ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/12 rup. 4-7
  • Abantu bo hirya no hino kw’isi bariko bunga ubumwe gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu bo hirya no hino kw’isi bariko bunga ubumwe gute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubwoba buterwa n’ikoreshwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda ni intambamyi ku bumwe
  • Isoko ry’ubumwe nyakuri
  • Barunga ubumwe biciye kw’Ijambo ry’Imana
  • “Urukundo hagati yanyu”
  • Ubumwe ni bwo buranga ugusenga kw’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ubumwe mu vy’Ugusenga Muri Iki Gihe—Busigura Iki?
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Umuryango wa Yehova Urinovora Iyungabumwe ry’Agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Zigama Iyungabumwe Muri Ino Misi Y’iherezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/12 rup. 4-7

Abantu bo hirya no hino kw’isi bariko bunga ubumwe gute?

IJAMBO “ubumwe” worisigura gute? Kuri bamwe, iryo jambo risigura gusa ukuba ata matati ahari. Nk’akarorero, nimba ibihugu bibiri canke birenga biteye igikumu ku masezerano gutyo bikumvikana kubana mu mahoro, vyoshobora kuvugwa ko vyunze ubumwe. Yamara vyoba ari ukwo biri koko? Ihibambewe.

Rimbura iki kintu: Muri kahise kose, amasezerano y’amahoro yamye agirwa mu nyuma agahonyangwa. Kubera iki? Kenshi ni kubera ko indongozi z’isi zirazwa ishinga n’ubukuru bwazo aho kurazwa ishinga n’amahoro canke ubumwe. Turetse n’ivyo, ibihugu bimwebimwe birahagarikwa umutima n’ibintu vyoshobora kubishikira biramutse bisigaye inyuma mw’iterambere ry’ivya gisirikare.

Ku bw’ivyo rero, kuba ibihugu bibiri bitariko birarwana ntibiba bisobanura yuko vyunze ubumwe mu mahoro. Tuvugishije ukuri, ubwo abagabo babiri bafise inkoho umwe wese ayitumbereje ku wundi, boba bari mu mahoro kubera gusa ko ata n’umwe muri bo ararekura urusasu? Kuvuga gutyo vyoba bitumvikana. Yamara mu bihugu vyinshi muri iki gihe usanga ari ukwo vyifashe. Ukutizigirana kurushiriza kwongerekana kwaravyuye ubwoba bw’uko umusi uri izina ibirwanisho bizoturitswa. Ni ibiki vyakozwe kugira ngo akaga nk’ako ntikaduke?

Ubwoba buterwa n’ikoreshwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda ni intambamyi ku bumwe

Benshi bashira umutima ku masezerano yagizwe yo kugabanya ibirwanisho ruhonyanganda (Traité de non-prolifération nucléaire TNP). Ayo masezerano, ayemejwe mu 1968, yabuza ibihugu bidafise ibirwanisho ruhonyanganda kubihingura, ibisanzwe bibifise na vyo bikabigabanya. Intumbero y’ayo masezerano, ayamaze kwemezwa ubu n’ibihugu birenga 180, ni iyo kuzohava agakuraho buhere ibirwanisho ruhonyanganda.

Naho iyo ntumbero iboneka ko ari nziza, abihweza ibintu n’ibindi babona ko ayo masezerano ari uburyo gusa bwo kugerageza gutuma ibihugu bimwebimwe bitinjira mu mugwi w’ibihugu bihingura ibirwanisho ruhonyanganda. Ni co gituma hari abatinya yuko bamwe mu bayashizeko umukono bashobora kwihindukiza. Nkako, ibihugu bimwebimwe bibona ko ayo masezerano arimwo akarenganyo gakomeye kubera ko bankirwa gukora ibirwanisho babona ko vyobafasha kwikingira.

Igituma ico kibazo kirushiriza kuba ikigoye, kumbure bigatuma n’akaga karushiriza kwugariza, ni uko ata gihugu na kimwe kibujijwe gushinga amasoko ntanganguvu akoresha ubutare buhingurwamwo ibirwanisho ruhonyanganda. Ivyo vyatumye bamwe batinya yuko ibihugu vyitwa ko bihingura uwo muyagankuba bishobora kuba biriko birahingura ibirwanisho ruhonyanganda mu mpisho.

Mbere n’ibihugu bisanzwe bifise ibirwanisho ruhonyanganda vyoshobora kutubahiriza ayo masezerano. Abihweza ibintu n’ibindi bavuga ko vyoba biranga ubujuju kwitega ko ibihugu bifise ibirwanisho vyinshi vyobihonya canke mbere ngo bigabanye ibiri mu bubiko bwavyo. Nk’uko amakuru amwe avyerekana, “kugira ngo ivyo bishoboke . . . bisaba ko ibihugu ubu bihanganye bigiranira ubucuti bukomeye kandi bikizigiranira. [Kubera ko bigoye kwemera yuko ivyo vyoshoboka], guhonya ivyo birwanisho ntibizokwigera bishoboka”.

Utwigoro abantu bagira kugira ngo bunge ubumwe, naho nyene twoba tugiranywe imvo nziza, twarabaye impfagusa. Ivyo ntibitangaza abatohoji ba Bibiliya, kubera ko Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe” (Yeremiya 10:23). Bibiliya kandi iravuga ata kurya umunwa, iti: “Harih’inzira umuntu yibgira kw ari nziza, arikw amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu” (Imigani 16:25). Utwigoro intwaro z’abantu zigira kugira ngo zishike ku kwunga ubumwe turi n’aho tugarukira. Naho ari ukwo, turafise icizigiro.

Isoko ry’ubumwe nyakuri

Bibiliya irimwo umuhango Imana itanga w’uko isi izokwunga ubumwe, ariko bitavuye ku twigoro abantu bagira. Umuremyi, uwari afise umugambi w’uko abantu boba mu mahoro kw’isi yose, azoshitsa ivyo abantu badashoboye. Kuri bamwe ivyo vyose ni nk’umugani. Yamara, umugambi Imana yari ifise kuva mu ntango wari uw’uko abantu boba mu mahoro no mu mwumvikanoa. Ivyanditswe bitari bike vyo muri Bibiliya biratanga ikimenyamenya c’uko Imana igifise umugambi wo gutuma abantu bunga ubumwe. Rimbura uturorero dukeyi gusa:

• “Ni muze, murābe ibikorwa vy’Uhoraho, ingene yarekuriye ubugesera mw isi. Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi, avunagura imiheto, amacumu arayacagagura, imikogote ikwegwa n’amafarasi ayiturira mu muriro”.​—ZABURI 46:8, 9.

• “Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ibiryana cank’ivyica; kuko kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga”.​—YESAYA 11:9.

• “Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi yose ku maso ya bose; n’ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’Uhoraho ari we abivuze”.​—YESAYA 25:8.

• “Hariho ijuru rishasha n’isi nshasha turindiriye nk’uko umuhango wayo uri, kandi muri ivyo ni ho ubugororotsi buzoba”.​—2 PETERO 3:13.

• “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera vyagiye”.​—IVYAHISHUWE 21:4.

Iyo mihango ni iyo kwizigirwa. Kubera iki? Kubera yuko Yehova Imana, we Muremyi, afise ububasha n’ubushobozi vyo gutuma abantu bunga ubumwe (Luka 18:27). Arafise kandi icipfuzo co kubigira. Nkako, Bibiliya ivuga ko ku Mana ari “agahimbare keza . . . kwongera gukoraniriza hamwe ibintu vyose muri Kristu, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi”.​—Abanyefeso 1:8-10.

Umuhango Imana yatanze werekeye “isi nshasha” aho “ubugororotsi buzoba” si indoto nsa (2 Petero 3:13). Ku bijanye n’ivyo Yehova Imana yasezeranye, avuga ati: “Nti[b]izogaruka ubusa, ariko [b]izoshitsa ivyo ngomba, [b]izosozera ico na[b]itumye”.​—Yesaya 55:11.

Barunga ubumwe biciye kw’Ijambo ry’Imana

Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, idini akenshi ryarateye amacakubiri mu bantu aho kuremesha ubumwe muri bo. Birabereye ko ivyo tubizirikanako twitonze, kubera ko nimba twemera yuko hariho Umuremyi, ntivyumvikana none yuko twitega ko abamusenga bobanye mu mahoro no mu bumwe? Emwe, cane nyene!

Ukuba idini rituma abantu bacanamwo, ntibiva kuri Yehova Imana n’Ijambo ryiwe. Ahubwo ni ikintu gishira ku kabarore amadini usanga aremesha imigambi ishingwa n’abantu yo kurondera ubumwe, aho gushigikira umugambi w’Imana. Yezu yise abakuru b’idini bo mu gihe ciwe “abiyorobetsi” maze ababwira ati: “Yesaya ntiyihenze igihe yavuga mu buhanuzi ibiberekeye, ati: ‘Aba bantu bantera iteka n’iminwa, yamara umutima wabo uri kure yanje cane. Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari ivyategetswe n’abantu’”.​—Matayo 15:7-9.

Mu buryo butandukanye n’ubwo, ugusenga kw’ukuri kuratuma abantu bunga ubumwe. Umuhanuzi Yesaya yavuze imbere y’igihe ati: “Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’amahanga yose azosendanisha aja kuri wo. Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho. Azocira imanza amahanga, atātūre amoko menshi; inkota zabo bazozivunjamw’ amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi”.​—Yesaya 2:2, 4.

Mu bihugu birenga 230 muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bariko barakira neza inyigisho itangwa na Yehova Imana ku bijanye n’uburyo bwo kwunga ubumwe. None ubumwe bwabo bushingiye ku ki? Intumwa Paulo yanditse ati: “Mwambare urukundo, kuko ari umugozi utunganye wunga ubumwe” (Abakolosayi 3:14). Ijambo ryo mu rurimi rw’intango Paulo yakoresheje ngaha ngo “umugozi”, rishobora kwerekeza ku mirya y’umubiri w’umuntu. Mwene iyo mirya usanga ikomeye nk’umugozi kandi irangura ibikorwa bibiri bihambaye. Ituma ibihimba vy’umubiri biguma bifatanye ikongera igafatanya amagufa.

N’urukundo ni nk’ukwo nyene. Iyo kamere ntituma gusa abantu birinda kwicana. Urukundo rumeze nk’urwa Kristu ruratuma abantu bakuriye mu bintu bitandukanye bakorana mu mahoro. Nk’akarorero, rutuma abantu bashobora kubaho bahuza na rya tegeko rikunda kwitwa Itegeko ry’agakura. Nk’uko vyanditswe muri Matayo 7:12, Yezu Kristu yavuze ati: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira”. Gukurikiza ubwo buyobozi vyatumye abatari bake barengera amacakubiri.

“Urukundo hagati yanyu”

Ivyabona vya Yehova biyemeje kugaragaza ko ari abigishwa ba Kristu mu gukurikiza ivyo Yezu yavuze, ati: “Bose bazomeny[a] yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu” (Yohani 13:35). Mwene urwo rukundo rwaragaragajwe mu buryo budasanzwe mu bihe vy’indyane zishingiye ku moko n’uruhagarara mu vya politike. Nk’akarorero, mu gihe ca rya honyabwoko ryabaye mu Rwanda mu 1994, Ivyabona vya Yehova baragaragaje urukundo hagati yabo. Ivyabona bo mu bwoko bw’Abahutu barashize ubuzima bwabo mu kaga kugira ngo bakingire abavukanyi babo b’Abatutsi.

Mu bisanzwe, ntivyoba vyumvikana kwitega ko ibihugu vyo muri iyi si vyoremesha abantu gukunda bagenzi babo ku rugero ruzana ubumwe mw’isi. Nk’uko Bibiliya ivyerekana, ivyo Imana ni yo izobishikako mu gihe kibereye kuri yo. Ariko rero no muri iki gihe, abantu barashobora kwambara urukundo maze bagashika ku kwunga ubumwe.

Mu mwaka uheze, Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha arenga umuliyaridi bagendera abantu bongera bababwira ibijanye na Bibiliya be n’agaciro ifise mu buzima bwa kino gihe. Ubumenyi butagira amakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana bwaratumye abantu amamiliyoni bunga ubumwe, bamwebamwe muri bo bakaba bahora bankana urunuka. Muri abo twovuga nk’Abayahudi n’Abarabu, Abanyarumeniya n’Abanyaturukiya, Abadagi n’Abarusiya.

Woba ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ukuntu Ijambo ry’Imana Bibiliya rishobora gutuma abantu bunga ubumwe? Nimba ari ukwo, turakwinginze wegere Ivyabona vya Yehova b’aho uba canke wandike ukoresheje aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 2.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’umugambi Imana ifitiye abantu, raba ikigabane ca 3 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro ku rup. 4]

Amasezerano y’amahoro ibihumbi n’ibihumbi yamye agirwa mu nyuma agahonyangwa

[Iciyumviro ku rup. 7]

Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyararanguye ivyo intwaro z’abantu zidashobora

[Ifoto ku rup. 5]

Ijambo ry’Imana rirerekana Isoko ry’ubumwe nyakuri

[Ifoto ku rup. 7]

Ivyabona vya Yehova b’Abahutu n’Abatutsi basenyera ku mugozi umwe mu kwubaka ikibanza co gusengeramwo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika