ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/10 rup. 18-21
  • Ingene woba sebibondo mwiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene woba sebibondo mwiza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abana barakeneye gukundwa na ba se
  • Abana barakeneye akarorero keza
  • Abana barakeneye kuba ahantu harangwa agahimbare
  • Abana barakeneye kwigishwa ivy’impwemu
  • Abana barakeneye gutozwa indero
  • Abana barakeneye gukingirwa
  • Nurondere imfashanyo Imana itanga
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Bibiliya yoba ishobora kugufasha kurera abana bawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Uruhara Rwega Mwebwe Abavyeyi
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Ingene mwoha indero umwana wanyu
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/10 rup. 18-21

Ingene woba sebibondo mwiza

“Yemwe ba se, ntimuturubike abana banyu, kugira ngo ntibaranduke umutima.”​—Abakolosayi 3:21.

SEBIBONDO ashobora gute kwirinda guturubika abana biwe? Birahambaye cane ko sebibondo amenya yuko uruhara afise mu muryango ruhambaye. Ikinyamakuru kimwe kivuga ibijanye n’amagara yo mu mutwe kigira giti: “Kuba sebibondo ni ikintu kigoye cane kandi kidasanzwe kigira ingaruka zikomeye cane ku kuntu abana bakura mu vy’inyiyumvo no mu vy’ubumenyi.”

None sebibondo ajejwe ibanga irihe? Mu miryango myinshi, sebibondo aboneka ko ari we ahanini atoza indero abana. Akenshi turamenyereye kwumva inabibondo abwira umwana yigenjeje nabi ati: ‘So niyaza arakwereka sha!’ Nta gukeka ko abana bakeneye gutozwa indero mu buryo bubereye no kuba abashikamye ku rugero runaka niba dushaka ko bakura bakazoba abantu bafise indero. Ariko rero, hari n’ibindi bisabwa kugira ngo umuntu abe sebibondo mwiza.

Ikibabaje ni uko atari ba sebibondo bose baba bararonse akarorero keza bokurikiza. Abagabo bamwebamwe usanga barerewe ahantu ata sebibondo ahari. Ariko mu bindi bihe na ho, abagabo barezwe na ba sebibondo bakara cane kandi batanyinyuka usanga na bonyene bakunze guca bafata abana babo muri ubwo buryo nyene. None sebibondo nk’uwo ashobora gute kuvavanura n’iyo nyifato maze akaryohora ubuhanga bwiwe bwo kurera?

Hariho isôko ry’impanuro ngirakamaro kandi zo kwizigirwa zifasha umuntu kuba sebibondo mwiza. Bibiliya irimwo impanuro nziza kuruta izindi zose zijanye n’ubuzima bwo mu muryango. Impanuro itanga si ivyiyumviro gusa; eka mbere n’ubuyobozi itanga ntibwigera na rimwe butugirira nabi. Impanuro Bibiliya itanga ziragaragaza ubukerebutsi bw’Uwo ikomokako, ari we Yehova Imana, uno akaba ari na We yatanguje ubuzima bwo mu muryango. (Abanyefeso 3:14, 15) Niba uri sebibondo, vyoba vyiza urimbuye ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ibanga ry’ubuvyeyi.a

Kuba sebibondo mwiza ntibihambaye gusa kubera ko bigirira neza abana bawe mu buryo bw’umubiri no mu vy’inyiyumvo, ariko kandi birahambaye kubera ko bibagirira neza no mu vy’impwemu. Umwana afitaniye na se ubucuti burangwa urukundo kandi bwa hafi yoshobora gusanga birushiriza kumworohera gutsimbataza ubucuti bwa hafi kandi bwa somambike n’Imana. Nkako, Bibiliya yerekana yuko, mu buryo bunaka, Yehova Umuremyi wacu ari we Data wa twese. (Yesaya 64:8) Nimuze ubu na ho turimbure ibintu bitandatu abana bakeneye kuronswa na ba se. Kuri kimwekimwe cose, turaza gusuzuma ingene gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bishobora gufasha sebibondo kuronsa abana biwe ivyo bintu bakeneye.

Abana barakeneye gukundwa na ba se

Yehova aratanga akarorero ntangere mu bijanye no kuba Sebibondo. Mu kudondora ukuntu Imana yumva imerewe ku bijanye na Yezu, Umwana wayo w’imfura, Bibiliya ivuga iti: “Se arakunda Umwana.” (Yohani 3:35; Abakolosayi 1:15) Yehova yaravuze akatari gake ko akunda Umwana wiwe kandi ko amushima. Igihe Yezu yabatizwa, Yehova yavugiye mw’ijuru ati: “Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye.” (Luka 3:22) Yezu ntiyigeze akekeranya yuko Se wiwe amukunda. None sebibondo ashobora kwigira iki kuri ako karorero Imana itanga?

Ntiwigere ugonanwa kubwira abana bawe ko ubakunda. Sebibondo umwe w’abana batanu yitwa Kelvin avuga ati: “Namye nantaryo ngerageza guserurira abana banje urukundo ndabafitiye mu kutababwira gusa ko ndabakunda ariko kandi no mu kwereka umwe wese muri bo ko ndamwitwararika. Narafasha mu bijanye no kubahindurira ivyahi no kubuhagira.” Vyongeye, abana bawe barakeneye kumenya yuko ubashima. Ku bw’ivyo, ntuze urabanebagura birenze urugero, ngo wame uriko urabatora amakosa. Ahubwo riho, nubakeze mu buryo bugaragara. Uwitwa Donizete, uno akaba afise abigeme babiri b’imiyabaga, ahanura ati: “Sebibondo akwiye kwigora akarondera uturyo two gukeza abana biwe.” Igihe abana bawe bamenye yuko ubashima, birashobora kubafasha kwumva ko bari n’ico bamaze koko. Ivyo birashobora guca bibafasha kurushiriza kwiyegereza Imana.

Abana barakeneye akarorero keza

Muri Yohani 5:19 havuga yuko Yezu ashobora gukora “gusa ico abonye Se akora”. Urabona ko ico canditswe kivuga yuko Yezu yabonye yongera akora ivyo Se yariko “akora.” Abana akenshi bazobigenza gutyo nyene. Nk’akarorero, niba sebibondo afatana umukenyezi wiwe icubahiro kandi akamutera iteka, umuhungu wiwe amaze gukura na we nyene yoshobora gutera iteka abakenyezi kandi akabafatana icubahiro. Akarorero sebibondo atanga ntikagira ico gakoze ku nyifato y’abahungu biwe gusa, karagira n’ico gakoze ku kuntu abakobwa biwe babona abantu b’abagabo.

Abana bawe vyoba bibagora gusaba imbabazi? N’ico gihe nyene, akarorero utanga kaba gahambaye. Kelvin aribuka igihe kimwe aho babiri mu bahungu biwe bamena icuma kizimvye cane gifata amafoto. Yarashavuye cane ku buryo yakubise ku meza y’imbaho maze ica isadukamwo kubiri. Mu nyuma, Kelvin yaricujije cane ku buryo yasavye imbabazi abagize umuryango bose, ushizemwo n’umukenyezi wiwe, kubona yari yabuze ukwigumya. Abona ko kuba yarasavye imbabazi vyagiriye akamaro abana biwe kuko bitabagora namba kuvuga ngo ‘mbabarira.’

Abana barakeneye kuba ahantu harangwa agahimbare

Yehova ni “Imana ihimbawe.” (1 Timoteyo 1:11) Ntibitangaje rero kubona Umwana wiwe Yezu yarahimbarwa cane no kuba ari kumwe na Se. Mu Migani 8:30 haradufasha kubona neza ubucuti buri hagati ya Yezu na Se wiwe, hati: “Nari kumwe na [Data], nd’umukozi w’umuhanga . . . nama niginagura imbere [yiwe].” Mbega ubucuti burangwa igishika bwari hagati ya Se n’Umwana!

Abana bawe barakeneye kuba ahantu harangwa agahimbare. Gufata umwanya ukaza urakina n’abana bawe birashobora kugufasha kubaronsa ahantu nk’aho. Gukinira hamwe birafasha umuvyeyi n’umwana gukomeza ubucuti bafitaniye. Uwitwa Felix ni ko abibona. Afise umuhungu w’umuyabaga kandi avuga ati: “Kuza ndategekanya umwanya wo kwiruhurira hamwe n’umuhungu wanje vyaratugiriye akamaro cane mu bijanye n’ubucuti dufitaniye. Turakinira hamwe udukino, tukifatanya n’abagenzi kandi tukajana kuratira ijisho ibibanza biteye igomwe. Ivyo vyararushirije gutuma twumva tugiraniye igishika mu muryango wacu.”

Abana barakeneye kwigishwa ivy’impwemu

Yezu yarigishijwe na Se wiwe. Ni co gituma Yezu yashoboye kuvuga ati: “Ivyo [numvanye Data] nyene ni vyo ndiko mvuga mw’isi.” (Yohani 8:26) Mu nyonga z’Imana, sebibondo ajejwe ibanga ryo kwigisha abana biwe ibijanye n’inyifato runtu be n’ivy’impwemu. Kimwe mu bintu wewe sebibondo ujejwe ni ukwinjiza mu mutima w’abana bawe ingingo ngenderwako zigororotse. Ukwo kubigisha gukwiye kugirwa kuva bakiri bato cane. (2 Timoteyo 3:14, 15) Felix yatanguye gusomera umuhungu wiwe inkuru zo muri Bibiliya igihe yari akiri muto cane. Felix yarakoresha inkuru ziryoshe kandi ziherekejwe n’amashusho, ushizemwo zimwe dusanga mu Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya.b Uko uwo muhungu wiwe yagenda arakura, ni ko Felix yaza aracagura ibindi bisohokanyandikiro bishingiye kuri Bibiliya bihuje n’imyaka yaba agezemwo.

Donizete avuga ati: “Ni urugamba rukomeye gutuma inyigisho ya Bibiliya y’umuryango iba iyiryoshe. Birahambaye ko abavyeyi berekana ko baha agaciro ivy’impwemu, kuko iyo imvugo yabo itajana n’ingiro abana babo badateba kubibona.” Uwitwa Carlos, uno akaba afise abahungu batatu, avuga ati: “Twama duhurira hamwe uko indwi itashe kugira ngo twihweze ivyo umuryango wacu ukeneye. Umwe wese mu bawugize araronka akaryo ko guhitamwo ico tuzoganirako ubukurikira.” Kelvin yamye nantaryo arondera akaryo ko kubwira abana biwe ivyerekeye Imana aho ari ho hose baba bari no mu vyo baba bariko barakora vyose. Ivyo bica bitwibutsa amajambo Musa yavuze ati: “Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.”​—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.

Abana barakeneye gutozwa indero

Abana barakeneye gutozwa indero kugira ngo nibakura baze babe abantu b’abashingantahe bari n’ico bimarira. Abavyeyi bamwebamwe basa n’abiyumvira yuko gutoza indero abana babo bisaba kubakarira, ushizemwo no kubarya umutima canke kubatuka bakabasuzuguza. Ariko rero, Bibiliya ntivuga ko ari ngombwa ngo abavyeyi barinde kugirira nabi abana babo igihe babatoza indero. Ahubwo riho, abavyeyi bakwiye gutoza indero abana babo mu rukundo, nk’uko na Yehova abigira. (Abaheburayo 12:4-11) Bibiliya ivuga iti: “Ba se, ntimutere ishavu abana banyu, mugabo mubandanye kubarera mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.”​—Abanyefeso 6:4.

Rimwe na rimwe vyokenerwa ko umwana ahanwa. Ariko, umwana arakwiye gutahura igituma aba ariko arahanwa. Gutozwa indero n’abavyeyi bikwiye kutigera bisiga umwana yumva ko yahebwe. Bibiliya ntishigikira ivyo gukubita umwana buyoka kuko vyoshobora mbere no kumugirira nabi ku mubiri. (Imigani 16:32) Kelvin avuga ati: “Igihe vyaba bikenewe ko mpana abana banje kubera amakosa akomeye baba bakoze, nama nantaryo ngerageza kubatomorera yuko urukundo ndabakunda ari rwo rutumye ndabahana.”

Abana barakeneye gukingirwa

Abana barakeneye gukingirwa utwosho tutabereye be n’abagenzi bashobora kubagira nabi. Ikibabaje ni uko ino isi irimwo “abantu babi” biyemeje kugirira nabi abana ata co bazira. (2 Timoteyo 3:1-5, 13) None ushobora gute gukingira abana bawe? Bibiliya iratanga iyi mpanuro iranga ubukerebutsi, iti: “Umunyamakenga iy’abonye ikibi kije, arīkinga, arikw’imburabgenge zikomeza inzira zikīgabura.” (Imigani 22:3) Kugira ngo ukingire abana bawe icago, utegerezwa kuguma uri maso ku bintu bishobora kubabangamira. Niwitegurire imbere y’igihe ibintu bishobora guteza ingorane, maze uce uzitira utaronerwa. Nk’akarorero, niba wemereye abana bawe ko bakoresha Internet, nurabe neza yuko bazi ukuntu boyikoresha mu buryo butarimwo akaga. Vyoba vyiza kuruta ugumije orodinateri ahantu bose babona, kugira ngo bishobore kukworohera gukurikirana ukuntu ikoreshwa.

Sebibondo arakeneye gutegura no kwigisha abana biwe ku bijanye n’ingeramizi zoshobora kubashikira muri iyi si ata co yibanga. Abana bawe boba bazi ico boca bakora igihe hogira umuntu agerageza kubaryosharyosha atari ho uri?c Abana bawe barakeneye kumenya ingene ibihimba vyabo vy’irondoka bishobora gukoreshwa mu buryo bubereye canke butabereye. Kelvin avuga ati: “Sinigeze ndeka ngo abandi bantu babe ari bo babigisha ivyo bintu, naho mbere baba ari abigisha babo. Nabona ko ari jewe ubwanje njejwe ibanga ryo kwigisha abana banje ibijanye n’igitsina be n’akaga gaterwa n’aborondera kubahumbisha.” Abana biwe bose barashitse mu bigero ata nkomanzi kandi muri iki gihe ni abubatse bahimbawe.

Nurondere imfashanyo Imana itanga

Ingabirano ihambaye cane sebibondo ashobora guha abana biwe ni ukubafasha gutsimbataza ubucuti bukomeye n’Imana. Akarorero sebibondo atanga karahambaye cane rwose. Donizete avuga ati: “Ba sebibondo barakeneye kugaragaza ko baha agaciro kanini ubucuti bo ubwabo bafitaniye n’Imana. Ivyo bikwiye kwibonekeza canecane igihe bo ubwabo bashikiwe n’ingorane canke ibintu bigoye. Mu bihe mwene ivyo, sebibondo aragaragaza ko yizigira Yehova bimwe bigera kure. Amasengesho atura ari kumwe n’abagize umuryango, akaza arasubiramwo amajambo yo gukengurukira Imana ku bw’ukumera neza kwayo, azokwigisha abana biwe akamaro ko kugira Imana Umugenzi wabo.”

None ni ikintu nyamukuru ikihe gituma umuntu aba sebibondo mwiza? Nurondere impanuro zitangwa n’umwe azi neza kuruta abandi bose uburyo bwo kurera abana, uno akaba ari Yehova Imana. Niwamenyereza abana bawe wisunze ubuyobozi bwo mw’Ijambo ry’Imana, uzoshobora kwibonera ivyiza bivamwo nk’uko bivugwa mu Migani 22:6, ahagira hati: “Azorinda asāza atara[bu]vamwo.”

[Utujambo tw’epfo]

a Naho impanuro zo mu Vyanditswe zirimburwa muri iki kiganiro zibanda ahanini kw’ibanga sebibondo ajejwe, nyinshi mu ngingo ngenderwako zivugwa usanga zerekeye na ba inabibondo.

b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

c Niba wipfuza kumenya ibijanye n’ukuntu wokingira abana bawe ivyo gufatwa ku nguvu, raba ikinyamakuru Réveillez-vous! casohowe n’Ivyabona vya Yehova muri Gitugutu 2007, ku rupapuro rwa 3–11.

[Ifoto ku rup. 19]

Sebibondo arakwiye kubera abana biwe akarorero keza

[Ifoto ku rup. 20]

Sebibondo arakwiye kuronsa abana biwe ivyo bakeneye mu vy’impwemu

[Ifoto ku rup. 21]

Abana barakeneye gutozwa indero mu buryo buranga urukundo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika