Ibibazo vy’abasomyi
Muri Ezekiyeli 18:20, ahavuga ngo “umwana ntazozira ibigabitanyo vya se,” hoba havuguruza ibivugwa muri Kuvayo 20:5 yuko Yehova “[ahōra] abana ibigabitanyo vya ba se”?
Nta kuvuguruzanya kurimwo. Hamwe hashimika ku vy’uko umwe wese ku giti ciwe azokwibarizwa ivyo yakoze, ahandi na ho hakemeza yuko ikosa umuntu yokora ryoshobora kugira ingaruka ku bazomukomokako.
Ibivugwa muri Ezekiyeli ikigabane ca 18 bishimika ku vy’uko umwe wese ku giti ciwe azokwibarizwa ivyo yakoze. Umurongo wa 4 ugira uti: “Umuntu akora icaha ni we azopfa.” Bite ho ku bijanye n’umuntu w’“umugororotsi, [akora] ibitunganye n’ibikwiye”? Uwo “ntazobura kubaho.” (Ezk. 18:5, 9) Ku bw’ivyo rero, igihe umuntu wese ageze aho ashobora kwibarizwa ivyo akora, acirwa urubanza “nk’ukw inzira ziwe zimeze.”—Ezk. 18:30.
Iyo ngingo ngenderwako irabonekera mu vyabaye ku Mulewi umwe yitwa Kora. Mu gihe ca rwa rugendo Isirayeli yagira mu bugaragwa, Kora ntiyamazwe ipfa n’uduteka yari afise mu murimo yarangura. Mu ntumbero yo kwigarurira ibikorwa vy’abaherezi, Kora hamwe n’abandi bantu nka bangahe baragararije abaserukira Yehova, ari bo Musa na Aroni. Kubera yuko Kora be n’abo bagarariji barondeye gushikira ako gateka babanje kwita imbere, na ko kakaba kari agateka batari bagenewe, Yehova yarabishe. (Guh. 16:8-11, 31-33) Ariko rero abana ba Kora ntibagiye muri ubwo bugarariji. Imana ntiyabaharuyeko icaha ca se. Kuba bagumye ari intahemuka kuri Yehova vyatumye ubuzima bwabo buzigurizwa.—Guh. 26:10, 11.
Ariko none tuvuge iki ku bijanye n’imburi iri muri Kuvayo 20:5, iyo na yo ikaba iri muri ya Mabwirizwa Cumi? Subira urimbure ibihavugwa. Yehova yaragiraniye n’ihanga ryiwe Isirayeli isezerano rishingiye kw’Itegeko. Bamaze kwumva ivyasabwa n’iryo sezerano, Abisirayeli bivugiye icese bati: “Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora.” (Kuv. 19:5-8) Gutyo, iryo hanga uko ryakabaye ryari ritanguye kugiranira ubucuti budasanzwe na Yehova. Ku bw’ivyo rero, amajambo ari muri Kuvayo 20:5 ahanini yabwiwe iryo hanga ryose.
Igihe cose Abisirayeli baguma ari intahemuka kuri Yehova, iryo hanga ryarironkera imihezagiro. (Lew. 26:3-8) Igihushane c’ivyo na co nyene carashoboka. Igihe ihanga rya Isirayeli ryaba ritaye Yehova rigakurikira imana z’ikinyoma, na we yarabima umuhezagiro wiwe akareka no kubakingira; iryo hanga ryarahabonera amakuba. (Abac. 2:11-18) Mu vy’ukuri, hariho abagumije ugutungana kwabo barongera baritondera amabwirizwa y’Imana naho iryo hanga ryaba ryisutse mu ngendo yo gusenga ibigirwamana. (1 Abm. 19:14, 18) Biboneka yuko hari abantu b’intahemuka bashikiwe n’amakuba bazira ibicumuro vy’iryo hanga, ariko Yehova yarabagaragarije ubuntu bwuzuye urukundo.
Igihe Isirayeli yimonogoza mu guhonyanga ingingo ngenderwako za Yehova gushika n’aho izina ryiwe ricika akamenyo mu mahanga, Yehova yarafashe ingingo yo guhana abantu biwe mu kubareka bakajanwa i Babiloni ari inyagano. Birumvikana yuko ico gihano cari cerekeye abantu ku giti cabo, hamwe n’abari mu gisata ciwe uko bagize umugwi. (Yer. 52:3-11, 27) Nkako, Bibiliya irerekana yuko ukwagirwa n’icaha kw’ihanga rya Isirayeli ryose kwakomeye cane, ku buryo urunganwe rugira gatatu, n’urugira kane, canke mbere abo mu runganwe rwokurikiye bashikiwe n’ingaruka z’ibintu bibi ba sekuruza babo bakoze, nk’uko nyene bivugwa muri Kuvayo 20:5.
Ijambo ry’Imana ririmwo kandi inkuru usanga zivuga ivyerekeye abagize imiryango bashikiwe n’ingaruka bivuye ku kwigenza nabi kw’abavyeyi babo. Umuherezi Mukuru Eli yarashavuje Yehova mu kureka abahungu biwe b’ibihumbu kandi b’“abanyangeso mbi” bakaguma ari abaherezi. (1 Sam. 2:12-16, 22-25) Kubera yuko Eli yateye iteka abahungu biwe kuruta Yehova, Imana yaravumereye yuko umuryango wa Eli wokuwe mw’ibango ry’ubuherezi bukuru, ivyo bikaba vyatanguriye ku mwuzukuruza wiwe Abiyatari. (1 Sam. 2:29-36; 1 Abm. 2:27) Ingingo ngenderwako iri muri Kuvayo 20:5 irabonekera no ku karorero ka Gehazi. Yarakoresheje nabi ikibanza yari afise bwa musuku wa Elisa kugira ngo yironkere ibintu vy’umubiri, bivuye ku gukizwa kwa ya ntwazangabo y’Umusiriya Namani. Biciye kuri Elisa, Yehova yaramenyesheje urwo amuciriye, ati: “Imibembe ya Namani izokwōmako no ku ruvyaro rwawe kugeza ibihe vyose.” (2 Abm. 5:20-27) Ku bw’ivyo, abakomotse kuri Gehazi barashikiwe n’ingaruka z’ico kibi yakoze.
Kubera yuko Yehova ari Umuremyi akaba n’Umuzigamyi w’ubuzima, arafise uburenganzira bwose bwo kumenya igihano kigororotse kandi kibereye. Ubwo burorero buvuzwe aho haruguru burerekana yuko abana canke abakomoka ku muntu kanaka, boshobora gushikirwa n’ingaruka mbi z’igicumuro ca ba sekuruza babo. Ariko rero, Yehova “[arumva] ugutakamba kw’impahazwa,” kandi abantu bamwitura babigiranye ubwira boshobora gutoneshwa na we, mbere bakaruhurirwa ku rugero kanaka.—Yobu 34:28.
[Ifoto ku rup. 29]
Kora be na ba bagarariji baraharuweko ivyo bakoze