Inyandiko ya kera yitwa cunéiforme be na Bibiliya
INYUMA y’aho ururimi abantu bavuga ruyoberanijwe i Babeli, haciye havuka uburyo bwo kwandika butandukanye. Abantu b’i Mezopotamiya, nk’Abasumeriya be n’Abanyababiloni, bakoresha uburyo bwo kwandika bwita cunéiforme. Iryo jambo rikomoka kw’ijambo ry’ikilatini risobanura ngo ‘gifise imero y’imfuruka,’ rikaba ryerekeza ku kanyabutatu kaca kicapa kw’ibumba rikanye mu gihe baba baridomyeko akantu kakoreshwa mu kurushirako ibimenyetso.
Abacukuzi b’ivya kera barubuye ibisomwa vyo mu nyandiko ya cunéiforme bivuga ibijanye n’abantu be n’ibintu vyabaye bivugwa no mu Vyanditswe. Tuzi iki none ku vyerekeye ubwo buryo bwa kera bwo kwandika? Kandi ni ikimenyamenya ikihe bene ivyo bisomwa bitanga ku bijanye n’ukuba Bibiliya ari iyo kwizigirwa?
Inzandiko zaramvye
Incabwenge zivuga yuko mu ntanga uburyo bwo kwandika bwakoreshwa muri Mezopotamiya, kwari ugucapa ikimenyetso kinaka canke ishusho yinaka yerekana ijambo rinaka canke iciyumviro kinaka. Nk’akarorero, mu ntango ikimenyetso cakoreshwa mu kwerekana impfizi wari umutwe wayo. Uko vyagenda birarushiriza gukenerwa ko inzandiko zizigamwa, ni ko inyandiko ya cunéiforme yagenda iratera imbere. Impinduro imwe ya Bibiliya (NIV Archaeological Kwiga Bible) isigura iti: “Mu nyuma utumenyetso ntitwari tukigereranya amajambo gusa, ariko kandi twarashobora kugereranya ibice bigize amajambo manaka, ututari duke muri two tukaba twarashobora gufatirwa hamwe kugira ngo twerekane ibice bigize ijambo rinaka.” Mu nyuma, utumenyetso dutandukanye dushika ku 200 twaratumye iyo nyandiko “iba koko imvugo, ifise insiguro be n’indimburo bitoroshe na gato.”
Mu gihe ca Aburahamu, nko mu 2.000 B.G.C., inyandiko ya cunéiforme yari iteye imbere cane. Mu binjana 20 vyakurikiye, indimi zishika kuri 15 zaratanguye kuyikoresha. Ibice birenga 99 kw’ijana vy’ibisomwa vya cunéiforme vyatowe, vyari vyanditse ku bisate vyo mw’ibumba. Mu myaka irenga 150 iheze, igitigiri kinini cane ca bene ivyo bisate vyaratowe i Uri, i Uruk, i Babiloni, i Nimurude, i Nipure, i Ashuri, i Ninewe, i Mari, i Ebla, i Ugariti, be n’i Amarna. Igitabu kimwe (Archaeology Odyssey) kivuga giti: “Abahinga bagereranya ko ibisate biriko inyandiko ya cunéiforme bimaze kwuburwa vyoba biri hagati y’imiliyoni imwe n’imiliyoni zibiri, ibindi 25.000 canke birenga bikaba vyuburwa uko umwaka utashe.”
Incabwenge mu bijanye n’inyandiko ya cunéiforme zo hirya no hino kw’isi zirafise igikorwa kitoroshe co kuyisobanura. Biharurwa ko “nk’icicumi c’ibisomwa vy’iyo nyandiko ya cunéiforme bikiriho ari vyo gusa bimaze gusomwa muri iki gihe ca none, naho yoba ari incuro imwe yonyene.”
Kuba harubuwe ibisomwa vyo mu nyandiko ya cunéiforme vyanditswe mu ndimi zibiri be n’ivyanditswe mu ndimi zitatu cabaye co kintu nyamukuru cafashije gutora insobanuro y’iyo nyandiko. Incabwenge zasanze izo nzandiko ziriko igisomwa kimwe kiri mu ndimi zitandukanye, zose zikaba zari zanditswe mu nyandiko ya cunéiforme. Ikintu cafashije mu gikorwa kijanye no kurondera kumenya insobanuro y’iyo nyandiko, kwabaye ukubona ko amazina, amazina y’icubahiro be n’amamuko y’abategetsi, eka mbere n’amajambo yo kwihayagiza vyagiye birasubirwamwo kenshi.
Mu myaka ya 1850, incabwenge zarashobora gusoma ururimi rwavugwa cane mu karere ka kera k’ibihugu vy’Abarabu, ikinyakadi, canke ururimi rwakoreshwa n’Abashuri n’Abanyababiloni, izo ndimi zikaba zari mu nyandiko ya cunéiforme. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) gisigura giti: “Insobanuro y’ikinyakadi imaze kumenyekana, uburyo nyamukuru bwo kugitora bwaba butahuritse, gutyo hakaba habonetse akarorero kokurikizwa mu gusobanura izindi ndimi zo mu nyandiko ya cunéiforme.” None izo nzandiko zifitaniye isano gute n’Ivyanditswe?
Ni ikimenyamenya gihuza na Bibiliya
Bibiliya ivuga yuko Yeruzalemu hatwawe n’abami b’Abanyakanani gushika aho Dawidi ahigaruriye nko mu 1070 B.G.C. (Yos. 10:1; 2 Sam. 5:4–9) Ariko incabwenge zimwezimwe ntizavyemeye neza. Yamara, mu 1887, umukenyezi umwe w’umurimyi yaratoye igisate c’ibumba i Amarna mu Misiri. Ibisomwa bishika 380 vyahavuye bitorwa ng’aho, vyarerekanye ko hariho imigenderanire hagati y’abategetsi bo mu Misiri (Amenhotep wa 3 na Akhenaton) n’abami b’Abanyakanani. Amakete atandatu yari yarungitswe na ‘Abdi-Heba, uwatwara i Yeruzalemu.
Ikinyamakuru kimwe (Biblical Archaeology Review) kivuga giti: “Ibintu bimwebimwe vyari vyanditswe ku bisate vyatowe i Amarna bivuga mu buryo butomoye ko Yeruzalemu cari igisagara, ko ritari itongo, be n’uko ‘Abdi-Heba yari . . . buramatari yaba i Yeruzalemu kandi akaba yari ahafise ingabo z’Abanyamisiri 50, birerekana yuko Yeruzalemu bwari ubwami butoyi bugizwe n’igihugu c’imisozi.” Ico kinyamakuru nyene mu nyuma cavuze giti: “Twisunze amakete yatowe i Amarna, twoshobora guhera amazinda yuko ico gihe hariho igisagara cari gihambaye gusumba ibindi.”
Amazina mu nzandiko z’i Ashuri n’iz’i Babiloni
Abashuri, mu nyuma n’Abanyababiloni bakaba barabigize, bandika kahise kabo ku bisate vy’ibumba, ku bintu bimeze nk’ibigegene vy’ibiti, ku bintu bibase hamwe no ku vyibutso. Igihe rero incabwenge zashobora gusobanura ikinyakadi cari mu nyandiko ya cunéiforme, zasanze ivyo bisomwa birimwo amazina y’abantu bavugwa no muri Bibiliya.
Igitabu kimwe (The Bible in the British Museum) kivuga giti: “Mu vyo Dogoteri Samuel Birch yavuze mu 1870 abwira ishirahamwe ryagira ubucukuzi bwerekeye Bibiliya ryari riherutse kuvuka, yarashoboye kwerekana [mu bisomwa vyo mu nyandiko ya cunéiforme amazina y’]abami b’Abaheburayo Omuri, Ahabu, Yehu, Azariya . . . , Menahemu, Peka, Hosheya, Hezekiya na Manase, be n’amazina y’abami b’Abashuri Tilugati-pileseri . . . [wa gatatu], Sarigoni, Senakeribu, Esarihadoni na Ashuribanipare, . . . be n’amazina y’Abasiriya, bene Hadadi, Hazayeli na Rezini.”
Igitabu kimwe (The Bible and Radiocarbon Dating) kirafata inkuru za kahise ka Isirayeli be n’ak’Ubuyuda zivugwa muri Bibiliya kikazigereranya n’ibivugwa mu bisomwa vya kera vyo mu nyandiko ya cunéiforme. None ivyo bivamwo iki? Ico gitabu kigira giti: “Abami ba Isirayeli n’Ubuyuda 15 canke 16 bose hamwe baraboneka mu nzandiko zitari izo muri ivyo bihugu, mu buryo buhuye neza n’amazina yabo be n’ibihe babayeho nk’uko biri mu [gitabu ca Bibiliya c’]Abami. Nta mwami n’umwe adashirwa mu kibanza kibereye, eka nta n’izina na rimwe riri muri izo nzandiko ritari mu yo dusanzwe tuzi mu Bami.”
Icandikano ca cunéiforme kimwe kizwi cane catowe mu 1879, kikaba citirirwa Kuro, kivuga yuko inyuma y’aho Kuro yigaruriye Babiloni mu 539 B.G.C., yaciye ashira mu ngiro politike yiwe ijanye no gusubiza abatwawe ari inyagano mu bihugu vyabo vy’amavukiro. Abayuda bari mu bayungukiye. (Ezira 1:1-4) Incabwenge nyinshi zo mu kinjana ca 19 zari zifise amakenga ku vy’uko iryo tegeko ryasubiwemwo muri Bibiliya ari iry’ukuri. Ariko rero, inzandiko za cunéiforme zo mu gihe Ubuperesi bwari inganji nganzasi, ushizemwo na ca candikano citirirwa Kuro, biratanga ikimenyamenya kijijura yuko inkuru zo muri Bibiliya zitagiramwo amakosa.
Mu 1883, harubuwe ibisomwa bivuga ivya kera vyo mu nyandiko ya cunéiforme birenga 700 i Nipure, hafi y’i Babiloni. Mu mazina 2.500 ari muri ivyo bisomwa, nk’ayashika 70 arashobora kuboneka ko ari ayo ikiyuda. Umutohozakahise Edwin Yamauchi avuga yuko abantu bavugwa muri ivyo bisomwa basa “n’abagiranira amasezerano, abaserukira abandi, ivyabona, abatozakori be n’abategetsi bakorera ku kirimba.” Ikimenyamenya c’uko Abayuda babandanije kurangura ben’iyo mirimo bari hafi y’i Babiloni muri ico kiringo, kiri n’ico kivuze. Kirashigikira ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwavuga yuko naho hari “amasigarira” y’Abisirayeli yosubiye mu Buyuda avuye mu bunyagano i Ashuri n’i Babiloni, abenshi batosubiyeyo.—Yes. 10:21, 22.
Mu kimpumbi ca mbere B.G.C., inyandiko ya cunéiforme yariho iri kumwe n’inyandiko y’indome. Mugabo Abashuri n’Abanyababiloni bahavuye baheba inyandiko ya cunéiforme basigara bakoresha iy’indome.
Ibisate ibihumbi amajana n’amajana vyabitswe mu mazu y’iratiro ry’ivya kera biracari ivyo kwigwa. Ivyo abahinga bamaze gutora insobanuro yavyo biratanga ikimenyamenya gikomeye c’uko Bibiliya ari iyo kwizigirwa. Ni nde none yomenya ibindi bimenyamenya ivyo bisomwa bitarigwa vyoshobora kuba bitekeye?
[Picture Credit on page 21]
Ifoto yafashwe bitangiwe uburenganzira na British Museum