ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/1 rup. 14-17
  • Inyigisho y’ivy’Ihindagurika Yoba Ihuza na Bibiliya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyigisho y’ivy’Ihindagurika Yoba Ihuza na Bibiliya?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe hari hakiri umuntu umwe
  • Umuntu atakaza ugutungana
  • Woba ushobora kwemera ivy’ihindagurika ukongera ukemera n’ubukirisu?
  • Igituma inyigisho y’ivy’ihindagurika ikwegakwega abantu
  • Ukwizera Umuremyi gushingiye ku bimenyamenya
  • Ihindagurika ni iki?
    Be maso!—2006
  • Imana yoba yakoresheje ihindagurika mu kurema ubwoko butandukanye bw’ibinyabuzima?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Twoba twavuye mu nguge?
    Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/1 rup. 14-17

Inyigisho y’ivy’Ihindagurika Yoba Ihuza na Bibiliya?

VYOBA bishoboka yuko Imana yakoresheje ihindagurika kugira ngo ishireho abantu ibakuye mu bikoko? Imana yoba yaratumye utunyabuzima dutoduto cane tutaboneka twitwa bagiteri duhindukamwo ifi, maze izo fi na zo zigahindukamwo ubwoko bw’ibikoko bikwega inda hasi be n’ubwoko bw’ibikoko vyonsa, kugira ngo amaherezo ubwoko bunaka bw’inguge buvemwo umuntu? Abanyasiyansi bamwebamwe be n’abarongozi bamwebamwe b’amadini, bavuga ko bemera inyigisho y’ivy’ihindagurika bakongera bakemera na Bibiliya. Bavuga ko igitabu ca Bibiliya c’Itanguriro kivuga ibintu vy’ibitito. Ushobora kuba umaze kwibaza uti: ‘Ubwo inyigisho yuko umuntu yabayeho avuye mu bikoko vyagiye birahindagurika buhorobuhoro, yoba ihuza na Bibiliya?’.

Kugira ngo dutahure abo turi, iyo turiko turaja be n’ukuntu dukwiye kubaho, birahambaye cane ko tubanza gutahura aho twakomotse. Igihe tumenye aho umuntu yakomotse ni ho gusa dushobora gutahura igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro, tukongera tugatahura umugambi ifise ku bijanye na kazoza k’umuntu. Ntidushobora kugira impagararo nziza imbere y’Imana mu gihe twoba dukekeranya ko ari yo Muremyi wacu. Nimuze rero tubanze turimbure ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’aho umuntu yakomotse, ingene ivyiwe vyifashe muri kino gihe be n’ibijanye na kazoza kiwe. Mu nyuma, turaza kuraba nimba inyigisho y’ivy’ihindagurika ihuza na Bibiliya.

Igihe hari hakiri umuntu umwe

Muri rusangi, abemera inyigisho y’ivy’ihindagurika bavuga yuko umugwi munaka w’ibikoko wagiye urahindagurika buhorobuhoro gushika uvuyemwo umugwi w’abantu, bagahakana ko hari igihe higeze kuba hariho umuntu umwe gusa. Ariko rero, Bibiliya ivuga ibintu bitandukanye cane n’ivyo. Ivuga yuko dukomoka ku muntu umwe, ari we Adamu. Inkuru yo muri Bibiliya yerekana ko Adamu ari umuntu yabayeho koko. Iratubwira izina ry’umugore wiwe be n’amazina ya bamwebamwe mu bana biwe. Iratubwira ido n’ido ry’ivyo yakoze, ivyo yavuze, igihe yabayeho be n’igihe yapfiriyeko. Yezu ntiyafata iyo nkuru nk’umugani gusa ugenewe abantu batize. Igihe yariko abwira indogozi z’idini zari zarize cane, yavuze ati: “Mbega ntimwasomye yuko uwabaremye [Adamu na Eva] kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore?” (Matayo 19:3-5). Yezu yaciye asubiramwo amajambo avuga ivyerekeye Adamu na Eva, ayaboneka mw’​Itanguriro 2:24.

Luka, umwe mu banditsi ba Bibiliya akaba n’umutohozakahise yatohoza ibintu avyitondeye, yadondoye Adamu nk’umuntu yabayeho koko nka kurya nyene Yezu yabayeho. Luka yarakurikiranye neza ivyerekeye abo Yezu yakomotseko uhereye kuri wa mugabo wa mbere Adamu (Luka 3:23-38). Vyongeye, igihe intumwa Paulo yariko ashikiriza insiguro imbere y’abamwumviriza barimwo n’abafilozofe bari barize muri ya mashure rurangiranwa y’Abagiriki, yababwiye ati: “Imana yakoze isi n’ibintu vyose biri muri yo . . . yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe, ngo babe ku buringanire bwose bw’isi” (Ibikorwa 17:24-26). Biragaragara rero ko Bibiliya yigisha yuko twakomotse ku “muntu umwe”. None ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ingene ivy’umuntu vyari vyifashe mu ntango z’ukubaho kwiwe, vyoba bihuza n’iyo nyigisho y’ivy’ihindagurika?

Umuntu atakaza ugutungana

Nk’uko Bibiliya ibivuga, Yehova yaremye umugabo wa mbere atunganye. Nakare Imana ntishobora gukora ikintu kidatunganye. Inkuru ivuga ivyerekeye irema igira iti: “Imana irema umuntu mw ishusho yayo. . .  . Nukw Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane” (Itanguriro 1:27, 31). None umuntu atunganye ameze gute?

Umuntu atunganye arafise uburenganzira bwo kwihitiramwo kandi arashoboye kwigana kamere z’Imana bimwe vyuzuye. Bibiliya ivuga iti: “Imana yaremye abantu bagororotse; ariko bo birondereye ivyo bigeneye vyinshi” (Umusiguzi 7:29). Adamu yahisemwo kugarariza Imana. Bivuye kuri ubwo bugarariji bwiwe, Adamu yaratakaje ugutungana kwiwe yongera atakaza n’ugutungana kw’abomukomotseko. Kuba umuntu yaratakaje ugutungana birasigura igituma akenshi bishika tugakora ikintu kitabereye, mbere n’igihe tuba twipfuza gukora ikibereye. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ico nshaka [si] co nkora; mugabo ico nanka ni co nkora”.​—Abaroma 7:15.

Nk’uko Bibiliya ibivuga, umuntu atunganye yari kubaho ibihe bidahera kandi afise amagara ameza neza cane. Ivyo Imana yabwiye Adamu birerekana neza ko iyo uwo mugabo wa mbere ataza kuyigambararira atari kwigera apfa (Itanguriro 2:16, 17; 3:22, 23). Yehova ntiyari kuvuga ko iremwa ry’umuntu ryari ‘ryiza cane’, iyo uwo muntu aza kuba yari afise impengamiro yo kurwara canke kugarariza. Kuba umuntu yaratakaje ugutungana birasigura igituma umubiri w’umuntu, naho waremwe mu buryo butangaje, ukarirwa n’ubumuga be n’indwara. Ku bw’ivyo rero, inyigisho y’ivy’ihindagurika ntihuza na Bibiliya. Iyo nyigisho ivuga yuko umuntu wo muri kino gihe ari igikoko cateye imbere. Bibiliya yoyo ivuga yuko umuntu wo muri kino gihe ari umuntu yagiye arononekara, akomoka ku muntu atunganye.

Iciyumviro c’uko Imana yayoboye ivy’ihindagurika kugira ngo itume umuntu abaho, ntigihuza kandi n’ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuntu Imana imeze. Nimba Imana yarayoboye ukuntu ihindagurika ryagenze, ivyo vyoba bisigura yuko yayoboye umuryango w’abantu ikawushikana kuri uku kuntu ubayeho wugarijwe n’indwara be n’imibabaro. Ariko rero, Bibiliya ivuga ku binjanye n’Imana iti: “Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri. Barayihemukiye, ntibakir’abana bayo, ariko vyabateye agasembga” (Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5). Ku bw’ivyo rero, imibabaro ishikira umuryango w’abantu muri kino gihe ntiva kw’ihindagurika ryayobowe n’Imana. Iva ku kuba umuntu umwe yaragararije Imana maze bigatuma atakaza ugutungana kwiwe be n’ukw’abomukomotseko. Ubu tumaze kurimbura ivyerekeye Adamu, turashobora kurimbura ivyerekeye Yezu. Mbega inyigisho y’ivy’ihindagurika yoba ihuza n’ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Yezu?

Woba ushobora kwemera ivy’ihindagurika ukongera ukemera n’ubukirisu?

“Kristu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu”. Nk’uko ushobora kuba ubizi, iyo ni imwe mu nyigisho z’ishimikiro za gikirisu (1 Abakorinto 15:3; 1 Petero 3:18). Kugira ngo tubone igituma ivy’ihindagurika bidahuza n’ayo majambo, turakeneye kubanza gutahura igituma Bibiliya itwita abacumuzi tukongera tugatahura n’ingaruka icaha kitugirako.

Twese turi abacumuzi mu buryo bw’uko tudashobora kwigana mu buryo bwuzuye kamere zininahaye z’Imana, nk’urukundo rwayo be n’ubutungane bwayo. Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana” (Abaroma 3:23). Bibiliya yigisha ko igicumuro ari co gituma haba urupfu. Mu 1 Abakorinto 15:56 havuga hati: “Uruboyi ruzana urupfu ni igicumuro”. Kuba twararazwe icaha ni ikintu nyamukuru gituma kandi haba indwara. Yezu yarerekanye yuko kuba turwara bifitaniye isano no kuba turi abanyabicumuro. Yabwiye umuntu umwe yari amugaye ati: “ibicumuro vyawe birababariwe”. Kandi uwo muntu yaciye akira.​—Matayo 9:2-7.

None urupfu rwa Yezu rudufasha gute? Bibiliya irahushanya Adamu na Yezu Kristu, maze ikavuga iti: “Nk’uko muri Adamu bose bapfa, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima” (1 Abakorinto 15:22). Biciye ku gutanga ubuzima bwiwe, Yezu yararishe ico icaha twarazwe na Adamu cadukwegeye. Ku bw’ivyo rero, abantu bose bizera Yezu bakongera bakamugamburukira bazoronka ico Adamu yatakaje, ni ukuvuga icizigiro co kubaho ibihe bidahera.​—Yohani 3:16; Abaroma 6:23.

Woba ubona none ko ivy’ihindagurika bidahuza n’ubukirisu? Nimba dukekeranya yuko “muri Adamu bose bapfa”, wumva twoshobora kwizigira gute yuko “muri Kristu bose bazogirwa bazima”?

Igituma inyigisho y’ivy’ihindagurika ikwegakwega abantu

Bibiliya irahishura ingene bigenda ngo inyigisho zimeze nk’iyo y’ivy’ihindagurika zibe izemewe n’abantu benshi. Ivuga iti: “Hazoshika igihe aho batazokwihanganira ya nyigisho ngirakamaro, mugabo nk’uko ivyipfuzo vyabo bwite biri, bazokwirundaniriza abigisha kugira ngo amatwi yabo yagazwe; kandi bazororesha hirya amatwi yabo ngo ntibumve ukuri, bakeberezwe ku nkuru z’ikinyoma” (2 Timoteyo 4:3, 4). Naho inyigisho y’ivy’ihindagurika akenshi ishikirizwa mu mvugo zijanye n’ivya siyansi, mu vy’ukuri ni inyigisho y’ivy’idini. Yigisha ukuntu abantu bakwiye kubona ubuzima be n’agatima bakwiye kugira ku bijanye n’Imana. Agatima abantu bafise k’ubwikunzi n’ukwigenga karatuma bakwegakwegwa n’izo nyigisho zizimiza z’ivy’ihindagurika. Abantu benshi bemera inyigisho y’ivy’ihindagurika bavuga kandi ko bizera Imana. Ariko rero, ntibitinya kwiyumvira yuko Imana atari yo yaremye ibintu, ko itanegwa ivyo abantu bakora be n’uko ata rubanza izobacira. Iyo ni inyigisho iryosharyosha amatwi y’abantu.

Ivyo abigisha ivy’ihindagurika bavuga, usanga akenshi batabitumwa n’uko bafise ibimenyamenya ahubwo babitumwa n’“ivyipfuzo vyabo bwite”, kumbure nk’icipfuzo co kwemerwa n’umugwi munaka w’abanyasiyansi, uwo usanga muri wo iyo ari inyigisho yemerwa na benshi. Uwitwa Michael Behe, uno akaba ari umwigisha atanga icigwa kijanye n’ibibera mu binyabuzima, uwamaze hafi ikiringo cose c’ubuzima bwiwe ariko yiga ibintu bitoroshe gutahura bijanye n’ibibera imbere mu tugingo ngengabuzima, yasiguye yuko abantu bigisha ivyerekeye ihindagurika ry’ukuntu akagingo ngengabuzima gasanzwe kameze, batagira ishingiro na rimwe ry’ivyo bigisha. None hoba hari ihindagurika rishobora kuba ico gihe ako kagingo kaba ari kanzwinya gutyo, ari agahimba kitwa molekile? Michael Behe yanditse ati: “Ivy’ihindagurika ry’agahimba kitwa molekile ntibishingiye ku bintu vyemezwa na siyansi. Nta candikano na kimwe mu vyasohowe n’abanyasiyansi, vyaba ibinyamakuru vyemewe cane, ibivuga ivyerekeye ubuhinga bwa siyansi, canke ibitabu, coba kidondora ingene ihindagurika ry’agahimba kitwa molekile k’ikintu ico ari co cose kibaho vy’ukuri kandi kigoye gutahura kibera mu tugingo tw’ibinyabuzima, ryoba ryarabaye kibure rishobora kuba ryarabaye. . . . Ukwemeza inyigisho ya Darwin yerekeye ivy’ihindagurika ry’agahimba kitwa molekile ni ukwirarira gusa”.

Nimba abemera inyigisho y’ivy’ihindagurika badashobora kuyitangira ivyemeza, ni kubera iki none bashigikira ivyiyumviro vyabo bashimitse cane? Behe asigura ati: “Abantu benshi, ushizemwo n’abanyasiyansi bahambaye kandi bemerwa cane, ntibashaka kwemera ko hariho ikintu na kimwe kirengeye abantu catumye ibintu vyose bibaho”.

Inyigisho y’ivy’ihindagurika irakwegakwega abakuru b’amadini benshi bipfuza kubonwa ko ari inkerebutsi. Bameze nk’abantu intumwa Paulo yadondoye mw’ikete yandikiye abakirisu b’i Roma. Paulo yanditse ati: “Ivyomenyekana ku vyerekeye Imana bihishuwe muri bo. . . . Kamere zayo zitaboneka zibonwa neza kuva kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyakozwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo, ku buryo batagira ico bireguza; kuko, naho bari bazi Imana, batayininahaje bwa Mana canke ngo bayikengurukire, ahubwo bacitse ibijuju mu vyiyumviro vyabo, kandi imitima yabo y’imburabwenge yacitse iyitwikiriwe n’umwiza. Naho bemeza ko ari inkerebutsi, bacitse ibipfu” (Abaroma 1:19-22). None wokwirinda gute kuzimizwa n’abigisha b’ibinyoma?

Ukwizera Umuremyi gushingiye ku bimenyamenya

Igihe Bibiliya idondora ukwizera ico ari co, irerekana ko kugira ibimenyamenya ari ikintu gihambaye. Ivuga iti: “Ukwizera ni ukwitega ata mazinda ibintu vyizigiwe, iyerekanwa riboneka ry’ibintu biriho koko naho bitabonwa” (Abaheburayo 11:1). Ukwizera Imana kw’ukuri gukwiye kuba gushingiye ku bimenyamenya vyerekana ko Umuremyi abaho koko. Bibiliya irerekana aho ushobora gukura ivyo bimenyamenya.

Dawidi, umwe mu banditsi ba Bibiliya bahumekewe n’Imana, yanditse ati: “Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje” (Zaburi 139:14). Kuza turafata umwanya wo kuzirikana ku kuntu umubiri wacu bwite waremwe mu buryo butangaje be no ku kuntu ibindi binyabuzima vyaremwe mu buryo butangaje, biratuma tugira akoba ku bijanye n’ubukerebutsi Umuremyi wacu afise. Igice cose c’ibintu ibihumbi n’ibihumbi bikora vyunganirana mu mubiri wacu kugira ngo tugume turi bazima catunganijwe mu buryo butangaje. N’ikindi kandi, ivyaremwe biri mu kirere kiboneka biratanga ikimenyamenya c’uko bikora ku rutonde no ku giharuro. Dawidi yanditse ati: “Ijuru ritāngāza icubahiro c’Imana, itāzānure ryaryo rimenyekanisha igikorwa c’intoke zayo”.​—Zaburi 19:1.

Bibiliya ubwayo irimwo ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko hariho Umuremyi. Gufata umwanya wo gusuzuma ingene ibitabu 66 biyigize bivuga rumwe, ukuntu ingingo mfatirwako itanga mu vy’ukwigenza runtu zisumba izindi zose be n’ingene ubuhanuzi ivuga butabura kuranguka, bizokuronsa ibimenyamenya umukimba vyerekana ko uwo ikomokako ari we Muremyi. Gutahura inyigisho za Bibiliya bizotuma kandi ushira amazinda y’uko vy’ukuri Bibiliya ari Ijambo ryatanzwe n’Umuremyi. Nk’akarorero, igihe utahuye inyigisho zo muri Bibiliya, nk’igituma abantu bashikirwa n’imibabaro, Ubwami bw’Imana ico ari co, kazoza k’umuryango w’abantu be n’ukuntu umuntu yoronka agahimbare, uca ubona ibimenyamenya vyibonekeje vy’ubukerebutsi bw’Imana. Woshobora kwiyumva nka kumwe intumwa Paulo yiyumva igihe yandika ati: “Ewe bwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora!”.​—Abaroma 11:33.

Uko uzoza urasuzuma ivyo bimenyamenya maze ukwizera kwawe kugakomera, uzomenya neza yuko igihe usoma Bibiliya uba uriko wumviriza Umuremyi ubwiwe. Umuremyi avuga ati: “Ni jewe naremye isi, kandi ndayiremerakw abantu; ni jewe nibambiye amajuru n’amaboko yanje, kand’ingabo z’inyenyeri zose zo kuri yo ndazigaba” (Yesaya 45:12). Nta nkeka ko utazokwigera wicuza kubona waragize utwigoro kugira ngo wiyemeze neza ko Yehova ari we Muremyi w’ibiriho vyose.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 14]

Intumwa Paulo yabwiye Abagiriki bari barize ati: “Imana . . . yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe”

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 15]

Inyigisho y’ivy’ihindagurika ivuga yuko umuntu wo muri kino gihe ari igikoko cateye imbere. Bibiliya yoyo ivuga yuko umuntu wo muri kino gihe ari umuntu yagiye arononekara, akomoka ku muntu atunganye

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 16]

“Ivy’ihindagurika ry’agahimba kitwa molekile ntibishingiye ku bintu vyemezwa na siyansi”

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 17]

Ukuntu ibinyabuzima vyaremwe mu buryo butangaje, biratuma tugira akoba ku bijanye n’ubukerebutsi Umuremyi wacu afise

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika