ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/8 rup. 2-3
  • Kurondera kwitwararika ivy’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kurondera kwitwararika ivy’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Woba uri umuntu w’umubiri canke w’impwemu?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Kwitwararika ivy’Imana mu buryo nyakuri wobishikako gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Nugume utera imbere mu vy’impwemu!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu bisobanura iki?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/8 rup. 2-3

Kurondera kwitwararika ivy’Imana

MURI ya Nsiguro rurangiranwa yo ku Musozi Yezu yashikiriza, yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu” (Matayo 5:3, NW). Ushobora kuba wemera ayo majambo Yezu yavuze. Hirya no hino kw’isi, abantu baremera ko bakeneye kwitwararika ivy’Imana mu buzima bwabo kandi bakagerageza kubishikako. Iyo babishitseko, biratuma bagira agahimbare. Ariko none, imvugo ngo “kwitwararika ivy’Imana” bisobanura iki?

Igitabu kimwe c’inyizamvugo kivuga ko iyo mvugo isobanura “kwitaho canke gukunda cane ibijanye n’idini”, kikavuga kandi ko ari “kamere canke imero yo gukunda ivy’Imana”. Ku bw’ivyo rero, imvugo “kwitwararika ivy’Imana”, “gukunda ivy’impwemu” canke “kwitwararika cane ivy’impwemu” zirafitaniye isano. Kugira ngo urushirize gutahura iyo mvugo, zirikana kuri iki kigereranyo: Umuntu w’umuhanga mu bijanye n’ubudandaji avugwa ko yitwararika cane ivy’ubudandaji. Muri ubwo buryo nyene, umuntu aha agaciro cane ivy’impwemu canke ivy’idini avugwa ko yitwararika cane ivy’Imana.

Ariko none, umuntu yoshikira gute ukwitwararika ivy’Imana mu buryo nyakuri? Naho amadini nka yose avuga ko azi inzira umuntu yokurikira kugira ngo abishikeko, usanga ayo madini atanga inzira umuyoro, nk’uko na yo ubwayo ari umuyoro. Umuporotisanti avuga ko yakirijwe mu gikorane c’ikangura. Umugatolika arondera gusangira n’Imana biciye ku birori vy’imisa. Umubuda arondera kumurikirwa biciye ku kuzirikana. Umuhindu na we agerageza kurondera kubohorwa ngo ave mu rukurikirane rwo kuza arapfa yongera avuka, biciye ku buzima bwo kwibabaza. None abo bose boba bari mu nzira ishikana ku kwitwararika ivy’Imana mu buryo nyakuri? Hoba hari n’umwe muri bo ari muri iyo nzira?

Abantu benshi bokwishura ko ata n’umwe ari muri iyo nzira. Babona ko kwitwararika ivy’Imana bisigura “kwemera, yamara ata ho wegamiye”, ni ukuvuga kwemera imana yinaka utarinze kuja mw’idini rinaka. Abandi biyumvira yuko kwitwararika ivy’Imana vyerekeza ku cipfuzo co kuronka amahoro yo mu mutima be n’ico kwumva ko ubuzima buri n’ico buvuze, biterekeza ku kwisunga ivy’idini. Bemeza yuko abantu barondera kwitwararika ivy’Imana bidakenewe ko birirwa baraja mw’idini, ahubwo ko bikenewe gusa ko bisunga ico umutima wabo ubabwira. Umwanditsi umwe w’ibitabu avuga ati: “Kwitwararika ivy’Imana mu buryo nyakuri ni ikintu kiri mu mutima w’umuntu ubwiwe. Ni uburyo bwo kubaho umuntu akunda, yitaho kandi afata neza abantu be n’ibintu bimukikuje. Umuntu ntashobora kubishikako biciye kw’idini rinaka canke ku kwemera kunaka”.

Biragaragara yuko abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye cane ku vyerekeye ukwitwararika ivy’Imana. Hari ibitabu ibihumbi n’ibihumbi bivuga ko vyerekana inzira ishikana ku buzima bwo kubaho umuntu akunda ivy’Imana. Naho ari ukwo, usanga akenshi cane ababisoma badashira akanyota kandi ugasanga barabura ico bafata n’ico bareka. Ariko rero, hariho igitabu kimwe kirimwo ubuyobozi bwo kwizigirwa ku bijanye n’ibintu vyerekeye Imana. Ni igitabu gitanga ibimenyamenya vy’uko cahumetswe n’Imana (2 Timoteyo 3:16). Reka twihweze ivyo ico gitabu, ari co Bibiliya, kivuga ku bijanye n’ico kwitwararika ivy’Imana bisobanura be n’agaciro kavyo.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]

KU GIPFUKISHO: Background: © Mark Hamblin/​age fotostock

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika