Nutsimbataze kamere zogufasha guhindura abantu abigishwa
“Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa”.—MATAYO 28:19.
1. Bamwebamwe mu basavyi b’Imana ba kera vyabaye ngombwa ko batsimbataza ubuhanga ubuhe be na kamere izihe?
ABASAVYI ba Yehova usanga rimwe na rimwe bategerezwa gutsimbataza ubuhanga be na kamere bizobafasha gukora ivyo agomba. Nk’akarorero, bivuye kw’itegeko ry’Imana, Aburahamu na Sara baravuye mu gisagara cari gisagamvye c’i Uri, hanyuma amaherezo bakenera kugira kamere be n’ubushobozi ababa mu mahema basabwa gutsimbataza (Abaheburayo 11:8, 9, 15). Kugira ngo Yosuwa ayobore Abisirayeli gushika mu Gihugu c’isezerano, vyasavye ko agira umutima rugabo, ko yizigira Yehova akongera akamenya Itegeko ryiwe (Yosuwa 1:7-9). Ikindi kandi, ubuhanga ubwo ari bwo bwose Besaleli na Oholiyabu bashobora kuba bari basanzwe bafise, nta gukeka ko bwaryohowe n’impwemu y’Imana kugira ngo abo bagabo bashobore kuroranirwa mu kugira uruhara mw’iyubakwa ry’itaberenakulo be n’ibikorwa bijanye, hamwe no mu kubihagarikira.—Kuvayo 31:1-11.
2. Ni ibibazo ibihe bijanye n’igikorwa co guhingura abantu abigishwa tugiye guca irya n’ino?
2 Haciye ibinjana, Yezu Kristu yarashinze abayoboke biwe iki gikorwa: “Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, . . . mubigisha gukurikiza ibintu vyose nabategetse” (Matayo 28:19, 20). Nta na rimwe abantu bari bwigere baterwa agateka ko kurangura igikorwa gihambaye nk’ico. None ni kamere izihe zikenewe muri ico gikorwa co guhindura abantu abigishwa? Twotsimbataza gute izo kamere?
Nugaragaze ko ukunda Imana bimwe bigera kure
3. Itegeko ryo guhindura abantu abigishwa rituronsa akaryo akahe?
3 Kuyagisha abantu be no kwita ku rutare kugira ngo tubumvishe yuko bakwiye gusenga Imana y’ukuri bisaba ko tuba dukunda Yehova bimwe bigera kure. Abisirayeli bashobora kugaragaza ko bakunda Imana mu kugamburuka amategeko yayo n’umutima wabo wose, mu gutanga ibimazi bishimwa na yo be no mu kuyishemeza bakoresheje indirimbo (Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13; 30:19, 20; Zaburi 21:13; 96:1, 2; 138:5). Kubera ko duhindura abantu abigishwa, na twebwe nyene turitondera amabwirizwa y’Imana, ariko kandi turagaragaza ko dukunda Yehova mu kubwira abandi ibimwerekeye be n’imigambi yiwe. Turakeneye kuvugana ubujijutsi, tugahitamwo amajambo abereye kugira ngo duserure ukuntu twiyumva mu mutima ku bijanye n’icizigiro twahawe n’Imana.—1 Abanyatesalonika 1:5; 1 Petero 3:15.
4. Ni kubera iki Yezu yahimbarwa no kwigisha abantu ivyerekeye Yehova?
4 Kubera ko Yezu yakunda Yehova bimwe bigera kure, yarahimbarwa cane no kubwira abantu ibijanye n’imigambi y’Imana, Ubwami be n’ugusenga kw’ukuri (Luka 8:1; Yohani 4:23, 24, 31). Nkako, Yezu yavuze ati: “Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe” (Yohani 4:34). Aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi arerekeza kuri Yezu, agira ati: “Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; mber’ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje. Namamaje ubutumwa bgiza bg’ukugororoka mw ishengero ryinshi: Sinzobuza iminwa yanje, Uhoraho, urabizi”.—Zaburi 40:8, 9; Abaheburayo 10:7-10.
5, 6. Ni kamere nyamukuru iyihe abahindura abantu abigishwa bakeneye gutsimbataza?
5 Ababa baherutse kwiga ukuri kwa Bibiliya, babitumwe n’urwo bakunda Imana, rimwe na rimwe baravuga ivyerekeye Yehova n’Ubwami babigiranye ubujijutsi ntangere ku buryo usanga bavyifatamwo neza cane mu kujijura abandi kugira ngo basuzume Ivyanditswe (Yohani 1:41). Urukundo dukunda Imana ni yo kamere nyamukuru ituvyurira umutima wo kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Nimuze rero tubandanye gutuma urwo rukundo ruba ruzima mu gusoma tudahorereza Ijambo ryayo twongera tuzirikanako.—1 Timoteyo 4:6, 15; Ivyahishuwe 2:4.
6 Nta gukeka ko urukundo Yezu Kristu yakunda Yehova ari rwo rwamufashije kuba umwigisha w’umunyamwete. Ariko rero, urukundo si yo kamere yonyene yatumye aba umwamamaji w’Ubwami abishoboye. None ni iyindi kamere iyihe yatumye Yezu aroranirwa mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?
Niwitwararike abantu ubigiranye urukundo
7, 8. Yezu yabona gute abantu?
7 Yezu yaritaho ivyerekeye abantu yongera arabitwararika bimwe bidasanzwe. Mbere n’igihe atari bwabe umuntu nkatwe ari “umukozi w’umuhanga” w’Imana, yarahimbarwa n’ivyerekeye abana b’abantu (Imigani 8:30, 31). Igihe yari ngaha kw’isi na ho, yaragaragarije abantu impuhwe mu kuruhurira abaza kuri we (Matayo 11:28-30). Yezu yaragaragaje urukundo n’impuhwe Yehova ubwiwe agaragariza abantu, maze ivyo bituma bakwēgērwa n’ugusenga Imana yonyene y’ukuri. Abantu b’uburyo bwose barumviriza Yezu kubera ko yabitwararikana urukundo akongera akitwararika uko ivyabo vyaba vyifashe.—Luka 7:36-50; 18:15-17; 19:1-10.
8 Igihe umuntu umwe yabaza ico yokora kugira ngo atorane ubuzima budahera, ‘Yezu yaramwitegereje yumva aramukunze’ (Mariko 10:17-21). Ku bijanye n’abantu bamwe Yezu yigishirije i Betaniya, dusoma duti: “Yezu yarakunda Marita na mwene wabo be na Lazaro” (Yohani 11:1, 5). Yezu yaritaho cane ivyerekeye abantu ku buryo n’igihe yaba akeneye kuruhuka yabiheba kugira ngo abigishe (Mariko 6:30-34). Ukwo kuba Yezu yaritwararika abantu bimwe bigera kure kandi abigiranye urukundo, ni vyo vyatumye aba uwubishoboye kuruta abandi bose mu gutuma abantu bakwegerwa mu gusenga kw’ukuri.
9. Ni agatima akahe Paulo yari afise mu guhindura abantu abigishwa?
9 Intumwa Paulo na we nyene yaritwararika cane abantu yabwira inkuru nziza. Nk’akarorero, yabwiye Abanyatesalonika bari bacitse abakirisu, ati: “Kubera tubafitiye ikibabarwe, twarahimbawe cane no kutabaha inkuru nziza y’Imana gusa, mugabo n’ubuzima bwacu bwite, kuko mwacitse abakundwa kuri twebwe”. Utwigoro turanga urukundo Paulo yagize twatumye Abanyatesalonika bamwebamwe ‘baheba ibigirwamana vyabo kugira ngo bashumbire Imana nzima’ (1 Abanyatesalonika 1:9; 2:8). Niba twitwararika abantu ata buryarya, nk’uko Yezu na Paulo babigira, na twebwe nyene twoshobora guhimbarwa no kubona ingene inkuru nziza inyengetera mu mitima y’“abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera”.—Ibikorwa 13:48.
Nugaragaze agatima ko kwitanga
10, 11. Ni kubera iki bikenewe ko tugira agatima ko kwitanga igihe tugerageza guhindura abantu abigishwa?
10 Abahindura abantu abigishwa mu buryo kirumara usanga bafise agatima ko kwitanga. Nta gukeka ko kwirundaniriza amatungo atari co kintu babona ko gihambaye kuruta ibindi vyose. Nkako, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ese ukuntu kizoba ikigoye ku bari n’amahera kwinjira mu bwami bw’Imana!”. Abo bigishwa baratangajwe cane no kwumva ayo majambo ya Yezu, ariko yaciye yongerako ati: “Bibondo, ese ukuntu ari ikigoye kwinjira mu bwami bw’Imana! Biroroshe ku ngamiya guca mu zuru ry’urushinge kuruta kwinjira mu bwami bw’Imana ku mutunzi” (Mariko 10:23-25). Yezu yahanuye abayoboke biwe kubaho mu buryo bubayabaye kugira ngo bitunire ku guhindura abantu abigishwa (Matayo 6:22-24, 33). Ni kubera iki none agatima ko kwitanga kadufasha guhindura abantu abigishwa?
11 Kwigisha ibintu vyose Yezu yategetse bisaba kugira utwigoro twinshi. Uwuhindura abantu abigishwa usanga mu bisanzwe yihatira kwigana Bibiliya n’umuntu yashimishijwe uko indwi itashe. Kugira ngo abamamaji b’Ubwami bamwebamwe bongereze uturyo two kurondera abantu b’umutima nziraburyarya, barahevye akazi gasaba gukora amasaha menshi bahitamwo gukora ak’igihe gitogito. Hari abakirisu ibihumbi n’ibihumbi bize urundi rurimi kugira ngo bamamaze ku bantu bo mu bwoko bunaka bo mu turere basanzwe babamwo. Abandi bahindura abantu abigishwa barahevye amazu yabo maze barimukira mu kandi karere canke mu kindi gihugu kugira ngo bagire uruhara bimwe bishitse mw’iyimbura (Matayo 9:37, 38). Ivyo vyose bisaba kugira agatima ko kwitanga. Ariko hari n’izindi kamere zikenewe kugira ngo umuntu abe uwubishoboye mu guhindura abantu abigishwa.
Niwihangane ariko ntutakaze umwanya
12, 13. Ni kubera iki ukwihangana guhambaye cane mu bijanye no guhindura abantu abigishwa?
12 Ukwihangana ni iyindi kamere idufasha guhindura abantu abigishwa. Ubutumwa twebwe abakirisu dushikiriza busaba ko tugira ico dukoze tudatebaganye, ariko guhindura abantu abigishwa vyovyo akenshi usanga bitwara umwanya munini bigasaba n’ukwihangana (1 Abakorinto 7:29). Yezu ntiyaretse kwihanganira Yakobo mwenenyina. Naho biboneka ko Yakobo yari azi neza ibikorwa bijanye no kwamamaza Yezu yakora, hari ikintu kinaka camaze igihe kimubuza kuba umwigishwa (Yohani 7:5). Yamara rero, biragaragara ko Yakobo yabaye umwigishwa mu kiringo kigufi co hagati y’urupfu rwa Kristu na Pentekoti yo mu 33 G.C., kubera ko Ivyanditswe bivuga yuko yahurira hamwe na nyina wiwe, na benewabo be n’intumwa, bariko barasenga (Ibikorwa 1:13, 14). Yakobo yarateye imbere mu vy’impwemu bimwe bishimishije, mu nyuma ararangura amabanga aremereye mw’ishengero rya gikirisu.—Ibikorwa 15:13; 1 Abakorinto 15:7.
13 Nka kurya kw’abarimyi, Abakirisu bariko bararima ibiterwa akenshi bikura buhorobuhoro, ivyo na vyo akaba ari ugutahura Ijambo ry’Imana, ugukunda Yehova be n’ukugaragaza agatima nk’aka Kristu. Ivyo bisaba ukwihangana. Yakobo yanditse ati: “Mwihangane . . . , bavukanyi, gushika ku kuhaba kw’Umukama. Ehe! Umurimyi aguma arindiriye ivyamwa vy’agaciro vy’isi, akihangana ku bijanye na vyo gushika aronse imvura ya kare n’imvura yo hanyuma. Namwe nyene mwihangane; mushikamishe imitima yanyu, kuko ukuhaba kw’Umukama kwegereje” (Yakobo 5:7, 8). Yakobo yariko ahimiriza abo bari basangiye ukwizera ‘kwihangana gushika ku kuhaba kw’Umukama’. Bishitse abigishwa bakaba batatahuye neza ikintu kinaka, Yezu yarakibasigurira abigiranye ukwihangana canke na ho akagitangira akarorero (Matayo 13:10-23; Luka 19:11; 21:7; Ibikorwa 1:6-8). Kubera ko ubu turi mu gihe co kuhaba kw’Umukama, turakeneye kugaragaza ukwihangana nk’ukwo nyene uko twihatira guhindura abantu abigishwa. Birasaba ko abacika abayoboke ba Yezu muri kino gihe tubigisha tubigiranye ukwihangana.—Yohani 14:9.
14. Naho twebwe abahindura abantu abigishwa twihangana, dushobora gute gukoresha neza umwanya wacu?
14 Naho nyene twihangana, ijambo tubiba ntiryama ivyamwa mu bantu benshi tuba twatanguye kwigana Bibiliya (Matayo 13:18-23). Tumaze rero kugira utwigoro dushoboka kugira ngo dufashe abo bantu, tuba dukoze ibiranga ubukerebutsi turetse gukoresha umwanya wacu wose kuri mwene abo bantu maze tukaraba ingene tworondera abo bishoboka cane ko baha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya (Umusiguzi 3:1, 6). Erega n’abantu baha agaciro ukwo kuri hari aho bakenera gufashwa kugira ngo bahindure ukuntu babona ibintu, bahindure kamere zabo be n’ivyo bashira imbere mu buzima. Ni co gituma tubihanganira nk’uko na Yezu yihanganira abigishwa vyagora gutsimbataza ukubona ibintu mu buryo bubereye.—Mariko 9:33-37; 10:35-45.
Nuryohore ubuhanga bwo kwigisha
15, 16. Ni kubera iki kwigisha mu buryo bworoshe no kwitegura neza bihambaye igihe duhindura abantu abigishwa?
15 Urukundo dukunda Imana, ukwitwararika abantu, agatima ko kwitanga be n’ukwihangana ni kamere zihambaye zidufasha kuroranirwa mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Turakeneye kandi kuryohora ubuhanga bwacu bwo kwigisha, kubera ko budufasha gusigura ibintu mu buryo butomoye kandi bworoshe. Nk’akarorero, amajambo menshi wa Mwigisha ahambaye Yezu Kristu yavuga yari afise ububasha bimwe bidasanzwe kubera ko yayavuga mu buryo bworoshe. Hari aho woba wibuka mwene aya majambo yiwe, agira ati: “Mwirundanirize amatunga mw’ijuru”. “Ibintu vyeranda ntimukabihe imbwa”. “Ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo”. “Nimwishure . . . Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana” (Matayo 6:20; 7:6; 11:19; 22:21). Ariko ntiwumve, Yezu ntiyakoresha gusa amungane magufimagufi. Yarigisha mu buryo butomoye akongera agasigura ibintu igihe vyaba bibereye. None woshobora gute kwigana uburyo Yezu yakoresha mu kwigisha?
16 Kwitegura witonze ni co kintu nyamukuru gifasha kwigisha mu buryo bworoshe kandi butomoye. Umusuku atiteguye usanga agira impengamiro yo kuvuga menshi. Nkako, yoshobora gupfukiranya ivyiyumviro bikurubikuru mu gukoresha amajambo menshi cane, avuga ikintu cose azi ku bijanye n’iciyumviro kinaka. Umusuku yiteguye neza wewe usanga azirikana ku bijanye n’umuntu ariko arigisha be no ku bijanye n’icigwa bagezeko, maze akamwigisha mu buryo butomoye ibiba bikenewe gusa (Imigani 15:28; 1 Abakorinto 2:1, 2). Ararimbura ivyo uwo mutohoji aba asanzwe azi uko bingana be n’ivyiyumviro akwiye gushimikirako mu gihe c’inyigisho. Uwo musuku ashobora kuba azi ibintu vyinshi bishimishije ku vyerekeye ikiganiro kinaka, ariko kugira ngo yigishe mu buryo butomoye abikesha kuba yabanje gushira ku ruhande amakuru adakenewe.
17. Dushobora gute gufasha abantu kuzirikana ku Vyanditswe?
17 Yezu yarafasha kandi abantu kuzirikana, aho kubabwira gusa ibintu binaka. Nk’akarorero, igihe kimwe yabajije ati: “Uvyiyumvirako iki ga Simoni? Abami b’isi batoza bande ikibuguro canke ikori ry’umutwe? Ni abana babo canke ni ab’ahandi?” (Matayo 17:25). Twoshobora kuryoherwa no kuguma dusigurira umutohoji ibintu vyinshi vyerekeye Bibiliya ku buryo vyoba ngombwa ko tugaragaza ukwigumya kugira ngo na we tumureke aserure iryo agona ku ciyumviro kiba kiriko kirarimburwa mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana canke ngo agisigure. Mu bisanzwe ntidukwiye gucucagira abantu ibibazo. Ahubwo riho, tubigiranye ubugenge, tugakoresha ibigereranyo bitomoye be n’utubazo dufasha kuzirikana, twoshobora kubafasha bagaha agaciro ivyiyumviro vyo mu Vyanditswe dusanga mu bitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya.
18. Gutsimbataza “ubuhanga bwo kwigisha” birimwo n’iki?
18 Ivyanditswe biravuga ibijanye n’“ubuhanga bwo kwigisha” (2 Timoteyo 4:2; Tito 1:9). Ubwo bushobozi bwo kwigisha ntibusobanura gusa ugufasha umuntu gufata ku mutwe ibintu binaka. Dukwiye kugerageza gufasha umutohoji wa Bibiliya gutahura itandukaniro riri hagati y’ukuri n’ikinyoma, hagati y’iciza n’ikibi, no hagati y’ubukerebutsi n’ubujuju. Ivyo tubikoze tukongera tukihatira gutsimbataza ugukunda Yehova mu mutima w’uwo mutohoji, yoshobora kubona igituma akwiye kumugamburukira.
Nugire uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa ubigiranye umwete
19. Abakirisu bose baterera gute mu bijanye no guhindura abantu abigishwa?
19 Ishengero rya gikirisu ni ishirahamwe rihindura abantu abigishwa. Igihe umuntu mushasha abaye umwigishwa, Icabona ca Yehova yamurondeye akongera akamufasha kumenya ivyo Bibiliya yigisha si we wenyene anezerwa. Nk’igihe abantu biyungunganije kugira barondere umwana yazimiye, umuntu umwe gusa muri abo ni we mu bisanzwe ushobora gusanga atoye uwo mwana. Yamara, igihe uwo mwana asubiye kubonana n’abavyeyi biwe, uwo ari we wese mu bagize uruhara mu kumurondera aranezerwa (Luka 15:6, 7). Muri ubwo buryo nyene, uguhindura abantu abigishwa si igikorwa c’umuntu umwe. Abakirisu bose baragira uruhara mu kurondera aboshobora kuba abigishwa ba Yezu. Kandi, iyo umuntu mushasha atanguye kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami, umukirisu wese aba ahari aragira ico aterereye mu gutuma uwo muntu arushiriza guha agaciro ugusenga kw’ukuri (1 Abakorinto 14:24, 25). Gutyo, abakirisu bose barashobora kunezerezwa n’uko abantu ibihumbi amajana bacika abigishwa bashasha uko umwaka utashe.
20. Ni igiki ukwiye gukora niba wipfuza kwigisha abandi ukuri kwo muri Bibiliya?
20 Abakirisu benshi b’intahemuka bohimbarwa no kwigisha umuntu ivyerekeye Yehova be n’ugusenga kw’ukuri. Yamara, naho boba baragize utwigoro tungana gute, hari aho batoba barashoboye kubishikako. Niba ivyawe ari ukwo vyifashe, nubandanye gukomeza urwo ukunda Yehova, kwitwararika abantu, kugaragaza agatima ko kwitanga, kwihangana no kurondera kuryohora ubuhanga bwawe bwo kwigisha. Ikiruta vyose, nuserure mu masengesho utura icipfuzo ufise co kwigisha abandi ukuri (Umusiguzi 11:1). Nuhumurizwe no kumenya ko ivyo ukora vyose mu bijanye n’umurimo urangurira Yehova bigira ico biterereye mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa kininahaza Imana.
Woshobora kubisigura?
• Ni kubera iki uguhindura abantu abigishwa bigaragaza uko urukundo dukunda Imana rungana?
• Ni kamere izihe abahindura abantu abigishwa bakeneye gutsimbataza?
• “Ubuhanga bwo kwigisha” burimwo n’iki?
[Ifoto ku rup. 21]
Mu guhindura abantu abigishwa, abakirisu baragaragaza ko bakunda Imana bimwe bigera kure
[Ifoto ku rup. 23]
Ni kubera iki abahindura abantu abigishwa bategerezwa kwitwararika abandi?
[Ifoto ku rup. 24]
Ni kamere zimwezimwe izihe abahindura abantu abigishwa bakeneye gutsimbataza?
[Ifoto ku rup. 25]
Abakirisu bose barahimbarwa no kubona ivyiza biva mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa