ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/11 rup. 22
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Nurondere ikintu kirusha agaciro inzahabu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Ingene wotora aho icanditswe kinaka giherereye muri Bibiliya
    Ibindi biganiro
  • Igicapo c’igice ca 3
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/11 rup. 22

Woba wari ubizi?

Ni kubera iki mu gihe ca Yezu Abayuda bari barashwiragiye cane?

Igihe Yezu yabwira umurwi w’abariko baramwumviriza yuko iyo yariko araja batari gushobora kujayo, Abayuda baribajije bati: “Uyu muntu agomba kuja hehe . . . ? Yoba agomba kuja ku Bayuda bashwiragiye mu Bagiriki?” (Yohani 7:32-36) Ata n’igihe kinini kirahaca, abamisiyonari bakirisu baramamaje inkuru nziza mu Bayuda bari bashwiragiye mu karere ka Mediterane.​—Ibikorwa 2:5-11; 9:2; 13:5, 13, 14; 14:1; 16:1-3; 17:1; 18:12, 19; 28:16, 17.

Ukwo gushwiragira kwabaye kubera yuko Abayuda bari barahunze igihugu cabo c’amavukiro bitumwe n’amahanga yari yaracigaruriye, uhereye ku Bashuri bacigaruriye mu 740 B.G.C., hagakurikira Abanyababiloni mu 607 B.G.C. Amasigarira gusa y’abari barajanywe inyagano ni bo bagarutse muri Isirayeli. (Yesaya 10:21, 22) Abasigaye na bo bagumye iyo bari barashwiragiriye.

Ni co gituma mu kinjana ca gatanu B.G.C., wasanga Abayuda baba mu ntara 127 zari zigize Inganji nganzasi y’Abaperesi. (Esiteri 1:1; 3:8) Utwigoro Abayuda bagize kugira ngo bahindure abantu binjire mw’idini ryabo twatumye amaherezo abantu benshi bagira ubumenyi bunaka bwerekeye Yehova be na rya Tegeko yari yarahaye Abayuda. (Matayo 23:15) Abayuda bari baje bava mu bihugu vyinshi, bari i Yeruzalemu kugira ngo bahimbaze umusi mukuru wa Pentekoti yo mu 33 G.C., aho hakaba ari ho bumviye inkuru nziza yerekeye Yezu. Ku bw’ivyo, ukuba Abayuda bari barashwiragiye mu Nganji nganzasi y’Uburoma vyarafashije cane kugira ngo ubukirisu bukwiragire ningoga.

Umwami Salomo yari afise inzahabu zingana gute?

Ivyanditswe bivuga yuko umwami Hiramu w’i Tiro yarungikiye Salomo itoni zine z’inzahabu, umwamikazi w’i Sheba amuha izingana nk’uko nyene, kandi amato ya Salomo yamuzanira amatoni arenga 15 y’inzahabu zivuye muri Ofiru. Iyo nkuru ivuga iti: “Amazahabu yaza kwa Salomo mu mwaka mu mwaka, ukuriba kwayo kwashika italanto amajana atandatu na mirongwitandatu na zitandatu,” ni ukuvuga nk’amatoni 25. (1 Abami 9:14, 28; 10:10, 14) None ivyo vyoba vyumvikana? Mbega muri ivyo bihe mu bubiko bw’i bwami hari inzahabu zingana gute?

Hari icandiko ca kera, ico incabwenge zemeza ko ari ico kwizigirwa, kivuga yuko Farawo Tutumozisi wa gatatu wo mu Misiri (yabayeho mu kimpumbi ca kabiri B.G.C.) yashikanye nk’amatoni 13 n’igice y’inzahabu mu rusengero rw’ikimana Amôn-Râ i Karnak. Mu kinjana c’umunani B.G.C., Umwami Tigulati-pileseri wa gatatu w’i Ashuri, yaronka ishikanwa ry’amatoni arenga 4 y’inzahabu rivuye i Tiro, Umwami Sarugoni wa kabiri na we yashikaniye ibimana vy’i Babuloni inzahabu zingana gutyo nyene. Bivugwa ko Umwami Filipo wa kabiri w’i Makedoniya (yatwaye mu 359-336 B.G.C.) yacukura buri mwaka amatoni arenga 28 y’inzahabu mw’icukuriro ry’ubutare ry’i Pangée muri Thrace.

Igihe Alegizandere Mukuru umuhungu wa Filipo (yatwaye mu 336-323 B.G.C.) yigarurira igisagara c’Abaperesi c’i Susa, bivugwa ko yagikuyemwo amatoni agera ku 1.180 y’inzahabu, be n’uko akarere kose k’Abaperesi yagakuyemwo amatoni yababa 7.000. Dufatiye kuri ayo makuru rero, dusanga Bibiliya itarenza urugero igihe ivuga ibijanye n’inzahabu Umwami Salomo yari afise.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika