Ivyabajijwe n’abasomyi bacu
Nimba Adamu yari atunganye, vyagenze gute ngo acumure?
Vyarashoboka ko Adamu acumura kubera yuko Imana yamuremanye ubushobozi bwo kwihitiramwo. Iyo ngabirano ntivuguruza namba iciyumviro c’uko Adamu yari atunganye. Mu vy’ukuri, Imana yonyene ni yo itunganye bimwe bitagira agahaze. (Gusubira mu vyagezwe 32:3, 4; Zaburi 18:30; Mariko 10:18) Ukuba umuntu atunganye canke ikindi kintu ico ari co cose gitunganye birafise aho bigarukira. Nk’akarorero, imbugita irashobora kuba ikata neza inyama, mugabo none ubwo woyikoresha mu kunywa isupu? Ikintu kiba igitunganye rero igihe gusa kirangura neza ico cagenewe.
None, Imana yari yaremye Adamu ku bw’iyihe ntumbero? Imana yashaka ko biciye kuri Adamu haboneka abantu bafise ubwenge n’ubushobozi bwo kwihitiramwo. Abokwipfuje gutsimbataza urukundo bakunda Imana n’inzira zayo bovyerekanye mu guhitamwo kugamburuka amategeko yayo. Ku bw’ivyo rero, mu kuntu Imana yaremye ububasha bwo kwiyumvira bw’umuntu, ntiyashizemwo ivy’uko ategerezwa kugamburuka ahubwo yobigize avyigombeye kandi abikuye ku mutima. (Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13; 30:19, 20) Rero, iyo Adamu ataza kuba afise ubushobozi bwo guhitamwo kugambarara, yobaye adakwiye, ni ukuvuga ko yobaye adatunganye. Ku bijanye n’ukuntu Adamu yahisemwo gukoresha ubushobozi bwiwe bwo kwihitiramwo, inkuru yo muri Bibiliya yerekana yuko yifatanije n’umugore wiwe mu kurenga kw’itegeko ry’Imana rijanye n’“igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi.”—Itanguriro 2:17; 3:1-6.
None, Imana yoba yaremanye Adamu ubugoyagoye mu bijanye no kumenya ikibereye n’ikitabereye, ku buryo yabuze ubushobozi bwo kugira amahitamwo aranga ubukerebutsi canke kunanira inyosha mbi? Imbere yuko Adamu agambarara, Yehova Imana yari yarasuzumye ibiremwa vyiwe vyose vyo kw’isi, harimwo n’umugabo n’umugore ba mbere, kandi yabonye ko vyari “vyiza cane.” (Itanguriro 1:31) Rero, igihe Adamu yacumura, nta bintu binaka vyari n’agahaze mu kuntu yaremwe vyari bikenewe ko Umuremyi wiwe akosora, ahubwo Adamu yaciye ubwo nyene yagirwa n’icaha. (Itanguriro 3:17-19) Adamu yarananiwe kureka ngo urukundo akunda Imana be n’ikibereye bimuvyurire umutima wo kuyigamburukira imbere y’ibindi vyose.
Niwibuke kandi yuko igihe Yezu yari kw’isi yari umuntu atunganye nka Adamu. Yamara Yezu, uwari atandukanye n’abandi bakomoka kuri Adamu, kubera ko yasamwe bivuye ku mpwemu nyeranda vyatumye ataragwa ubugoyagoye bwo gutsindwa n’inyosha mbi. (Luka 1:30, 31; 2:21; 3:23, 38) Bivuye ku kugomba kwiwe, Yezu yagumye ari intadohoka kuri Se wiwe naho yashikiwe n’imikazo ikomeye cane. Adamu, kubera ko yakoresheje ubushobozi bwiwe bwo kwihitiramwo, ni we ubwiwe yabajijwe ibijanye n’ukuba atagamburutse itegeko rya Yehova.
Ni kubera iki none Adamu yahisemwo kugambararira Imana? Yoba yibaza ko ivyiwe vyorushirije kugenda neza mu buryo bunaka? Oya, kubera yuko intumwa Paulo yanditse ko “Adamu [ata]henzwe.” (1 Timoteyo 2:14) Ariko rero, Adamu yahisemwo gukora ivyo umugore wiwe yipfuza, uno akaba yari amaze guhitamwo kurya kuri ca giti bari babujijwe. Icipfuzo yari afise co kumuhimbara cari gikomeye kuruta icipfuzo yari afise co guhimbara Umuremyi wiwe. Ata gukeka, igihe Adamu yahabwa ca camwa bari barabujijwe, yari akwiye gufata umwanya akazirikana ku ngaruka ukugambarara kwogize ku bucuti yari afitaniye n’Imana. Kubera yuko Adamu atari afitiye Imana urukundo rugera ibwina kandi rukomeye, vyokworoshe ko atwarwa n’umukazo, ushizemwo n’uwuvuye ku mugore wiwe.
Adamu yacumuye imbere yuko avyara abana, kikaba ari co gituma abamukomotseko bose bavutse badatunganye. Ariko rero, cokimwe na Adamu, turafise ingabirano y’ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ese twohitamwo kuzirikana tubigiranye ugukenguruka ku kumera neza kwa Yehova tukongera tugatsimbataza urukundo rukomeye dukunda Imana, yo ibereye ko tuyigamburukira tukanayisenga.—Zaburi 63:6; Matayo 22:36, 37.