Twumvire ijwi rituvugiramwo
“Abanyamahanga badafise itegeko [ry’Imana barakora] ivyo itegeko rivuga nk’uko bisanzwe bibarimwo”.—ABAROMA 2:14.
1, 2. (a) Abantu benshi berekanye gute ko bitwararika abandi? (b) Ni uburorero ubuhe bwo mu Vyanditswe bwerekana ivyo kwitwararika abandi?
HARI umuntu w’imyaka 20 yafashwe n’intandara ari ku gituro kimwe c’igariyamoshi maze zimushiburira mu nzira yayo. Umugabo umwe yabibonye yaciye arekura udukobwa twiwe yari afashe, maze aca asimbirayo. Yaciye akwegera uwo muntu yari afashwe n’intandara ahantu hameze nk’umuserege hagati y’ivyuma vy’indarayi, amukingira igariyamoshi yari ije iharariza n’urwamo rwinshi, ica ihagarara hejuru yabo. Hari abovuga yuko uwo mugabo ari umuhizi, ariko we yavuze ati: “Uwo ari we wese arakwiye gukora iciza. Ivyo nabikoze kubera umutima mwiza; sinabikoze kugira ngo menyekane canke nshimagizwe”.
2 Hari aho woba uzi umuntu yemeye gushira ubuzima mu kaga kugira ngo afashe abandi. Abenshi barabigize mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose mu kunyegeza abantu batari bazi. Niwibuke kandi ivyashikiye intumwa Paulo hamwe n’abandi bantu 275 bari kumwe na we igihe ubwato bwabasabirako i Malita, hafi y’i Sisile. Abantu baho barafashije izo ngenzi, barazigaragariza “ubuntu bw’akataraboneka” (Ibikorwa 27:27–28:2). Canke bite ho ku bijanye na ka Kisirayelikazi kitwararikanye ubuntu ineza y’umwe mu Basiriya bakagize inyagano, naho kumbure katari guhakwa kuhasiga ubuzima (2 Abami 5:1-4)? Zirikana kandi kuri wa mugani uzwi cane Yezu yaca werekeye Umusamariya w’imbabazi. Umuherezi n’Umulewi barirengagije Umuyuda nka bo yari yasizwe ari intere, yamara Umusamariya we abanza kureka iyo yariko araja kugira ngo amufashe. Mu binjana n’ibindi, uwo mugani warakoze cane ku mutima abantu b’imico kama itandukanye.—Luka 10:29-37.
3, 4. Kuba abantu basanganywe agatima ko kwitwararika abandi bitubwira iki ku bijanye na ya nyigisho y’ivy’ihindagurika?
3 Mu vy’ukuri, tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira”; abantu benshi ni “inkazi” kandi ‘ntibakunda iciza’ (2 Timoteyo 3:1-3). Ariko none twoba tutarabona ivyo abagiraneza bakora, kumbure tukanavyungukirako? Agatima ko gufasha abandi, n’igihe nyene vyosaba ko umuntu ahasiga ubuzima, ni ikintu kimenyerewe cane ku buryo hari abavuga ko biri mu bigize kameremere kacu.
4 Mwene ako gatima ko gufasha abandi, n’igihe nyene vyosaba ko umuntu ahasiga ubuzima, karigaragaza mu bantu b’ubwoko bwose be n’imico kama yose, vyongeye karanyuranye n’ibivugwa yuko umuntu yagiye arahindagurika kugeza n’aho aba uko ameze ubu biciye kw’itegeko rigenga inyamaswa rivuga ngo “akaruta akandi karakamira”. Umuhinga umwe mu vy’utugingo ngengakamere yitwa Francis S. Collins, uwigeze kuba mu bantu b’imbere bafashije intwaro ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu kigoro yagize ko kwiga mu buryo bunogangije akagingo ngengakamere k’umuntu (ako bita ADN), yavuze ati: “Agatima ko kwitwararika abandi usanga gatuma umuntu yemera ya nyigisho yuko ngo ibintu vyabayeho biciye kw’ihindagurika bimugora cane kubisigura. . . . Ntikoshobora gusigurwa mu gihe twoba twaremanywe utugingo ngengakamere tw’ubwikunzi”. Yongeyeko ati: “Abantu bamwebamwe barihebera abandi ata co bapfana kandi ata kintu na kimwe bahurijeko na gato. . . . Ako gatima ko kwitwararika abandi ntigasa n’akoshobora gusigurwa n’inyigisho ya Darwin”.
“Ijwi ryo mu mutima”
5. Ni igiki kimaze kwibonekeza incuro n’izindi mu bantu?
5 Dogoteri Collins arerekana ikintu kimwe kiranga agatima dufise ko kwitwararika abandi, mu kuvuga ati: “Ijwi ryo mu mutima riradutera akamo ngo dufashe abandi n’igihe nyene ata kintu na kimwe tuba twiteze kuhakura”a. Kuba acishamwo imvugo ngo “ijwi ryo mu mutima” vyoshobora guca bitwibutsa ikintu intumwa Paulo yashimitseko ati: “Igihe cose abanyamahanga badafise itegeko bakoze ivyo itegeko rivuga nk’uko bisanzwe bibarimwo, abo bantu, naho batagira itegeko, baba ari itegeko kuri bo ubwabo. Ni bo nyene berekana ko ibiri mw’itegeko vyanditse mu mitima yabo, mu gihe ijwi ryo mu mutima ryabo rishinga intahe hamwe na bo, kandi mu vyiyumviro vyabo bwite, bararegwa canke mbere bakaregurwa”.—Abaroma 2:14, 15.
6. Ni kubera iki abantu bose bari n’ico babazwa n’Umuremyi?
6 Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, yarerekanye ko abantu bari n’ico babazwa n’Imana kubera yuko kuba iriho be na kamere zayo vyigaragariza mu vyo tubona. Ivyo ni ko biri “kuva kw’iremwa ry’isi” (Abaroma 1:18-20; Zaburi 19:1-4). Tuvugishije ukuri, abantu benshi barirengagiza Umuremyi wabo bakongera bakisuka mu vy’ubushegabo. Yamara, Imana igomba yuko abantu bamenya ko igororotse, maze bakigaya ibibi bakora (Abaroma 1:22–2:6). Abayuda bari bafise imvo ntaharirizwa yo gukora ivyo, kuko bari barahawe Itegeko ry’Imana biciye kuri Musa. Ariko n’abantu batari bafise “amajambo meranda y’Imana” bari bakwiye kwemera ko Imana iriho.—Abaroma 2:8-13; 3:2.
7, 8. Ubushobozi bwo kumenya ikibereye n’ikitabereye bwakwiragiye ku rugero rungana iki, kandi ivyo vyerekana iki?
7 Imvo ikomeye yerekana igituma abantu bose bakwiye kumenya ko Imana iriho kandi bagakora bisunga ubwo bumenyi ni uko baremanywe ubushobozi bwo kumenya iciza n’ikibi. Ukuba dufise ubushobozi bwo kumenya ikibereye ni icerekana ko dufise ijwi ryo mu mutima. Niwihe ishusho y’iki kintu: Hari utwana dutonze umurongo turindiriye kurya umunyenga ku ruvuma. Maze haciye haza akana kamwe kita imbere, karengana utwo tundi twana twose turindiriye. Twinshi muri two duciye tuvuga duti: ‘Ivyo si vyo’. Ca rero wibaza uti: ‘Bishoboka bite ngo mbere n’utwana twinshi duce ubwo nyene tugaragaza yuko dushoboye kumenya ikibereye?’. Ico kintu utwo twana dukoze kigaragaza ko na two nyene twaremanywe ubushobozi bwo kumenya ikibereye n’ikitabereye. Paulo yanditse ati: “Igihe cose abanyamahanga badafise itegeko [barakora] ivyo itegeko rivuga nk’uko bisanzwe bibarimwo”. Ntiyavuze ngo “Bishitse” nk’aho umengo ni ikintu c’imbonekarimwe. Yavuze ngo “Igihe cose”, canke “igihe”, ashaka kuvuga ikintu gikunze gushika. Ivyo vyerekana ko abanyamahanga “bakoze ivyo itegeko rivuga nk’uko bisanzwe bibarimwo”, bisobanura yuko babitumwa n’ubushobozi baremanywe bwo kumenya ikibereye n’ikitabereye kugira ngo bakore bisunze ivyo dusoma mw’Itegeko ry’Imana ryanditswe.
8 Iyo mpengamiro abantu bafise yo kumenya ikibereye n’ikitabereye usanga yibonekeza mu bihugu vyinshi. Umwigisha umwe wo kuri kaminuza y’i Cambridge yavuze ko ingingo ngenderwako z’Abanyababiloni, Abanyamisiri n’Abagiriki cokimwe n’iz’abantu b’imvukira bo muri Ositaraliya no muri Amerika usanga zirimwo “ukwiyamiriza agahahazo, ubwicanyi, ubuhemu be n’ibinyoma, zikabamwo n’izijanye n’ukugaragariza ubuntu abageze mu zabukuru, abakiri bato be n’abafise intege nke”. Vyongeye Dogoteri Collins yanditse ati: “Ivyo kumenya iciza n’ikibi bisa n’ikintu gikwiye kw’isi yose, mu bantu b’amoko yose”. None ivyo ntibikwibutsa amajambo dusanga mu Baroma 2:14?
Ijwi ryawe ryo mu mutima rikora gute?
9. Ijwi ryawe ryo mu mutima ni iki, kandi rishobora gute kugufasha imbere y’uko ugira ico ukoze?
9 Bibiliya yerekana ko ijwi ryawe ryo mu mutima ari ubushobozi mvukanwa butuma uraba neza ivyo ukora ukongera ukabisuzuma. Ni nk’aho ufise ijwi rikuvugiramwo rikubwira niba ingendo yinaka ibereye canke itabereye. Paulo yaravuze ivyerekeye ijwi ryamuvugiramwo, ati: “Ijwi ryo mu mutima ryanje rishinga intahe hamwe nanje mu mpwemu nyeranda” (Abaroma 9:1). Nk’akarorero, iryo jwi ryoshobora kuvuga imbere y’uko urimbura nimba wokora canke utokora ikintu kibereye kibure kitabereye. Ijwi ryawe ryo mu mutima ryoshobora kugufasha gusuzuma ico uzokora kandi rikakwereka n’ukuntu ushobora kuzokwumva umerewe uramutse ugikoze.
10. Ijwi ryo mu mutima rikunze kugira ico rivuze ryari?
10 Igikunze gushika kenshi ni uko ijwi ryawe ryo mu mutima rigira ico rivuze uhejeje gukora ikintu kinaka. Igihe Dawidi yari yinyegeje Umwami Sauli, yararonse akabero ko gukora ikintu kitaranga ko yubaha umwami yarobanujwe amavuta n’Imana, atako aragikora. Aho agikoreye, “Dawidi [yaciye] yumva umutima umuseka” (1 Samweli 24:1-5; Zaburi 32:3, 5). Imvugo ngo “ijwi ryo mu mutima” ntikoreshwa muri iyo nkuru; yamara ico ni co kintu Dawidi yumvise, ni ukuvuga ukuntu ijwi ryiwe ryo mu mutima ryakiriye ico kintu yari ahejeje gukora. Umwumwe wese muri twebwe aramaze kwumva ijwi ryiwe rimucumita muri ubwo buryo nyene. Hari aho vyoba vyarashitse tugakora ikintu, hanyuma tukaja twumva turiyagirije, tubabajwe n’ico kintu twakoze. Abantu bamwebamwe batarishe amakori, ijwi ryabo ryo mu mutima ryarabasogose ku buryo bahavuye bariha ayo bari baheranye. Abandi na bo baravyuriwe umutima wo kwaturira abo bubakanye ko barenze ibigo (Abaheburayo 13:4). Yamara rero, igihe umuntu akoze ahuza n’ijwi ryiwe ryo mu mutima, birashobora gutuma yumva ashize akanyota kandi afise amahoro.
11. Ni kubera iki bishobora kuba birimwo akaga gupfa ‘kureka ukayoborwa n’ijwi ryawe ryo mu mutima’? Bitangire akarorero.
11 Twoba none dushobora gupfa ‘kureka ijwi ryacu ryo mu mutima rikaba ari ryo rituyobora’? Mu bisanzwe, kwumviriza ijwi ryacu ryo mu mutima ni vyiza, ariko ivyo ritubwira birashobora kutuzimiza bimwe bikomeye. Mu vy’ukuri, ijwi ry’“umuntu turi imbere” rirashobora kutuyovya (2 Abakorinto 4:16). Zirikana kuri aka karorero. Bibiliya iratubwira ivyerekeye Sitefano, uwari umuyoboke w’ishaka wa Kristu yari “yuzuye igikundiro n’ububasha”. Abayuda bamwebamwe baratereye Sitefano inyuma ya Yeruzalemu maze bamwicisha amabuye. Uwitwa Sauli (uwahavuye aba intumwa Paulo) yari ahagaze iruhande y’aho kandi “yari ashigikiye iyicwa” rya Sitefano. Bisa n’uko abo Bayuda bari barajijutse rwose ko bakoze neza kuko ijwi ryabo ryo mu mutima ata co ryabagiriza. Ukwo ni ko bitegerezwa kuba vyari vyifashe no kuri Sauli, kubera ko mu nyuma yari “agipfuhagira iterabwoba n’ubwicanyi ku bigishwa b’Umukama”. Biribonekeza yuko ico gihe jwi ryiwe ryo mu mutima ritariko rivuga ibigororotse.—Ibikorwa 6:8; 7:57–8:1; 9:1.
12. Ijwi ryacu ryo mu mutima rishobora kwoshwa mu buryo bumwe ubuhe?
12 Ni igiki gishobora kuba caroheje ijwi ryo mu mutima rya Sauli? Kimwe coco gishobora kuba bwari ubucuti bwa hafi yari afitaniye n’abandi. Benshi muri twebwe bashobora kuba bamaze kuvugana kuri telefone n’umuhungu afise ijwi ryumvikana rwose ko rimeze nk’irya se. Ku rugero runaka, ijwi ry’uwo muhungu rishobora kuba ari iryo yavukanye, mugabo kandi ashobora kuba yariganye ukuntu se wiwe avuga. Muri ubwo buryo nyene, Sauli ashobora kuba yohejwe n’ubucuti bwa hafi yari afitaniye n’Abayuda banka Yezu bakarwanya n’inyigisho ziwe (Yohani 11:47-50; 18:14; Ibikorwa 5:27, 28, 33). Emwe, abagenzi ba Sauli bashobora kuba ari bo boheje ijwi ryamuvugiramwo, ni ukuvuga ijwi ryiwe ryo mu mutima!
13. Ikibano umuntu abayemwo coshobora gute kwosha ijwi ryiwe ryo mu mutima?
13 Ijwi ryo mu mutima rirashobora kandi kwoshwa n’imico kama yemerwa na bose canke rikoshwa n’aho umuntu aba, nka kurya nyene aho umuntu asanzwe aba hashobora gutuma avuga akoresheje inyaturo canke imvugo yinaka (Matayo 26:73). Ivyo bitegerezwa kuba vyarashikiye Abashuri bo mu gihe ca kera. Bari bazwi kubera ubuhinga bwabo bwo kurwana, kandi amashusho yabo aharangatuye ku bintu aberekana bariko barasinzikariza ubuzima abo bafashe mpiri (Nahumu 2:11, 12; 3:1). Abanyaninewe bo mu gihe ca Yona bavugwa ko batari bazi “gutandukanya ukuryo n’ukumoso”. Ivyo bishaka kuvuga yuko batari bafise ingingo itomoye bagenderako yobafashije kumenya icari kibereye n’ikitari kibereye ufatiye ku kuntu Imana ibona ibintu. Iyumvire ukuntu ikibano gishobora kuba caroheje ijwi ryo mu mutima ry’umuntu yakuriye i Ninewe (Yona 3:4, 5; 4:11)! No muri iki gihe nyene, ijwi ryo mu mutima ry’umuntu rirashobora kwoshwa n’agatima abamukikuje bagaragaza.
Ukuntu tworyohora ijwi rituvugiramwo
14. Ijwi ryacu ryo mu mutima rihuza gute n’ibivugwa mw’Itanguriro 1:27?
14 Yehova yaragabiye Adamu na Eva ijwi ryo mu mutima, maze na bo bararituraga. Mw’Itanguriro 1:27 hatubwira yuko abantu baremwe mw’ishusho y’Imana. Ivyo ntibisigura yuko dusa buse n’Imana, kuko yoyo ari impwemu na twe tukaba dufise umubiri w’inyama. Twaremwe mw’ishusho y’Imana mu buryo bw’uko twaremanywe kamere zayo, ushizemwo n’ubushobozi bwo kumenya ikibereye n’ikitabereye hamwe n’ijwi ryo mu mutima rikora. Ukwo kuri kuratwereka uburyo bumwe dushobora gukomeza ijwi ryacu ryo mu mutima, tugatuma riba iryo kwizigirwa kuruta. Ivyo tubigira mu kurushiriza kwiga ivyerekeye Umuremyi no kumwiyegereza.
15. Ni mu buryo bumwe ubuhe dushobora kwungukira ku kumenya Data wa twese?
15 Bibiliya iratwereka yuko hari ukuntu Yehova ari Data wa twese (Yesaya 64:8). Abakirisu b’intahemuka, baba abafise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke kuzoba kw’isi izoba yahindutse Iparadizo, boshobora kuyagisha Imana nka Se wabo (Matayo 6:9). Turakwiye kugira icipfuzo co kwama turushiriza kwiyegereza Data wa twese, gutyo tukamenya ukuntu abona ibintu tukamenya n’ingingo mfatirwako ziwe (Yakobo 4:8). Benshi ntibitwararika kubigira. Bameze nka ba Bayuda Yezu yabwira ati: “Ntimurigera mwumva ijwi ryiwe canke ngo mubone ishusho yiwe; kandi ntimufise ijambo ryiwe riguma muri mwebwe” (Yohani 5:37, 38). Ntiturigera twumva Imana ubwayo iriko iravuga, yamara turashobora kugira ijambo ryayo muri twebwe gutyo tugashobora kumera nka yo tukongera tukiyumva nka yo.
16. Inkuru yerekeye Yozefu yerekana iki ku bijanye n’ukumenyerezwa kw’ijwi ryacu ryo mu mutima be n’ukuryumvira?
16 Ivyo birerekanwa n’inkuru yerekeye Yozefu igihe yari mu rugo kwa Potifari. Muka Potifari yaragerageje kuryosharyosha Yozefu ngo baryamane. Naho Yozefu yabayeho mu gihe ata gitabu na kimwe ca Bibiliya cari bwandikwe, kandi na ya Mabwirizwa Cumi akaba atari bwatangwe, yaciye avuga ati: “Noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana?” (Itanguriro 39:9). Ntiyavyifashemwo gutyo kugira ngo gusa anezereze abari bagize umuryango wiwe, bano bakaba baba kure cane yiwe. Yagomba ubwa mbere na mbere guhimbara Imana. Yozefu yari azi ingingo ngenderwako Imana yatanze ku bijanye n’umubano w’abubatse, iyo na yo ikaba ivuga yuko umugabo akwiye kugira umugore umwe, bompi bakaba “umubiri umwe”. Vyongeye, ashobora kuba yari yarumvise ukuntu Abimeleki yumvise amerewe igihe yamenya yuko Rebeka yari yubatse, rero ko kuryamana na we vyobaye ari ugukora icaha, ivyo na vyo bikaba vyotumye abatwarwa biwe bagirwa n’ico caha. Kandi Yehova mu vy’ukuri yarahezagiye ukuntu ivyo vyatorewe umuti, aba yerekanye ingene abona ivyo kurenga ibigo. Kuba Yozefu yari azi ivyo vyose bishobora kuba ari vyo vyakomeje ijwi ryo mu mutima yavukanye, bituma yamirira kure ubusambanyi.—Itanguriro 2:24; 12:17-19; 20:1-18; 26:7-14.
17. Ku bijanye n’ukugerageza kumera nka Data wa twese, ni kubera iki ivyacu vyifashe neza kuruta uko ivya Yozefu vyari vyifashe?
17 Mu bisanzwe muri iki gihe, ivyacu vyifashe neza kuruta uko vyari kera. Turafise Bibiliya ikwiye idufasha kumenya ivyiyumviro vya Data wa twese be n’inyiyumvo ziwe, tutibagiye ivyo akunda be n’ivyo yanka. Uko turushiriza kwinjira mu mizi Ivyanditswe, ni ko turushiriza kwiyegereza Imana maze tukamera nka yo. Nitwabandanya kubigenza gutyo, bizoshoboka ko ivyo ijwi ryacu ryo mu mutima riduhimiriza gukora birushiriza guhuza n’ivyiyumviro vya Data wa twese. Bizogenda birarushiriza guhuza n’ivyo agomba.—Abanyefeso 5:1-5.
18. Naho muri kahise twoba twaragizweko utwosho tumeze gute, ni ibiki twokora kugira ngo dutume ijwi ryacu ryo mu mutima rirushiriza kuba iryo kwizigirwa?
18 Tuvuge iki ku bijanye n’ukuntu ikibano cosha ijwi ryacu ryo mu mutima? Hari aho twoba twarohejwe n’ivyiyumviro vy’incuti zacu be n’ivyo zikora tutibagiye n’abantu bo mu kibano twakuriyemwo. Ku bw’ivyo rero, ivyo ijwi ryacu ryo mu mutima ryatubwira bishobora kuba vyaranigirwa mu menshi canke bigashikirizwa mu buryo butagororotse. Hari aho ryoba ryavugana ico twokwita inyaturo y’abadukikije. Mu vy’ukuri ntidushobora guhindura kahise kacu. Ariko rero, turashobora kugira umwiyemezo wo guhitamwo abagenzi be n’ikibano bizogira akosho keza kw’ijwi ryacu ryo mu mutima. Ikintu nyamukuru codufasha muri ivyo ni ukwama twifatanya n’abakirisu b’intahemuka bamaze igihe kirekire bagerageza kumera nka Se wabo. Kwitaba amakoraniro y’ishengero, ushizemwo n’ukwifatanya n’abo bakirisu imbere y’uko atangura be n’igihe arangiye, biraturonsa uturyo twiza cane two kubigira. Turashobora kwibonera ibintu bishingiye kuri Bibiliya abakirisu bagenzi bacu biyumvira kandi bakora, dushizemwo n’uko bama biteguriye kwumviriza, uko ijwi ryabo ryo mu mutima rigaragaza ukuntu Imana ibona ibintu be n’inzira zayo. Uko igihe kigenda kirarengana, birashobora kudufasha guhuza ijwi ryacu ryo mu mutima n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, maze bigatuma turushiriza kugaragaza ishusho y’Imana. Nitwahuza iryo jwi twavukanye n’ingingo ngenderwako za Data wa twese tukongera tukemera kwoshwa neza n’abakirisu bagenzi bacu, ijwi ryacu ryo mu mutima rizorushiriza kuba iryizigirwa kandi na twe tuzorushiriza kugira umutima ukunze wo kwumviriza ivyo ritubwira.—Yesaya 30:21.
19. Ni imice iyihe yerekeye ijwi ryo mu mutima bigikenewe ko turimbura?
19 Yamara rero, bamwebamwe usanga barwana urugamba kugira ngo bumvire ijwi ryabo ryo mu mutima uko bukeye uko bwije. Mu kiganiro gikurikira turaza kwihweza ibintu bimwebimwe vyashikiye abakirisu. Twihweje ivyo bintu, twoshobora kubona neza kuruta uruhara ijwi ryo mu mutima rirangura, ukuntu ijwi ryo mu mutima ry’umuntu umwe rishobora kuba ritandukanye n’iry’uwundi, be n’ingene dushobora kurushiriza kwumvira ivyo ritubwira.—Abaheburayo 6:11, 12.
[Akajambo k’epfo]
a Uwitwa Owen Gingerich, uno akaba ari umushakashatsi mu vy’imibumbe n’inyenyeri yigisha kuri Kaminuza y’i Harvard, yanditse ati: “Agatima ko kwitwararika abandi karashobora mu vy’ukuri kuvyura ikibazo . . . kidasaba inyishu ishingiye ku vya siyansi itangwa biciye ku kwihweza neza ibikoko. Hari aho wosanga inyishu itomoye kuruta yoba ishingiye ku kindi kintu, vyongeye ikaba itegerezwa kuba ifitaniye isano na kamere ziva ku Mana ziranga kameremere kacu, ushizemwo n’ijwi ryacu ryo mu mutima”.
Wize iki?
• Ni kubera iki vyagaragaye ko abantu bo mu mico kama yose usanga bafise ubushobozi bwo kumenya iciza n’ikibi, ari ryo jwi ryo mu mutima?
• Ni kubera iki dukeneye kwiyubara ku bijanye no gupfa kureka ngo ijwi ryo mu mutima ribe ari ryo rituyo- bora?
• Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe dushobora kuryohora ijwi rituvugiramwo?
[Ifoto ku rup. 23]
Ijwi ryo mu mutima rya Dawidi ryaramucumise . . .
[Ifoto ku rup. 23]
ariko si ko vyari biri ku bijanye n’irya Sauli w’i Taruso
[Ifoto ku rup. 24]
Turashobora kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima