Niwiyegereze Imana
Umuremyi abereye ko tumushemeza
WOBA urigera wibaza uti: ‘Intumbero y’ubuzima ni iyihe?’ Abemera ko ubuzima bwabonetse bivuye kw’ihindagurika ryapfuye kwiyadukiza, ntibashobora kuronka inyishu y’ico kibazo. Ukwo si ko bimeze ku bemera ukuri gufise ishingiro ryumvikana kwerekana ko Yehova Imana ari we Sôko ry’ubuzima. (Zaburi 36:9) Barazi ko yaturemye afise intumbero. Iyo ntumbero irerekanwa mu Vyahishuwe 4:11. Nimuze turabe ingene ayo majambo, ayanditswe n’intumwa Yohani, asigura igituma turi ng’aha kw’isi.
Yohani arandika ibijanye n’umugwi w’ibiremwa vyo mw’ijuru biriko biraririmba bihayagiza Imana biti: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye ibintu vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, kandi vyararemwe.” Yehova wenyene ni we abereye, canke akwiriye, mwene ico cubahiro. Uti kubera iki? Kubera yuko “[y]aremye ibintu vyose.” None ibiremwa vyiwe bifise ubwenge bikwiye kuvyurirwa umutima wo gukora iki?
Yehova avugwa ko abereye “kuronka” ubuninahazwa, iteka be n’ububasha. Ata gukeka, ni we aninahaye, afise iteka kandi afise ububasha kuruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi. Ariko rero, abantu benshi ntibemera ko ari we Muremyi w’ibintu vyose. Naho ari ukwo, hariho abantu babona neza “kamere . . . zitaboneka” z’Imana biciye ku bintu yaremye. (Abaroma 1:20) Babigiranye umutima ukenguruka, barasunikirwa guha Yehova ubuninahazwa n’iteka. Baramenyesha abantu bose bashobora kwumviriza, ibimenyamenya vyeza umutima vy’uko Yehova ari we yaremye ibintu vyose mu buryo bwiza igitangaza be n’uko kubera ico akwiriye ko tumwubaha bimwe bigera kure.—Zaburi 19:1, 2; 139:14.
Ariko none, ni mu buryo ubuhe Yehova ahabwa ububasha n’abamusenga? Ego ni ko, nta kiremwa na kimwe gishobora guha ububasha Umuremyi mushoboravyose. (Yesaya 40:25, 26) Yamara, kubera yuko twaremwe mw’ishusho y’Imana, twararemanywe kamere z’Imana ku rugero runaka, imwe muri zo ikaba ari ububasha. (Itanguriro 1:27) Nimba vy’ukuri dukenguruka ivyo Umuremyi wacu yatugiriye, tuzovyurirwa umutima wo gukoresha ububasha dufise be n’inguvu zacu kugira ngo tumutere iteka twongere tumuninahaze. Aho gukoresha inguvu zacu kugira gusa dukore ibitwungura twebwe ubwacu, turumva ko Yehova Imana abereye guhabwa ububasha bwacu bwose uko tumukorera.—Mariko 12:30.
None ni kubera iki turi ng’aha kw’isi? Igice ca nyuma c’Ivyahishuwe 4:11 kirishura giti: “Kubera ukugomba kwawe vyarabayeho [ni ukuvuga ibintu vyose vyaremwe], kandi vyararemwe.” Si twebwe twiremye. Turiho kubera ukugomba kw’Imana. Ku bw’iyo mvo, umuntu abayeho yironderera inyungu ziwe gusa, ntashira akanyota. Kugira ngo turonke amahoro yo mu mutima, akanyamuneza, ugushira akanyota be no kwumva ko ubuzima bwacu buri n’ico buvuze, turakeneye kumenya ukugomba kw’Imana uko ari kwo maze tugaca tubaho duhuza na kwo. Ico gihe ni ho gusa tuzoshika ku kumenya igituma twaremwe be n’igituma turiho.—Zaburi 40:8.
[Picture Credit on page 31]
NASA, ESA, na A. Nota (STScI)