ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/7 rup. 26-29
  • Imana yarangaragarije imbabazi nyinshi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yarangaragarije imbabazi nyinshi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe c’ibigeragezo bikomeye
  • Ndicuza cane kubona narafashe inzira iraho
  • Nsubira gukomera mu vy’Imana
  • Dukorana umwidegemvyo utari muke
  • Nshingwa ikindi gikorwa
  • Turangurira ubusuku muri Otirishe
  • Ndakora naho nkitswe n’amagara
  • Akarorero k’abavyeyi banje karankomeje
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/7 rup. 26-29

Imana yarangaragarije imbabazi nyinshi

Nk’uko vyavuzwe na Bolfenk Moc̆nik

“Ubu rero nukomera kw’ibanga.” Ayo yari amajambo yansaba gushikama kandi yihutirwa mawe yambwiye ariko arangumbira. Abapolisi baradutandukanije, maze sentare irasasa. Nahavuye ncirwa urubanza rwo gupfungwa imyaka itanu. Kumbure, abantu nka bose bari gushobora guca bababara cane. Yamara mvugishije ukuri, nari naza numva mfise amahoro menshi yo mu mutima. Reka ndabibiganire neza.

IVYO bintu bihejeje kuvugwa vyabereye muri Soloveniyaa mu 1952. Ariko inkuru yanje mu vy’ukuri itangura mu myaka irenga mirongo ibiri imbere y’aho, ni ukuvuga mu 1930. Hari mu gihe Abatohoji ba Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe, batunganya ukubatiriza hamwe umugwi w’abantu ari bwo bwa mbere mu gihugu cacu. Abavyeyi banje, ari bo Berta na Franz Moc̆nik bari muri abo babatijwe. Ico gihe nari mfise imyaka itandatu, mushikanje na we yitwa Majda akagira imyaka ine. I muhira iwacu mu gisagara ca Maribor cari ikibanza carangurirwamwo imirimo ya gikirisu.

Mu 1933, Adolf Hitler yarafashe ubutegetsi mu Budagi maze aca atangura guhama Ivyabona. Ivyabona benshi bo mu Budagi barimukiye muri Yugosilaviya kugira ngo bafashe mu gikorwa co kwamamaza. Abavyeyi banje barahimbawe cane no kwakira abo bavukanyi b’abizigirwa i muhira. Umwe muri abo bashitsi nibuka neza yari uwitwa Martin Poetzinger, uwahavuye amara imyaka icenda mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi. Haciye igihe kitari gito, uhereye mu 1977 gushika aho apfiriye mu 1988, yarabaye uwo mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova.

Igihe Martin yaba yaje kuturamutsa, yama nantaryo arara ku gitanda canje, maze twe na mushikanje tugaca turara mu cumba c’abavyeyi bacu. Yari afise agatabu gatoyi k’inkoranyabumenyi k’amabara atandukanye, kakaba karakabuye ivyiyumviro vyo mu buto bwanje. Narakunda kuza ndakubitiza akajisho muri nya gatabu.

Igihe c’ibigeragezo bikomeye

Mu 1936, magingo Hitler yaguma arushiriza kugira ububasha bukomeye, abavyeyi banje baritavye ihwaniro mpuzamakungu rihambaye ryabereye i Lucerne mu Busuwisi. Kubera ko dawe yari afise ijwi rirongorotse, ico gihe yaracaguwe kugira ngo akoreshwe mu vyo gufata amajwi y’insiguro zishingiye kuri Bibiliya zahavuye ziza zirakoreshwa n’abamamaji, bakazivugiriza abantu basanga ku mihana hirya no hino muri Soloveniya. Budakeye na kabiri iryo hwaniro ry’intibagirwa ribaye, Ivyabona b’i Buraya baciye batangura guhamwa bimwe biteye ubwoba. Benshi baracumukuriye mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi bongera barahasiga ubuzima.

Muri Nyakanga 1939, Intambara ya kabiri y’isi yose yaratanguye, maze nko muri Ndamukiza 1941, ingabo z’Abadagi zirigarurira uturere tumwetumwe twa Yugosilaviya. Amashure yakoresha ikinyasoloveniya yarugawe. Twarabujijwe gukoresha ururimi rwacu ku mugaragaro. Kubera ko Ivyabona vya Yehova baguma ataho bahengamiye mu matati yose y’ivya politike, baranse gushigikira intambara.b Ivyo vyatumye benshi bafatwa maze bamwebamwe muri bo baricwa, hakaba harimwo n’umusore umwe nari nzi cane yitwa Franc Drozg. Imigwi y’abasoda b’Abanazi yari ijejwe gushitsa imanza z’abantu baciriwe urwo gupfa yakorera ku metero hafi ijana uvuye aho twaba. N’ubu ndacashobora kubona mu bwenge ingene mawe yazibiye amatwi n’impuzu, kugira ngo ntiyumve urwamo rw’inkoho zabo. Amajambo asozera ikete ryo gusezera Franc yandikiye umugenzi wiwe somambike yagira ati: “Tuzosubira mu Bwami bw’Imana.”

Ndicuza cane kubona narafashe inzira iraho

Ico gihe nari mfise imyaka 19. Naho nashimye cane Franc kubona yagumye ashikamye, naratekewe n’ubwoba. Nibajije nti: ‘None nanje nzohava nicwa?’ Ukwizera kwanje kwaragoyagoya, kandi ubucuti nari mfitaniye na Yehova Imana ntibwari bushemeye. Mu nyuma narasabwe kuja mu gisoda. Kubera ko ubwoba bwaruta ukwizera nari mfise, naciye nitaba ako kamo.

Twe n’abo twari kumwe twarungitswe kurwana n’ingabo z’Abarusiya. Bidatevye nagiye mbona abo turi kumwe ari imihindigiti iruhande yanje. Iyo ntambara yari iteye ubwoba kandi yarabica bigacika. Ijwi ryanje ryo mu mutima ryaguma rirushiriza kunsogota. Naratakambiye Yehova ngo angirire ikigongwe yongere andonse inkomezi zo kugendera mu nzira igororotse. Igihe igitero simusiga catuma haba umuvurungano mu bo twari kumwe, naciye ndonka akaryo ko kuyanyaga.

Nari nzi ko ndamutse mfashwe, nociye nicwa. Mu mezi indwi yakurikiye, nararonse ahantu hatandukanye ho kuza ndinyegeza. Narashoboye mbere kurungikira Majda agakarata kariko amajambo agira ati: “Namaze guheba wa mukoresha wanje, ubu nkorera uwundi.” Nashaka kuvuga yuko ico gihe nipfuza gukorera Imana, ariko vyasavye igihe imbere y’uko vy’ukuri ndabishikako.

Muri Myandagaro 1945, haheze amezi atatu Ubudagi buneshejwe n’urunani rw’ibihugu vyaburwanya, narashoboye gutahuka i Maribor. Igitangaje ni uko yaba dawe, mawe canke mushikanje, twese twari twarokotse iyo ntambara yari iteye ubwoba. Ariko ico gihe, abakomunisita ni bo batwara, kandi bariko barahama Ivyabona vya Yehova. Igikorwa co kwamamaza cari kibujijwe n’amategeko, yamara Ivyabona barakorera mu kinyegero kandi bakaguma bamamaza badahengeshanya.

Muri Ruhuhuma 1947, hari Ivyabona batatu b’abizigirwa, ari bo Rudolf Kalle, Dus̆an Mikić na Edmund Stropnik baciriwe urwo gupfa. Ariko mu nyuma, urwo rubanza rwabo rwarasubiwemwo, maze bacirwa gupfungwa imyaka 20. Ivyo bintu vyose ni vyo vyaguma bivugwa cane mu bimenyeshamakuru, akaba ari co gituma abantu benshi bamenye ibijanye n’uko Ivyabona bariko bararenganywa. Aho nsomeye ibinyamakuru vyari biherutse gusohoka, naricujije cane. Nari nzi ico nategerezwa gukora.

Nsubira gukomera mu vy’Imana

Naratuntujwe cane n’ukumenya ko nategerezwa gushigikira ukuri kwo muri Bibiliya, maze nca ndongereza inguvu kugira ngo nkoreshwe mu gikorwa co kwamamaza twarangurira mu kinyegero. Ugusoma Bibiliya ata gufyina kwatumye nsubira gukomera mu vy’Imana, ndaheba ingeso zihumanye, nk’ukunywa itabi.

Mu 1951, narabatijwe mba nerekanye ko niyeguriye Imana, gutyo mba nsubiye mu nzira y’ubuzima nari maze nk’imyaka cumi narahevye. Nahavuye ntangura kwibonera ko Yehova ari Umuvyeyi nyakuri, ndabona ko ari umwizigirwa, intahemuka kandi ko afise urukundo rutigera ruyama. Naho nari narafashe ingingo zitaranga ubukerebutsi igihe nari nkiri umusore, narakozwe ku mutima n’ukuba Bibiliya yarankuye amazinda ko Imana iharira abantu. Kubera ko Imana ari Umuvyeyi munyarukundo, yagumye inkwegesha ‘imigozi y’urukundo.’​—Hoseya 11:4.

Muri ico gihe kitoroshe, twagirira amakoraniro mu mpisho mu mihana y’Ivyabona batandukanye, igikorwa cacu na co tukakirangura mu kwamamaza akaryo kizanye. Hatarahera n’umwaka mbatijwe, narafashwe. Twarabonanye na mawe akanya isase imbere y’uko bancira urubanza. Nk’uko nabivuze mu ntango, yarangumbiriye cane maze ampimiriza ati: “Ubu rero nukomere kw’ibanga.” Igihe namenyeshwa ko nciriwe umunyororo w’imyaka itanu, nagumye ntekanye kandi nshikamye.

Napfungiwe mu kumba gatoyi ndi kumwe n’abandi banyororo batatu, gutyo nkaba narashoboye kubwira abo bagabo ukuri kwo muri Bibiliya, bano akaba ata bundi buryo ukwo kuri kwoshoboye kubashikira. Naho ata Bibiliya canke igitabu kivuga ivya Bibiliya nari mfise, naratangaye cane kubona narashoboye kwibuka ivyanditswe be n’ukuntu bisigurwa, ivyo nkaba nabikesha amasaha nahora nza ndamara ndiko ndiyigisha Bibiliya. Naguma mbwira abo twari dupfunganywe ko niba nabwirizwa kumara imyaka itanu ndi mu munyororo, Yehova yondonkeje inkomezi zo kuvyihanganira. Ariko rero, yoshoboye gutuma ndekurwa iyo myaka itarinze guhera. Naravuga nti: ‘Bishitse akabigira, ni nde none yoshobora kuntangira?’

Dukorana umwidegemvyo utari muke

Muri Munyonyo 1953, Leta yaragiriye ikigongwe abanyororo maze Ivyabona vya Yehova bose bari bapfunzwe bararekurwa. Nahavuye menya ko hari haheza amezi abiri turekuriwe kurangura igikorwa cacu c’ukwamamaza ku mugaragaro. Twaciye ubwo nyene dutangura gusubira gutunganya neza amashengero be n’igikorwa cacu co kwamamaza. Twararonse ikibanza co kugiriramwo amakoraniro, kino kikaba cari inzu yo mu kuzimu y’igorofa imwe yari hagati mu gisagara ca Maribor. Twarashize icapa ku ruhome cavuga giti: “Ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Maribor.” Umunezero twari dufise wo gukorera Yehova mu mwidegemvyo waratumye imitima yacu ibogabogamwo ugukenguruka kugera kure.

Mu ntango z’umwaka wa 1961, naratanguye gukora ubusuku bw’igihe cose ndi umutsimvyi. Haheze amezi nk’atandatu, naratumiwe kuja gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Yugosilaviya. Ivyo biro vyari i Zagreb muri Korowasiya. Ico gihe vyari bigizwe n’akumba gatoyi kakoreramwo abantu batatu. Ivyabona bagenzi bacu baba mu micungararo y’aho baraza ku murango kugira ngo bafashe mu bijanye n’ugusohora ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi mu ndimi kavukire.

Ivyabona b’abakenyezi bo mu micungararo na bo nyene barafasha mu bijanye n’ico gikorwa. Mu vyo bakora, harimwo ugufatanya impapuro z’ivyo binyamakuru bakoresheje inyuzi. Narakoze ibikorwa bitandukanye, ushizemwo ugusuzuma ibisomwa vyahinduwe, uguhindura, ukurungika ibinyamakuru n’ukwegeraniriza hamwe ivyandikano.

Nshingwa ikindi gikorwa

Mu 1964, narashinzwe gukora ndi umucungezi w’ingenzi, ivyo bikaba vyasaba kugendera ntahorereza amashengero y’Ivyabona atari make kugira ngo ndabakomeze mu vy’Imana. Narakunda ico gikorwa bimwe bidasanzwe. Akenshi niyunguruza mw’ibisi canke mw’igariyamoshi kugira ngo mve mw’ishengero rimwe nje mu rikurikira. Kugira ngo nshikire Ivyabona baba mu dusagara dutoduto, nakunda kugenda n’ikinga canke n’amaguru. Hari n’igihe naca mu vyondo bigera ku jisho ry’ikirenge.

Vyarashika ubuzima bukabamwo ibintu bitwengeje. Hari Icabona yigeze kuntwara mu mukogote wakwegwa n’ifarasi, anjanye mu rindi shengero. Kubera ko twagenda turicekangura mw’ibarabara ry’ivu, rimwe mu makurudumu y’uwo mukogote ryariyuguruye ritarikira nka hariya. Twempi twaciye dukumbagarira hasi. Magingo twari tucicaye mw’ivu, twarunamuye amaso turaba ya farasi dusanga iriko iratwitegereza umengo yaguye mu gahundwe. No mu myaka yakurikiye, twaricwa n’agatwengo twibutse ico kintu. Urukundo ruzira uburyarya rw’ivyo Vyabona nikundira cane bo mu gihugu hagati rwaranezereza ku buryo nzokwama ndarwibuka.

Mu gisagara c’i Novi Sad, naramenyanye n’uwitwa Marika, uno akaba yari umutsimvyi. Urukundo yakunda ukuri kwo muri Bibiliya be n’umwete yari afitiye ubusuku vyarankoze ku mutima ku buryo naciye numva nokwubakana na we. Haciye igihe kinaka tugize ubugeni, twaratanguye gukorera mu mashengero turi kumwe mu gikorwa co kuyagendera.

Abo dusangiye umuryango na bo nyene bari barashikiwe n’ibihe bigoye mu gihe igikorwa cacu cari kibujijwe. Dawe yaragirijwe ngo yakorana n’abansi mu gihe c’intambara maze arirukanwa mu kazi. Nta ko atagize kugira ngo asubizwe muri ako kazi ariko biba ivy’ubusa, maze bituma acika intege cane. Yaramaze igihe ukwizera kwiwe kugoyagoya, ariko yari amaze gusubirana imbere y’uko arangiza ubuzima bwiwe. Yari agikorana umwete mwinshi mw’ishengero yarimwo igihe yapfa mu 1984. Mawe na we, uno akaba yari umuntu yicisha bugufi kandi w’umwizigirwa, yari yasandavye imbere y’aho, mu 1965. Majda aracakorana n’ishengero ry’i Maribor.

Turangurira ubusuku muri Otirishe

Mu 1972, jewe na Marika twararonse ubutumire bwo kuja muri Otirishe kubwira inkuru nziza Abanyayugosilaviya bagiye gukorera muri ico gihugu. Igihe twashika i Vienne ku murwa mukuru, ntitwiyumvira ko twomaze igihe kirekire dukorera muri ico gihugu. Hirya no hino muri Otirishe hagiye buhorobuhoro harashingwa amashengero mashasha be n’imigwi mishasha vyakoresha indimi zavugwa muri Yugosilaviya.

Nahavuye ntangura gukora ndi umucungezi w’ingenzi, nkagendera ayo mashengero be n’iyo migwi vyaguma vyongerekana hirya no hino muri ico gihugu. Mu nyuma, twarasabwe kwagura ingendo twagira mu kugendera Ubudagi n’Ubusuwisi, na ho nyene hakaba hari harashinzwe amashengero mwene ayo. Narashoboye no gufasha mu vyo gutunganya amateraniro n’amahwaniro menshi muri ivyo bihugu.

Igihe kimwe, ayo mahwaniro maninimanini yaragendewe n’abo mu bagize Inama Nyobozi, gutyo ndasubira kubonana na Poetzinger. Twaribukanije ivyabaye mu myaka nka 40 yari iheze, igihe twakunda kumwakirira i muhira. Naramubajije nti: “Woba wibuka ukuntu nakunda kuza ndakubitiza akajisho muri ka gatabu kawe k’inkoranyabumenyi?”

Yanyishuye ariko arasohoka ava mu cumba twarimwo, ati: “Ndindira gato.” Yagarutse afise ka gatabu, aca arakampereza. Yavuze ati: “Kakire. Iyo ni ingabirano uhawe n’umukunzi.” Ako gatabu karacari mu bintu vy’agaciro mfise mu bubiko bwanje bw’ibitabu.

Ndakora naho nkitswe n’amagara

Mu 1983, narisuzumishije basanga ndwaye Kanseri. Budakeye na kabiri, narabwiwe yuko iyo ndwara izotegerezwa kumpitana. Ico cari igihe giteye agahinda, na canecane kuri Marika, ariko kubera anyitwararikana urukundo kandi abavukanyi bakirisu benshi bakaba banshigikira bimwe biboneka, ndacinovora ubuzima bwuzuyemwo imihezagiro kandi bumara akanyota.

Jewe na Marika turabandanya kurangurira ubusuku bw’igihe cose i Vienne. Akenshi, ndaja gufasha mu nyubakwa z’ishami ryacu buri gitondo ngakora igikorwa c’ubuhinduzi, Marika na we akaguma akoresha umwanya wiwe munini mu gikorwa co kwamamaza muri ico gisagara. Ndagira umunezero mwinshi iyo nihweje ingene wa mugwi mutoyi w’Abanyayugosilaviya bimukira muri Otirishe maze bagacika Ivyabona vya Yehova, wabaye munini ubu ukaba ugizwe n’abantu barenga 1.300. Jewe na Marika twaratewe agateka ko gufasha benshi muri abo kumenya ukuri kwo muri Bibiliya.

Muri iyi myaka iheze, naratewe agateka ko kwitaba amaporogarama y’ukwegurira Imana inyubakwa nshasha z’ibiro vy’amashami vyo mu marepubulika yahoze agize Yugosilaviya, imwe ikaba yabereye muri Korowasiya mu 1999, iyindi na yo muri Soloveniya mu 2006. Nari umwe mu bantu bamaze igihe kirekire mu busuku basabwe kwigana ivyo bibuka ku bijanye n’intango z’igikorwa co kwamamaza muri ivyo bihugu mu myaka nka 70 yari ihaciye.

Mu vy’ukuri, Yehova ni Umuvyeyi munyarukundo yiteguriye kuduharira mu bitunanira gushitsa be n’amakosa dukora. Ese ingene nkenguruka cane kubona amakosa atari co kintu araba! (Zaburi 130:3) Ata gukeka, yarangaragarije ubuntu n’imbabazi nyinshi.c

[Utujambo tw’epfo]

a Amarepubulika atandatu, ushizemwo na Soloveniya, ni yo yari agize Yugosilaviya ico gihe.

b Niba ushaka kumenya imvo zo mu Vyanditswe zerekana igituma Ivyabona vya Yehova banka kuja mu ntambara, raba ikiganiro kivuga ngo “Ivyabajijwe n’abasomyi bacu,” ku rupapuro rwa 22 rw’iki kinyamakuru.

c Bolfenk Moc̆nik yasandavye ku wa 11 Ndamukiza 2008, igihe iki kiganiro cariko kirarangizwa gutegurwa.

[Ifoto ku rup. 27]

Uvuye ibubamfu uja iburyo: Abavyeyi banje, ari bo Berta na Franz Moc̆nik, Majda, na jewe, turi i Maribor muri Soloveniya mu myaka ya 1940

[Ifoto ku rup. 29]

Ndi kumwe n’umukenyezi wanje Marika

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika