Niwiyegereze Imana
Iratahura umubabaro tugira
“IMPUHWE ni ukwumva umubabaro wawe mu mutima wanje.” Ukwo ni ko umumisiyonari umwe ageze mu zabukuru w’Icabona ca Yehova yasiguye iyo kamere y’igiciro. Yehova Imana ni we karorero ruheta mu vyo kugaragaza impuhwe. We ubwiwe ariyumvamwo umubabaro abasavyi biwe baba bafise. Ivyo tuvyemezwa n’iki? Impuhwe zirangwa ikibabarwe Yehova afise zaragaragariye neza mu vyo Yezu yavuze be no mu vyo yakoze igihe yari ng’aha kw’isi. (Yohani 5:19) Rimbura nk’akarorero ikintu cabaye kivugwa muri Yohani 11:33-35.
Igihe urupfu rwakubiranya Lazaro umugenzi wa Yezu, yaciye afata urugendo aja mu gisagara Lazaro yabamwo. Birumvikana ko bashiki ba Lazaro, ari bo Mariya na Marita, bari bishwe n’intuntu. Yezu yarakunda cane uwo muryango. (Yohani 11:5) None yari kuvyifatamwo gute? Iyo nkuru ivuga iti: “Yezu, . . . aho [aboneye Mariya] ariko ararira n’Abayuda bazananye na we bariko bararira, araniha mu mutima, ahagarika umutima; hanyuma avuga ati: ‘Mwamushize hehe?’ Bamubwira bati: ‘Mukama, ingo urabe.’ Yezu arakorora amosozi.” (Yohani 11:33-35) None ni kubera iki Yezu yarize? Ego ni ko uwo mugenzi wiwe yakunda cane Lazaro yari yapfuye, mugabo Yezu yari agiye kumusubiza ubuzima mu kumuzura. (Yohani 11:41-44) Hoba hari ikindi kintu cavyuriye Yezu umubabaro mu mutima?
Nusubire wihweze amajambo yasubiwemwo aho haruguru. Urabona ko igihe Yezu yabona Mariya be n’abo bari kumwe bariko bararira, yaciye ‘aniha’ yongera “a[ra]hagarika umutima.” Amajambo yakoreshejwe mu rurimi rw’intango muri uwo murongo yerekeza ku kugira ikigumbagumba.a Yezu yaragize umubabaro mwinshi mu mutima bivanye n’ivyo yari abonye. Ukuba yaragize ikigumbagumba vyaragaragariye ku kuntu amaso yiwe yuzuye amosozi. Biragaragara ko Yezu yari ababajwe cane n’umubabaro abo bantu bari bafise. Vyoba biragushikira ugakorora amosozi kubera yuko umuntu ukunda ariko ararira?—Abaroma 12:15.
Impuhwe Yezu yari afise ziradufasha gutahura cane kamere za Se wiwe Yehova be n’inzira ziwe. Niwibuke yuko Yezu yagaragaje kamere za Se wiwe bimwe bitagira agahaze ku buryo yashoboye kuvuga ati: “Uwumbonye aba abonye na Data.” (Yohani 14:9) Igihe rero dusomye yuko “Yezu [yakoroye] amosozi,” turashobora kwemera tudakeka ko na Yehova ubwiwe yiyumvamwo umubabaro abasavyi biwe baba bafise. Kukaba nkako, n’abandi banditsi ba Bibiliya baremeza ico kintu. (Yesaya 63:9; Zekariya 2:8) Ese ukuntu Yehova ari Imana ifise ikibabarwe!
Umuntu afise impuhwe arakwēgēra. Igihe ducitse intege canke dufise intuntu, turipfuza kwiyegereza umuntu ashobora gutahura ukuntu ivyacu vyifashe akongera akifatanya natwe mu mubabaro. Ese rero ukuntu turushiriza gushaka kwiyegereza Yehova, we Mana y’impuhwe, yiyumvamwo umubabaro tugira kandi itahura impamvu dukorora amosozi!—Zaburi 56:8.
[Akajambo k’epfo]
a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “arakorora amosozi” akenshi ryerekeza ku “kurira udasohora ijwi,” mu gihe ijambo ryakoreshejwe mu kuvuga ukuntu Mariya be n’abo bari kumwe barize, ryoshobora gusigura “kuboroga, [canke] gucura intimba.”