ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/5 rup. 7-8
  • 3 Numenye ukuri ku vyerekeye Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 3 Numenye ukuri ku vyerekeye Yezu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyo bijanye
  • Abigishwa ba Mbere ba Yezu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu atangura kurondera abigishwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ababaye abigishwa ba Yezu
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yezu Kirisitu—Ibimenyamenya vy’uko yabayeho kw’isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/5 rup. 7-8

3 Numenye ukuri ku vyerekeye Yezu

“Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.”​—Yohani 3:16.

INGORANE NI IYIHE? Abantu bamwebamwe boshobora gutuma wemera ko Yezu atabayeho. Abandi barazi ko yabayeho ariko bakemeza ko yari umuntu asanzwe vyonyene ubu haciye igihe kirekire apfuye.

USHOBORA GUTE GUTSINDA IYO NGORANE? Niwigane umwigishwa Natanayeli.a Umugenzi wiwe Filipo yamubwiye ko yibaza ko yari yabonye Mesiya ari we “Yezu, wa mwana wa Yozefu, w’i Nazareti.” Ariko rero, Natanayeli ntiyaciye yemera ubwo nyene ivyo Filipo yari amubwiye. Nkako, yamwishuye ati: “Hari ikintu ciza cova i Nazareti?” Naho yamwishuye gutyo, yaremeye ubutumire Filipo yari amuhaye bwo ‘kuza akirabira’ ubwiwe. (Yohani 1:43-51) Na wewe nyene uzokwungukira ku kwisuzumira ubwawe ibimenyamenya vyerekeye Yezu. Wokora iki?

Nusuzume ibimenyamenya vyo muri kahise vyerekana ko Yezu yabayeho koko. Josèphe na Tacite bompi bari abatohozakahise bubahwa babayeho mu kinjana ca mbere kandi ntibari abakirisu. Baravuga ko Yezu Kristu ari umuntu yabayeho kera. Mu kuvuga ukuntu wa Mwami w’abami w’Umuroma Nero yagirije abakirisu ngo ni bo bateje umuriro ukomeye watongoye i Roma mu 64 G.C., Tacite yanditse ati: “Nero yararemaremye ibirego hanyuma ateza amarushwa akomeye umugwi w’abantu bankwa ngo kubera ububi bwabo, uwo mugwi abantu benshi bakaba bawita abakirisu. Christus [Kristu], uwo iryo zina abakirisu rikomokako, yaraciriwe urwo gupfa n’umwe mu bategetsi bahambaye ari we Ponsiyo Pilato mu gihe c’ingoma ya Tiberiyo.”

Ku bijanye n’ivyo abatohozakahise bo mu kinjana ca mbere n’ica kabiri bavuze ku vyerekeye Yezu be n’abakirisu bo mu ntango, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) casohowe mu 2002, kivuga giti: “Izo nkuru zigenga ziremeza ko mu bihe vya kera, n’abarwanya ubukirisu batigeze bakekeranya ivy’uko Yezu yabayeho koko, ivyo bikaba vyatanguye guharirwako ari ryo rya mbere kandi bivuye ku mvo ataho zishingiye mu mpera z’ikinjana ca 18, mu kinjana ca 19 be no mu ntango z’ikinjana ca 20.” Mu 2002, hari ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (The Wall Street Journal) cavuze giti: “Incabwenge nyinshi, ukuyemwo abatemera Imana bari ku rushi, bari basanzwe bemera ko Yezu w’i Nazareti ari umuntu yabayeho kera.”

Rimbura ibimenyamenya vyerekana ko Yezu yazuwe. Igihe Yezu yafatwa n’abamurwanya, abagenzi biwe somambike baramutaye, n’umugenzi wiwe Petero yaramwihakanye abitumwe n’ubwoba. (Matayo 26:55, 56, 69-75) Yezu amaze gufatwa, abayoboke biwe barasanzaye. (Matayo 26:31) Mu kanya isase abigishwa biwe baciye bagira ico bakoze. Petero na Yohani babigiranye umutima rugabo barahambariye abo bagabo nyene bari bapanze umugambi wo kwica Yezu. Abigishwa ba Yezu baragize ishaka ryinshi cane ku buryo baciye bakwiragiza inyigisho ziwe mu Nganji nganzasi y’Uburoma yose, bemera gupfa aho kwihakana ivyo bemera.

None imwe mu mvo zatumye bagira amahinduka akomeye mu kuntu babona ibintu ni iyihe? Intumwa Paulo asigura yuko Yezu yari yazuwe mu bapfuye kandi ko “yiyeretse Kefa [Petero], hanyuma bamwe cumi na babiri.” Yongerako ati: “Inyuma y’ivyo yiyeretse abavukanyi barenga amajana atanu icarimwe.” Benshi mu bari biboneye ivyo bintu bari bakiriho igihe Paulo yandika ayo majambo. (1 Abakorinto 15:3-7) Intahe ishinzwe n’umwe canke babiri mu bavyiboneye yoshobora kuba itari ishemeye ku buryo abantu bakekeranya batari kuyemera. (Luka 24:1-11) Ariko rero, intahe ishinzwe n’abavyiboneye barenga amajana atanu ni ikimenyamenya cemeza neza yuko Yezu yari yazuwe mu bapfuye.

IMPERA NI IYIHE? Abizera Yezu bakongera bakamugamburukira barashobora guharirwa ivyaha vyabo kandi bakaguma bafise ijwi ryo mu mutima ryiza. (Mariko 2:5-12; 1 Timoteyo 1:19; 1 Petero 3:16-22) Naho bopfa, Yezu abasezeranira ko azobazura “ku musi wa nyuma.”​—Yohani 6:40.

Nimba ushaka ayandi makuru, raba mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?b ikigabane ca 4 kivuga ngo “Yezu Kirisitu ni nde?,” be n’ikigabane ca 5 kivuga ngo “Incungu ni ingabirano Imana yatanze iruta izindi zose.”

[Utujambo tw’epfo]

a Biboneka ko abanditsi b’Injili ari bo Matayo, Mariko na Luka Natanayeli bamwita Barutelemi.

b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 7]

Nka kumwe kwa Natanayeli, nusuzume ibimenyamenya vyerekeye Yezu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika