Kuzigamwa n’imico runtu idata igihe
IKIBANO kimwekimwe cose c’abantu usanga kiri n’ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu gikurikiza. Ntiwemera none ko kamere nk’ukuba inzirabugunge, ukuba umunyabuntu, ukugira impuhwe be n’ukwitwararika abandi zihabwa agaciro hirya no hino kw’isi kandi ko benshi muri twebwe tuzishima?
Kamere nk’izo zikomoka kuri nde?
Mu kinjana ca mbere, hari umugabo yize cane yitwa Sauli yabaye mu bantu b’imigwi itatu b’imico itandukanye. Yarabaye mu Bayuda, mu Bagiriki no mu Baroma. Uretse imigenzo be n’amategeko bihanitse vyasabwa n’abo bantu Sauli yabayemwo, yarabonye kandi ko abantu muri rusangi bayoborwa n’ubushobozi mvukanwa bwerekeye iciza n’ikibi, ubwo na bwo akaba ari ijwi ryacu ryo mu mutima. Inyuma y’aho Sauli abereye umukirisu akitwa intumwa Paulo, yanditse ati: “Abanyamahanga badafise ivyagezwe n’Imana iyo bakoze ibibgirizwa na vyo [“babitumwe n’agatima mvukanwa”, The New Testament in Modern Speech], baba bihindukiye ivyagezwe naho batabifise, kuko berekana igikorwa kibgirijwe n’ivyagezwe canditswe mu mitima yabo, ijwi ryo mu mitima yabo ribgiririkanya na co, ar’icabona cavyo”.—Abaroma 2:14, 15.
Ariko none vyoba bihagije ko tuyoborwa gusa “n’agatima mvukanwa” igihe tugerageza guhitamwo iciza n’ikibi? Nk’uko woba umaze kubibona, kahise kerekana ko abantu canke imigwi yabo vyabananiye. Ivyo vyatumye benshi bajijuka ko dukeneye ubuyobozi buva kw’isoko riruta ayandi yose kugira ngo tumenye imico myiza kuruta iyindi yose twokwisunga mu buzima. Benshi bokwemera icese ko Umuremyi w’abantu ari we ashoboye kuturonsa mwene iyo mico idata igihe. Mu gitabu ciwe (The Undiscovered Self) Dogoteri Carl Jung yavuze ati: “Umuntu atisunga Imana, we ubwiwe ntashobora gutsinda ibintu vyo mw’isi bikwēgera mu buryo bw’umubiri no mu vy’inyifato runtu”.
Ico ciyumviro kirafitaniye isano n’ivyo umuhanuzi wa kera yanditse, ati: “Inzira umuntu yogenderamwo [si] we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe” (Yeremiya 10:23). Umuremyi wacu na we avuga ati: “Ni jewe . . . nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo”.—Yesaya 48:17.
Isoko ryo kwizigirwa ritwereka imico runtu
Ayo majambo ahejeje kuvugwa tuyasanga mw’isoko ry’ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu rikwiragizwa cane kuruta ayandi yose, iryo na ryo rikaba ari Ivyanditswe Vyeranda. Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi, mbere n’abatari abakirisu hamwe n’abatagira idini, barikoze kuri ivyo Vyanditswe barondera ugutahura be n’ubukerebutsi. Umuryoshamvugo umwe w’Umudagi yitwa Johann Wolfgang von Goethe yanditse ati: “Jewe ndakunda [Bibiliya] kandi ndayubaha cane, kubera yuko ari yo ahanini nkesha iterambere ryanje ryo mu vy’inyifato runtu”. Ya ndongozi y’Abahindu Mohandas Gandhi bivugwa ko na yo yavuze iti: “Uko biri kwose, nunywe gushika i bwina amariba usanga muri ya Nsiguro yo ku Musozi [ni ukuvuga zimwe mu nyigisho za Yezu Kristu dusanga muri Bibiliya] . . . kubera ko inyigisho yo muri iyo Nsiguro yo ku Musozi igenewe umwumwe wese muri twebwe”.
Intumwa Paulo, umwe twavuga, yarashize ahabona uruhara ruhambaye Ivyanditswe Vyeranda birangura mu bijanye no kuturonsa ingingo ngenderwako zo kwizigirwa zigenga imico runtu, mu kuvuga ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu” (2 Timoteyo 3:16). Kwoba ari uko na we ubibona?
Ubona gute uvyisuzumiye? Niwihweze ingingo ngenderwako ziri ku rupapuro rukurikira. Nurabe imico myiza iri muri izo ngingo ngenderwako. Nuzirikane ku kuntu ivyiyumviro biri muri izo nyigisho bikomeye ku buryo bishobora gutuma ubuzima bwawe burushiriza kumera neza no gutuma urushiriza kugiranira ubucuti bwiza n’abandi.
Woba uzoryungukirako?
Izo ngingo ngenderwako ziri kuri urwo rupapuro ni uburorero bukeyi gusa bw’impanuro ngirakimazi dusanga mu Vyanditswe Vyeranda. Uretse ivyo, Ijambo ry’Imana ririmwo kandi inyigisho nyinshi cane zitugabisha ku vyiyumviro bibi, ku mvugo mbi be no ku bikorwa bibi bishobora kutugirira nabi mu buzima.—Imigani 6:16-19.
Mu vy’ukuri, inyigisho zo muri Bibiliya ziraronsa ikibano c’abantu ikintu usanga muri rusangi kibuze cane, ico na co kikaba ari impanuro zifasha abantu gutsimbataza ingingo ngenderwako nziza kuruta izindi zose zishoboka zigenga inyifato runtu. Abemera izo nyigisho kandi bakazikurikiza, baragira amahinduka akomeye. Bararyohora uburyo bwabo bwo kwiyumvira (Abanyefeso 4:23, 24). Bararyohora ibibavyurira ingiro yo gukora ibintu. Kwiga ingingo ngenderwako zigenga imico runtu ziva ku Mana dusanga muri Bibiliya, vyarafashije benshi kurandurana n’imizi mu mitima yabo ukwiratira ibara ry’urukoba, ukwikeka abandi be n’urwanko (Abaheburayo 4:12). Ivyanditswe be n’ingingo ngenderwako zigenga imico runtu dusanga muri vyo, vyaratumye abantu baheba ubwoko bwose bw’ubukazi be n’ubukozi bw’ikibi, maze baraba abantu barushirije kumera neza.
Emwe, ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga imico runtu zarafashije abantu amamiliyoni gutsinda ingeso be n’imigenzo vyari vyarabiziziye nka birya nyene vyari vyarononye ubuzima bw’abandi bantu (1 Ab’i Korinto 6:9-11). Inyigisho zo muri Bibiliya ntizahinduye gusa ingeso z’abo bantu, ariko kandi zarahinduye imitima yabo, icizigiro bari bafise be n’ingo zabo. Naho isi iriko irarushiriza kwononekara, hirya no hino kw’isi abantu barabandanya guhinduka bakamera neza. Kandi ivyo ntugire ngo bigiye guhagarara. Bibiliya ivuga iti: “Ivyatsi birūma, amashurwe agakabirana, arikw ijambo ry’Imana yacu rizohorah’ibihe bidashira”.—Yesaya 40:8.
Ariko rero, woba ubwawe uzokwungukira kw’“ijambo ry’Imana yacu”? Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kukwereka ukuntu wokurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ku bw’ineza yawe. Kubaho wisunga izo ngingo ngenderwako zigenga imico runtu bituma wemerwa n’Imana muri iki gihe, bikazotuma kandi uronka ubuzima budahera buzoba bugengwa n’ingingo ngenderwako ziva ku Mana, zidata igihe.
[Uruzitiro/Pictures on page 6, 7]
INGINGO NGENDERWAKO ZIDATA IGIHE
Rya tegeko ry’agakura. “Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ivyagezwe n’ivy’abavugishwa n’Imana”.—Matayo 7:12.
Nukunde mugenzawe. “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda” (Matayo 22:39). “Ūfise urukundo ntagirira mugenzi we nabi: ni co gituma urukundo ari rwo rushitsa ivyagezwe”.—Abaroma 13:10.
Niwubahe abandi wongere ubatere iteka. “Ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose; ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we”.—Abaroma 12:10.
Nukurikirane amahoro. “Mubane amahoro” (Mariko 9:50). “Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose” (Abaroma 12:18). “Dukurikire ivy’amahoro”.—Abaroma 14:19.
Nuharire abandi. “Uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu” (Matayo 6:12). “Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane”.—Abanyefeso 4:32.
Nube intahemuka. “Nube intahemuka ku mugore wawe kandi abe ari we gusa uha urukundo rwawe. . . . Nuhimbarirwe umugore wawe kandi unezererwe inkumi wabiriye . . . Ubwiza bwiwe nibugume buguhimbara; nureke urukundo rwiwe rugukikuze. . . . Kubera iki woha urukundo rwawe uwundi mugore? Kubera iki woshima ubwiza bw’umugore w’uwundi mugabo?” (Imigani 5:15-20, Today’s English Version). “Ūkora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: ūgabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye” (Luka 16:10). “Ababgiriza babagomba ko baboneka ar’abizigirwa”.—1 Ab’i Korinto 4:2.
Nube inzirabugunge. “Abafise umunzane ubesha, n’isaho irimw’ibigeresho bihendana, mbega nobīta abatunganye?” (Mika 6:11). “Tuzi tudakekeranya ko turi n’imitima itarimw’ijwi ritwagiriza ikibi, tugomba kugira ingeso nziza muri vyose”.—Abaheburayo 13:18.
Nube imvugakuri n’uwutarenganya. “Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara” (Amosi 5:15). “Umuntu wese avugane ivy’ukuri na mugenzi we, muce imanza ziroranye z’amahoro muri mu rukinja mu marembo yanyu” (Zekariya 8:16). “Mwiyambu[r]e ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ukuri na mugenzi we”.—Abanyefeso 4:25.
Nube umunyamwete n’umunyabwira. “Ni wabona umuntu w’umunyamwete mu vyo akora, ben’uyo azokorera abami” (Imigani 22:29). “Ntimunebwe ku bikorwa vyanyu” (Abaroma 12:11, NW). “Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu mutima, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu”.—Ab’i Kolosayi 3:23.
Niwicishe bugufi, ugire umutima w’ikigongwe kandi ube umunyabuntu. “Mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana”.—Ab’i Kolosayi 3:12.
Ikibi nukinesheshe iciza. “Mukunde abansi banyu, musabire ababahama” (Matayo 5:44). “Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza”.—Abaroma 12:21.
Nuhe Imana ibintu vyiza kuruta ibindi vyose ufise. “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose. Iryo ni ryo [bwirizwa] rihambaye rya mbere”.—Matayo 22:37, 38.
[Pictures]
Gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga imico runtu birashobora kudufasha kuroranirwa mu mubano wacu, kugiranira ubucuti buhimbaye mu miryango yacu be no kugiranira ubugenzi budushika ku nyota