ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/7 rup. 10
  • ‘Ntiri kure y’umwe wese muri twebwe’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ntiri kure y’umwe wese muri twebwe’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • “Izobēgēra”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Mwiyegereze Imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Ushishikare kwijukira . . . ukwigisha”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba vy’ukuri ushobora “kwiyegereza Imana”?
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/7 rup. 10

Niwiyegereze Imana

‘Ntiri kure y’umwe wese muri twebwe’

Ibikorwa 17:24-27

ABANTU ubagereranije n’iki kirere amahanga, vy’ukuri ni utuntu ata co tuvuze. Kumbure uramaze kwibaza uti: ‘Ubwo vyoba vy’ukuri bishoboka ko abantu buntu bagiranira ubucuti bwa hafi n’Imana Mushoboravyose?’ Ivyo vyoshoboka gusa mu gihe Imana, iyitwa Yehova, yoba ishaka ko tuyiyegereza. None yoba ibishaka? Inyishu ihumuriza twoshobora kuyisanga mu majambo ajijura intumwa Paulo yavuze ariko abwira abantu bari barize cane b’i Atene, nk’uko yanditswe mu Bikorwa 17:24-27. Raba ibintu bine Paulo avuga ku bijanye na Yehova.

Ubwa mbere, Paulo avuga yuko Imana “yakoze isi n’ibintu vyose biri muri yo.” (Umurongo wa 24) Ibintu vyiza kandi vyo mu buryo butandukanye bituma ubuzima buba ubuhimbaye cane, biratanga ikimenyamenya c’uko Umuremyi wacu afise urukundo kandi ko yitwararikana. (Abaroma 1:20) Ntivyoba vyumvikana twiyumviriye ko Imana nk’iyo yohitamwo kuba kure y’abantu ikunda.

Ubwa kabiri, Yehova “[a]ha abantu bose ubuzima n’impemu n’ibintu vyose.” (Umurongo wa 25) Yehova ni we abungabunga ubuzima. (Zaburi 36:9) Akayaga, amazi be n’ibifungurwa, ivyo bikaba ari ibintu bikenewe cane mu buzima, vyose ni ingabirano ziva ku Muremyi wacu. (Yakobo 1:17) Vyoba vyumvikana none kwiyumvira yuko Imana yacu itanga cane, yotwigirwa kure gutyo ikatwima ingabirano ijane no kuyimenya be no kuyiyegereza?

Ubwa gatatu, Imana “yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe.” (Umurongo wa 26) Yehova ntagira nkunzi kandi nta n’igicuro c’umwikeko canke ukwinubana ukwo ari ko kwose agira. (Ibikorwa 10:34) None wumva hari ukundi yomera? Yaremye wa “muntu umwe,” ari we Adamu, uwo amahanga yose n’amoko yose bikomokako. Imana “[i]gomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa.” (1 Timoteyo 2:4) Ku bw’ivyo rero, turafise akaryo ko kuyiyegereza tutarinze kuraba ibara ryacu ry’urukoba, ubwenegihugu bwacu, canke ubwoko duturukamwo.

Ubwa nyuma, Paulo aravuga ukuri gusubiriza umutima mu nda gusumba ukundi kwose, ukwo na kwo kukaba ari uku: Yehova “[n]tari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Umurongo wa 27) Naho Yehova aninahaye cane, yama nantaryo ashobora kwegerwa n’abantu bipfuza kumwiyegereza ata buryarya. Ijambo ryiwe riradukura amazinda y’uko atari kure, ahubwo ko ari “hafi y’abamwambaza bose.”​—Zaburi 145:18.

Amajambo ya Paulo arerekana neza ko Imana ishaka yuko tuyiyegereza. Ariko rero, Paulo asigura yuko ukwo kwiyegereza Imana gushoboka gusa ku bantu bafise umutima ukunze wo ‘kuyirondera’ no “[gu]kabakaba bayirondera.” (Umurongo wa 27) Igitabu kimwe gikoreshwa n’abahinduzi ba Bibiliya kivuga yuko “izo mvugo zibiri biboneka ko ziserura ikintu umuntu ashobora gushikako . . . canke icipfuzo umuntu ashobora gushikako.” Reka tubitangire akarorero: Uri mu nzu, hakaba hatabona mugabo urahamenyereye. Woshobora gukabakaba urondera aho wakiriza itara canke ahari umuryango, ariko uba uzi ko aho hantu uza kuhatora. N’igihe turondeye Imana bimwe bivuye ku mutima tukongera tugakabakaba tuyirondera, turashobora guhera amazinda yuko utwigoro twacu tuzovamwo ivyiza. Paulo aradukura amazinda ko ‘tuzoyironka koko.’​—Umurongo wa 27.

Woba wipfuza cane kwiyegereza Imana? Niwatangura ‘kurondera Imana’ be n’‘ugukabakaba uyirondera’ ubigiranye ukwizera, ntuzotaha zirayoye. Yehova ntagoye kuronka kubera ko “[a]tari kure y’umwe wese muri twebwe.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika