Ni nde ashobora kumenya ivya kazoza?
“[Ni] jewe Mana . . . Mpēra kw itanguriro nkavuga ivy’iherezo, ngahēra no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba.”—Yesaya 46:9, 10.
MURI ibi bihe biguma bihindagurika, abihweza utuntu n’utundi mu vya politike, mu vy’ubutunzi be no mu vy’imibano bariga ibijanye na kahise be n’impengamiro abantu bafise muri kino gihe, kugira ngo bagerageze kumenyesha imbere y’igihe ivya kazoza. Abandi na bo, kubera yuko umwumwe wese yipfuza cane kumenya uko ivyiwe bizogenda muri kazoza, baca barondera inyishu biciye ku kuragurisha inyenyeri canke ku bupfumu. Abantu mwene abo akenshi baravunwa umutima n’inyishu baronka. Ubwo vyoba bidashoboka namba ko tumenya ibizoshikira iyi si, imiryango yacu be na twebwe umwumwe wese ku giti ciwe? Ubwo koko, nta n’umwe ashobora vy’ukuri kumenya imbere y’igihe ivya kazoza?
Mu majambo Imana Mushoboravyose Yehova yabwiye umuhanuzi Yesaya, nk’uko yasubiwemwo aho haruguru, yarerekanye ubushobozi ifise bwo kumenyesha imbere y’igihe ivya kazoza. Imana ibicishije kuri Yesaya, yaramenyesheje imbere y’igihe yuko Abisirayeli bo mu bihe vya kera borekuwe bakava mu bunyagano i Babiloni be n’uko bosubiye kwubaka Yeruzalemu n’urusengero rwaho. Ubwo buhanuzi bwavuga ibintu vy’ido n’ido ku rugero rungana gute? Nk’imyaka 200 imbere y’igihe, Yesaya yaravuze ata kwihenda izina ry’uwohavuye atsinda Babiloni, uwo na we akaba yari Kuro. N’ikindi kandi, Yesaya yarerekanye ata gakosa uburyo Kuro yokoresheje; yari gukevya Uruzi Efurate, urwakingira ico gisagara. Yari yaranavuze imbere y’igihe yuko Kuro yosanze inzugi zibiri amahanga z’ico gisagara basamaye bagasiga bazuguruye, ivyo bikaba vyotumye Kuro atsinda bitamugoye.—Yesaya 44:24–45:7.
Umuntu, umugereranije n’Imana, nta bushobozi afise bwo kumenya ivya kazoza. Umwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Ntukarāte ivy’ejo, kuk’utazi ivyo umusi uzovyara.” (Imigani 27:1) Ico ciyumviro n’ubu kiracari ic’ukuri. Nta muntu n’umwe ashobora kumenya imbere y’igihe mbere n’ibijanye na kazoza kiwe ubwiwe. None ni igiki gituma Imana yoyo ibishobora? Iratahura bimwe vyuzuye ikintu cose yaremye, ushizemwo n’ukuntu umuntu asanzwe ameze be n’impengamiro ziwe. Igihe ihisemwo kubigira, Imana irashobora kumenya imbere y’igihe ukuntu neza na neza abantu canke ihanga ryose uko ryakabaye bizokwigenza. Vyongeye, irafise ubushobozi butagira aho bugarukira bwo gutuma ibintu bigenda ukunaka. Igihe amenyesheje imbere y’igihe abicishije ku bahanuzi biwe yuko hariho ikintu kizoba, aca acika ‘uwukomeza ijambo ry’umusavyi wiwe, agashitsa inama z’intumwa ziwe.’ (Yesaya 44:26) Yehova Imana wenyene ni we ashobora kuvuga ayo majambo ata kubesha.
Yesaya yabayeho imyaka irenga 700 imbere yuko Yezu ari we Mesiya abaho. Yamara, Yesaya yaravuze ubuhanuzi bujanye n’ukuza kwa Mesiya. Ariko rero, guhera canecane mu kinjana ca 18 kubandanya, abantu bagira ico bavuze kuri Bibiliya barahaririye bavuga yuko igitabu ca Yesaya atari ic’ukuri. Bavuze yuko ubuhanuzi bwa Yesaya mu vy’ukuri butavuga ibintu imbere y’igihe ahubwo ko bwanditswe nya bintu bimaze kuranguka, uwahavuye avyandika akaba yanditse gusa ibintu vyari bimaze kuba. None ivyo vyoba ari vyo? Mu 1947, mw’isenga hafi y’Ikiyaga c’Umunyu, harubuwe ikopi y’igitabu ca Yesaya, iri kumwe n’iyindi mizingo ya kera. Incabwenge zerekanye ko iyo kopi yanditswe hagisigaye imyaka irenga ijana ngo Mesiya yari yarabuwe, ari we Kristu, avuke. Vy’ukuri, Bibiliya yarahishuye ibijanye na kazoza!
Yesaya be n’abandi banditsi ba Bibiliya ntibari gushobora kuvuga imbere y’igihe ivyobaye muri kazoza bishimikije gusa ubukerebutsi bwabo bwite. Ahubwo, “bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.” (2 Petero 1:21) Mu biganiro bikurikira, turaza kuraba canecane amakuru amwamwe y’ido n’ido yerekeye ubuzima bwa Yezu, yari yaravuzwe imbere y’igihe biciye kuri Yesaya. Hanyuma turaza kurimbura ibintu Yezu be n’abigishwa biwe bavuze ko vyobaye muri kino gihe cacu be no mu gihe kiri imbere.