ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/10 rup. 4-6
  • Amahitamwo ashikana ku gahimbare

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amahitamwo ashikana ku gahimbare
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Itegeko ry’agakura
  • Amahitamwo ashingiye ku rukundo dukunda abandi
  • Amahitamwo ashingiye ku rukundo dukunda Imana
  • Nuhitemwo neza mu buto bwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Boba bazokorera Imana nibakura?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ico bisobanura gukunda bagenzi bacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/10 rup. 4-6

Amahitamwo ashikana ku gahimbare

“ESE iyo menya!”. Ni kangahe woba umaze kuvuga gutyo? Twese turipfuza kugira amahitamwo atazotuma twicuza, na canecane iyo ari ayagira ico akoze ku buzima bwacu. Ariko none, ni gute twogira amahitamwo ashikana ku gahimbare?

Imbere ya vyose, turakeneye kuba dufise ingingo ngenderwako zo kwizigirwa vy’ukuri. None izo ngingo zoba ziriho? Abantu benshi biyumvira ko ataziriho. Twisunze itohoza ryagizwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ibice 75 kw’ijana vy’abanyeshure bari mu mwaka wa nyuma wa za kaminuza zigisha ivy’imyuga, bemera yuko ata kintu kiriho kigenga ikibereye n’ikitabereye be n’uko gutandukanya iciza n’ikibi bivana n’“ingingo umwumwe wese yisunga be n’ukuntu imico igenda iratandukana”.

Ubwo vyoba vy’ukuri vyumvikana hamwe umuntu yokwiyumvira ko ingingo zigenga ikibi n’iciza zivana gusa n’ivyiyumviro vy’umuntu canke ivyiyumviro vyemerwa na benshi? Haba namba! Iyaba abantu bari bafise umwidegemvyo wo gukora ico bishakiye cose, hobaye akajagari. Ni nde ga yemwe yokwipfuza kuba ahantu hatagira amategeko, amasentare, canke abapolisi? Vyongeye, ivyiyumviro vyacu bwite ntivyama biduha ubuyobozi bwo kwizigirwa. Twoshobora guhitamwo gukora ikintu twiyumvira yuko ari ciza mugabo mu nyuma tugasanga twarihenze. Mu vy’ukuri, kahise kose k’abantu karerekana ko iyi ngingo ngenderwako ya Bibiliya ari iy’ukuri: “Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe” (Yeremiya 10:23). Ariko none ni hehe umuntu yoronderera ubuyobozi igihe afata ingingo ku bijanye n’ibintu bihambaye mu buzima?

Vyari biranga ubukerebutsi kubona wa mutware akiri muto yavugwa mu kiganiro c’imbere y’iki yaragiye kuronderera ubuyobozi kuri Yezu. Nk’uko twabibonye, Yezu yishimikije Ivyagezwe vy’Imana mu kwishura ikibazo uwo mutware yamubajije. Yezu yaremera ko Yehova Imana ari we Soko ruheta ry’ubumenyi n’ubukerebutsi kandi ko ari we azi icobera ciza ibiremwa vyiwe. Ni co gituma Yezu yavuze ati: “Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwandungitse” (Yohani 7:16). Mu vy’ukuri, Ijambo ry’Imana ni isoko ryo kwizigirwa ritanga ubuyobozi buzodufasha kugira amahitamwo abereye mu buzima. Nimuze turimbure ingingo ngenderwako nkeya dusanga mw’Ijambo ry’Imana zizogira ico ziterereye ku gahimbare kacu nitwazishira mu ngiro.

Itegeko ry’agakura

Muri ya Nsiguro rurangiranwa yiwe yo ku Musozi, Yezu yaravuze ingingo ngenderwako y’ishimikiro ishobora kudufasha kugira amahitamwo aranga ubukerebutsi mu migenderanire tugirana n’abandi. Yavuze ati: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira” (Matayo 7:12). Iyo ngingo ngenderwako y’ukuntu dukwiye kwigenza ikunze kwitwa Itegeko ry’agakura.

Hari abantu bakoresheje imvugo nk’iyo mu buryo bunyuranye n’ubwo, mu kuvuga bati: “Ntukagirire abandi ico udashaka ko bakugirira”. Kugira ngo ubone itandukaniro riri hagati y’iryo Tegeko ry’agakura be n’ukwo kuntu barihinduye, rimbura umugani Yezu yavuze werekeye Umusamariya w’imbabazi. Hari Umuyuda yari yakubiswe asigwa iruhande y’ibarabara ari intere. Umuherezi be n’Umulewi baramubonye mugabo bicira iruhande bararengana. Kubera ko ata kintu na kimwe bagize ngo bunyure ivy’uwo Muyuda, umuntu yoshobora kuvuga ko bakoze bisunga kwa kuntu rya Tegeko ry’agakura ryahindurwa. Ariko rero, hari Umusamariya yariko ararengana yamubonye aca arahagarara kugira ngo amufashe. Yaratenze inguma z’uwo mugabo yongera aramujana ku ndaro y’abahita. Yagiriye uwo mugabo ivyo na we nyene yoshatse ko bamugirira. Yarashize mu ngiro rya Tegeko ry’agakura, gutyo aba agize ihitamwo ribereye.​—Luka 10:30-37.

Hariho uburyo bwinshi dushobora gushira mu ngiro iyo ngingo y’ukuntu dukwiye kwigenza kandi bikavamwo ivyiza bizana agahimbare. Dufate yuko hari umuryango uherutse kwimukira hafi y’aho uba. Kubera iki utokwibwiriza kubagendera kugira ngo ubahe ikaze? Woshobora kubafasha kumenyera ako karere, ukabafasha n’igihe hari ivyo bipfuza kumenya canke hari ivyo bakeneye. Niwibwiriza kwitwararika ababanyi, bizotuma ugiranira imigenderanire myiza n’ababanyi bawe bashasha. Uzokwumva kandi ufise umunezero kubera yuko uzoba uzi ko wakoze ibihimbara Imana. None iryo si ihitamwo riranga ubukerebutsi?

Amahitamwo ashingiye ku rukundo dukunda abandi

Uretse rya Tegeko ry’agakura, Yezu yaratanze ubundi buyobozi buzodufasha kugira amahitamwo aranga ubukerebutsi. Igihe bamubaza ibwirizwa risumba ayandi muri rya Tegeko rya Musa, Yezu yishuye ati: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose’. Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere. Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda’. Ayo mabwirizwa abiri ni yo Itegeko ryose hamwe n’Abahanuzi vyenenako”.​—Matayo 22:36-40.

Mw’ijoro rya buca apfa, Yezu yarahaye abigishwa biwe “ibwirizwa rishasha”, iryo na ryo rikaba ari iry’uko bari bakwiye gukundana (Yohani 13:34). Ni kubara iki none Yezu yavuze ko iryo bwirizwa ari rishasha? None ntiyari yaramaze kubasigurira yuko gukunda bagenzi babo ryari rimwe muri ya mabwirizwa abiri Itegeko ryose ryenenako? Mu gihe c’Itegeko rya Musa Abisirayeli bari barategetswe bati: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda” (Abalewi 19:18, ni twe dushimitse.). Ariko rero, Yezu ico gihe yari ategetse abigishwa biwe gukora ibisumba ivyo. Muri iryo joro nyene, Yezu yarabwiye abigishwa biwe ko yari yimirije gutanga ubuzima bwiwe ku bwabo. Yaciye ababwira ati: “Iri ni ryo bwirizwa ryanje: ko mukundana nk’uko nabakunze. Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu aheba ubuzima bwiwe ku bw’abagenzi biwe” (Yohani 15:12, 13). Ni vyo, iryo bwirizwa ryari rishasha kubera ko ryasaba yuko umuntu ashira inyungu z’abandi imbere y’iziwe bwite.

Hariho uburyo bwinshi dushobora kugaragaza urukundo rutagira ubwikunzi, tukarengera ivyo kwitwararika gusa inyungu zacu bwite. Fata nk’akarorero ko uba mu nyubakwa ibamwo abantu benshi, ukaba ushaka kwumviriza umuziki ku rugero rw’ijwi ruguhimbara mugabo rukaba rugora ababanyi bawe. None ubwo wokwemera ubikunze kugabanya urugero rw’iryo jwi kugira ngo ababanyi bawe bashobore kuronka amahoro? Mu yandi majambo, woba woshira ineza y’ababanyi bawe imbere y’ineza yawe bwite?

Raba ikindi kintu cabaye. Muri Kanada, hari umutama yagendewe n’Ivyabona vya Yehova babiri, kuri uwo musi bamugendeye hakaba hari hakanye cane kandi haguye ibibarafu vyinshi (ivyo bita neige). Igihe bariko baraganira, uwo mugabo yababwiye yuko atashoboye gukura ibibarafu imbere y’inzu yiwe kubera ko yari afise ingorane y’umutima. Haheze nk’isaha imwe, yagiye yumva urwamo rw’ibipawa. Vya Vyabona babiri bari bagarutse gukura vya bibarafu mu nzira be no ku ngazi bishikana ku muryango mukuru w’inzu ya wa mutama. Mw’ikete yandikiye ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Kanada, yavuze ati: “Uyu musi niboneye ingene urukundo nyakuri rwa gikirisu rugaragazwa. Ico kintu niboneye catumye ndushiriza kubona ibintu neza congera gituma mpindura iciyumviro nari nsanzwe mfise c’uko isi ya kino gihe ata ciza ikora. Catumye kandi ndushiriza gukomeza ukuntu nari nsanzwe mpa agaciro utwigoro mugira kw’isi yose”. Vy’ukuri, guhitamwo kugira ico ufashije abandi, naho coba ari gito, birashobora kugira ikintu ciza bikoze kuri bo. Ese ukuntu kugira mwene ayo mahitamwo yo kwitanga ngo ufashe abandi bizana agahimbare!

Amahitamwo ashingiye ku rukundo dukunda Imana

Ikindi kintu dukwiye kurimbura igihe tugira amahitamwo ni kimwe Yezu yita ibwirizwa risumba ayandi yose, iryo na ryo rikaba ari iryo gukunda Imana. Ayo majambo yo gukunda Imana Yezu yariko ayabwira Abayuda, bano bakaba bari mw’ihanga ryari ryariyeguriye Yehova ngo rigiranire na we ubucuti. Ariko ntiwumve, Umwisirayeli wese ku giti ciwe yategerezwa guhitamwo gukorera Imana yiwe abitumwe n’uko ayikunda n’ubuzima bwiwe bwose be n’umutima wiwe wose, canke na ho ntabigire.​—Gusubira mu vyagezwe 30:15, 16.

Muri ubwo buryo nyene, amahitamwo ugira arerekana ukuntu wiyumva ku bijanye n’Imana. Nk’akarorero, uko urushiriza gukenguruka agaciro ngirakimazi ka Bibiliya, na we nyene urahangana no gufata ingingo. Woba ufise umutima ukunze wo kugira urutonde rwo kwiga Bibiliya udahorereza ufise intumbero yo kuba umuyoboke wa Yezu? Nta nkeka ko kubigenza gutyo bizokuzanira agahimbare, kuko Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu”.​—Matayo 5:3.

Ntituzi nimba wa mutware akiri muto yaricujije ku ngingo yafashe. Ariko turazi ukuntu intumwa Petero yumvise amerewe inyuma y’imyaka itari mike yamaze akurikira Yezu Kristu. Nko mu 64 G.C., amaja mu mpera y’ubuzima bwiwe, Petero yararemesheje abakirisu bagenziwe ati: “Mukore uko mushoboye kwose ngo amaherezo [Imana] [i]ze [i]basange mutagirako agatosi, mutagirako ikirabagu, muri mu mahoro” (2 Petero 1:14; 3:14). Biragaragara ko Petero aticujije ku bw’iryo hitamwo hari haheze imyaka 30 agize, kandi yararemesheje abandi kwumira kuri iryo hitamwo ryabo.

Gukurikiza iyo mpanuro ya Petero bisigura kugira ihitamwo ryo kwemera amabanga azanwa no kuba umwe mu bigishwa ba Yezu be no kwitondera amabwirizwa y’Imana (Luka 9:23; 1 Yohani 5:3). Ivyo vyoshobora gusa n’ibitoroshe, yamara turafise uwu muhango wa Yezu udukura amazinda uti: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzoronka ukuruhuka kw’imitima yanyu. Kuko ingǒgo yanje yoroshe n’umutwaro wanje uhwahutse”.​—Matayo 11:28-30.

Zirikana ku vyashikiye Arthur. Igihe yari afise imyaka cumi, Arthur yaratanguye kwiga kuvuza igicurarangisho kivuzwa nk’indonongo citwa violon afise intumbero yo gukurikira umwuga wo gucuraranga. Igihe yari afise imyaka 14, yari amaze gutangura kuremesha ibiteramo. Naho ari ukwo, nta gahimbare yari afise. Se wiwe yama afise ibibazo ku bijanye n’intumbero y’ubuzima kandi akaba yaratumira i muhira iwe abigisha bo mu madini, mugabo rero ntiyigera yumva ko ashimishijwe n’inyishu bamuha. Uko bari bagize umuryango, baribaza nimba Imana ibaho vy’ukuri be n’igituma ireka ikibi kikabandanya. Mu nyuma uwo se wa Arthur yaratanguye kuganira n’Ivyabona vya Yehova. Ikiganiro yagiranye na bo caramukwegereye cane maze ivyo bituma uwo muryango wose utangura kwiga Bibiliya.

Haciye igihe, Arthur abifashijwemwo n’Ivyanditswe yaratahuye igituma Imana ireka ugucumukura kukabandanya kandi yarabonye neza intumbero y’ubuzima iyo ari yo. We hamwe n’abandi bantu batatu bo mu muryango wabo, baragize ihitamwo, kandi ntibigeze bicuza kuba bararigize. Yareguriye ubuzima bwiwe Yehova. Avuga ati: “Ndahimbawe cane kubona Yehova yarandonkeje ubumenyi bwerekeye ukuri be no kubona yarandinze uguhiganwa kurangwa mu baririmvyi rurangiranwa. Nta kintu na kimwe abantu badakora kugira ngo bashike ku co bashaka”.

N’ubu Arthur aracavuza ca gicurarangisho kugira ngo anezereze abagenzi biwe, mugabo ubuzima bwiwe ntibushingiye ku kuba umucuraranzi, ahubwo bushingiye ku murimo arangurira Imana. Haraheze igihe asukurira kuri bimwe mu biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Mu buryo butandukanye na wa mutware akiri muto, urashobora kugira ihitamwo rizotuma ugira agahimbare ntangere nk’uko Arthur be n’abandi bantu amamiliyoni babigize, iryo na ryo rikaba ari iryo kwitaba akamo Yezu agutera ko kuba umuyoboke wiwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika