ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/9 rup. 19-23
  • “Ntuze wigere wibagira ubusuku bw’inzu ku nzu”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ntuze wigere wibagira ubusuku bw’inzu ku nzu”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuba umwizigirwa birokora ubuzima bwanje
  • “Uze wumvirize witonze, hanyuma ugereranye”
  • Banyita umuhanuzi w’ikinyoma muri Paragwe
  • Dushira ivy’Ubwami imbere
  • Yehova yaranyigishije gukora ivyo agomba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yehova ntiyigeze ampemukira!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/9 rup. 19-23

“Ntuze wigere wibagira ubusuku bw’inzu ku nzu”

Nk’uko vyavuzwe na Jacob neufeld

“Uko vyogenda kwose, ntuze wigere wibagira ubusuku bw’inzu ku nzu.” Mfise ayo majambo mu muzirikanyi, narafashe urugendo rw’amaguru rw’ibilometero nka bitanu ngiye mu kigwati cari hafi cane y’aho naba. Nshitseyo, sinashoboye kugira umutima rugabo wo gutumbera ku nzu ya mbere. Maze kugira akigoro kadasanzwe, naragiye mu gitara c’ibiti ndasenga cane nsaba Imana ngo impe umutima rugabo wo kwamamaza. Nahavuye ngaruka kuri nya nzu, hanyuma ndashikiriza inkuru nziza.

VYAGENZE gute ngo nshike muri ico kigwati kiri mu bugaragwa bwo muri Paragwe aho nariko ndagerageza kwamamaza ndi jenyene? Reka ndabagire ku muriri. Navutse muri Munyonyo mu 1923, mvukira mu kigwati co muri Ukraine citwa Kronstal, mu karere kabamwo Abamenonite bakomoka mu Budagi. Mu mpera z’imyaka ya 1700, Abamenonite bari barimukiye muri Ukraine bavuye mu Budagi, kandi bari barahawe uburenganzira ku bintu vyinshi, harimwo n’umwidegemvyo mu bijanye no gusenga (ariko atari mu bijanye no gukwegakwega abandi ngo baje mw’idini ryabo), mu bijanye no kwitunganiriza intwaro yabo no mu bijanye no kutaja mu gisirikare.

Igihe umugambwe w’Abakomunisita wafata ubutegetsi, ubwo burenganzira bwose baciye babwakwa. Mu mpera z’imyaka ya 1920, ibibanza bininibinini Abamenonite bakoresha mu vy’uburimyi n’ubworozi vyahinduwe amashirahamwe y’abanyagihugu. Abantu barasonza bimwe bibi kuko baronka ivyo kurya ari uko babanje kuvyumvikana na leta, kandi uwavyura umutwe wese yaribonerako. Mu myaka ya 1930, akenshi mw’ijoro, abagabo batari bake baratwarwa na KGB (igipolisi co mu kinyegero c’izahoze ari Leta zunze ubumwe z’Abasoviyeti), gushika aho mu bigwati vyinshi basigara bari ku rushi. Ukwo ni ko vyagenze mu 1938, igihe nari mfise imyaka 14, aho batwara dawe sinaba ngisubira kumukubita n’iryahumye canke kwumva n’iyambu ryiwe. Haheze imyaka ibiri, mukurwanje na we nyene baramutwaye.

Mu 1941, ingabo za Hitler zarigaruriye Ukraine. Twebwe twari turuhutse intwaro ya Gikomunisita. Ariko rero, imiryango umunani y’Abayuda twabana muri ico kigwati yarazimanganye bukwi na bukwi. Ivyo bintu vyose naciyemwo vyatumye ngira ibibazo vyinshi. Ni kubera iki ivyo bintu vyashitse?

Ukuba umwizigirwa birokora ubuzima bwanje

Mu 1943, ingabo z’Abadagi zarasubiye inyuma, zigenda zijanye imiryango nka yose y’Abadagi baba aho hantu, harimwo n’abari basigaye mu bo mu muryango wacu, kugira ngo baje gushigikira intambara. Ico gihe, bari baramaze kunyandika ku nguvu mu gipolisi c’Abanazi co mu Budagi, (Schutzstaffel, abarinzi bakanongoreye b’ubuzima bwa Hitler) kandi nari narungitswe gukorera muri Rumaniya. Ico gihe hari ikintu gitoyi cabaye kiragira ico gikoze kinini ku buzima bwanje.

Umukapitene w’umugwi narimwo yarashatse kuraba ko ndi umwizigirwa. Yarambwiye ngo ngende kumesuza umwambaro wiwe w’akazi. Hari amahera nasanze yashize mu mipfuko. Igihe nayamusubiza, yavuze ko ataco yasigaje muri izo mpuzu. Narakobeje ndamubwira ko ari yo nayakuye. Haciye igihe gitoya, narabaye icegera ciwe, nshingwa amadosiye be n’ibanga ryo guha abapolisi ibirindiro bakorerako, ni jewe kandi nari njejwe amahera uwo mugwi wakoresha.

Igihe kimwe ari mw’ijoro, ingabo z’Abarusiya zarafashe mpiri abo mu mugwi wacu bose kiretse jewe gusa kubera ko nari nasigaye ndakora kugira mperaheze ibikorwa bimwebimwe vya kapitene. Ico nzi coco, ni jewe jenyene ntafashwe, kandi ivyo vyatumwe n’uko nari narabaye umwizigirwa, ngashingwa ico gikorwa kidasanzwe nari nasigayeko. Ahandi ho, na jewe mba narafashwe.

Ku bw’ivyo, mu 1944, naremerewe ntari ndavyiteze kumara igihe kinaka ntari mu kazi. Naciye ngenda i muhira kuraba mawe. Mu kurindira ko ndungikwa gukorera ahandi, nabaye ndakora akazi ko guhereza abubatsi, kandi mu nyuma uwo mwuga warangiriye akamaro kanini cane. Muri Ndamukiza 1945, ingabo z’Abanyamerika zarifatiye igisagara cacu, icari hafi y’i Magdeburg. Haheze ukwezi kumwe, vyaratangajwe ko intambara irangiye. Twari tukiri bazima. Ibintu vyasa n’uko bigiye kumera neza.

Umusi umwe muri Ruheshi, twagiye twumva mu gisagara hashikirizwa itangazo rigira riti: “Ingabo z’Abanyamerika zaraye zigiye, iz’Abarusiya ziza gushika uno musi igihe c’isaha 5 z’umurango.” Ca cizigiro twari dufise c’uko ibintu bigiye kumera neza caranyitse, twabona yuko ako karere kagiye gusubira mu minwe y’Abakomunisita. Ubwo nyene, twe na muvyaranje twaciye dutangura kurondera ingene twoyanyaga. Ici ryageze hagati twaramaze gushika mu karere gacungerewe n’Abanyamerika. Mu nyuma, muri Munyonyo, twarihevye, turasubira kwinjira bitugoye cane mu karere gacungerewe n’Abarusiya, maze tuzana imiryango yacu twikinga ibisaka, turayijabukana urubibe.

“Uze wumvirize witonze, hanyuma ugereranye”

Twagiye kuba mu karere kitwa ico gihe Ubudagi bwo mu Burengero. Haciye igihe, nararushirije gukunda Bibiliya. Ku misi y’iyinga, naragenda mu gitara c’ibiti gusomerayo Bibiliya, mugabo ivyo nasoma vyasa n’ibitumvikana kubera ko vyabaye kera cane. Ico gihe kandi narakurikirana ivyigwa vy’ikatikisimu mu kwitegurira kubatizwa ngo mbe Umumenonite. Narakubiswe n’inkuba igihe nasanga mu gitabu c’ikatikisimu aya majambo agira ati: “Data ni Imana, Umwana ni Imana, n’Impwemu Nyeranda ni Imana,” agaca akurikirwa n’iki kibazo: “None hariho Imana zitatu?” Inyishu yari yanditswe munsi yari iyi: “Oya, izo zitatu zigize imwe.” Narabajije umupasitori ingene ivyo vyoshoboka. Yanyishuye ati: “Ewe musore, nta n’umwe akwiye kwiyumvira cane ivyo bintu; hari abasaze bitumwe n’uko babizirikanyeko cane.” Ubwo nyene, ivyo kubatizwa naciye ndabivamwo.

Haciye imisi mikeya, narumvise umuntu ntari nzi ariko arayaga na muvyaranje. Kubera ko nashaka kumenya ivyo bariko baraganira, naciye nifatanya na bo, maze ndabaza ibibazo bikeyi. Muri uwo mwanya uwo muntu sinamumenye, ariko nahavuye menya ko yitwa Erich Nikolaizig, uwari yaracitse kw’icumu mw’ikambi ry’itunatuniro ry’i Wewelsburg. Yarambajije nimba noba nipfuza gutahura Bibiliya. Igihe namwemerera, yarankuye amazinda yuko ibintu vyose yonyigishije twosuzumye ko ari ivy’ukuri dukoresheje Bibiliya yanje.

Erich amaze kungendera incuro nkeyi, yarantumiye kw’ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova, iryo nibaza ko ari ryo rya mbere ryatunganijwe inyuma y’intambara. Narakozwe ku mutima cane, kandi nta canditswe na kimwe abashikirizansiguro basomye canke bavuze candenganye ntacanditse. Sinatevye kubona ko kwiga ivyo Bibiliya yigisha bituma ngira ico mbazwa, ari na co gituma naciye mfata ingingo yo guhagarika kwiga. Vyarangoye kandi kwemera ko hariho idini imwe yonyene y’ukuri. Igihe Erich yabona ko nafashe ingingo yo gusubira mw’idini nahozemwo, yampaye iyi mpanuro igira iti: “Uze wumvirize witonze, hanyuma ugereranye.”

Nabonanye n’abapasitori incuro zibiri gusa, nca ndahinyura ko batari bazi ivyo bavuga, kandi ko ata kuri namba bari bafise. Narandikiye abakuru b’idini batari bake ndababaza ibibazo bishingiye kuri Bibiliya. Umwe yishuye ati: “Nta burenganzira ufise bwo gucukura mu Vyanditswe kubera ko utarasubira kuvuka.”

Umwigeme nariko ndaresha yarampase ngo ngire ihitamwo ritoroshe. Yari mu kadumbi k’idini ry’Abamenonite bavuga ko basubiye kuvuka. Kubera ko yumviye abo mu muryango wiwe banka urunuka Ivyabona vya Yehova, yaciye ambwira yuko adakeneye gusubira kumbona ntemeye guheba iryo dini rishasha. Ico gihe, ukuri kwari kumaze kuntomokera bimwe bihagije ku buryo naciye mbona ko ihitamwo rimwe gusa ribereye ari ukumuheba.

Hadaciye na kabiri Erich yaragarutse kundaba. Yavuze yuko mu ndwi yakurikira hari abobatijwe, aca ambaza nimba noshima kubatizwa. Nari narashitse ku ciyumviro c’uko Ivyabona vya Yehova bigisha ukuri kandi naripfuza gukorera Yehova Imana. Naremeye rero ico kintu yari ansavye, maze mbatizwa muri Rusama 1948, mbatirizwa muri bene ca kintu bogeramwo kimeze nk’ubwato.

Haciye igihe gitoyi mbatijwe, abo mu muryango wanje barafashe ingingo yo kwimukira mu gihugu citwa Paragwe co muri Amerika y’Epfo, kandi mawe yaranyinginze ngo tujane. Sinashaka kugenda kubera ko nari nkeneye kubandanya kwiga Bibiliya no kumenyerezwa. Igihe kimwe, ngendeye ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vy’i Wiesbaden, narabonanye na August Peters. Yaranyibukije ibanga mfise ryo kwitwararika umuryango wanje. Yarongeye kandi ampa iyi mpanuro igira iti: “Uko vyogenda kwose, ntuze wigere wibagira ubusuku bw’inzu ku nzu. Niwabwibagira, ntaho uzoba utaniye n’abari mu yandi madini biyita abakirisu.” Gushika uno musi, ndatahura akamaro k’iyo mpanuro be n’uko bikenewe kwamamaza “mu nzu no mu yindi,” ni ukuvuga uva ku muryango umwe uja ku wundi.​—Ibikorwa 20:20, 21.

Banyita umuhanuzi w’ikinyoma muri Paragwe

Inyuma gato y’aho mbonaniye na August Peters, naciye mfata ubwato ngana muri Amerika y’epfo ndi kumwe n’abo muryango wacu. Twaruhukiye mu karere kitwa Gran Chaco, mu gice co muri Paragwe, n’aho nyene hakaba hari mu karere k’Abamenonite. Haheze indwi zibiri dushitse, naragize urugendo rutoroshe, rumwe navuga mu ntango, nja kwamamaza mu kigwati kibanyi ndi jenyene. Ntivyatevye kwamamara yuko ngo mu bariko barashika harimwo umuhanuzi w’ikinyoma.

Ico gihe ni ho wa mwuga w’ukwubaka n’amatafari wagira akamaro kanini. Umuryango wose muri abo bene kwimuka wari ukeneye inzu, kandi izo nzu zubakishwa amatafari adahiye zigasakazwa ivyatsi. Mu mezi atandatu yakurikiye nari nkenewe cane kandi nararonka uturyo twinshi two kwamamaza akaryo kizanye. Abantu bari abapfasoni, mugabo bapfa kubona inzu imaze guhagarara, ico twapfana caba giheze.

Muri ico gihe, amato yaguma aseha impunzi z’Abamenonite zivuye mu Budagi. Muri zo, harimwo umwigeme umwe yitwa Katerina Schellenberg, uwari yaraganiriye gatoyi n’Ivyabona vya Yehova agaca abona ubwo nyene ko ivyo bigisha ari ukuri. Naho atari bwabatizwe, yarimenyekanishije ko ari Icabona ca Yehova akiri ku rugendo mu bwato. Ivyo vyatumye bamwankira kubandanya aja mu karere k’Abadagi. Kubera ko bari bamutaye wenyene i Asunción ku murwa mukuru wa Paragwe, yararondeye akazi ko mu nzu, ariga igisupanyoli, ararondera aho Ivyabona bari, maze arabatizwa. Muri Gitugutu 1950, uwo mwigeme w’umutima rugabo yarabaye umukenyezi wanje. Yaranshigikiye mu buryo bwiza igitangaza yongera aramfasha mu bintu vyose twaciyemwo mu myaka n’iyindi.

Mu gihe gitoyi, naraziganije amahera kugira ngure umukogote n’ifarasi zibiri, kandi narazikoresheje mu gikorwa co kwamamaza, nkama nibuka ya mpanuro umuvukanyi Peters yampa. Ico gihe mushikanje, uwari yacitse na we nyene Icabona yarifatanije natwe. Twese twakunda kuvyuka isaha 10 z’ijoro, tukagira urugendo rw’amasaha ane, tukamamaza amasaha abiri canke atatu, hanyuma tugasubira i muhira.

Nari narasomye mu bitabu vyacu yuko insiguro z’icese zatangwa, nca ntunganya ivyo kuyishikiriza. Sinari bwigere nja kw’ikoraniro na rimwe ry’ishengero nkiri mu Budagi. Naciye ngerageza kwiyumvira ukuntu itangwa be n’ukuntu yovuga ivy’Ubwami bw’Imana. Abantu munani ni bo bitavye iryo koraniro, kandi ivyo vyarababaje cane abapasitori bo mw’idini ry’Abamenonite. Baratunganije isekeza ryo kwegeranya ibitabu vyose bishingiye kuri Bibiliya twari twarahaye abantu, bababwira ngo ntibaze bigere basubira kuturamutsa.

Inyuma y’aho, nararengukijwe ku biro vy’ubutegetsi vy’ako karere, hanyuma umukuru wako be n’abapasitori babiri bari baje bavuye muri Kanada bamara amasaha atari make bandedaguza. Vyakabaye kera umwe muri bo yavuze ati: “Wa musore we, urashobora kwemera ivyo ushaka vyose, mugabo wemere ko utazobibwira umuntu n’umwe.” Ico cari ikintu ntari gushobora kwemera. Baciye bambwira kuva muri ako karere kubera ko batashaka uwo bise ngo n’umuhanuzi w’ikinyoma mu bo bita ngo n’abavukanyi babo b’abizigirwa. Aho ndavyankiye, baciye bemera ko barihira umuryango wacu wose itike ryo kuhava. Nagumye nshikamye ndarahira ndarengwa ko ntahava.

Muri iryo ci ryo mu 1953, naragiye kw’ihwaniro ry’intara ryabereye i Asunción. Kuri iryo hwaniro naraganiriye na Nathan Knorr, uwari yaje ava ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn muri New York. Yangiriye inama yuko nokwimukira ku murwa mukuru ngakorana n’umugwi mutoyi w’abamisiyonari wari warungitsweyo, na canecane kubera ko igikorwa cacu co kwamamaza mu karere k’Abamenonite ata kintu cari caravuyemwo.

Dushira ivy’Ubwami imbere

Ico gihe, muri Paragwe hose hari Ivyabona nka 35. Narabiganiriye n’umukenyezi wanje, kandi naho atanezerejwe cane n’ivyo kwimukira mu gisagara kinini, yaragize umutima ukunze wo gusubira gutangura ubuzima ukundi. Mu 1954, twe na Katerina, turi babiri gusa kandi mu gihe ata kazi twari dufise, twarubatse inzu y’amatafari. Nta koraniro na rimwe twigeze dusiba, kandi ku mpera z’imishamvu twama tubwira abantu ivyerekeye Bibiliya.

Kamwe mu duteka nari mfise kwari ukuza ndajana n’umucungezi w’umuzunguruko, uwo akaba ari umusuku w’ingenzi, kugira nze ndamuhindurira igihe yaba agendeye uturere two muri Paragwe turimwo abavuga ikidagi. Kubera ko nari nzi igisupanyoli gike, igihe nahindura ari bwo bwa mbere insiguro ndayikura mu gisupanyoli ndayishira mu kidagi, cabaye igikorwa kigoye kuruta ibindi nka vyose nari maze guhabwa.

Bitumwe n’amagara y’umukenyezi wanje, twarimukiye muri Kanada mu 1957. Mu 1963, twaciye twimukira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Aho twaba turi hose, twagumye tugerageza gushira ivy’Ubwami imbere mu buzima bwacu. (Matayo 6:33) Ndakengurukira cane Yehova Imana kuba yaramfashije kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ryiwe Bibiliya igihe nari nkiri muto. Ntiworaba ukuntu inyigisho yo mu vy’impwemu naronse yamfashije mu buryo bwinshi mu buzima bwaje!

Kabaye agateka kadasanzwe gufasha abandi kumenya ukuri kwiza igitangaza kwo muri Bibiliya kwatumye numva mpumurijwe cane. Igituma ngira umunezero mwinshi, ni ukubona abana banje bose be n’abuzukuru barungukiye ku nyigisho ya Bibiliya kuva mu bwana. Bose barakurikije impanuro y’umuvukanyi Peters, uwo haciye igihe kirekire ambwiye ati: “Uko vyogenda kwose, ntuze wigere wibagira ubusuku bw’inzu ku nzu.”

[Ifoto ku rup. 22]

Igituma ngira umunezero mwinshi, ni ukubona abana banje bose be n’abuzukuru barungukiye ku nyigisho ya Bibiliya kuva mu bwana

[Ifoto ku rup. 21]

Twe na Katerina, gatoyi imbere y’ubugeni bwacu bwabaye mu 1950

[Ifoto ku rup. 21]

Aha, twari kumwe n’umwana wacu w’imfura igihe twaba muri Paragwe mu 1952

[Ifoto ku rup. 23]

Ndi kumwe n’abagize umuryango wanje wagutse muri iki gihe

[Abo dukesha ifoto]

Ifoto yafashwe na Keith Trammel © 2000

[Abo dukesha ifoto ku rup. 23]

Ifoto yafashwe na Keith Trammel © 2000

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika