Abasomyi bacu barabaza . . .
Yezu yoba ari we wa mumarayika mukuru Mikaheli?
▪ Muri make, inyishu ni egome. Mu mico myinshi, kwitwa amazina abiri canke arenga ni ikintu kimenyerewe. Ukwo ni na ko bimeze ku bijanye n’amazina yo muri Bibiliya. Nk’akarorero, umwe sekuruza w’imiryango Yakobo yitwa kandi Isirayeli. (Itanguriro 35:10) Intumwa Petero yitwa amazina atanu atandukanye, na yo akaba ari Simeyoni, Simoni, Petero, Kefa be na Simoni Petero. (Matayo 10:2; 16:16; Yohani 1:42; Ibikorwa 15:7, 14) None dushobora gute guhera amazinda yuko Mikaheli ari irindi zina rya Yezu? Rimbura ibimenyamenya bikurikira bishingiye ku Vyanditswe.
Ico kiremwa c’impwemu gifise ububasha citwa Mikaheli kiravugwa incuro zitanu muri Bibiliya. Incuro zitatu izina Mikaheli riboneka mu gitabu ca Daniyeli. Muri Daniyeli 10:13, 21, dusoma yuko umumarayika yari yarungitswe gukora igikorwa kimwe yatabawe na Mikaheli, uno akaba avugwa ko ari “umwe wo mu bagabisha bahambaye” akaba n’“umugabisha wanyu.” Ubukurikira, muri Daniyeli 12:1, tubwirwa ko mu gihe c’iherezo “Mikayeli azohaguruka, [akaba ari] we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu.”
Ahandi hantu Mikaheli avugwa ni mu Vyahishuwe 12:7, ahadondora “Mikaheli n’abamarayika biwe” bariko barwana intambara ihambaye cane ituma Shetani wa Mubesheranyi be n’abamarayika biwe babi birukanwa mw’ijuru.
Urabona ko muri kimwe cose muri ivyo vyanditswe bivuzwe, Mikaheli adondorwa ko ari umumarayika arwana intambara, arwanira akongera agakingira abasavyi b’Imana, akanahangana n’umwansi mukuru wa Yehova, ari we Shetani.
Muri Yuda umurongo wa 9 hita Mikaheli “wa mumarayika mukuru.” Iyo mvugo ngo “umumarayika mukuru” ntiryigera rikoreshwa mu bwinshi muri Bibiliya. Uwundi murongo wonyene uvugwamwo ibijanye n’umumarayika mukuru ni uwo mu 1 Abanyatesalonika 4:16, aho Paulo adondora Yezu amaze kuzuka, ati: “Umukama [Yezu] ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru be n’urumbete rw’Imana.” Rero, aha Yezu Kristu ubwiwe adondorwa ko ari we wa mumarayika mukuru.
None dufatiye kuri ivyo duhejeje kuvuga, ni iciyumviro ikihe twoshikako? Yezu Kristu ni we Mikaheli wa mumarayika mukuru. Ayo mazina yompi, ni ukuvuga Mikaheli (risobanura ngo “Ni nde ameze nk’Imana?”) be na Yezu (risobanura ngo “Yehova ni ubukiriro”), ashimika ku ruhara arangura ari we aja imbere abandi mu kuburanira ubusegaba bw’Imana. Ku bijanye na Yezu amaze kuninahazwa, mu Bafilipi 2:9 havuga hati: “Imana [yaramudugije imushira] mu kibanza co hejuru cane, yongera imuha n’umutima ukunze izina riri hejuru y’irindi zina iryo ari ryo ryose.”
Birahambaye kumenya ko Yezu atatanguye kubaho igihe yavuka ari umuntu. Imbere y’uko Yezu avuka, Mariya yaragendewe n’umumarayika yamubwiye yuko yosamye inda biciye ku mpwemu nyeranda be n’uko umwana yokwibarutse yomwise Yezu. (Luka 1:31) Mu gihe c’ubusuku bwiwe, Yezu yaravuze kenshi ivy’uko yabayeho imbere y’uko aba umuntu nkatwe.—Yohani 3:13; 8:23, 58.
Rero, Mikaheli wa mumarayika mukuru ni Yezu igihe atari bwabe umuntu nkatwe. Yezu amaze kuzuka agasubira mw’ijuru, yarongeye kurangura umurimo yahora arangura ari Mikaheli wa mumarayika mukuru, “ku bw’ubuninahazwa bw’Imana ari yo Data.”—Abafilipi 2:11.