vyarategekanijwe, batababazwa n’ubusaza be n’urupfu (Itanguriro 1:28; Ivyahishuriwe 21:4, 5). Ico gihe, “uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye” (Yesaya 33:24). Abageze mu zabukuru bazokwiyubura babe nko mu misi yo ‘mu buto bwabo’, kandi umubiri wabo “uzotonyanga itōto kurusha uw’umwana” (Yobu 33:25). Ariko rero, magingo ivyo bitaraba, abageze mu zabukuru bose bategerezwa kunyinyana n’ingaruka z’ivyo Adamu yaturaze. Naho ari ukwo, abasavyi ba Yehova barahezagirwa mu buryo budasanzwe kandi butandukanye, uko bagenda biterera mu myaka.
3. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abakirisu bashobora kuguma ‘bama mu busaza’?
3 Ijambo ry’Imana ridukura amazinda yuko “abatewe mu rugo rw’Uhoraho . . . no mu busāza bazoba bacāma” (Zaburi 92:13, 14). Uwanditse iyo Zaburi, akoresheje imvugo ngereranyo, yarerekanye uku kuri guhambaye: Abasavyi b’Imana barashobora mu buryo bw’impwemu kubandanya batera imbere, bama kandi basagamba, mbere naho umubiri wabo woba uriko urayama. Uburorero bwo muri Bibiliya be n’ubwo muri iki gihe burerekana ko ukwo ari ukuri ntaseswa.
‘Ntiyigera ahara’
4. Wa muhanuzikazi Ana yari yitereye mu myaka yerekanye gute ko yayobokera Imana, kandi yahezagiwe gute?
4 Raba nk’akarorero wa muhanuzikazi Ana. Ku myaka 84 yari afise, “[‘ntiyigera ahara’, NW] mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw ijoro”. Kubera ko se wiwe yakomoka “mu muryango wa Asheri”, ariko akaba atari Umulewi, Ana ntiyashobora kuba nya kuba mu rusengero. Iyumvire akigoro ategerezwa kuba yaragira kugira ngo abe ari mu rusengero buri musi, kuva ku gihe co gutanga ikimazi co mu gitondo gushika ku gihe co gutanga ikimazi co ku mugoroba! Ariko rero, kubera ko Ana yayobokera Imana, yarahezagiwe cane. Yaratewe agateka ko kuba ari ho ari igihe Yozefu na Mariya bazana Yezu ari akayoya ku rusengero kugira bamushikirize Yehova nk’uko Ivyagezwe vyabisaba. Aho Ana aboneye Yezu, yaciye “ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose”.—Luka 2:22-24, 36-38; Guharūra 18:6, 7.
5, 6. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abitereye mu myaka benshi bariko bagaragaza agatima nk’ako Ana yagaragaje?
5 Cokimwe na Ana, abitereye mu myaka benshi bari muri twebwe muri iki gihe usanga bitaba amakoraniro badahorereza, batakamba babigiranye ubwira basaba ko ugusenga kw’ukuri gutera imbere, kandi ugasanga bafise icipfuzo gikomeye co kwamamaza inkuru nziza. Umuvukanyi umwe ageze mu myaka 80 yitaba amakoraniro ya gikirisu adahorereza ari kumwe n’umukenyezi wiwe, yavuze ati: “Twaratsimbataje akamenyero ko kuja ku makoraniro. Nta handi dushaka kuba turi. Aho abasavyi b’Imana bari ni ho twipfuza kuba turi. Aho ni ho twumva tumerewe neza”. Mbega akarorero katuremesha twese!—Abaheburayo 10:24, 25.
6 Umupfakazi umwe mukirisu yitwa Jean ageze mu myaka 80, akunze kwivugira ati: “Igihe habonetse ikintu kijanye n’ivy’impwemu kandi nkaba nshoboye kukigiramwo uruhara, nca ndabigira”. Yongerako ati: “Mu bisanzwe, birashika nkumva merewe nabi, ariko none ni kubera iki abo tuba turi kumwe bose boca bumva bamerewe nabi ngo n’uko jewe merewe nabi?”. Yaraseruye akeye mu maso umunezero agira wo kugendera ibindi bihugu ku bw’ibiringo vyubaka vyo mu buryo bw’impwemu. Nk’akarorero, ku rugendo aheruka kugira, yabwiye abo bari kumwe ati: “Nta bindi bintu ingenzi zitamarira, jewe nshaka kuja kuraba; nishakira kuja mu busuku bwo mu ndimiro!”. Naho Jean ataba azi ururimi ruvugwa aho yaba yagendeye, yarashobora gutuma abantu bashimishwa n’ubutumwa bwo muri Bibiliya. Vyongeye, yaramaze imyaka nk’ingahe akorana n’ishengero ryari rikeneye gusahirizwa naho nyene ivyo vyamusavye kwiga urundi rurimi no kugira urugendo rw’isaha imwe igihe cose yaba agiye ku makoraniro.
Baguma bakoresha ubwenge bwabo
7. Igihe Musa yari yitereye mu myaka, yaseruye gute icipfuzo yari afise co kurushiriza kugiranira ubucuti n’Imana?
7 Uko igihe kigenda kirarengana, ni ko umuntu agenda aramenya utuntu n’utundi (Yobu 12:12). Ariko rero, gutera imbere mu vy’impwemu vyovyo ntibishoka bizanwa n’imyaka umuntu aba amaze. Ni co gituma abasavyi b’Imana b’intahemuka, aho kuguma biheka gusa ku bumenyi baronse muri kahise, bihatira kuguma ‘bunguka ukumenya’, uko imyaka igenda irahaca (Imigani 9:9). Musa yari afise imyaka 80 igihe Yehova yamushinga igikorwa (Kuvayo 7:7). Mu gihe ciwe, kumara imyaka nk’iyo vyabonwa nk’ikintu kidasanzwe, kuko yanditse ati: “Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, canke . . . kubg’intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani” (Zaburi 90:10). Naho vyari ukwo, Musa ntiyigeze yumva ko ashaje cane ku buryo atoshoboye kwiga. Inyuma y’aho Musa amariye imyaka mirongo akorera Imana, akaronka uduteka twinshi akongera akarangura amabanga ahambaye, yarasavye Yehova yinginga ati: “Ndakwinginze, . . . n’unyereke imigendere yawe, kugira ngo nkumenye” (Kuvayo 33:13). Musa yaguma yipfuza cane kurushiriza kugiranira ubucuti na Yehova.
8. Igihe Daniyeli yari ageze mu myaka 90, yagumye akoresha gute ubwenge bwiwe, kandi vyavuyemwo iki?
8 Umuhanuzi Daniyeli, uwo bishoboka ko yari ageze mu myaka 90, yari agishoboye gusuzuma yitonze ivyanditswe vyeranda. Ivyo yatahuye biciye ku gusuzuma ‘ibitabu’, bikaba bishoboka ko harimwo igitabu c’Abalewi, ca Yesaya, ca Yeremiya, ca Hoseya be n’ica Amosi, vyatumye arondera Yehova mw’isengesho yaturanye ubwira (Daniyeli 9:1, 2). Iryo sengesho yatuye ryishuwe biciye ku bintu vyahumetswe yabwiwe bijanye n’ukuza kwa Mesiya be na kazoza k’ugusenga kw’ukuri.—Daniyeli 9:20-27.
9, 10. Ni ibiki bamwebamwe bakoze kugira ngo bagume bakoresha ubwenge bwabo?
9 Nk’uko kwa Musa na Daniyeli, na twebwe nyene turashobora kwihatira kuguma dukoresha ubwenge bwacu mu kwitwararika cane ibintu vy’impwemu magingo tukibishoboye; kandi benshi ivyo bariko barabigira. Umukurambere mukirisu umwe ageze mu myaka 80 yitwa Worth, arakora uko ashoboye kwose kugira ngo agume ari ku gihe ku bijanye n’imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu zitangwa na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” (Matayo 24:45). Avuga ati: “Ndakunda ukuri cane rwose, kandi ndanezerezwa cane no kubona ukuntu umuco werekeye ukuri ugenda urushiriza gukayangana” (Imigani 4:18). Uwitwa Fred amaze imyaka irenga 60 akora ubusuku bw’igihe cose, na we abona ko kuvyura ibiyago bishingiye kuri Bibiliya ari kumwe n’abo basangiye ukwizera ari ikintu gikabura mu buryo bw’impwemu. Avuga ati: “Ntegerezwa gutuma ivyo Bibiliya ivuga biguma biri n’ico bivuze kuri jewe. Nimba ushobora gutuma ivyo Bibiliya ivuga biguma biri n’ico bivuze kuri wewe, ukaba kandi ushobora guhuza ivyo wiga n’‘icitegererezo c’amajambo mazima’, ntuba rero ugifise gusa amakuru y’isabisabi. Uba ushobora kubona ukuntu amakuru yose ari mu kibanza cayo kibereye”.—2 Timoteyo 1:13.
10 Si ngombwa ngo ubusaza bubuze umuntu kwiga ibintu bishasha canke bigoye. Abantu bageze mu myaka 60, 70 eka mbere no mu myaka 80 barashoboye kwiga gusoma no kwandika canke kwiga izindi ndimi. Hari Ivyabona vya Yehova babigize bafise intumbero yo kubwira inkuru nziza abantu bo mu bihugu bitandukanye (Mariko 13:10). Uwitwa Harry n’umukenyezi wiwe bari bageze mu myaka yababa 70 igihe bafata ingingo yo gufasha mu cibare kibamwo abantu bavuga igiporotigali. Harry avuga ati: “Mvugishije ukuri, igikorwa ico ari cose usanga kirushiriza kugora gukora uko umuntu yiterera mu myaka”. Yamara, bivuye ku kigoro bagize be n’ukwumira kw’ibanga, barashoboye kuyobora inyigisho za Bibiliya mu giporotigali. Ubu haciye imyaka myinshi, Harry aramaze no gutanga insiguro ku mahwaniro y’intara muri urwo rurimi rushasha yize.
11. Ni kubera iki tworimbura ivyo abageze mu zabukuru b’intahemuka baranguye?
11 Ariko ntiwumve, si bose bashobora gukora mwene ivyo bintu bigoye uravye amagara bafise be n’uko ivyabo vyifashe. None ni kubera iki tworimbura ivyo abageze mu zabukuru bamwebamwe baranguye? Nta gukeka ko tutipfuza yuko abageze mu zabukuru bose boca bita ku rutare kugira ngo barangure nk’ivyo abo baranguye. Ahubwo riho, tugiye kubirimbura twisunze ivyo intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’Abaheburayo ku vyerekeye abakurambere b’amashengero b’intahemuka. Yanditse ati: “Mwitegere[z]e iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo” (Abaheburayo 13:7). Igihe twitegereje mwene ubwo burorero bw’abantu b’abanyamwete, turashobora kuremeshwa kwigana ukwizera gukomeye kuvyurira ingiro abo bageze mu zabukuru mu murimo barangurira Imana. Harry ubu afise imyaka 87, arasigura ikimuvyurira umutima wo gukorera Imana, ati: “Nipfuza gukoresha imyaka nsigaje kubaho mu buryo buranga ubukerebutsi kandi nkaba kirumara uko bishoboka kwose mu murimo ndangurira Yehova”. Fred, umwe twavuga, arahimbarwa cane no kwitwararika igikorwa ajejwe kurangura muri Beteli. Avuga ati: “Utegerezwa kurondera ukuntu ushobora kurushiriza gukorera neza Yehova kandi ukaguma ukora gutyo”.
Bagumye bayoboka naho ivyabo vyaza birahinduka
12, 13. Baruzilayi yagaragaje gute ko ayobokera Imana naho ivyiwe vyaza birahinduka?
12 Kwihanganira ibintu bihinduka ku mubiri ushobora gusanga bigoye. Ariko rero, birashoboka ko umuntu agaragaza ko ayobokera Imana naho yoba ariko arashikirwa n’ayo mahinduka. Akarorero keza muri ivyo, ni Baruzilayi Umunyagileyadi. Igihe yari afise imyaka 80, yaragaragarije Dawidi n’ingabo ziwe ubwakiranyi budasanzwe mu kubaronsa imfungurwa n’uburaro igihe Abusalomu yari yagararije. Igihe Dawidi yariko asubira i Yeruzalemu ari kumwe n’abagendanyi biwe, Baruzilayi yarabaherekeje gushika ku Ruzi Yorodani. Dawidi yasavye Baruzilayi kuja kuba ku kirimba iwe. None Baruzilayi yamwishuye gute? Yavuze ati: “Ubu ko mmaze imyaka mirongumunani y’amavuka, . . . jewe umusavyi wawe ubona nkiryoherwa n’ivyo ndya n’ivyo nnywa? Ndacashobora kwumva amajwi y’abaririmvyi ar’abagabo ar’abagore? . . . Nguyo Kimuhamu umusavyi wawe; abe ari we ajabukana nawe, mwami wanje nyen’ingoma; uz’umukoreshe ico ugomba”.—2 Samweli 17:27-29; 19:31-40.
13 Baruzilayi, naho ivyiwe vyari bihindutse, yarakoze ivyo ashoboye vyose kugira ngo ashigikire umwami Yehova yagenye. Naho yari azi ko ubushobozi bwiwe bwo kumenya ibiryoshe n’ibibishe be n’ubwo kwumva butari bukimeze nk’uko bwahora, ntiyari umunyamujinya. Ahubwo, mu gusaba ata bwikunzi ko Kimuhamu yoba ari we ahabwa ivyo yari yemerewe n’umwami, yari yerekanye kamere ziwe zivuye ku mutima. Cokimwe na Baruzilayi, abageze mu zabukuru benshi muri iki gihe usanga ari abantu bazira ubwikunzi kandi b’inda nziza. Barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bashigikire ugusenga kw’ukuri, bazi yuko “ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana”. Ese ukuntu ari umuhezagiro kuba twifitiye abantu b’intahemuka!—Abaheburayo 13:16.
14. Kuba Dawidi yari yitereye mu myaka bigira ico biterereye gute ku nsobanuro y’amajambo dusanga muri Zaburi 37:23-25?
14 Dawidi yagumye ajijutse ko ukuntu Yehova yitwararika abasavyi biwe b’intahemuka kutigera guhinduka, naho ivyiwe vyagiye birahinduka incuro nyinshi mu myaka n’iyindi. Amaja mu mpera y’ubuzima bwiwe, Dawidi yaratunganije ururirimbo ruzwi muri iki gihe ko ari Zaburi ya 37. Niwihe ishusho Dawidi ariko arazirikana cane mu kuririmba avuza inanga ati: “Iy’intambuko z’umuntu zishigikiwe n’Uhoraho, akanezererwa inzira yiwe, naho yotemba, ntazoshika hasi rwose, kuk’Uhoraho amuramira mu kuboko kwiwe. Uhereye nkiri muto, none ndashāje, ariko sinigeze kubona umugororotsi yahebge, cank’uruvyaro rwiwe rusēgerereza ivyo kurya” (Zaburi 37:23-25). Yehova yarabonye ko bibereye yuko amajambo yerekeza ku myaka Dawidi yari agezemwo ashirwa muri iyo zaburi yahumetswe. Ese ukuntu ayo majambo akora ku mutima atuma twumva turyohewe cane!
15. Intumwa Yohani yerekanye gute ko ari akarorero keza k’ukudahemuka naho ivyiwe vyaza birahinduka kandi akaba yari yitereye mu myaka?
15 Intumwa Yohani ni akandi karorero keza k’ukudahemuka naho ivyiwe vyaza birahinduka kandi akaba yari yitereye mu myaka. Yohani amaze imyaka hafi 70 akorera Imana, yaratwawe ari inyagano mw’izinga rimwe ryitwa Patimo “[ahorwa kuvuga] ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu” (Ivyahishuriwe 1:9). Yamara rero, igikorwa ciwe nticari kirangiye. Nakare, ivyanditswe vyose biri muri Bibiliya Yohani yanditse, yavyanditse mu myaka ya nyuma y’ubuzima bwiwe. Igihe yari aho i Patimo, yareretswe ibintu biteye akoba dusanga mu Vyahishuriwe, akaba yavyanditse yitonze (Ivyahishuriwe 1:1, 2). Benshi biyumvira ko yarekuwe akava muri ubwo bunyagano igihe Umwami w’abami w’Umuroma Nerva yari ku ngoma. Mu nyuma, nko mu 98 G.C., igihe Yohani ashobora kuba yari afise imyaka 90 canke 100, yaranditse Injili na ya makete atatu vyitirirwa izina ryiwe.
Ukwihangana kutigera kwibagirana
16. Abantu badashobora kuvuga kubera ubumuga bashobora gute kugaragaza ko bayobokera Yehova?
16 Abantu bashobora kuba hari ivyo batagishoboye bitumwe n’imvo zitandukanye kandi ku rugero rutari rumwe. Nk’akarorero, hari abo usanga badashobora kuvuga neza. Ariko rero, baracahimbarwa no kwibuka ibikorwa biranga urukundo Imana yabagiriye be n’ubuntu batabereye yabagaragarije. Naho iminwa yabo idashobora kuvuga neza, imitima yabo yo iguma ibwira Yehova iti: “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra” (Zaburi 119:97). Yehova arazi abariko ‘biyumvira izina ryiwe’ kandi araha agaciro mwene abo bantu ata ho basa basana n’abandi benshi cane baterekwa inzira ziwe (Malaki 3:16; Zaburi 10:4). Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko Yehova ahimbarwa n’ivyiyumviro vyo mu mutima wacu!—1 Ngoma 28:9; Zaburi 19:14.
17. Ni ikintu ikihe vy’ukuri kidasanzwe abasavyi ba Yehova bamaze igihe kirekire bashitseko?
17 Ico tutokwirengagiza coco ni uko abamaze imyaka mirongo basukurira Yehova badahemuka bamaze gushika ku kintu vy’ukuri kidasanzwe kandi ata bundi buryo na bumwe umuntu yoshobora kugishikako, ico na co kikaba ari ukwihangana kutigera kwibagirana. Yezu yavuze ati: “Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubu[zima] bganyu” (Luka 21:19). Ukwihangana ni ntahara kugira ngo umuntu azoronke ubuzima budahera. Abo muri mwebwe bamaze “gukora ivy’Imana igomba” kandi bagaragaje ko ari intahemuka mu buryo babayeho, barashobora kwitega kuzoronka “ivyasezeranywe”.—Abaheburayo 10:36.
18. (a) Ni igiki Yehova ahimbarwa no kubona ku bijanye n’abageze mu zabukuru? (b) Ni igiki duca irya n’ino mu kiganiro gikurikira?
18 Yehova araha agaciro umurimo umurangurira n’umutima wawe wose, waba ukora vyinshi canke bike. Naho ‘umuntu wo ku rukoba’ yoshikirwa n’ibintu bimeze gute kubera ubusaza, ‘umuntu w’imbere’ we arashobora kuza arahinduka musha uko bukeye (2 Ab’i Korinto 4:16). Nta gukeka ko Yehova akenguruka ivyo waranguye muri kahise, ariko biribonekeza cane ko akenguruka n’ivyo uriko urakora ubu ku bw’izina ryiwe (Abaheburayo 6:10). Mu kiganiro gikurikira turaza guca irya n’ino ukuntu ukudahemuka nk’ukwo gushika ku bintu bikomeye.
Wokwishura gute?
• Ni akarorero keza akahe Ana yasigiye abakirisu bageze mu zabukuru bo muri iki gihe?
• Ni kubera iki ukuba umuntu yitereye mu myaka atari ngombwa ngo bimubuze kugira ico aranguye?
• Abageze mu zabukuru bashobora gute kubandanya bagaragaza ko bayobokera Imana?
• Yehova abona gute umurimo abageze mu zabukuru bamurangurira?
[Ifoto ku rup. 23]
Daniyeli, uwari yitereye mu myaka, yaratahuye biciye ku gusuzuma ‘ibitabu’ ikiringo Abayuda bomaze mu bunyagano
[Amafoto ku rup. 25]
Abageze mu zabukuru benshi ni intangakarorero mu kwitaba amakoraniro badahorereza, mu kwamamaza n’umwete no mu kwigana ubwira