ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/7 rup. 26-rup. 28 ing. 12
  • Ibikurubikuru vyo mu makete ku Bakorinto

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu makete ku Bakorinto
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘MUGUME MURI MASO, MUHAGARARE MUSHIKAMYE, MUKOMERE’
  • (1 Kor. 1:1–16:24)
  • ‘MUBANDANYE KUBOGORWA’
  • (2 Kor. 1:1–13:14)
  • Ibikurubikuru vyo mu makete ku Banyatesalonika no kuri Timoteyo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • «Ndera ku bijanye n’amaraso y’abantu bose»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • ‘Abapfuye Bazozurwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • “Abapfuye bazurwa bate?”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/7 rup. 26-rup. 28 ing. 12

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu makete ku Bakorinto

INTUMWA Paulo ararajwe ishinga cane n’ukumererwa neza kwo mu buryo bw’impwemu kw’ishengero ry’i Korinto. Yarumvise yuko hari ugucanamwo mu bavukanyi b’aho. Ubuhumbu buriko burarenzwako uruho rw’amazi. N’ikindi kandi, iryo shengero ryarandikiye Paulo rimubaza ibijanye n’ibibazo bimwebimwe ryari rifise. Ku bw’ivyo, nko mu 55 G.C., Paulo ari i Efeso ku rugendo rwiwe rwa gatatu rw’ubumisiyonari, arandika ikete ryiwe rya mbere mu makete abiri yandikira Abakorinto.

Ikete rya kabiri, iriboneka ko ryandikwa haheze amezi makeyi gusa irya mbere ryanditswe, ni iriza kuryunganira. Kubera ko ukuntu ivyo mw’ishengero ry’i Korinto ryo mu kinjana ca mbere no hanze vyari vyifashe usanga bisa cane n’ivyo muri iki gihe cacu, ubutumwa buri mu makete Paulo yandikira Abakorinto buradufitiye akamaro kanini cane.​—Heb. 4:12.

‘MUGUME MURI MASO, MUHAGARARE MUSHIKAMYE, MUKOMERE’

(1 Kor. 1:1–16:24)

Paulo ahimiriza ati: “Mwese muvuge muhuza.” (1 Kor. 1:10) ‘Nta wundi mushinge’ kamere za gikirisu zubatsweko ‘atari Yezu Kristu.’ (1 Kor. 3:11-13) Ku bijanye n’umusambanyi ari muri iryo shengero, Paulo avuga ati: “Nimukure uyo munyakibi muri mwebwe.” (1 Kor. 5:13) Avuga ati: “Umubiri . . . si uw’ubusambanyi, mugabo ni uw’Umukama.”​—1 Kor. 6:13.

Mu kwishura ku ‘bintu banditse’, Paulo aratanga impanuro nziza kandi ngirakamaro zijanye n’umubano w’ababiranye be n’izijanye n’ubwirebange. (1 Kor. 7:1) Paulo amaze kuvuga ibijanye n’ukuba umutwe kwa gikirisu, urutonde mu makoraniro ya gikirisu, be n’uko izuka ari ntakekeranywa, ahimiriza ati: “Mugume muri maso, muhagarare mushikamye mu kwizera, mumere nk’abagabo, mukomere.”​—1 Kor. 16:13.

Inyishu z’ibibazo zishingiye ku Vyanditswe:

1:21​—Yehova yoba vy’ukuri akoresha “ubupfu” mu gukiza abemera? Oya, si ukwo abigenza. Ariko rero, kubera ko “isi biciye mu bukerebutsi bwayo itamenye Imana,” ivyo Yehova akoresha mu gukiza abantu isi ibibona nk’ubupfu.​—Yoh. 17:25.

5:5​—Bisobanura iki “[guha umuntu mubi] Shetani ku bw’ugutikizwa kw’umubiri, kugira ngo impwemu ize ikizwe”? Igihe umuntu aguma akora igicumuro gikomeye ata kwigaya aciwe mw’ishengero, asubira kuba uwo mw’isi mbi ya Shetani. (1 Yoh. 5:19) Ni co gituma avugwa ko yahawe Shetani. Iyo umuntu yirukanywe mw’ishengero bituma amaherezo aba uwo gutikizwa, canke iyo uwo muntu yononekaye afise akosho kabi akuwe mw’ishengero, bituma agatima karyo kazigamwa.​—2 Tim. 4:22.

7:33, 34​—“Ibintu vy’isi” biraza ishinga umugabo canke umugore yubatse ni ibiki? Paulo ashaka kuvuga ibintu vy’ubuzima bwa misi yose abakirisu bubatse bakenera kwitwararika. Ivyo birimwo ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro, mugabo ntibirimwo ibintu bibi vy’iyi si abakirisu biyamiriza.​—1 Yoh. 2:15-17.

11:26​—Paulo yarakoresheje imvugo ngo “igihe cose” ariko aravuga ibijanye n’ukwibuka urupfu rwa Yezu, none igihe cose ni ukuvuga incuro zingahe, kandi ruzokwibukwa “kugeza” ryari? Paulo yariko avuga igihe cose abakirisu basizwe bafata ku bimenyetso vy’Icibutso, ni ukuvuga rimwe mu mwaka ku wa 14 Nisani, baba bariko ‘baratangaza urupfu rw’Umukama.’ Ivyo babigira “kugeza ashitse,” canke abakiriye mw’ijuru biciye kw’izuka.​—1 Tes. 4:14-17.

13:13​—Ni mu buryo ki urukundo ruruta ukwizera n’icizigiro? Igihe “ibintu vyizigiwe” bishitse, ivyari ‘vyitezwe ata mazinda’ bikaranguka, ukwizera n’icizigiro bica bihera. (Heb. 11:1) Urukundo ruraruta ukwizera n’icizigiro mu buryo bw’uko rwo rwamaho.

15:29​—Bisigura iki kuba “ababatizwa ku bwo kuba abapfuye”? Ng’aho Paulo ariko aravuga ko abakirisu basizwe impwemu babatizwa mu buryo bw’uko babaho badahemuka gushika bapfuye hanyuma bakazurirwa ubuzima bw’impwemu.

Ivyigwa tuhigira:

1:26-31; 3:3-9; 4:7. Twirase muri Yehova twicishije bugufi, aho kwirata twebwe ubwacu, birakomeza ubumwe mw’ishengero.

2:3-5. Igihe Paulo yariko aramamaza i Korinto, ico kikaba cari icicaro c’amafilozofiya n’ubumenyi vy’Abagiriki, ashobora kuba yari arajwe ishinga no kumenya nimba yari gushobora kujijura abamwumviriza. Ariko rero, ntiyaretse ngo hagire ubugoyagoye canke ubwoba ubwo ari bwo bwose ashobora kuba yaragize bimubuze kurangura ubusuku Imana yamushinze. Nk’ukwo kwa Paulo, ntidukwiye kureka ngo ibintu tutamenyereye bidushikiye bitubuze gutangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Turashobora guhanga amaso Yehova umutima uri mu nda kugira ngo adufashe nk’uko Paulo yabigize.

2:16. Kugira “umuzirikanyi wa Kristu” ni ukumenya uburyo yiyumvira, kwiyumvira nka we, gutahura imice yose ya kamere ziwe no kwigana akarorero kiwe. (1 Pet. 2:21; 4:1) Ese ukuntu bihambaye ko twiga twitonze ivyerekeye ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku yaranguye!

3:10-15; 4:17. Turakwiye gusuzuma tukongera tukaryohora ubushobozi bwacu bwo kwigisha no guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Tutigishije neza, uwo twigana yoshobora kudatsinda ibigerageza ukwizera, maze tugashobora guhomba bimwe bibabaje cane ku buryo ukurokorwa kwacu kuba “nk’aho [guciye] mu muriro.”

6:18. “[Guhunga] ubusambanyi” si ukwirinda gusa ibintu bijanye na por·neiʹa, ariko kandi ni ukwirinda amashusho yerekana ubushegabo, guhumana mu vy’inyifato runtu, kwishiramwo ivyiyumviro bijanye n’ivy’igitsina, gukwegana n’uwo tudasangiye igitsina, mu yandi majambo, ni ukwirinda ikintu ico ari co cose gishobora gushikana ku busambanyi.​—Mat. 5:28; Yak. 3:17.

7:29. Abubakanye barakwiye kuba maso kugira ntibitwararikane cane ku buryo ivy’Ubwami babishira mu kibaza ca kabiri mu buzima bwabo.

10:8-11. Yehova yarababaye cane igihe Isirayeli yidodombera Musa na Aroni. Tuba tubaye inkerebutsi igihe twirinze ingendo yo kwidodomba.

16:2. Amahera dutanga kugira ngo duteze imbere ivy’Ubwami tuzobandanya kuyatanga tudahorereza nitwabitegekanya kandi tukaguma tubigira uko twabitegekanije.

‘MUBANDANYE KUBOGORWA’

(2 Kor. 1:1–13:14)

Paulo abwira Abakorinto yuko bakwiye ‘kubabarira bagiranye umutima mwiza no guhoza’ inkozi y’ikibi yigaye ikaba yari yarahambariwe. Naho ikete rya mbere yabandikiye ryari ryarabababaje, Paulo araserura umunezero afise kubera ko “[batejwe] umubabaro utuma bigaya.”​—2 Kor 2:6, 7; 7:8, 9.

Paulo aremesha Abakorinto ‘gutanga n’umutima ukunze ‘nk’uko bariko baragwira muri vyose.’ Amaze kwishura abamurwanya, aratanga impanuro kuri bose ati: “Mubandanye kunezerwa, kubogorwa, guhozwa, kwiyumvira muhuza, kubaho mu mahoro.”​—2 Kor. 8:7; 13:11.

Inyishu z’ibibazo zishingiye ku Vyanditswe:

2:15, 16​—Ni mu buryo ki turi “akamoto ka Kristu”? Turi akamoto kiwe mu buryo bw’uko twumira kuri Bibiliya kandi tukagira uruhara mu gukwiragiza ubutumwa buri muri yo. Mu gihe akamoto nk’ako koshobora kuba ari kabi ku bantu batagororotse, karamota neza kuri Yehova no ku bantu b’imitima nziraburyarya.

5:16​—Ni gute abakirisu basizwe ‘ata muntu n’umwe bazi ku mubiri’? Ntibaraba abantu mu buryo bw’umubiri, ni ukuvuga ko badatonesha abantu bafatiye ku butunzi, kw’ibara ry’urukoba, ku bwoko canke ku gihugu bavamwo. Igihambaye kuri bo ni ubucuti bwo mu buryo bw’impwemu bafitaniye n’abo basangiye ukwizera.

11:1, 16; 12:11​—Paulo yoba yari imburabwenge ku Bakorinto? Oya si ko yari ari. Ariko rero, kuri bamwe ashobora kuba yaboneka ko yihayagiza kandi ko ari imburabwenge kubera ivyo yabwirijwe kuvuga mu kuburanira ukuba intumwa kwiwe.

12:1-4​—Ni nde “yatwawe mw’iparadizo”? Kubera ko ata wundi muntu Bibiliya ivuga ko yeretswe ibintu nk’ivyo, kandi uwo murongo ukaba ukurikirwa n’ivyo Paulo avuga mu kuburanira ukuba intumwa kwiwe, birashoboka ko yariko avuga ivyamushikiye we ubwiwe. Ico iyo ntumwa yeretswe, gishobora kuba cari iparadizo ishengero rya gikirisu ryibereyemwo muri iki “gihe c’iherezo.”​—Dan. 12:4.

Ivyigwa tuhigira:

3:5. Ku bwa ngingo, uwo murongo uratubwira ko Yehova ari we atuma abakirisu bakwiza ibisabwa mu buryo bubereye ku bw’ubusuku, abicishije kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu nyeranda yiwe be no ku gihimba co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe. (Yoh. 16:7; 2 Tim. 3:16, 17) Tuba tugize neza twize Bibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya tubigiranye umwete, tugasenga tudatezura dusaba impwemu nyeranda tukongera tukitaba amakoraniro ya gikirisu tudahorereza kandi tukayagiramwo uruhara.​—Zab. 1:1-3; Luka 11:10-13; Heb. 10:24, 25.

4:16. Kubera ko Yehova aguma agira mushasha ‘umuntu turi imbere ku musi ku musi,’ turakwiye kuguma twungukira ku ntunganyo yadushiriyeho, ntitureke ngo hagire umusi urengana tutarimbuye ibintu vy’impwemu.

4:17, 18. Kwibuka ko “amakuba ari ay’akanya gato kandi ahwahutse” birashobora kudufasha kuguma turi intahemuka kuri Yehova mu bihe bigoye.

5:1-5. Ese ukuntu Paulo aserura mu buryo bwiza igitangaza ukuntu abakirisu basizwe biyumva ku bijanye n’icizigiro bafise co kuba mw’ijuru!

10:13. Muri rusangi, iyo ata ntunganyo zitomoye zashizweho kugira ngo tuje gufasha ahari inkenero kurusha ahandi, dukwiye gukorera gusa mu cibare ishengero ryacu ryakebewe.

13:5. Kugira ngo ‘dusuzume yuko turi mu kwizera,’ dutegerezwa kuraba ukuntu twigenza twisunze ivyo twiga muri Bibiliya. Kugira ngo ‘twerekane ico twebwe ubwacu turi,’ dutegerezwa gusuzuma aho tugeza mu vy’impwemu, tukongera tugasuzuma ko “ububasha [bwacu] bwo gutegera” bukarishe, kandi tukaraba uko ibikorwa vyacu vy’ukwizera bingana. (Heb. 5:14; Yak. 1:22-25) Dushize mu ngiro impanuro ngirakamaro za Paulo, turashobora kuguma tugendera mu nzira y’ukuri.

[Ifoto ku rup. 26]

Imvugo ngo “igihe cose murya uyu mukate mukanywa n’iki gikombe” isobanura iki?​—1 Kor. 11:26

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika