Yezu Kristu—Ukuntu ubutumwa bwiwe bwagize ikintu kinini bukoze
“Ata gukeka, ikintu kiruta vyose kiguma gishingira intahe wa muntu w’inkerebutsi yava i Kaperinawumu, ni uko abandanya kwigarurira imitima n’imizirikanyi abigiranye umutima mwiza.”a—VYANDITSWE NA GREGG EASTERBROOK.
BURYA amajambo ari n’ububasha. Amajambo y’ubukerebutsi acaguwe neza arashobora gukora abantu ku mutima, akabaha ivyizigiro, akongera agahindura ubuzima bwabo. Nta muntu yigeze akoresha amajambo y’ububasha kuruta Yezu Kristu. Umuntu umwe yumvise Yezu ariko aratanga ya Nsiguro yo ku Musozi ubu izwi cane, mu nyuma yanditse ati: “Yezu arangije ayo majambo, amasinzi ajorezwa n’uburyo yigisha.”—Matayo 7:28.
Kugeza n’uno musi, menshi mu majambo Yezu yavuze aramenyerewe n’abantu bo kw’isi yose. Rimbura uturorero dukeyi tw’amajambo yavuze atekeye insobanuro ikomeye.
“Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.”—Matayo 6:24.
“Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.”—Matayo 7:12.
“Nimwishure . . . Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.”—Matayo 22:21.
“Gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa.”—Ibikorwa 20:35.
Ego ni ko, Yezu yaravuze amajambo y’intibagirwa. Ariko ikiruta ivyo, ubutumwa yamamaje bwari bufise ububasha kubera ko bwamenyekanisha ukuri kwerekeye Imana, bukigisha abantu ukuntu bogira ubuzima buri n’ico buvuze kandi bukerekana neza umuti w’imibabaro yose abantu barimwo, uwo na wo akaba ari Ubwami bw’Imana. Uko dusuzuma ubwo butumwa mu biganiro bikurikira, turaza kubona igituma Yezu abandanya kwigarurira “imitima n’imizirikanyi” vy’abantu amamiliyoni “abigiranye umutima mwiza.”
[Akajambo k’epfo]
a Igisagara ca Kaperinawumu mu ntara ya Galilaya cabonwa ko ari co Yezu yabamwo.—Mariko 2:1.