ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/5 rup. 31
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Yakirwa na Simoni i Betaniya
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • I Betaniya, mu Nzu kwa Simoni
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/5 rup. 31

Woba wari ubizi?

Ni kubera iki ya mavuta amota neza Mariya yakoresheje yari azimvye cane?

Imisi mikeyi imbere y’urupfu rwa Yezu, Mariya mushiki wa Lazaro, “[yaraje] afise ikebano ryo mu tubuyenge twa alabasitironi ririmwo amavuta amota neza, akaba yari narada nyayo, azimvye cane,” maze ayasuka kuri Yezu. (Mariko 14:3-5; Matayo 26:6, 7; Yohani 12:3-5) Inkuru yo mu Njili ya Mariko be n’iya Yohani zivuga yuko ayo mavuta yari afise igiciro c’idenariyo 300, ni ukuvuga nk’umushahara umukozi abayabaye yahembwa ku mwaka.

None ayo mavuta amota neza azimvye cane, yava hehe? Muri rusangi, vyiyumvirwa ko iyo narada ivugwa muri Bibiliya iva mu gaterwa gatoya kamota neza (akitwa Nardostachys jatamansi) kaba mu Misozi ya Himalaya. Narada izimvye akenshi yaravangwa n’ayandi mavuta atazimvye, eka mbere yariganwa n’abantu bahingura amavuta amota. Naho ari ukwo, Mariko na Yohani bompi bakoresha imvugo ngo “narada nyayo.” Kuba ayo mavuta amota neza yari azimvye cane vyerekana ko ashobora kuba yari yavuye kure, mu Buhindi.

Ni kubera iki inkuru yo muri Mariko ivuga ko Mariya “amena nya kebano [ryo mu tubuyenge twa alabasitironi]”? Mu bisanzwe, ikebano ryo mu tubuyenge twa alabasitironi ryahingurwa mu buryo ryaba rifise umunwa mutoyi washobora gupfundikirwa neza kugira ngo amavuta amota neza y’igiciro yaba aririmwo ntashobore gutumuka. Uwitwa Alan Millard avuga mu gitabu ciwe (Discoveries From the Time of Jesus) ati: “Biroroshe kumenya ukuntu uwo mugore yari yuzuye umunezero yamenye [umunwa w’iryo kebano], atari gusa gupfundurura agapfundikizo karyo, kugira ngo asukire rimwe ayo mavuta yose.” Ivyo vyoshobora gusigura igituma “inzu [yaciye] yuzura akamoto ka nya mavuta.” (Yohani 12:3) Ni ivy’ukuri ko ayo mavuta yari ingabirano izimvye cane, yamara yari ibereye. Uti kubera iki? Uwo mugore afise ugukenguruka yari aherutse kubona Yezu azura musazawe yakunda cane, ari we Lazaro.​—Yohani 11:32-45.

Igisagara citwa Yeriko coba cari kimwe, canke vyoba vyari bibiri?

Matayo, Mariko be na Luka, bose baranditse inkuru yerekeye ugukiza abantu ku gitangaro kwabereye hafi y’i Yeriko. (Matayo 20:29-34; Mariko 10:46-52; Luka 18:35-43) Matayo na Mariko bompi bavuga ko Yezu yakoze ico gitangaro igihe ‘yariko ava’ i Yeriko. Ariko Luka avuga ko ico gitangaro cabaye Yezu “ariko aregereza” i Yeriko.

None mu gihe ca Yezu, hoba hari igisagara kimwe gusa citwa Yeriko, canke vyari bibiri? Igitabu kimwe (Bible Then & Now) cishura giti: “Mu gihe c’Ubwuzure Bushasha, igisagara ca Yeriko cari carasubiye kwubakwa ku kilometero kirenga (1,6 km) mu Bumanuko bw’igisagara ca kera [ca Yeriko]. Herodi Mukuru yari yarubatseyo ikirimba yabamwo mu gihe c’urushana.” Ivyo biremezwa n’igitabu kimwe kivuga ibijanye n’ivy’ubucukuzi be n’inkuru za Bibiliya (Archaeology and Bible History), ikivuga giti: “Igisagara ca Yeriko co mu gihe ca Yezu cari kigizwe n’ibisagara bibiri. . . . Igisagara ca kera c’Abayuda cari ku kilometero kirenga uvuye mu gisagara c’Abaroma.”

Ku bw’ivyo rero, kumbure Yezu yakoze ico gitangaro igihe yariko ava mu gisagara c’Abayuda yegereza igisagara c’Abaroma, canke na ho ava mu c’Abaroma yegereza ic’Abayuda. Biragaragara ko kumenya ukuntu ibintu vyari bimeze igihe inkuru yinaka yandikwa bidufasha gusigura ibintu vyoshobora gusa n’ibivuguruzanya.

[Ifoto ku rup. 31]

Ikebano ry’amavuta amota neza ryo mu tubuyenge twa alabasitironi

[Abo dukesha ifoto]

© Réunion des Musées Nationaux/Art Resource, NY

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika