Ivyo twigira kuri Yezu
Ku bijanye n’amasengesho Imana yumva
Akenshi Yezu yararondera ahantu hiherereye kugira ngo asenge, kandi yasavye abayoboke biwe kubigenza gutyo nyene. Bibiliya ivuga iti: “Igihe yari ahantu hamwe ariko arasenga, ahagaritse, umwe mu bigishwa biwe amubwira ati: ‘Mukama, twigishe gusenga’ . . . Ababwira ati: ‘Igihe cose musenga, muvuge muti: “Data, izina ryawe niryezwe.”’” (Luka 5:16; 11:1, 2) Muri ubwo buryo, Yezu yarerekanye yuko amasengesho akwiye guturwa Se wiwe ari we Yehova. Ni we Muremyi wacu wenyene akaba n’‘Uwumva ivyo asabwa.’—Zaburi 65:2.
Amasengesho yose yoba ahimbara Imana?
Gusubiramwo amasengesho yafashwe ku mutwe ntibihimbara Imana. Yezu yavuze ati: “Igihe usenga, ntuvuge vya bindi nyene ubisubiramwo kenshikenshi.” (Matayo 6:7) Dutegerezwa kuganirira Dawe wa twese wo mw’ijuru ibivuye ku mutima. Igihe kimwe, Yezu yareretse abayoboke biwe ashimitse yuko amasengesho y’umunyabicumuro umwe yipfuza bimwe bivuye ku mutima kugira ivyo ahinduye, Imana yayumvirije gusumba amasengesho y’umugabo umwe w’umunyabwibone yubahiriza rwose imigenzo yo mw’idini. (Luka 18:10-14) Ku bw’ivyo rero, kugira Imana yumvirize amasengesho dutura, dukwiye kugerageza gukora ivyo itubwira twicishije bugufi. Na Yezu ubwiwe yavuze ati: “Nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga ivyo bintu . . . nama nantaryo nkora ibimuhimbara.” (Yohani 8:28, 29) Mw’isengesho Yezu yatuye, yavuze ati: “Ntihabe ivyo ngomba, ahubwo habe ivyo ugomba.”—Luka 22:42.
Ni ibiki dukwiye gusenga dusaba?
Kubera yuko izina ry’Imana ryasizwe iceyi, Yezu yavuze ati: “Nuko rero musenge mutya: ‘Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru.’” (Matayo 6:9, 10) Dukwiye gusenga dusaba ko Ubwami bw’Imana bwoza kubera yuko ari yo ntwaro Imana izokoresha kugira ngo irangure ivyo igomba mw’ijuru no kw’isi. Yezu yavuze yuko dushobora gusenga dusaba “umukate wacu w’uno musi.” Turashobora kandi gusaba Yehova ivyerekeye akazi, uburaro, ivyambarwa, amagara be n’ibindi bintu bituraje ishinga. Vyongeye, Yezu yavuze yuko dukwiye gusenga dusaba kubabarirwa ibicumuro.—Luka 11:3, 4.
Twoba dukwiye gusenga dusabira abandi?
Yezu yarasenga asabira abandi. Bibiliya itubwira iti: “Abana batoyi bazanwa kuri we, kugira ngo abarambikeko ibiganza yongere asenge.” (Matayo 19:13) Yezu yabwiye intumwa Petero ati: “Natakamvye ku bwawe kugira ngo ukwizera kwawe ntikudegere.” (Luka 22:32) Yezu yararemesheje abayoboke biwe gusenga basabira abandi, mbere n’ababahama be n’ababatuka.—Matayo 5:44; Luka 6:28.
Ni kubera iki dukwiye gushishikara gusenga?
Yezu yaramara umwanya ariko arasenga kandi yaremesheje abayoboke biwe “[kwama] nantaryo basenga kandi ntibahebe.” (Luka 18:1) Yehova aradutera akamo ngo tugaragaze ko tumwizigira mu kwama tumuganirira ibijanye n’ibintu bituraje ishinga. Yezu yavuze ati: “Mugume musaba, muzohabwa.” Mugabo ivyo ntibisobanura yuko Yehova agonanwa kwishura abamukunda bakongera bakamwubaha nka we Se wabo. Ahubwo riho, Yezu yavuze ati: “Nimba . . . mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba!”—Luka 11:5-13.
Nimba ushaka kumenya ayandi makuru, raba ikigabane ca 17 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?a
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.