ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/9 rup. 26-28
  • Twigane Yezu mu gusenga mu buryo Imana yemera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twigane Yezu mu gusenga mu buryo Imana yemera
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ugusenga Yehova yahaye agaciro kanini
  • Guhimbara Imana rwose ni urugamba
  • Ivyiza biva ku gusenga mu buryo Imana yemera
  • Imana Yemera Ugusenga kwa Nde?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Ugusenga kw’ukuri kuzokuronsa umunezero mwinshi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Idini ry’ukuri ni irihe?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Twosenga Imana gute mu buryo buyihimbara?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/9 rup. 26-28

Twigane Yezu mu gusenga mu buryo Imana yemera

Imana, ibigiranye urukundo, iratera akamo abantu “bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose” ngo bayisenge. (Ivyah. 7:9, 10; 15:3, 4) Abitabira ako kamo barashobora ‘kuraba ubwiza bw’Uhoraho.’ (Zab. 27:4; 90:17) Cokimwe n’umwanditsi wa zaburi, barashira amajwi yabo hejuru mu gushemeza Imana, bakavuga bati: “Ni muze tumusenge twunamye, dupfukamire Uhoraho Umuremyi wacu.”​—Zab. 95:6.

Ugusenga Yehova yahaye agaciro kanini

Kubera ko Yezu yari we Mwana w’ikinege w’Imana, yari afise akaryo gahagije ko kwiga ukuntu Se wiwe yiyumvira, ingingo ngenderwako ziwe, be n’ingingo mfatirwako ziwe. Ku bw’ivyo, Yezu yari ashoboye kwerekana ata mazinda uburyo bw’ukuri bwo gusenga. Yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.”​—Yoh. 1:14; 14:6.

Yezu yarasize akarorero katagira agahaze mu bijanye no kuyobokera Se wiwe yicishije bugufi. Yavuze ati: “[Nta] kintu na kimwe nkora ndavyigeneye; mugabo nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga ivyo bintu.” Yaciye yongerako ati: “Nama nantaryo nkora ibimuhimbara.” (Yoh. 8:28, 29) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu yahimbara Se?

Kimwe coco, ni uko Yezu yari yarihebeye rwose Se, kandi ico kikaba ari co kintu gihambaye cerekana ico ugusenga Imana bisobanura. Yezu yarerekanye ko akunda cane Se mu kumugamburukira, arakora ivyo agomba, n’igihe nyene ivyo vyamusaba ko aca mu ngorane zikomeye. (Flp. 2:7, 8) Umuce wari uhambaye mu gusenga kwa Yezu, wari uwujanye no kugira uruhara adahengeshanya mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, ku buryo abizera n’abatizera bompi bamwita Mwigisha. (Mat. 22:23, 24; Yoh. 3:2) N’ikindi kandi, Yezu yarakora yivuye inyuma kugira afashe abandi. Agatima ko kwitanga yari afise katuma aronka umwanya muto cane wo gukora ivyiwe, mugabo yarahimbarwa no gusukurira abandi. (Mat. 14:13, 14; 20:28) Naho Yezu yari afise vyinshi akora, yama arondera umwanya wo kuganira na Se wiwe wo mw’ijuru mw’isengesho. (Luka 6:12) Ese ukuntu ugusenga kwa Yezu kwari n’agaciro kanini imbere y’Imana!

Guhimbara Imana rwose ni urugamba

Yehova yarabonye inyifato y’Umwana wiwe, kandi yaravuze ko amushima. (Mat. 17:5) Ariko rero, Shetani wa Mubesheranyi, na we nyene yarabonye ko Yezu yari abayeho adahemuka. Ku bw’ivyo, ni we canecane yaciye arondera. Kubera iki? Kubera ko ata muntu n’umwe yari bwagume agamburukira Imana bimwe bishitse, gutyo akaba ayisenze neza na neza nk’uko ishaka. Kandi wa Mubesheranyi yashaka kubuza Yezu gusenga Yehova nk’uko nyene abikwiriye.​—Ivyah. 4:11.

Mu kurondera ko Yezu akora nabi, Shetani yaramwegereye aragira ico amwemereye kugira amugerageze. Yarajanye Yezu “ku musozi muremure bidasanzwe, amwereka ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo.” Yaciye amubwira ati: “Ivyo vyose ndabiguha niwapfa kwikubita hasi ukansenga.” None Yezu yavyifashemwo gute? Yavuze ati: “Ja hiyo, Shetani! Kuko vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.’” (Mat. 4:8-10) Vy’ukuri, Yezu yarabonye ko, naho yoronse ibintu bingana gute, kwunamira Shetani kwobaye ari ugusenga ibigirwamana. Ntiyashaka gusenga umuntu n’umwe atari Yehova, naho ryoba rimwe gusa.

Ku bitwerekeye, Shetani yoshobora kutatwemerera ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo kugira tumusenge. Mugabo rero aracabandanya kugerageza kubuza abakirisu b’umutima nziraburyarya gusenga Imana mu buryo yemera. Wa Mubesheranyi ashaka ko dusenga uwundi muntu canke ikindi kintu.​—2 Kor. 4:4.

Kristu Yezu yaragaragaje ko ari intahemuka no gushika ku rupfu. Mu kuguma ari intadohoka ku Mana, Yezu yaraninahaje Imana mu buryo ata wundi muntu n’umwe yari bwabigire. Twebwe abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe, turagerageza kwigana akarorero Yezu yasize mu kubaho ari intahemuka, ivyo tukabigira mu gushira ugusenga Imana kwacu hejuru y’ibindi bintu vyose. Nkako, ubucuti bwiza dufitaniye n’Imana, ni co kintu c’agaciro kiruta ibindi vyose dufise.

Ivyiza biva ku gusenga mu buryo Imana yemera

Uguteza imbere “insengo ityoroye kandi idahumanye” mu nyonga z’Imana bivamwo ivyiza vyinshi. (Yak. 1:27) Nk’akarorero, tubayeho mu gihe aho usanga abantu barushiriza kuba “abikunzi, inkunzi z’amahera, abishima,” be n’“abadakunda iciza.” (2 Tim. 3:1-5) Ariko rero, kubera ko turi abo mu rugo rw’Imana, turafise agateka ko kwifatanya n’abantu batanduye, bagerageza gushigikira ingingo ngenderwako z’Imana zijanye n’ukuyisenga. Ivyo none ntibiruhura?

Tugumye tudahumanijwe n’iyi si, turaronka ikindi kintu ciza, ni ukuvuga ijwi ryo mu mutima ridahumanye. Turipfuza kugumana ijwi ryo mu mutima ridahumanye mu kuyoboka ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana, no mu kugamburuka amategeko ya Sezari adateye kubiri n’amategeko y’Imana.​—Mrk. 12:17; Ibik. 5:27-29.

Dusenze n’umutima wacu wose, turaronka ivyiza vy’ubundi bwoko. Igihe twihatiye ku gukora ivyo Imana igomba aho gukora ivyo twebwe ubwacu twigombera, ubuzima bwacu buragira intumbero kandi bukamara akanyota. Aho kuvuga ngo “twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa,” turafise icizigiro nyakuri co kubaho ibihe vyose mw’iparadizo ngaha kw’isi.​—1 Kor. 15:32.

Igitabu c’Ivyahishuwe kivuga ko abantu baguma batanduye mu nyonga za Yehova ‘bazova muri ya makuba akomeye.’ Iyo nkuru ivuga yuko “Uwicaye [ku] ntebe y’ubwami azosanza ihema ryiwe kuri bo.” (Ivyah. 7:13-15) Uwo yicaye ku ntege y’ubwami nta wundi atari Yehova Imana, we Muntu aninahaye kuruta abandi bose kw’isi no mw’ijuru. Gerageza kwiyumvira umunezero uzogira niyaguha ikaze mw’ihema ryiwe, akagukingira ku buryo ata kintu na kimwe kikugirira nabi! Mbere no muri iki gihe, aradukingira akongera akatwitwararika ku rugero runaka.

Vyongeye, abantu bose basenga mu buryo Imana yemera bavugwa ko bariko bararongorwa ku “masôko y’amazi y’ubuzima.” Ayo masoko y’amazi amara akanyota agereranya intunganyo zose Yehova adushiriraho kugira ngo tuzoronke ubuzima budahera. Vy’ukuri, biciye ku ncungu ya Kristu, “Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.” (Ivyah. 7:17) Abantu bazofashwa kubira ngo bacike abatunganye, ivyo bikazotuma abafise icizigiro co kuba ngaha kw’isi ibihe bidahera bagira umunezero utagira uko wovugwa. Mbere n’ubu, abasavyi b’Imana, abo usanga bahimbawe, bariha akamo banezerewe, berekana ko bakengurukira Yehova bimwe bivuye ku mutima, kandi bakamusenga bafatanije n’abari mw’ijuru baririmba bati: “Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza, Yehova Mana, Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’ibihe bidahera. Ni nde vy’ukuri atazogutinya ga Yehova, akaninahaza izina ryawe, kuko wewe wenyene ari wewe uri intahemuka? Kuko amahanga yose azoza agasenga imbere yawe, kuko ingingo zawe zigororotse zerekanywe.”​—Ivyah. 15:3, 4.

[Ifoto ku rup. 27]

Ni ibiki Shetani atwemerera kugira ngo tumusenge?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika