Niwigane Ukwizera Kwabo
Yarigiye kuri Shebuja ibijanye n’uguharira abandi
PETERO ntiyokwigeze yibagira ico gihe kitoroshe yahuza amaso na we. Yoba yabonye mu maso ya Yezu ikimenyetso c’uko yoba avunitse umutima canke amucishijemwo ijisho? Ntitwoshoka tuvyemeza; inkuru yahumetswe ivuga gusa yuko “Umukama [yahindukiye], araba Petero.” (Luka 22:61) Ariko muri ukwo kumuraba rimwe gusa, Petero yarabonye ukuntu ikosa yari akoze ryari rikomeye cane. Yaratahuye ko yari ahejeje gukora ca kintu nyene Yezu yari yavuze imbere y’aho, kikaba ari ikintu Petero yari yahakanye yisiba ko atokwigeze akora: yari yihakanye Shebuja yakunda. Ico gihe Petero vyarabuze rwose, kumbure kikaba cabaye co gihe kibi kuruta ibindi vyose cashitse ku musi mubi kuruta iyindi yose mu buzima bwiwe.
Ariko rero, ntikari kabaye. Kubera yuko Petero yari umuntu afise ukwizera gukomeye, inyuma y’aho akoreye amakosa, yari agifise akaryo ko gusubirana, akiga kimwe mu vyigwa bikomeye kuruta ibindi vyose Yezu yatanze. Cari icigwa cerekeye uguharira abandi. Kubera ko umwe wese muri twebwe akeneye kwiga ico cigwa, nimuze tujane na Petero kuri urwo rugendo rugoye.
Umugabo yari afise vyinshi akeneye kwiga
Amezi nk’atandatu imbere y’aho, mu gisagara ciwe c’amavukiro ca Kaperinawumu, Petero yaregereye Yezu amubaza ati: “Mukama, umuvukanyi wanje azoncumurako kangahe nanje nza ndamubabarira? Gushika ku ncuro indwi?” Petero ashobora kuba yiyumvira ko ahariye abandi incuro indwi yobaye ahariye cane. Nakare, indongozi z’idini z’ico gihe zigisha yuko umuntu akwiye guharira uwundi incuro zitatu zitarenga! Yezu yishuye ati: “Sinkubwiye Gushika ku ncuro indwi, ahubwo Gushika ku ncuro mirongo irindwi n’indwi.”—Matayo 18:21, 22.
Yezu yoba yariko ashaka kuvuga yuko Petero yari akwiye kuguma aza araharura incuro umuntu amucumurako? Oya; ahubwo riho, mu gufata incuro 7 Petero yari avuze akazihindura 77, Yezu yariko avuga yuko ata karimbi ntarengwa umuntu yokwishiriraho mu guharira abandi. Yezu yerekanye yuko Petero yari yarandukiwe n’agatima ko kutarekura no kudaharira abandi kari kiganje muri iyo misi katuma umuntu aharura amakosa bamukorera be n’incuro abaharira, nka kurya kw’umudandaza aguma aharura amahera bamuheraniye. Ariko imbabazi zisunga Imana zozo zirushiriza kugwira kandi umuntu azitanga atitangiriye itama.
Petero ntiyaharirije Yezu. Ariko none icigwa Yezu yatanze coba vy’ukuri carashikiriye umutima wiwe? Rimwe na rimwe, twiga vyinshi ku bijanye no guharira abandi igihe dutahuye ingene natwe dukeneye cane ko abandi baduharira. Reka rero tugaruke ku bintu vyabaye bidushikana ku rupfu rwa Yezu. Muri ayo masaha agoye, Petero yarakoze ibintu vyinshi vyatumye akenera ko Shebuja amuharira.
Yagiye ararushiriza gukenera guharirwa
Wari umugoroba uhambaye cane: iryo joro ni ryo ryabaye irya nyuma Yezu yamaze kw’isi. Yezu yari agifise vyinshi akeneye kwigisha intumwa ziwe, nk’akarorero ku bijanye n’ukwicisha bugufi. Yezu yaratanze akarorero mu kuboza ibirenge yicishije bugufi, ico kikaba cari gisanzwe ari igikorwa kigenewe umusuku wo hanyuma y’abandi bose. Petero yabanje kubaza Yezu ivyo yariko aragira ivyo ari vyo. Yaciye yanka ko abimugirira. Mu nyuma yasavye Yezu ashimitse ngo ntamwoze ibirenge gusa, ariko ngo amwoze n’amaboko be n’umutwe! Yezu ntiyaciye ashavura, ahubwo yaramusiguriye atekanye igituma ivyo yariko aragira vyari bihambaye be n’ico vyasobanura.—Yohani 13:1-17.
Ariko ata n’akanya kahaciye, abigishwa ng’abo batanguye guhazuka ku bijanye n’umukuru muri bo uwo ari we. Nta gukeka ko Petero yarimwo muri ukwo guhazuka guteye isoni kugaragaza agatima k’ubwibone abantu bafise. Yamara, Yezu yarabakosoye n’umutima mwiza, aranabakeza ku bintu vyiza bari bakoze, bakaba bari berekanye ubwizigirwa mu kwumira kuri Shebuja. Ariko yaciye ababwira yuko bose bomutaye. Petero ni kwo guca asubizayo yuko yokwumiye kuri Yezu naho yobaye ahanganye n’urupfu. Ahubwo riho, Yezu yari yavuze yuko muri iryo joro Petero yokwihakanye uwo Shebuja gatatu imbere y’uko isake ibika kabiri. Petero ntiyaciye gusa avuguruza Yezu, ariko kandi yarirase avuga yuko yobaye umwizigirwa kuruta izindi ntumwa zose!—Matayo 26:31-35; Mariko 14:27-31; Luka 22:24-28.
Yezu yoba yari hafi yo kuba atagishoboye kwihanganira Petero? Ku bisanzwe, muri ico gihe kigoye cose, Yezu yagumye arondera iciza cari kiri mu ntumwa ziwe zidatunganye. Yari azi ko Petero yomuhemukiye, ariko yavuze ati: “Natakamvye ku bwawe kugira ngo ukwizera kwawe ntikudegere; nawe, niwamara kugaruka, ukomeze abavukanyi bawe.” (Luka 22:32) Gutyo, Yezu yari yerekanye ko yizigiye adakeka yuko Petero yosubiye gukomera mu vy’Imana, agasubira gukora umurimo ari umwizigirwa. Umve ntuze uwo mutima mwiza wo guharira!
Mu nyuma, muri rya tongo ry’i Getsemani, vyarabaye ngombwa ko Petero akosorwa incuro nyinshi. Yezu yaramusavye ari kumwe na Yakobo be na Yohani ngo bagume bateramye mu mwanya yariko arasenga. Yezu intuntu yagomba kumwica, akaba yari akeneye gushigikirwa, mugabo Petero n’izo zindi ntumwa bagumye batwarwa n’agatiro bisubiriza. Yezu yavuze aya majambo arimwo ugushimika n’uguharira abandi, ati: “Nkako umutima urashashaye, mugabo umubiri ni goyigoyi.”—Mariko 14:32-38.
Kerakera, ng’ako akagwi karashitse gafise ibimuri kandi kitwaje inkota be n’amahiri. Ico cari igihe gisaba ko umuntu yiyubara kandi akigengesera. Ariko Petero ng’uyo aradutse abanguriye inkota ku mutwe wa Malikusi, umushumba w’umuherezi mukuru, amuresura ugutwi kumwe. Yezu yaciye akosora Petero atekanye, avura ico gikomere, maze asigura ingingo ngenderwako yo kudakoresha inguvu, ari na yo igenga abayoboke biwe gushika n’uno musi. (Matayo 26:47-55; Luka 22:47-51; Yohani 18:10, 11) Petero yari amaze gukora ibintu vyinshi bituma akenera ko Shebuja amuharira. Ivyamushikiye vyoshobora kutwibutsa yuko “twese dutsitara kenshi.” (Yakobo 3:2) Ni nde muri twebwe adakeneye guharirwa n’Imana uko bukeye uko bwije? Ariko Petero wewe, iryo joro ryari rikimubikiye vyinshi. Akari mu nyuma ko karahinda.
Ikosa ry’agahebuza Petero yakoze
Yezu yaciye abwira abagize ako kagwi yuko niba ari we barondera, boreka intumwa ziwe zikigira. Petero yaritegereje ata co ari bukore ingene nya kagwi kaboha Yezu. Petero yaciye rero ayanyaga, nk’uko n’izindi ntumwa bagenziwe babigize.
Muri ukwo guhunga, harageze igihe Petero na Yohani barahagarara, kumbure hakaba hari hafi y’inzu y’uwahoze ari Umuherezi mukuru Anasi, aho babanje kujana Yezu ngo bamusambishe. Yezu bamukuye ng’aho, Petero na Yohani baramukurikiye mugabo “[b]agendera kure.” (Matayo 26:58; Yohani 18:12, 13) Petero ntiyari ikinyabwoba. Gukurikira uwo mugwi w’abantu vyonyene, ugira ngo ntivyasaba umutima rugabo? Ako kagwi kari kitwaje ibirwanisho, kandi wibuke ko Petero yari yamaze gukomeretsamwo umwe. Yamara rero, ubwo buryo Petero ariko aravyifatamwo ntitububonamwo rwa rukundo rudahemuka yari yavuze yiyemera ngo yogaragaje, ni ukuvuga kwa kuba uwiteguriye gupfana na Shebuja bibaye ngombwa.—Mariko 14:31.
Cokimwe na Petero, abenshi muri kino gihe barondera gukurikira Kristu “[b]agendera kure,” kugira ngo ntihagire uwubabona. Ariko rero, nk’uko Petero ubwiwe yahavuye avyandika, uburyo bumwe gusa bubereye bwo gukurikira Kristu ni ukuguma tugendera hafi yiwe uko dushoboye kwose, tukamwigana muri vyose, naho twoshikirwa n’iki.—1 Petero 2:21.
Petero yaramukurikiye yiyubara cane, amaherezo ashika kw’irembo ry’imwe mu nyubakwa zari zikomakomeye kuruta izindi z’i Yeruzalemu. Hari kwa Kayifa, wa muherezi mukuru yari atunze cane kandi akomeye. Inyubakwa nk’izo akenshi wasanga zifise imbuga hagati be n’irembo imbere yazo. Petero yarashitse kw’irembo, baramwankira kwinjira. Yohani, uwari amaze gushika indani, yaciye aza asaba umurinzi w’irembo ngo areke Petero yinjire. Bisa n’uko Petero atagumye hafi ya Yohani; eka kandi ntiyagerageje kwinjira mu nzu kugira ngo ahagarare iruhande ya Shebuja. Yagumye kuri iyo mbuga, aho abashumba be n’abasuku bamwebamwe bari bateramiye muri ayo masaha y’ijoro arangwa n’imbeho bariko barota agacanwa kabengagira, bitegereza ingene vya vyabona vy’ibinyoma vyagiriza Yezu vyaguma vyinjira vyongera bisohoka mu nzu urubanza rwariko ruracirirwamwo.—Mariko 14:54-57; Yohani 18:15, 16, 18.
Wa mwigeme yemerera Petero ngo yinjire, amurikiwe n’umuco w’ako gacanwa, yarashoboye kubona Petero neza. Yaramumenye, aca amubwira amwagiriza ati: “Na wewe wari kumwe na Yezu Umunyagalilaya!” Petero yari atewe atiteguye, aca arahakana avuga ko atazi Yezu, yuko mbere atanatahura ivyo uwo mwigeme ariko aravuga. Yaragiye ahagarara impande ya rya rembo, agerageza kwihishahisha, mugabo uwundi mwigeme aramubona maze avuga vya bindi nyene ati: “Uyu yari kumwe na Yezu Umunyanazareti.” Petero yaciye arahira ati: “Uwo muntu nta we nzi!” (Matayo 26:69-72) Petero ahejeje kumwihakana iyo ncuro igira kabiri ni ho ashobora kuba yaciye yumva isake ibika, mugabo yari yajanywe ku buryo atashoboye kwibuka ubuhanuzi hari haheze amasaha nk’angahe Yezu avuze.
Haciye akanya gatoyi, Petero yari akiriko aragwa avyuka agerageza kwihishahisha. Ariko umugwi w’abantu bari bahagaze irya n’ino kuri ya mbuga baramwegereye. Umwe muri bo yari incuti ya Malikusi, wa mushumba Petero yari yakomerekeje. Yabariye Petero ati: “Sinakubonye mu murima kumwe na we?” Petero yaciye yumva ko akwiye kubemeza ko bihenze. Ni kwo guca ahakana ico kintu ashizeko n’indahiro, bikaba biboneka ko yarahiye yihamagarira umuvumo hamwe ivyo yariko aravuga kwobaye ari ukubesha. Yabaye agiheza kuvuga ayo majambo isake ica irabika, rikaba ryagira kabiri muri iryo joro Petero ayumvise ibika.—Yohani 18:26, 27; Mariko 14:71, 72.
Yezu ni ho yari agisohoka ahagaze ku kabaraza ko hejuru k’iyo nzu karabana na ya mbuga. Muri uwo mwanya nyene, ari wo wavuzwe mu ntangamarara, yarahuje amaso na Petero. Ako kanya ni ho Petero yatahuye ukuntu yahemukiye Shebuja bimwe bikomeye. Petero yaciye ava kuri nya mbuga, arasohoka arengewe n’ukwiyagiriza. Yarihereje amayira yo mu gisagara, amurikiwe n’ukwezi kw’igisyo kwariko kurarenga. Yabona ivyezeri gusa. Amosozi yaradengereye mu maso. Yaciye aturikisha ararira arabogoza.—Mariko 14:72; Luka 22:61, 62.
Umuntu amaze kubona ko yakoze ikosa nk’iryo, biba vyoroshe cane kwibwira yuko icaha ciwe gikomeye cane ku buryo kitoshobora guharirwa. Na Petero yoshobora kuba yariyumviriye nk’ukwo nyene ku bimwerekeye. None Petero yoba atari gushobora guharirwa?
Petero yoba atari uwo guharirwa?
Ntivyoroshe kwibaza ingene Petero yagize umubabaro ukomeye uko umutwenzi watambika be n’uko ibintu vyagenda birakurikirana kuri uwo musi. Ese ukuntu ategerezwa kuba yariyanse igihe Yezu yapfa kuri uwo muhingamo inyuma y’amasaha yamaze ababazwa! Petero ategerezwa kuba yaricwa n’umubabaro yiyumviriye ukuntu yasongereye isibe ku mubabaro Shebuja yagize kuri uwo musi wahavuye uba wo wa nyuma yamaze ari umuntu. Naho umubabaro Petero yagize vy’ukuri utagira uko ungana, ntiyatwawe n’umwiheburo. Tuvyemezwa n’uko tudateba guca dusubira kumubona ari kumwe n’abavukanyi biwe. (Luka 24:33) Nta gukeka yuko intumwa zose zicujije ukuntu zari zavyifashemwo muri iryo joro riteye agahinda, zikaba zaragerageje kuza zirahumurizanya.
Twoshobora kuvuga yuko ico ari kimwe mu bihe vyiza cane kuruta ibindi Petero yagize. Igihe umusavyi w’Imana aguye, igihambaye kuruta ibindi vyose si uburebure bw’aho yakorotse ava, ariko ni inguvu akoresha yinanata kugira ngo asubire guhaguruka maze asubize ibintu mu buryo. (Imigani 24:16) Petero yaragaragaje ukwizera nyakuri mu kwifatanya n’abavukanyi biwe naho yari afise intuntu. Igihe umuntu aremerewe n’umubabaro canke ukwicuza, yokwumva umengo yokwigungira ukwiwe, mugabo ivyo birimwo akaga. (Imigani 18:1) Ikintu kiranga ubukerebutsi yogira ni ukuguma hafi y’abo basangiye ukwizera kugira ngo asubire gukomera mu vy’Imana.—Abaheburayo 10:24, 25.
Kubera ko Petero yari kumwe n’abo bavukana mu vy’Imana, yarashoboye kwumva inkuru ivuna umutima y’uko ikiziga ca Yezu kitari kikiri mu mva. Petero na Yohani baciye biruka baja ku mva bari bahamvyemwo Yezu bakugara n’urwinjiriro rwayo. Yohani, uwo biboneka ko yari akiri muto umugereranije na Petero, ni we yabanje kuhashika. Asanze urwinjiriro rw’imva rwuguruye, yaciye asuha. Ariko Petero wewe si ukwo. Naho yashitse ahezagirika, yaciye yitererayo. Erega yasanze hera!—Yohani 20:3-9.
Petero yoba yaremeye ko Yezu yari yazutse? Ubwa mbere ntiyavyemeye, naho abagore b’abizigirwa biganye yuko abamarayika bababonekeye kugira babamenyeshe ko Yezu yari yazuwe mu bapfuye. (Luka 23:55–24:11) Ariko uwo musi wagiye kurangira ata n’igicuro c’umubabaro canke amakenga Petero afise ku mutima. Yezu yari muzima, akaba yari asigaye ari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha! Yarabonekeye intumwa ziwe zose. Ariko rero, hari ikindi kintu yabanje kugira mu mwiherero. Intumwa zavuze kuri uwo musi ziti: “Mu vy’ukuri Umukama yazuwe kandi yiyeretse Simoni!” (Luka 24:34) N’intumwa Paulo yahavuye yandika ibijanye n’uwo musi udasanzwe aho Yezu “yiyere[ka] Kefa, hanyuma bamwe cumi na babiri.” (1 Abakorinto 15:5) Kefa na Simoni ni ayandi mazina ya Petero. Yezu yaramwiyeretse kuri uwo musi, bikaba biboneka ko Petero yari wenyene.
Bibiliya ntivuga amakuru y’ido n’ido yerekeye uwo mubonano w’inkoramutima; Yezu na Petero ni bo bayazi. Turashobora gusa kwiha ishusho y’ukuntu Petero yakozwe ku mutima no kubona Umukama wiwe yikundira yasubiye kuba muzima, akaronka n’akaryo ko kumuserurira intuntu yari afise no kumwereka ko yigaye. Ico yari akeneye kuruta ibindi vyose zari imbabazi. Hari uwokekeranya ko Yezu yazimugiriye, mbere akazimuha azimuvotororeye? Abakirisu bishika bakagwa mu caha muri iki gihe, barakwiye kwibuka ivyashikiye Petero. Ntidukwiye kwigera twibwira yuko tudashobora kubabarirwa n’Imana. Yezu yaragaragaje ata gahaze kamere za Se, uno akaba ‘ababarira cane.’—Yesaya 55:7, NW.
Ikindi kimenyamenya c’uguharirwa
Yezu yabwiye intumwa ziwe ngo zigende i Galilaya aho bosubiye kubonanira. Bahashitse, Petero yafashe ingingo yo kwigira kuroba ku Kiyaga c’i Galilaya. Hari n’abandi bajanye na we. Petero yari asubiye ku kiyaga aho yari yaramaze igice kinini c’ubuzima bwiwe. Ukuzwiragira kw’imbaho z’ubwato, imipfunda iguma ikubita ibirimi vyayo ku bwato, kwumva afashe mu ntoke imigozi igumaraye y’urusenga, ivyo vyose ategerezwa kuba yabona ko ari ibintu amenyereye bimuhimbara. Yoba muri iryo joro yaribajije intumbero yoha ubuzima bwiwe, narirya ubusuku Yezu yaranguriye kw’isi bwari bwarangiye? Ubuzima busanzwe bw’uburovyi bwoba bwari bwamukwegakweze? Uko vyari bimeze kwose, muri iryo joro nta n’ifi y’umuti bafashe.—Matayo 26:32; Yohani 21:1-3.
Ariko rero mu bucagucagu, bagiye bumva umuntu abahamagaye ari ku nkengera, ababwira ngo baterere urusenga rwabo ku rundi ruhande rw’ubwato. Barayobotse, maze bakwega urusenga rwuzuye ifi 153! Petero yaciye amenya uwo muntu uwo ari we. Yaciye ava mu bwato asimbira mu mazi, aroga yerekeza i musozi. Bageze ku nkengera, Yezu yarabagaburiye ifi zokejwe ku makara. Yaciye yibanda kuri Petero.
Yezu yarabajije Petero niba yarakunda Umukama wiwe “kurusha izi,” bikaba bigaragara ko yariko avuga wa mukagato w’ifi bari bafashe. Urukundo Petero yakunda umwuga wo kuroba rwoba rwoniganiye mu mutima wiwe n’urwo yakunda Yezu? Nk’uko nyene Petero yari yarihakanye Umukama wiwe incuro zitatu, Yezu yaramuhaye akaryo ko kwemeza incuro zitatu imbere ya bagenziwe ko amukunda. Uko Petero yavyemeza, Yezu yaramubwiye ukuntu yogaragaza urwo rukundo, ni ukuvuga mu gushira umurimo mweranda imbere y’ikindi kintu ico ari co cose, akagaburira akongera akaragira umukuku wa Kristu, ari bo bayoboke biwe b’abizigirwa.—Yohani 21:4-17.
Gutyo rero, Yezu yaremeje ko Petero yari akiri kirumara kuri we no kuri Se. Petero yogize uruhara ruhambaye mw’ishengero yisunga ubuyobozi bwa Kristu. Mbega ikimenyamenya gikomeye c’ukuntu Yezu yamuhariye agaherezako! Nta gukeka ko izo mbabazi zakoze ku mutima Petero, na we akazishira ku mutima.
Petero yaramaze imyaka myinshi arangura adahemuka igikorwa yajejwe. Yarakomeje abavukanyi biwe, nk’uko Yezu yari yabimutegetse buca apfa. Petero yarakoranye umutima mwiza n’ukwihangana mu kuragira no mu kugaburira abayoboke ba Kristu. Uwo mugabo yitwa Simoni yahavuye abaho ahuje n’izina Yezu yari yaramuhaye, ari ryo Petero canke Gitandara, mu gucika umuntu ashikamye, akomeye, kandi wo kwizigirwa agira akosho keza kw’ishengero. Hari ibimenyamenya vyinshi bivyerekana dusanga mu makete abiri arangwa igishika Petero ubwiwe yanditse, yahavuye aba ibitabu vy’agaciro biri mu bigize Bibiliya. Ayo makete arerekana kandi yuko Petero atigeze yibagira ca cigwa yigira kuri Yezu kijanye n’uguharira abandi.—1 Petero 3:8, 9; 4:8.
Ese natwe twokwiga ico cigwa! Twoba dusaba Imana ku musi ku musi ngo iduharire amakosa menshi dukora? Twoba duca twemera ukwo guharirwa tukongera tukizera ububasha gufise bwo kutwoza? Vyongeye, twoba natwe duharira abandi? Nitwabigira tuzoba twiganye Petero, tube twiganye n’ukuntu Shebuja yaharira abandi.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 22]
Petero yarakoze ibintu vyinshi bituma akenera ko Shebuja amuharira; hari n’umwe none muri twebwe adakenera guharirwa buri musi?
[Ifoto ku rup. 23]
“Umukama arahindukira, araba Petero”
[Ifoto ku rup. 24]
“Umukama . . . yiyeretse Simoni!”