Ibitangaza bibiri vyabaye kw’ihwaniro rimwe muri Jeworojiya
HARI ikintu c’intibagirwa caranzwe n’ibitangaza bibiri cabereye mu gihugu ca Jeworojiya mu 2006. Ico kintu ni Ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova ry’imisi itatu ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!” ryabaye kuva kw’igenekerezo rya 7 gushika ku rya 9 Mukakaro, rikaba ryabereye mu bibanza bitandatu hirya no hino muri ico gihugu. Iryo hwaniro yari amazimano yo mu vy’impwemu yinovowe n’abantu barenga 17.000.
Muri Nzero 2006, haragizwe utwigoro kugira ngo haboneke ikibanza kibereye abantu ibihumbi bokoraniramwo mu gisagara nyamukuru cari categuwe kuberamwo iryo hwaniro, ico na co kikaba ari Tbilisi umurwa mukuru wa Jeworojiya. Abantu bobaye bari mu bindi bibanza vy’amahwaniro bokurikiranye iyo porogarama biciye ku buhinga bwo gutumatumanako amakuru.
Muri Jeworojiya, umwidegemvyo mu vy’idini wagiye uraboneka buhorobuhoro mu myaka mikeya iheze. Ariko naho ukurwanywa kwigeze kuba gukwiragiye, Ivyabona barabandanije kugira akigoro bizigiye ko boronse ikibanza aho ku murwa mukuru co kugiriramwo iryo hwaniro. Mu bisanzwe abantu bo muri Jeworojiya usanga bafise igishika cane kandi ari abakiranyi. Ariko rero abategetsi bamwebamwe usanga bafise umwikeko ukomeye mu vy’idini. Ubwo none bokwirengagije uwo mwikeko maze bakemera ko Ivyabona bakota inyubakwa yo kugiriramwo ihwaniro?
Abavukanyi bari bagize Komite y’ihwaniro baragendeye ibibuga vy’inkino bitandukanye be n’inyubakwa nininini zitandukanye zikorerwamwo ivyo kwinonora imitsi. Abajejwe ivyo bibanza baremerera abo bavukanyi ko bashobora kubikoresha mugabo mu gihe abo bavukanyi baba bababwiye amagenekerezo atomoye bipfuza gukoterako ivyo bibanza, abo bantu baca banka. Ariko rero, abagize iyo komite baratangaye igihe abayobozi b’umugwi umwe w’abacuraranzi w’i Tbilisi bemera ko Ivyabona vya Yehova babakotera inyubakwa yabo. Iyo nyubakwa y’ibiteramo iri hagati muri ico gisagara, aho akaba ari ho ibirori bikomakomeye nka vyose bibera.
Abagize iyo komite y’ihwaniro bamaze kubona ko utwigoro twabo twatevye tukererwa, baciye batangura gutegura iryo hwaniro ryobereye i Tbilisi be n’ayandi mahwaniro yobereye mu bisagara vyo hirya no hino muri ico gihugu, ushizemwo Tsnori, Kutaisi, Zugdidi, Kaspi be na Gori. Harakozwe ibikorwa bitari bike kugira ngo ivyo bibanza vyose bize bikurikiranire rimwe iyo porogarama biciye ku buhinga bwa telefone. Ibintu vyose vyari vyateguwe neza ku bw’ayo mahwaniro. Mu nyuma, ata wari avyiteze, hasigaye indwi imwe gusa ngo ihwaniro ribe, abajejwe ya nyubakwa y’ibiteramo ya wa mugwi w’abacuraranzi b’i Tbilisi barihindukije mw’ijambo maze barankira abavukanyi kuyikoresha. Nta n’imvo zatanzwe ku bijanye n’ivyo.
Igitangaza ca mbere
None abo bavukanyi bari kugira iki ko imisi yari ibajanye? Ikintu kimwe gusa bari gushobora kugira kwari ukuja kurondera ikibanza i Marneuli ku bilometero 40 uvuye ku murwa mukuru Tbilisi, ako kakaba ari akarere k’abantu b’abarimyi. Amahwaniro atari make yahora abera muri ako karere kw’itongo ry’umuryango umwe w’Ivyabona vya Yehova. Ico gihe ico kibanza ryari itongo rinini. Hari haheze imyaka cumi aho hantu ari co kibanza conyene amashengero y’i Tbilisi yashobora kugiriramwo amahwaniro. Ariko ntiwumve, i Marneuli ni ho kandi Ivyabona vya Yehova bashikiwe n’ibitero vy’ubunyamaswa vyagirwa n’imigwi y’inkozi z’ikibi.
Igitero kimwe muri ivyo cabaye ku wa 16 Nyakanga 2000. Ico gihe abapolisi bari bavuye mu gisagara c’i Marneuli baratangiriye imiduga yarimwo Ivyabona kugira ngo ntishike ku kibanza cari kuberamwo ihwaniro. Haciye haza igitero c’abantu b’inkozi z’ikibi buzuye amabisi, kikaba cari kiyobowe n’umupatiri w’umworotodogisi yakuwe muri ayo mabanga yitwa Vasili Mkalavishvili. Barahagaritse imiduga n’amabisi yariko yerekeza kw’ihwaniro i Marneuli, bakura mu miduga ku nguvu abantu batari bake bari bagiye kuri iryo hwaniro, bongera barabakubita barabonona, mu gihe abandi bari basigaye muri iyo miduga bariko baranyagwa utwabo, ushizemwo Bibiliya zabo be n’ibindi bitabu bishingiye kuri yo.
Ico kibanza c’ihwaniro c’i Marneuli caratewe kandi n’umugwi w’abantu nka 60. Ico gihe Ivyabona bashika 40 barakomeretse. Umuvukanyi umwe yaracumiswe imbugita mu gikiriza. Bamwe muri abo bateye barafora inkoho maze bakarasa mu kirere barakaye. Umwe muri bo yarashize inkoho kuri nyene ico kibanza maze amusaba amahera yari afise be n’utuntu two gushaza tuzimvye yari yambaye. Uwo mugwi w’inkozi z’ikibi warasakambuye inzu yiwe yari iruhande y’ico kibanza wongera uramusahura ibintu vy’igiciro yari atunze. Bahejeje kumenagura amadirisha yose y’iyo nzu, baciye baturira ibitabu bishingiye kuri Bibiliya be n’intebe ndende zikozwe mu mbaho zari zagenewe gukoreshwa kuri iryo hwaniro. Ico gihe haraturiwe ibitabu bipima itoni imwe n’igice. Abapolisi bari aho hantu, aho guhagarika ivyo bikorwa vy’ubunyamaswa, na bo nyene baragize uruhara mu kugirira nabi Ivyabonaa.
Komite y’ihwaniro ntiyari ifise gusa ubwoba bw’uko hashobora kuba ubukozi bw’ikibi, ariko kandi yari ihanzwe n’ikibazo c’ukuntu abantu 5.000 boshoboye gukwira mu kibanza mu bisanzwe gishobora kwakira abantu nka 2.500. None iyo ngorane yari gushobora gutorerwa umuti gute ko hari hasigaye umwanya muto cane gutyo? Cabaye nk’igitangaro igihe abantu bafise amatongo abiri abangikanye n’ico kibanza bahaseruka maze bakemerera abavukanyi gukota ayo matongo.
Gutegura ayo matongo kugira ngo abe ahantu habereye ho kugirira ihwaniro cari gikorwa kitoroshe na gato. Ukuntu ivy’ikirere vyari vyifashe na vyo nyene vyarunyuye ibintu, kubera ko imvura yaguye uwo mushamvu wose w’imbere y’ihwaniro. Ayo matongo y’abo babanyi yarimwo ibiraya, kandi vyasabwa ko bibanza kwimburwa. Abavukanyi bitanze bategerejwe kubanza kuja hamwe barasoroma ivyo biraya mu mvura nyinshi cane. Ubukurikira baciye bakuraho inzitiro zari zikikuje ayo matongo, maze baca bashinga ibiti bazoshirako ibisakazo kugira ngo bakingire imvura n’izuba abazoba bitavye iryo hwaniro. Hari hakenewe gukorwa izindi ntebe, kandi harashinzwe n’ibindi vyuma vyo kuduza amajwi. Abo bavukanyi bari bitanze barakoze ijoro n’umurango, bamwebamwe mbere baraheba n’agatiro, barakata imbaho, baratera imisumari, barakora n’ibindi bikorwa bijanye no kubaza.
Abantu bose bibaza bati: “Mbega yemwe bizogenda gute imvura niyabandanya kugwa mu kiringo c’ihwaniro? Ubwo ga ntuze abazoba bitavye ihwaniro ntibazomirwa n’urushanga?”. Haraguzwe ubwatsi kugira ngo busaswe hasi, ahari hasanzwe hatose. Amaherezo izuba ryahavuye ryaka! Imisi yose ihwaniro ryamaze uko ari itatu, ubwo butaka bwarakiwe n’izuba maze harasa neza kandi harasusuruka.
Igihe abari bitavye ihwaniro bahashika basanze hakaka. Ukuntu aho hantu hatekanye hari hirya y’igisagara hasa, hatanga ishusho y’isi nshasha. Abitavye iryo hwaniro bararonse ivyicaro bimeze neza kandi bari bakikujwe n’ibiti vy’imisukoni be n’ibindi biti vy’ivyamwa, hamwe n’imirima y’ibigori n’iy’itomati. Inyuma y’umukiruruko hari hashajishijwe n’inzabibu. Karacamwo mu gihe ca porogarama abari ng’aho bakumva isake zibika, inkokokazi na zo zikokoza igihe amagi yazo yaba ariko aregeranywa. Harumvikana n’ayandi majwi yaranga ko aho hantu ari mu gihugu hagati, ariko ku bari ng’aho, ayo majwi yari ameze gusa nk’uturirimbo turyoshe. Aho kugira ngo ayo majwi abasamaze, abari kuri iryo hwaniro bayitaho buhoro kubera yuko bari bituniye kuri porogarama nziza cane yariko irashikirizwa ishingiye kuri Bibiliya. Ariko rero, ivyo si vyo bihe vyonyene vyabaye intibagiranwa kuri iryo hwaniro.
Igitangaza ca kabiri
Ikiringo c’ihwaniro co ku wa gatanu mu gitondo kirangiye, abari baryitavye baratangaye cane igihe umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, uwitwa Geoffrey Jackson, yatangaza isohorwa rya Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau yuzuye, mu kinyajeworojiyab. Abantu benshi amosozi yaruzuye mu maso kubera bari bumiwe cane. Hari umuryango wavuze n’umunezero n’akantu uti: “Ntitworeka gukenguruka iki gitangaza. Emwe, iki ni igitangaza ca Yehova pe! Mbega igikorwa kinini utoraba cakozwe mu mwanya mutoya cane!”.
Umuvukanyikazi umwe wo mu gisagara citwa Tsalendjikha yari yakurikiranye iyo porogarama biciye kuri telefone yavuze ati: “Sinoshobora kuronka amajambo nokoresha kugira nserure umunezero nagize igihe twaronka Bibiliya yuzuye. Nagomba kubakengurukira ku bw’iri hwaniro rihambaye ryamaze imisi itatu. Vy’ukuri ryabaye ikintu tutazokwibagira”. Umuryango umwe wo mw’ishengero riri mu Burengero bwa Jeworojiya, ku nkengera y’Ikiyaga Cirabura, wavuze uti: “Gushika uyu musi twari dufise Bibiliya imwe gusa mu muryango wacu, ariko ubu twese uko turi bane umwe wese afise Bibiliya yiwe Traduction du monde nouveau. Ubu umwe wese muri twebwe arashobora kwiga Bibiliya akoresheje iyiwe bwite”.
Ariko rero, hariho ibintu vyagoranye abantu batashoboye kubona. Nk’akarorero, naho Bibiliya Traduction du monde nouveau yuzuye yari yacapuwe kandi ikarungikwa ku bw’ihwaniro imbere y’igihe, abategetsi bajejwe kuraba ivyinjira n’ibisohoka ku mipaka baranse ko izo Bibiliya zari zirungitswe zinjira muri Jeworojiya. Abavukanyi baciye bitura ibiro vy’uwujejwe kuvugira abanyagihugu baba barenganijwe na Leta. Uwo muntu yarashoboye gutuma izo Bibiliya zemererwa kwinjira mu gihugu imbere y’uko iryo hwaniro ritangura. Mbere yararungitse kuri iryo hwaniro ryabereye i Marneuli uwumufasha ibikorwa kugira ngo ashobore kuronka amakopi y’iyo Bibiliya nshasha azokoreshwa ku biro vyabo.
Yarahawe ikaze rirangwa igishika nk’uko bimeze mu mico kama y’abanyajeworojiya
Hariho ikindi kintu catumye Ivyabona vya Yehova bo muri Jeworojiya babona ko ihwaniro ry’intara ryabereye i Marneuli ryabaye ikiringo gihambaye. Umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yari yitavye iryo hwaniro. Abitavye iryo hwaniro bose baranezerewe cane ku buryo umwumwe wese yipfuza kumuha ikaze rirangwa igishika nk’uko bisanzwe bigenda mu mico kama yabo. Vyabaye ngombwa ko umuvukanyi Jackson ahagarara amasaha atari make kugira ngo aramutse abavukanyi imbere y’ihwaniro, mu gihe ryariko riraba be n’inyuma yaryo, kandi yarahimbawe no kuvyubahiriza.
Ihwaniro rimwe ryabaye mu 1903 rirangiye, hari umuvukanyi yavuze ati: “Hogira uwumpa amadolari 1.000 (nk’amarundi arenga 1.000.000) ngo ndamuhe ivyiza nakuye kuri iri hwaniro, sinogenda ndamwemereye naho ndi umukene”. Naho ubu haciye imyaka irenga 100 ayo majambo avuzwe, ukwo ni ko nyene Ivyabona bitavye ya mahwaniro y’intibagiranwa yaba mu ci ryo mu 2006 mu gihugu ca Jeworojiya bumvise bamerewe.
[Utujambo tw’epfo]
a Nimba wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’uruhamo rwashikiye Ivyabona vya Yehova bo muri Jeworojiya, nurabe Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nzero 2002 ku rupapuro 18-24.
b Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu vya Bibiliya Traduction du monde nouveau mu kinyajeworojiya vyari vyasohowe mu 2004.
[Uruzitiro ku rup. 19]
“Inkēngērwa” yaragwiriye
Amajambo ari muri Yesaya 60:22 yarabaye ay’ukuri muri Jeworojiya. Ayo na yo agira ati: “Inkēngērwa izovamw’igihumbi, kandi nyarucari azoba ihanga rikomeye. Jewe Uhoraho nzobishitsa n’ingoga, igihe cavyo kigeze”. Mu myaka idashika 20, igitigiri c’abamamaji b’Ubwami muri Jeworojiya caragwiriye kiva ku bamamaji bari munsi ya 100 gishika ku bamamaji nka 16.000. Abo basuku b’abanyamwete b’Ijambo ry’Imana bariko bararongora buri ndwi inyigisho za Bibiliya zo ku muhana 8.000, ico kikaba ari ikintu ciza cane gitanga icizigiro c’uko hazobandanya kuba iyongerekana muri Jeworojiya.
[Ikarata ku rup. 16]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
IGIHUGU C’UBURUSIYA
JEWOROJIYA
Zugdidi
Kutaisi
TURUKIYA
Gori
Marneuli
ARUMENIYA
Kaspi
TBILISI
Tsnori
AZERBAÏDJAN
[Credit line]
Umubumbe w’isi: Based on NASA/Visible Earth imagery
[Ifoto ku rup. 16]
Igishusho kiri i Tbilisi
[Ifoto ku rup. 17]
Ihwaniro ry’i Marneuli ryakurikiranywe mu bindi bibanza bitanu hakoreshejwe ubuhinga bwa telefone ngendanwa
[Ifoto ku rup. 18]
Abitavye iryo hwaniro barahimbawe cane igihe baza bumva isohorwa rya Bibiliya yuzuye ya “Traduction du monde nouveau” mu kinyajeworojiya