Niwumvire ijwi ryawe ryo mu mutima
“Ibintu vyose ni ibidahumanye ku bantu badahumanye. Mugabo ku bantu bahumanye kandi batagira ukwizera nta kintu na kimwe kidahumanye”.—TITO 1:15.
1. Ni mu buryo ki Paulo yagize uruhara ku bijanye n’amashengero y’i Kirete?
INYUMA y’aho intumwa Paulo arangirije za ngendo zitatu yagira z’ubumisiyonari, yarafashwe maze arungikwa i Roma, aho yamaze imyaka ibiri afungiwe. None yakoze iki igihe yarekurwa? Igihe kimwe, yaragendeye izinga ry’i Kirete ari kumwe na Tito, uwo yandikiye ati: ‘Nagusize i Kirete: kugira ngo ukosore ibintu vyari n’agahaze wongere ugene abagabo b’inararibonye’ (Tito 1:5). Ico gikorwa Tito yari ashinzwe kurangura cari gifitaniye isano n’amajwi yo mu mutima atakora neza.
2. Ni ingorane iyihe Tito yategerezwa gutorera umuti mw’izinga ry’i Kirete?
2 Paulo yarahanuye Tito ku bijanye na kamere zisabwa ku bakurambere b’ishengero, maze arerekana ko hariho “benshi b’ibigaba, imvuzi z’ibitagira akamaro, kandi bahenda imizirikanyi y’abandi”. “Ba[ra]durumbanya ingo uko zakabaye mu kwigisha ibintu batabwirizwa kwigisha”. Tito yategerezwa ‘kuguma abakangira’ (Tito 1:10-14; 1 Timoteyo 4:7). Paulo yaravuze yuko imizirikanyi yabo be n’amajwi yabo yo mu mutima vyari ‘bihumanye’ akoresheje ijambo risobanura ikintu canduye, nka kurya nyene impuzu nziza ishobora kwanduzwa n’irangi (Tito 1:15). Bamwebamwe muri abo bantu bashobora kuba bari Abayuda, kubera yuko ‘bumira ku kugenyerwa’. Amashengero yo muri iki gihe ntariko arifatirwa n’abantu babona ibintu mu buryo bisangije. Naho biri ukwo, turashobora kwiga vyinshi ku bijanye n’ijwi ryo mu mutima twisunze impanuro Paulo yahaye Tito.
Abafise ijwi ryo mu mutima rihumanye
3. Ni ibiki Paulo yandikiye Tito ku bijanye n’ijwi ryo mu mutima?
3 Raba amakikuro Paulo yavuzwemwo ivyerekeye ijwi ryo mu mutima. “Ibintu vyose ni ibidahumanye ku bantu badahumanye. Mugabo ku bantu bahumanye kandi batagira ukwizera nta kintu na kimwe kidahumanye, mugabo imizirikanyi yabo n’amajwi yabo yo mu mutima birahumanye. Batura icese yuko bazi Imana, mugabo bakayihakanisha ibikorwa vyabo”. Biribonekeza ko abantu bamwebamwe bo muri ico gihe bari bakeneye kugira ivyo bahinduye kugira ngo “bagire amagara meza mu kwizera” (Tito 1:13, 15, 16). Bari bafise ingorane yo kumenya gutandukanya icari gihumanye n’ikitari gihumanye, kandi ivyo vyari bifitaniye isano n’ijwi ryabo ryo mu mutima.
4, 5. Ni agahaze akahe abantu bamwebamwe bo mu mashengero bari bafise, kandi ivyo vyagize ico bikoze gute kuri bo?
4 Imyaka irenga cumi imbere y’aho, abari bagize inama nyobozi ya gikirisu bari barashitse ku ciyumviro c’uko ukugenyerwa kutari kukiri igisabwa kugira ngo umuntu abe uwusenga w’ukuri, maze baca barabimenyesha amashengero (Ibikorwa 15:1, 2, 19-29). Yamara, abakirisu bamwebamwe b’i Kirete bari ‘bacumiye ku kugenyerwa’. Baranse imbonankubone gushira aho inama nyobozi ishize, maze “[b]igisha ibintu batabwirizwa kwigisha” (Tito 1:10, 11). Babitumwe n’ivyiyumviro bitari vyo, bashobora kuba bariko bashigikira amategeko ngenderwako yo muri rya Tegeko ajanye n’ibifungurwa be n’umugenzo wo kwihumanura. Bashobora kuba mbere barakavya ku bijanye n’ivyo rya Tegeko ryavuga, nk’uko ababitangiye imbere bo mu gihe ca Yezu bagira, bakanashigikira ibitito vy’Abayuda n’amabwirizwa y’abantu.—Mariko 7:2, 3, 5, 15; 1 Timoteyo 4:3.
5 Mwene ivyo vyiyumviro vyarahungabanije ukuntu babona ibintu be n’ubushobozi bwabo bwo kumenya ikibereye n’ikitabereye, ni ukuvuga ijwi ryabo ryo mu mutima. Paulo yanditse ati: “Ku bantu bahumanye kandi batagira ukwizera nta kintu na kimwe kidahumanye”. Ijwi ryabo ryo mu mutima ryari ryarononekaye ku buryo ritari rikibaronsa ubuyobozi bwo kwizigirwa mu vyo bakora no mu kuntu babona ibintu. N’ikindi kandi, baracira urubanza abakirisu bagenzi babo ku bintu vyega umwumwe wese ku giti ciwe, ivyo na vyo bikaba vyari ibintu umukirisu umwe yoshoboye guhitamwo gukora uku, uwundi na we agahitamwo kubikora kuriya. Muri ubwo buryo, ibintu mu vy’ukuri bitari bihumanye abo Banyakirete bobo bariko babona ko vyari bihumanye (Abaroma 14:17; Abakolosayi 2:16). Naho bivugisha ko bazi Imana, ivyo bakora vyarerekana ko atari ko vyari bimeze.—Tito 1:16.
“Ibidahumanye ku bantu badahumanye”
6. Paulo yavuze imice ibiri iyihe y’abantu?
6 Dushobora gute kwungukira ku vyo Paulo yandikiye Tito? Irabire nawe uguhushanya ibintu dusanga mu majambo yiwe agira ati: “ibintu vyose ni ibidahumanye ku bantu badahumanye. Mugabo ku bantu bahumanye kandi batagira ukwizera nta na kimwe kidahumanye, mugabo imizirikanyi yabo n’amajwi yabo yo mu mutima birahumanye” (Tito 1:15). Mu vy’ukuri, Paulo ntiyariko avuga yuko ku mukirisu adahumanye mu vyo kwigenza runtu, ibintu vyose bidahumanye kandi ko birekuwe. Nta mazinda dushobora kugira kuri ivyo kubera yuko Paulo yari yarabitomoye mu rindi kete yanditse avuga ko umuntu asambana, asenga ibigirwamana, akora ivy’ubupfumu, n’ibindi, “[a]tazotorana ubwami bw’Imana” (Abagalatiya 5:19-21). Ku bw’ivyo rero, dutegerezwa gushika ku ciyumviro c’uko Paulo yariko aravuga ukuri kwibonekeza kwerekeye imice ibiri y’abantu, ni ukuvuga abadahumanye mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu be n’abahumanye muri ubwo buryo bwompi.
7. Mu Baheburayo 13:4 hiyamiriza iki, ariko ni ikibazo ikihe coca kivyuka?
7 Ibintu umukirisu w’inziraburyarya akwiye kwirinda ntibigarukira gusa kuri birya Bibiliya yiyamiriza mu buryo butomoye. Nk’akarorero, rimbura aya majambo adakikiriza agira ati: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, n’uburiri bw’ababiranye ntibugire igihumanya, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo” (Abaheburayo 13:4). N’abatari abakirisu be n’abatazi ikintu na kimwe ku vyerekeye Bibiliya bovuga ata kurya umunwa yuko ico canditswe ciyamiriza ukurenga ibigo. Biratomoye kubona muri ico canditswe be no mu bindi vyanditswe vyo muri Bibiliya Imana yiyamiriza uguhuza ibitsina kugirwa hagati y’umugabo yubatse canke umugore yubatse n’umuntu atari uwo bubakanye mu buryo bwemewe n’amategeko. Bite ho ku bijanye n’abantu babiri batabiranye bisuka mu vyo kumarana inambu y’umubiri mu guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka? Imiyabaga myinshi ivuga yuko ico kintu ata co gitwaye kubera ko ngo ata guhuza ibitsina kuba kwabaye. Hari umukirisu none yoshobora kuvuga yuko kumarana inambu y’umubiri mu guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka ari ikintu kidahumanye?
8. Ku bijanye n’ukumarana inambu y’umubiri mu guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka, abakirisu batandukaniye he n’abantu benshi bo mw’isi?
8 Mu Baheburayo 13:4 no mu 1 Abakorinto 6:9 harerekana ko Imana yanka ukurenga ibigo be n’ubusambanyi (ari vyo vyitwa por·neiʹa mu kigiriki). None ubusambanyi ni iki? Mu kigiriki, iryo jambo risobanura ugukoresha gishegabo ibihimba vy’irondoka, haba mu buryo vyagenewe canke bitagenewe. Burimwo ubwoko bwose bwo guhuza ibitsina kutemewe hagati y’abantu batubakanye mu buryo bwemewe n’Ivyanditswe. Ku bw’ivyo rero, burimwo n’ivyo kumarana inambu y’umubiri mu guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka, naho nyene imiyabaga myinshi hirya no hino kw’isi yabwiwe canke yo ubwayo yibwiye yuko ico kintu cemewe. Abakirisu b’ukuri, ivyiyumviro vyabo be n’ivyo bakora ntibabishingira ku mabwire y’“imvuzi z’ibitagira akamaro, kandi bahenda imizirikanyi y’abandi” (Tito 1:10). Baguma bumiye ku ngingo ngenderwako iri hejuru yo mu Vyanditswe Vyeranda. Aho kugerageza kwisigura ku bijanye no kumarana inambu y’umubiri mu guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka, baratahura yuko Ivyanditswe vyerekana ko ico kintu ari ubusambanyi, ni ukuvuga por·neiʹa, maze bagaca bamenyereza ijwi ryabo ryo mu mutima mu buryo buhuje n’ivyo Vyanditswea.—Ibikorwa 21:25; 1 Abakorinto 6:18; Abanyefeso 5:3.
Amajwi yo mu mutima atandukanye be n’ugufata ingingo zitandukanye
9. Niba “ibintu vyose [ari] ibidahumanye”, ijwi ryo mu mutima rica rirangura uruhara uruhe?
9 Ariko none Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko “ibintu vyose [ari] ibidahumanye ku bantu badahumanye”? Paulo yariko yerekeza ku bakirisu bari bafashe ivyiyumviro vyabo be n’ubushobozi bwabo bwo kumenya ikibereye n’ikitabereye babihuza n’ingingo mfatirwako z’Imana, izo dusanga mw’Ijambo ryayo ryahumetswe. Mwene abo bakirisu barazi neza yuko ku bijanye n’ibintu vyinshi Imana itiyamiriza mu buryo butomoye, usanga abizera hari ukuntu babibona mu buryo butari bumwe. Aho gucira urubanza abandi, bemera ko ibintu “bidahumanye” ari birya Imana itiyamiriza. Ntibitega ko abandi bose bazokwiyumvira neza na neza nk’uko bo ubwabo biyumvira ku bijanye n’imice itandukanye y’ubuzima Bibiliya idatangira ubuyobozi budomako. Reka turimbure ukuntu ivyo bishobora gushika.
10. Ibirori vy’ubugeni (canke vy’amaziko) vyoshobora gute kuba umuzi w’ingorane?
10 Hari ingo nyinshi aho usanga umwe mu bubakanye ari we ari umukirisu (1 Petero 3:1; 4:3). Ivyo vyoshobora gutuma haba ingorane zitandukanye, nk’igihe uwo mu ncuti zabo agize ubugeni canke apfuye. Iyumvire ivyerekeye umukirisukazi afise umunega badasangiye ukwizera. Umwe mu ncuti z’uwo mugabo yimirije gushinga urwiwe, kandi ibirori vy’ubugeni bikaba bizobera mu rusengero rw’idini ry’abiyita abakirisu. (Canke na ho hari incuti, kumbure umuvyeyi, yapfuye maze ibirori bijanye n’amaziko yiwe bikaba bizobera mu rusengero runaka.) Uwo mugore n’umugabo wiwe batumiwe muri ivyo birori, kandi uwo mugabo ashaka ko umukenyezi wiwe bazojana. None ijwi ry’uwo mukirisukazi rimubwira iki ku bijanye no kwitaba ivyo birori? Aza gukora iki? Iyumvire ibi bintu bibiri bishobora gushika.
11. Dondora ukuntu umukenyezi umwe mukirisu yoshobora kuzirikana niba yokwitaba canke atokwitaba ibirori vy’ubugeni bibera mu rusengero rw’idini rinaka, kandi ivyo vyomushikana ku gufata ingingo iyihe?
11 Luwiza arazirikana kw’itegeko rihambaye Bibiliya itanga rimusaba ‘gusohoka akava muri Babiloni Akomeye’, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma (Ivyahishuwe 18:2, 4). Yahoze ari uwo muri iryo dini ibirori vy’ubwo bugeni biza kuberamwo kandi arazi yuko mu gihe c’ivyo birori abavyitaba bose baza gusabwa gukora ivyo abaririmwo basanzwe bakora, nk’ibijanye no gusenga, kuririmba canke kugira ibimenyetso vy’umubiri bigirwa muri iryo dini. Luwiza yiyemeje kutitaba ivyo birori kandi ntiyipfuza no kuba ari ho ari maze ngo yoshwe, agahava adohoka ku kwizera kwiwe. Luwiza arubaha umugabo wiwe kandi aripfuza gusenyera ku mugozi umwe na we, uwo Ivyanditswe bivuga ko ari we mutwe wiwe. Yamara rero, ntiyipfuza guhonyanga ingingo ngenderwako yisunga zo mu Vyanditswe (Ibikorwa 5:29). Ku bw’ivyo, abigiranye ubugenge arasigurira umunega wiwe ko naho we ahisemwo kuvyitaba, Luwiza we atabishoboye. Yoshobora kumusigurira yuko mu gihe yokwitaba ivyo birori maze akareka kwifatanya n’abandi mu kintu kinaka bokora, vyoshobora kumaramaza uwo munega wiwe, ko rero kutavyitaba vyobera vyiza kuruta uwo munega wiwe. Ingingo afashe ituma agumana ijwi ryo mu mutima ryiza.
12. Umuntu yoshobora gute kuzirikana ku bijanye n’ubutumire bw’ubugeni bubera mu rusengero rw’idini rinaka, kandi yovyifatamwo gute?
12 Rusi na we nyene mu vy’ukuri arabuze ico afata n’ico areka ku bijanye n’ico kibazo. Arubaha umunega wiwe, arafise umwiyemezo wo kuguma ari intahemuka ku Mana, kandi arumvira ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Rusi ahejeje kuzirikana ku vyiyumviro nka birya nyene Luwiza yarimbuye, araca irya n’ino abijanishije n’isengesho ikiganiro c’“Ibibazo vy’abasomyi” co mu Munara w’Inderetsi wo ku 1 Ruheshi 2002. Aribuka yuko ba Baheburayo batatu bumviye itegeko ryabasaba kuba bari aho ugusenga ikigirwamana kwari kubera, yamara bakaguma ari intadohoka mu kudakora ikintu na kimwe kijanye n’ugusenga ibigirwamana (Daniyeli 3:15-18). Ahisemwo kujana n’umunega wiwe ariko ntakora igikorwa na kimwe kijanye no gusenga gikorwa muri iryo dini, kandi ivyo abigira ahuje n’ijwi ryiwe ryo mu mutima. Abigiranye ubugenge ariko mu buryo butomoye, arasigurira umunega wiwe yuko ijwi ryiwe ryo mu mutima ritazomwemerera gukora ivyo atorota akora. Rusi arizigiye yuko umunega wiwe azobona itandukaniro riri hagati y’ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma.—Ibikorwa 24:16.
13. Ni kubera iki bidakenewe ko tuvurugwa umutwe n’uko abakirisu babiri bafashe ingingo zitandukanye ku kintu kimwe?
13 Kuba abakirisu babiri bashobora gufata ingingo zitandukanye ku kintu kimwe, vyoba bisigura yuko umuntu apfuye kugira ico akoze ata co bitwaye? Canke na ho vyoba bisigura yuko muri abo babiri hategerezwa kuba harimwo uwufise ijwi ryo mu mutima rigoyagoya? Haba n’intete! Kubera ko ivyo Luwiza yaciyemwo muri kahise ku bijanye n’imiziki be n’ibindi bikoresho umuyoro bikoreshwa mu birori vy’idini, yoshobora kubona ko mu gihe yoramuka avyitavye, ari we canecane vyobangamira kuruta. Vyongeye, ivyo bahora batumvikanako n’umugabo wiwe mu bijanye n’idini vyoshobora kugira ico bikoze kw’ijwi ryiwe ryo mu mutima. Ni co gituma ajijuka yuko ingingo yafashe ari yo nziza cane kuri we.
14. Ni igiki abakirisu bakwiye kwamiza ku muzirikanyi ku bijanye n’ingingo umuntu yifatira ku giti ciwe?
14 Ariko none Rusi yoba yafashe ingingo itari yo? Abandi nta burenganzira bafise bwo kumucira urubanza. Ntibakwiye kumugaya canke kumunebagura ngo ni uko yahisemwo kwitaba ivyo birori vy’idini, ariko akaba ata kintu na kimwe kijanye n’ivy’idini yakoze. Niwamize ku muzirikanyi impanuro Paulo yatanze ijanye no kwifatira ingingo ku vyerekeye kurya ibifungurwa bimwebimwe canke kutabirya, igira iti: “Uwurya ntagaye uwutarya, kandi uwutarya ntacire urubanza uwurya. . . . Kuri shebuja wiwe bwite ni ho ahagarara canke agatemba. Egome, azohagarara, kuko Yehova ashobora kumuhagarika” (Abaroma 14:3, 4). Nta gukeka ko ata mukirisu w’ukuri n’umwe yokwipfuza guhatira uwundi kwirengagiza ubuyobozi ahabwa n’ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe neza, kuko kubigenza gutyo ata ho vyoba bitaniye n’ukunumya ijwi rishobora kuba ririko ritanga ubutumwa ndokorabuzima.
15. Ni kubera iki umukirisu akwiye kuzirikana ata gufyina ku bijanye n’ijwi ryo mu mutima ry’abandi no ku bijanye n’inyiyumvo zabo?
15 Tukiri aho nyene, hariho ibindi bintu abo bakirisukazi bompi bakwiye kurimbura, kimwe kikaba ari ikijanye n’ico ingingo bofata yogira ico ikoze ku bandi. Paulo yaduhanuye ati: “Iyi ibe ari yo ngingo mufata: kudashira imbere y’umuvukanyi igitsitaza canke igitirimutsa” (Abaroma 14:13). Luwiza ashobora kuba azi yuko ibintu nk’ivyo vyoba vyarigeze kubabaza cane abo mw’ishengero arimwo canke abo mu muryango wiwe, vyongeye ivyo akora bikaba bishobora kugira ico bikoze ku bana biwe mu buryo bukomeye. Rusi we ashobora kuba azi neza yuko amahitamwo mwene ayo ata kintu kibi yagize mw’ishengero no mu kibano. Yaba Luwiza, yaba Rusi eka mbere n’umwumwe wese muri twebwe, arakwiye kumenya yuko ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza ritirengagiza ukuntu abandi bamererwa. Yezu yavuze ati: “Uwo wese atsitaza umwe muri aba batoyi banyizera, vyorushiriza kumugirira akamaro yambitswe mw’izosi urusyo nka rumwe ruzungurutswa n’indogobwa, akadwibizwa mu kiyaga kinini amahanga” (Matayo 18:6). Mu gihe umuntu yokwirengagiza ibijanye n’ugutsitaza abandi, yoshobora kugira ijwi ryo mu mutima rihumanye, nka kumwe vyagenda ku bakirisu bamwebamwe b’i Kirete.
16. Dushobora kwitega ko umukirisu agira amahinduka ayahe uko igihe kigenda kirahaca?
16 Uko umukirisu akwiye kuguma atera imbere mu vy’impwemu, ni ko akwiye kuguma atera imbere mu bijanye no kwumviriza ijwi ryiwe ryo mu mutima no kwuryumvira. Reka tuzirikane ku vyerekeye Mariko aherutse kubatizwa. Ijwi ryiwe ryo mu mutima rimubwira kwirinda gukora ibintu yahoze akora bitemerwa n’Ivyanditswe, kumbure bikaba birimwo n’ibijanye n’ibigirwamana canke amaraso (Ibikorwa 21:25). Mu bisanzwe, ubu aririnda ata guca ku ruhande ibintu abona ko mbere hari ukuntu bisa n’ivyo Imana yanka. Ariko rero, arata umutwe yibaza igituma bamwebamwe biyamiriza ibintu bimwebimwe wewe abona ko vyemewe, nk’ibiganiro binaka vyerekanwa kuri televiziyo.
17. Erekana ingene uko igihe kirengana hamwe n’iterambere ryo mu vy’impwemu bishobora kugira ico bikoze kw’ijwi ryo mu mutima ry’umukirisu be no ku ngingo afata.
17 Uko igihe kirengana, Mariko aratera imbere mu bumenyi, bigatuma arushiriza kwiyegereza Imana (Abakolosayi 1:9, 10). None ivyo biraheza bikamumarira iki? Ijwi ryiwe ryo mu mutima riramenyerezwa bimwe biboneka. Ubu Mariko arafise agatima ko kurushiriza kwumviriza ijwi ryiwe ryo mu mutima no kurimbura yitonze ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Nkako, aratahura ko bimwebimwe mu bintu twovuga ko hari ukuntu bisa n’ivyo yahora yirinda, mu vy’ukuri bidateye kubiri n’ivyiyumviro vy’Imana. Ikigeretseko, kubera ko Mariko ari umuntu arushiriza guhuza n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya akongera akagira umutima ukunze wo kwumvira ijwi ryiwe ryamenyerejwe neza, ubu ijwi ryiwe ryo mu mutima riratuma yirinda vya biganiro vyo kuri televiziyo yahora abona ko ata co bitwaye. Mu vy’ukuri, ijwi ryiwe ryo mu mutima riramaze gutyororwa.—Zaburi 37:31.
18. Ni igiki gituma tugira umunezero?
18 Mu mashengero nka yose usanga hari abantu bateye imbere mu vy’impwemu ku ngero zose zitandukanye. Hari abo usanga bizeye vuba. Kumbure ijwi ryabo ryo mu mutima ryoba ari nk’aho ata co ribabwira ku bintu bimwe, ku bindi na ho ugasanga riguma risemerera. Mwene abo bantu boshobora kuba bakeneye umwanya no gufashwa kugira ngo bisunge ubuyobozi Yehova atanga bongere bumvire ijwi ryabo ryo mu mutima ririko riramenyerezwa neza (Abanyefeso 4:14, 15). Igishimishije ni uko muri ayo mashengero nyene ushobora gusanga hari benshi bafise ubumenyi bugera kure, bamenyereye cane gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, kandi bafise ijwi ryo mu mutima rihuza cane n’ivyiyumviro vy’Imana. Ese ukuntu bitera umunezero kuba dukikijwe na mwene abo bantu “badahumanye” babona ko ivyemewe n’Umukama ari vyo bintu “bidahumanye” mu bijanye n’inyifato runtu no mu buryo bw’impwemu (Abanyefeso 5:10)! Nimuze twese tugume dufise intumbero yo gutera imbere gushika kuri urwo rugero no kuzigama mwene iryo jwi ryo mu mutima mu kwironsa ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri n’ukwihebera Imana!—Tito 1:1.
[Akajambo k’epfo]
a Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ruheshi 1983, urupapuro rwa 30-31, uratanga amakuru yo kurimbura yerekeye abubatse.
Wokwishura gute?
• Ni kubera iki abakirisu bamwebamwe b’i Kirete bari bafise amajwi yo mu mutima ahumanye?
• Bigenda gute ngo abakirisu babiri bafise ijwi ryo mu mutima rikora neza bafate ingingo zitandukanye ku kintu kimwe?
• Uko igihe kigenda kirahaca, ni igiki gishobora gushikira ijwi ryacu ryo mu mutima?
[Ikarata ku rup. 26]
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
Sisile
UBUGIRIKI
Kirete
AZIYA NTOYA
Shipure
IKIYAGA MEDITERANE
[Ifoto ku rup. 28]
Abakirisu babiri bahanzwe n’ingorane imwe boshobora gufata ingingo zitandukanye