ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/7 rup. 27-31
  • Turindire umusi wa Yehova dufise ukwihangana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turindire umusi wa Yehova dufise ukwihangana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Indwara ntizababujije gukorera Imana
  • Kwihanganira ukubura uwacu
  • Kwihanganira ibigeragezo bitandukanye
  • Urashobora kwihangana
  • “Ukwihangana nikunonosore igikorwa cakwo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Nugume wiyegereje ishirahamwe rya Yehova
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • “Muzirikane mwitonze umwe yihangana”
    “Ingo unkurikire”
  • Ingene Yehova adufasha kwihangana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/7 rup. 27-31

Turindire umusi wa Yehova dufise ukwihangana

‘Ukwizera kwanyu mukwongereko ukwihangana’.​—2 PETERO 1:5, 6.

1, 2. Ukwihangana ni iki, kandi ni kubera iki abakirisu bakeneye kukugaragaza?

UMUSI uhambaye wa Yehova uregereje cane (Yoweli 1:15; Zefaniya 1:14). Kubera ko twebwe abakirisu dufise umwiyemezo wo kuguma turi intadohoka ku Mana, turarindiranye umushasharo ico gihe aho ubusegaba bwa Yehova buzokwemezwa. Magingo tukirindiriye ico gihe, turankwa, tugacokorwa, tugahamwa kandi tukicwa duhorwa ukwizera kwacu (Matayo 5:10-12; 10:22; Ivyahishuriwe 2:10). Ivyo bisaba ko tugaragaza ukwihangana, ukwo na kwo kukaba ari ubushobozi bwo kurinda amagorwa. Intumwa Petero aduhimiriza ati: ‘Ukwizera kwanyu mukwongereko ukwihangana’ (2 Petero 1:5, 6). Turakeneye kugaragaza ukwihangana, kubera ko Yezu yavuze ati: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira”.​—Matayo 24:13.

2 N’ikindi kandi, turarwara, tukabura abacu tukongera tugashikirwa n’ibindi bigeragezo. Ese ukuntu Shetani yotamba agatarika igihe ukwizera kwacu kwodegera (Luka 22:31, 32)! Dufashijwe na Yehova, turashobora kwihanganira ibigeragezo bitandukanye (1 Petero 5:6-11). Reka turimbure ibintu bimwebimwe vyabaye koko vyerekana yuko dushobora kurindira umusi wa Yehova dufise ukwihangana be n’ukwizera kudatezura.

Indwara ntizababujije gukorera Imana

3, 4. Tanga akarorero kerekana ko dushobora gukorera Yehova tudahemuka naho twoba turwaye indwara imeze gute.

3 Imana ntidukiza ku gitangaro, ariko iraturonsa inkomezi zo kwihanganira indwara (Zaburi 41:1-3). Uwitwa Sharon yavuze ati: “Nk’uko nshobora kuvyibuka kenshi bishoboka, agakinga kanje k’ibimuga ni ko kari gasigaye ari umugenzi wanje twamana. Kuva nkivuka, sinigeze ngira umunezero mu bwana bwanje bwose biturutse ku ndwara ituma ubwonko bwononekara”. Kuba Sharon yarize ivyerekeye Yehova be n’imihango yatanze ijanye no kugira amagara meza, vyaratumye agira icizigiro. Naho bimugora kuvuga no kugendagenda, ubusuku buratuma agira umunezero. Haraciye nk’imyaka 15 avuze ati: “Amagara yanje yoshobora kubandanya atera ayonga, ariko ukwizigira Imana be n’ubucuti dufitaniye ni vyo bintu bimfasha kubaho. Ese ukuntu mpimbarwa cane no kuba ndi umwe mu basavyi ba Yehova kandi akaba yama anshigikira adatezura”!

4 Intumwa Paulo yahimirije abakirisu b’i Tesalonike ‘kuremesha abarandutse imitima’ (1 Ab’i Tesalonike 5:14). Ukuvunika umutima gukomeye kuri mu bintu bishobora gutuma tugira umubabaro. Mu 1993, Sharon yanditse ati: “Kwiyumvamwo ko ata co ngishoboye na gato, . . . vyatumye mara imyaka itatu mfise umubabaro mwinshi cane. . . . Abakurambere barandemesha bakongera bakampanura. . . . Biciye ku Munara w’Inderetsi, Yehova abigiranye urukundo, yaratumye dutahura ico ari co umubabaro ukomeye. Emwe, aritwararika abasavyi biwe kandi aratahura inyiyumvo zacu” (1 Petero 5:6, 7). Sharon aracakorera Imana adahemuka magingo akirindiriye umusi uhambaye wa Yehova.

5. Ni ikimenyamenya ikihe kihari cerekana yuko abakirisu bashobora kwihanganira ukurengerwa n’amaganya?

5 Abakirisu bamwebamwe bararengerwa n’amaganya kubera ivyo baciyemwo mu buzima. Uwitwa Harley yarabonye ugutana mu mitwe gukomeye kwabaye mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, ivyo bikaba vyatumye aza ararazirana ibintu biteye ubwoba vyerekeye intambara. Mu gihe yaba asinziriye, yarazanzamuka agasemerera ati: “Muragabe! Ngaho!”. Yikanguye, wasanga yatose icuya camurenze. Ariko rero, yarashoboye kubaho mu buryo bushimwa n’Imana, maze uko igihe cagiye kirahaca, ni ko urugero izo ndoto zashikanako mu kuba ziteye ubwoba be n’incuro yazigira vyagiye biragabanuka.

6. Umukirisu umwe yahanganye gute n’ingorane zijanye n’ukuntu yumva amerewe?

6 Hari umukirisu yasanze arwaye indwara ituma aza arahindagurika, mu mwanya umwe agashwashwanuka birenze mu wundi na ho akijirwa birenze, ivyo bikaba vyatuma atoroherwa no kwamamaza inzu ku nzu. Ariko rero, yarumiye kuri ico gikorwa, kuko yabona yuko ubusuku busobanura ubuzima kuri we no ku babwakira neza (1 Timoteyo 4:16). Vyarashika ntashobore we ubwiwe no gufyonda harya bavugiriza agakengeri ko kwuguruza ku muhana, mugabo yavuze ati: “Hashize akanya, narashobora kwigumya, nkaja ku muryango ukurikira, maze nkasubira kuraba ko nobishobora. Kubera ko nabandanije kugira uruhura mu busuku, muri rusangi nagumye mfise amagara meza mu vy’impwemu”. Kwitaba amakoraniro na vyo nyene rwari urugamba, yamara uwo muvukanyi yari yarajijutse ko kwifatanya n’abandi mu vy’impwemu biri n’agaciro. Ni co gituma yakora uko ashoboye kwose kugira ngo yitabe amakoraniro.​—Abaheburayo 10:24, 25.

7. Naho bamwebamwe batinya kuvugira imbere y’abantu canke kwitaba amakoraniro, bagaragaza gute ukwihangana?

7 Abakirisu bamwebamwe usanga ari abanyabwoba, ugasanga baragira ubwoba burengeje bari mu bihe binaka canke bari imbere y’ibintu binaka. Nk’akarorero, barashobora gutinya kuvugira imbere y’abantu canke mbere no kwitaba amakoraniro. Iyumvire ukuntu bibabera urugamba gutanga insasanuro ku makoraniro ya gikirisu canke gushikiriza ikiganiro mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi! Naho vyifashe ukwo, barihangana, kandi turakenguruka cane kuba bitaba amakoraniro bakongera bakayagiramwo uruhara.

8. Ni igiki canecane usanga ari ngirakamaro igihe twihanganira ingorane zo mu mutima?

8 Kuruhuka no kuryama bihagije vyoshobora gufasha umuntu kwihanganira ingorane zo mu mutima. Vyoba biranga ubukerebutsi agiye no kwa muganga. Yamara rero, canecane vyoba ngirakamaro yihetse ku Mana mw’isengesho. Muri Zaburi 55:22 havuga hati: “Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa”. Rero, uko vyogenda kwose, “[ni]wizigize Uhoraho umutima wawe wose”.​—Imigani 3:5, 6.

Kwihanganira ukubura uwacu

9-11. (a) Ni ibiki bishobora kudufasha kwihanganira intuntu igihe uwacu apfuye? (b) Akarorero ka Ana gashobora gute kudufasha kwihangana igihe tubuze uwacu?

9 Igihe urupfu rutandukanije abagize umuryango, ukwo gutandukana gukomeye kurashobora gutuma haba intuntu nyinshi. Aburahamu yaraririye umukenyezi wiwe Sara yakunda cane igihe yapfa (Itanguriro 23:2). Na Yezu wa muntu atagira agasembwa ‘yararize’ igihe umukunzi wiwe Lazaro yapfa (Yohana 11:35). Ni co gituma rero ari ibisanzwe kugira umubabaro igihe urupfu ruhitanye uwo wakunda. Yamara rero, abakirisu barazi yuko hazobaho izuka (Ivyakozwe n’intumwa 24:15). Ku bw’ivyo, ‘ntibababara nka ba bandi badafise ivyizigiro’.​—1 Ab’i Tesalonike 4:13.

10 Dushobora gute kuvyifatamwo neza igihe twabuze uwacu? Kumbure aka karorero koshobora kudufasha. Mu bisanzwe, igihe umugenzi afashe urugendo ntituguma tubabaye kuko tuba twiteze ko tuzosubira kumubona niyagaruka. Igihe hari umukirisu w’intahemuka apfuye, kubona ibintu muri ubwo buryo vyoshobora gutuma intuntu dufise igabanuka kubera ko tuba twiteze yuko ari mu bazozuka.​—Umusiguzi 7:1.

11 Kwiheka ku “Mana yirura imibabaro yose” tugaherezako, bizodufasha kwihangana nivyashika tukabura uwacu (2 Ab’i Korinto 1:3, 4). Kuzirikana ku vyo wa mupfakazi Ana yagize na vyo nyene birashobora kudufasha. Yapfakaye amaze gusa imyaka indwi ashinze urwiwe. Mugabo ku myaka 84, yari akirangurira Yehova umurimo mweranda ku rusengero (Luka 2:36-38). Nta gukeka ko kuba yabayeho ayobokera Imana muri ubwo buryo, vyamufashije kwihanganira intuntu n’irungu. Kurangura imirimo ya gikirisu tudahorereza, harimwo no kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami, birashobora kudufasha kwihanganira ingaruka mbi ziterwa n’ukubura uwacu.

Kwihanganira ibigeragezo bitandukanye

12. Ni ikigeragezo ikihe kijanye n’ubuzima bwo mu rugo abakirisu bamwebamwe bihanganiye?

12 Abakirisu bamwebamwe usanga bategerezwa kwihanganira ibigeragezo bijanye n’ubuzima bwo mu rugo. Nk’akarorero, iyo bishitse umwe mu bubakanye akarenga ibigo, iyumvire nawe ingaruka zibabaje ivyo bishobora guteza! Bitumwe n’ukuvunika umutima be n’intuntu, uwahemukiwe yoshobora kudatora agatiro, akarira n’umwosori ukamurenga. Gukora udukorwa dusanzwe vyoshobora kuba ibitesha umutwe ku buryo yodukora nabi canke agateza amasanganya. Uwahemukiwe vyoshobora kumwankira ko afungura, agashobora kwonda, akanashobora gutuntura mu mutima. Vyoshobora no kumugora kugira uruhara mu mirimo ya gikirisu. N’ikindi kandi, ese ukuntu ivyo bishobora kugira ico bikoze ku bana babo mu buryo bukomeye!

13, 14. (a) Ni indemesho iyihe dukura mw’isengesho Salomo yatuye igihe co kwegurira Imana urusengero? (b) Ni kubera iki dusenga dusaba impwemu nyeranda?

13 Igihe dushikiwe n’ibigeragezo nk’ivyo, Yehova araturonsa imfashanyo dukeneye (Zaburi 94:19). Imana irumva amasengesho abasavyi bayo bayitura, nk’uko vyerekanwa mw’isengesho Umwami Salomo yatuye igihe co kwegurira Yehova urusengero. Salomo yasenze Imana ati: “Hakagira ūsenga akinginga, naho yoba umuntu umwe cank’abantu bawe bose b’Abisirayeli, umuntu wese ukw azoba yimenyekw indwara yo mu mutima wiwe, akagaranzura amaboko ayatumbereje iyi ngoro; nuk’uz’uvyumve uri mw ijuru ah’uba, uharire, ugire ico ukora, ugenze umuntu wese nk’ukw ameze, wewe uzi umutima wiwe, kukw ari wewe wenyene uzi imitima y’abantu bose; kugira ngo baze bahore bagutinya imisi yose bazomara bakiriho, mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu”.​—1 Abami 8:38-40.

14 Kuguma dusaba impwemu nyeranda birashobora kutugirira akamaro mu buryo budasanzwe (Matayo 7:7-11). Ivyamwa vy’iyo mpwemu birimwo kamere nk’umunezero n’amahoro (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Ese ukuntu twumva dutabawe igihe Data wa twese wo mw’ijuru yishuye amasengesho yacu, maze ahari umubabaro hakaba umunezero, ahari ukuvunika umutima na ho hakaba amahoro!

15. Ni ivyanditswe ibihe bishobora kudufasha kugabanya amaganya yacu?

15 Ni ibisanzwe yuko dushobora kugira amaganya ku rugero runaka igihe tubwirizwa kwihanganira ibintu bitesha umutwe. Mugabo, n’imiburiburi amwamwe muri ayo maganya yoshobora kugabanuka mu gihe twogumiza ku muzirikanyi aya majambo ya Yezu agira ati: “Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank’umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. . . . Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa” (Matayo 6:25, 33, 34). Intumwa Petero aduhimiriza ‘gukorera [Imana] amaganya yacu yose, kuko itubabara’ (1 Petero 5:6, 7). Birabereye ko twihatira gutorera umuti ingorane idushikiye. Ariko rero, tumaze gukora ivyo dushoboye vyose, kuguma twiganyira nta co bishikako, ahubwo riho dukwiye gusenga. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, abe ari we wishimira, na we azobishitsa”.​—Zaburi 37:5.

16, 17. (a) Ni kubera iki tudashobora guhera amaganya ijana kw’ijana? (b) Nitwashira mu ngiro amajambo dusanga mu Ab’i Filipi 4:6, 7, ni ibiki tuzokwironkera?

16 Paulo yanditse ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Mu bisanzwe, abantu b’abanyagasembwa bakomoka kuri Adamu ntibashobora guhera amaganya ijana kw’ijana (Abaroma 5:12). Abagore ba Esawu b’Abahetikazi ‘baratuntuje imitima’ y’abavyeyi biwe bayobokera Imana, ari bo Isaka na Rebeka (Itanguriro 26:34, 35). Indwara zitegerezwa kuba zaratumye abakirisu nka Timoteyo na Tirofimo bagira amaganya (1 Timoteyo 5:23; 2 Timoteyo 4:20). Paulo yarumva ahagaritse umutima ku bw’abo bari basangiye ukwizera (2 Ab’i Korinto 11:28). Ariko rero, Umwe ‘yumva ivyo asabwa’ yama ari hafi y’abamukunda.​—Zaburi 65:2.

17 Mu kurindira umusi wa Yehova, turashigikirwa tukongera tugahumurizwa n’“Imana Nyen’amahoro” (Ab’i Filipi 4:9). Yehova “yuzuye imbabazi n’ubuntu”, ni “mwiza, [a]gabirije guharira”, kandi ‘aribuka ko turi umukungugu’ (Kuvayo 34:6; Zaburi 86:5; 103:13, 14). Ku bw’ivyo rero, nimuze ‘tumenyeshe Imana ivyo tugomba’ kuko ivyo bizotuma tugira “amahoro y’Imana”, ni ukuvuga ugutekanirwa kurengeye ugutahura kw’abantu.

18. Nk’uko vyerekanwa muri Yobu 42:5, bishoboka gute ko ‘tubona’ Imana?

18 Igihe amasengesho yacu yishuwe, turamenya yuko Imana iri kumwe natwe. Inyuma y’aho Yobu yihanganiye ibigeragezo yarimwo, yavuze ati: “Nari narumvishije ivyawe [Yehova] ugutwi, ariko noneh’ijisho ryanje rirakwiboneye” (Yobu 42:5). Dukoresheje amaso y’ugutahura, y’ukwizera be n’ay’ugukenguruka, turashobora kuzirikana ku vyo Imana yatugiriye gutyo tugashobora ‘kuyibonera’ kuruta ukwo twigeze kubigira. Ese ukuntu ubucuti somambike nk’ubwo butuma tugira amahoro yo mu mutima no mu muzirikanyi!

19. Bizogenda gute ‘nitwakorera amaganya yacu yose Uhoraho’?

19 Mu gihe ‘dukoreye amaganya yacu yose Uhoraho’, turashobora kwihanganira ibigeragezo dufise ugutekanirwa kwo mu mutima, ukwo na kwo kukaba kuzigama umutima wacu be n’ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira. Tuzokwumva ibwina mu mutima wacu w’ikigereranyo tutakidugaritswe n’ukubura amahoro, ubwoba be n’uguhagarika umutima. Umuzirikanyi wacu ntuzobuzwa amahoro n’ukuzazanirwa be n’amaganya.

20, 21. (a) Ivyashikiye Sitefano vyerekana gute ko dushobora gutekanirwa igihe turiko turahamwa? (b) Tanga akarorero ko mu gihe ca none k’abantu bagaragaje ugutekanirwa igihe bariko bihanganira ibigeragezo.

20 Umwigishwa Sitefano yaragaragaje ugutekana igihe yariko yihanganira ikintu gikomeye cagerageje ukwizera kwiwe. Imbere y’uko ashinga intahe ya nyuma, abagize Ikombe bose “babo[nye] mu maso hiwe, hasa n’ah’umumarayika” (Ivyakozwe n’intumwa 6:15). Mu maso hiwe hari hatekanye, hameze nk’ah’umumarayika, ni ukuvuga intwarabutumwa y’Imana. Sitefano amaze gushira ahabona yuko abo bacamanza bagirwa n’urupfu rwa Yezu, bano “[barariwe] mu mitima, bamuhekenyera imisaya”. Sitefano “yuzuye [im]pwemu [nyeranda], [yarahanze] amaso mw ijuru, abona ubgiza bg’Imana, na Yesu ahagaze i buryo bg’Imana”. Sitefano, akomejwe n’iryo yerekwa, yaragumye ari intahemuka gushitsa ku rupfu (Ivyakozwe n’intumwa 7:52-60). Turashobora kuronka ugutekana kuva ku Mana igihe turiko turahamwa, naho nyene muri iki gihe ivyo kwerekwa bitakibaho.

21 Zirikana ku kuntu abakirisu bamwebamwe bumvise bamerewe igihe bacumukuzwa n’Abanazi gushika n’aho bapfa, mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose. Umukirisu umwe arigana ivyamushikiye imbere ya sentare ati: “Naraciriwe urwo gupfa. Narumvirije, maze inyuma y’aho mvugiye aya majambo nti: ‘Wame uyoboka gushitsa ku gupfa’ be n’ayandi makeyi yavuzwe n’Umukama wacu, vyose vyaciye birangira. . . . Mugabo ivyo ntibibahagarike umutima ubu. Ntimushobora kwiyumvira amahoro be n’ugutekanirwa mfise!”. Uwundi mukirisu akiri muto yari mu kwicwa aciwe umutwe yandikiye abavyeyi biwe ati: “Ubu sasita y’ijoro yamaze kurenga. Ndacafise akaryo ko guhindura impagararo yanje. Ariko ga yemwe, noba nzoshobora gusubira kugira umunezero muri ino si maze kwihakana Umukama wacu? Habe n’intete! Mugabo ubu nimushire amazinda kuko ngiye kurangiza ubuzima bwanje kuri iyi isi mpimbawe kandi mfise amahoro”. Nta gukeka ko Yehova ashigikira abasavyi biwe b’intahemuka.

Urashobora kwihangana

22, 23. Ni ibiki ushobora kwizigira udakeka magingo ukirindiriye umusi wa Yehova ufise ukwihangana?

22 Hari aho utoshikirwa na mwene ivyo bigeragezo nyene duhejeje kubona. Yamara, wa mugabo Yobu yatinya Imana yavuze ukuri nk’ukurima igihe yagira ati: “Umuntu yavyawe n’umugore amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa” (Yobu 14:1). Hari aho woba uri umuvyeyi maze ukaba uriko urita ku rutare kugira ngo uronse abana bawe ubuyobozi bwo mu vy’impwemu. Bategerezwa kwihanganira ibigeragezo kw’ishure, ariko ese ukuntu uhimbarwa igihe bashigikiye bashikamye Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe zigororotse! Ushobora kuba uriko urashikirwa n’ibintu bigoye canke inyosha mbi ku kazi. Ariko rero, ivyo bigeragezo be n’ibindi bintu twoshobora kuvyihanganira kubera yuko Yehova “atwikorerera umutwaro uko bukeye”.​—Zaburi 68:19.

23 Hari aho woba wiyumvira yuko uri umuntu asanzwe, mugabo urama wibuka yuko Yehova atazokwigera yibagira igikorwa cawe be n’urukundo werekana ku bw’izina ryiwe ryeranda (Abaheburayo 6:10). Ufashijwe na we, urashobora kwihanganira ibigerageza ukwizera. Ku bw’ivyo rero, mu masengesho utura be no mu migambi wishingira, niwame ushiramwo ibijanye no gukora ivyo Imana igomba. Gutyo, urashobora kwizigira udakeka ko Yehova azoguhezagira kandi akagushigikira magingo ukirindiriye umusi wiwe ufise ukwihangana.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki abakirisu bakeneye kugaragaza ukwihangana?

• Ni ibiki bishobora kudufasha kwihangana igihe turwaye canke twabuze uwacu?

• Isengesho ridufasha gute kwihanganira ibigeragezo?

• Ni kubera iki bishoboka ko turindira umusi wa Yehova dufise ukwihangana?

[Ifoto ku rup. 29]

Kwiheka kuri Yehova biradufasha kwihangana igihe twabuze uwacu

[Ifoto ku rup. 31]

Isengesho rivuye ku mutima riradufasha kwihanganira ibigerageza ukwizera

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika