Ikete rivuye muri République dominicaine
“Sinari bwigere ngaragarizwa urukundo mwene urwo”
NIURKA, muri iyi ndwi yaratanze ari bwo bwa mbere ikiganiro gishingiye kuri Bibiliya mw’ishengero ryacu. Yari yariteguye mu kwandika mu nyuguti z’impumyi ivyo yari kuvuga, maze aca arabifata ku mutwe. Twari kumwe ku mukiruruko, nkaba nari nk’umuntu ashaka kwiga ukuri kwo muri Bibiliya. Mikoro nakoresha yari ifatanijwe na mwene ka kuma umuntu ashobora kwambara ku matwi ariko yumviriza iradiyo, akaba yari akambaye kugira ngo ashobore kwumva ivyo mvuga. Igihe twarangiza ico kiganiro, abantu bakenguruka bariko barumviriza barakomye amashi rwose gushika n’aho Niurka yumva ayo mashi yabo. Ukuntu yamwenyuye vyarerekanye ko yari afise umunezero mwinshi be n’uko yumva ashize akanyota. Na jewe narahimbawe. Ese ukuntu kurangura umurimo w’ubumisiyonari bizana ivyiza!
Ndibuka igihe nabonana na Niurka ari bwo bwa mbere, ubu hakaba haciye imyaka ibiri. Namukubise ijisho ari bwo bwa mbere maze iminuta 30 nyonga umuduga, ico gihe nkaba nariko nca mu mabarabara y’ivu yo hagati mu gihugu. Yari yicaye mu kabaraza k’inzu iciye bugufi yo mu gihugu hagati, ikaba yari yubakishijwe imbaho be n’amatafari akozwe mw’isima ivanze n’umunyota w’ibizuku, ifise n’amabati yaguye ingese. Aho hantu humvikana amajwi be n’akamoto k’impene, udukwavu be n’imbwa. Niurka yari yicaye yicurikiriye, ivyo bikaba vyerekana ko yari inyakamwe kandi yari yihebuye. Yasa n’uwushaje ugereranije n’imyaka 34 yari afise.
Naramukomye buhorobuhoro ku rutugu, maze aca araramura amaso yiwe yari amaze imyaka 11 atabona, amera nk’uwuturaba. Naravugiye ku gutwi kwiwe nsemerera, maze ndidondora nongera ndondora n’uwo twari twajanye kwamamaza. Mu nyuma, twahavuye tumenya ko Niurka yari arwaye indwara yitwa syndrome de Marfan, iyo ikaba ari indwara y’akaronda yamusinzikaje. Niurka yari arwaye kandi indwara y’igisukari ikaze, iyasaba ko aguma acungera yitonze urugero rw’isukari yari mu maraso yiwe, urwashobora guhindagurika umwanya uwo ari wo wose.
Igihe nashira Bibiliya mu minwe yiwe, yarayimenye aca avuga ko imbere y’uko ahuma yakunda gusoma Ivyanditswe. Ariko none, uwo muntu w’inyakamwe, aciye bugufi kandi w’amagara make, nari gushobora gute kumwigisha ukuri kuruhura kwo mw’Ijambo ry’Imana? Kubera yuko yari asanzwe azi indome, naciye ntangura kuza ndamushirira mu minwe indome zikozwe mu dupulasitike. Bidatevye, yarashoboye kuzimenya. Mu nyuma, mu gukorakora iminwe yanje igihe naba ndiko nkoresha ururimi rw’ibimenyetso, yarize guhuza urudome rumwerumwe rwose n’urudome bihuye rwo mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Amerika. Buhorobuhoro, yaragiye aramenya ibindi bimenyetso. Kubera yuko na jewe ubwanje ari ho nari ngitangura kwiga urwo rurimi w’ibimenyetso, gutegura buri cigwa vyansaba amasaha n’amasaha. Ariko rero, jewe na Niurka twari dufise ishaka ryinshi, akaba ari co gituma twateye imbere ningoga na ningoga mu buhanga bwo gukoresha ururimi rw’ibimenyetso.
Igihe ishirahamwe rimwe ry’abagiraneza ryaha Niurka utwuma tumufasha kwumva, yari aronse akaryo ko gutera imbere cane. Naho utwo twuma tutari duhanitse, twaramufashije rwose. Imyaka irenga cumi yari amaze atabona kandi ameze nk’uwutumva ikintu na kimwe, yari yatumye yigungira ukwiwe. Ariko impwemu ya Yehova yarakanguye umutima wiwe n’umuzirikanyi wiwe, ivyuzuza ubumenyi, icizigiro be n’urukundo. Bidatevye, Niurka akoresheje inkoni arondeza inzira, yaciye atangura kugendagenda mu babanyi biwe ababwira ukuri kwo muri Bibiliya.
Ubu Niurka ararongorera inyigisho ya Bibiliya nyinabo n’umukobwa wiwe, hamwe n’umugore wa musaza w’uwo mukobwa. Aritegura neza, buri cigwa aza kwigisha akagifata ku mutwe imbere y’igihe. Abo aba ariko arigisha barasoma ingingo, maze Niurka agaca asoma ikibazo akoresheje igitabu ciwe c’inyuguti z’impumyi. Uwuba yajanye na Niurka aca amubwira ivyo umunyeshure yishuye, ivyo akabigira mu kuvugira ku gutwi kwa Niurka canke akabigira akoresheje ururimi rw’ibimenyetso amukorakora ku kuboko.
Ishengero ryose rirafasha Niurka rikongera rikamuremesha. Abavukanyi biwe bakirisu batari bake baramufasha kugira ngo ashobore gushika ku makoraniro no ku materaniro. Abandi na bo barajana na we mu busuku. Niurka aherutse kumbwira ati: “Sinari bwigere ngaragarizwa urukundo mwene urwo”. Yizigiye ko azobatizwa kw’ihwaniro ry’intara twimirije kugira.
Igihe kimwe twari duciye ku nzira hamwe Niurka aba maze tumusanga yicaye kuri ka kabaraza ariko arota akazuba, araramuye umutwe kandi ariko aramwenyura. Naramubajije igituma yariko aramwenyura. Yavuze ati: “Nariko ndiyumvira ku bijanye na kazoza igihe isi izoba yahindutse Iparadizo, kandi nariko niha ishusho maze kuyishikamwo”.
[Ifoto ku rup. 25]
Niurka ari kumwe na bamwebamwe mu bagize ishengero ryacu, bari imbere y’Ingoro y’Ubwami
[Ifoto ku rup. 25]
Niurka arabwira abandi ivyo yize