ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/6 rup. 24-25
  • Abanditse ivyerekeye Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abanditse ivyerekeye Yezu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Baranditse ibijanye na Yezu
    Niwigishe abana bawe
  • Mariko ntiyatanye n’akabando
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Kristu ari iburyo bw’Imana
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/6 rup. 24-25

Niwigishe abana bawe

Abanditse ivyerekeye Yezu

WOBA uhimbarwa no gusoma ivyerekeye Yezu?​—a Abantu bamwebamwe baratangazwa no kumenya yuko ata kintu na kimwe kiri muri Bibiliya canditswe na Yezu. Yamara rero, hariho abanditsi umunani ba Bibiliya batubarira vyinshi ku bimwerekeye. Abo bose babayeho mu gihe kimwe na Yezu, kandi baratubarira ivyo yigishije. Woba ushobora kudondagura abo banditsi umunani?​— Hariho Matayo, Mariko, Luka na Yohani. Bandi bane ni Petero, Yakobo, Yuda na Paulo. None abo banditsi ubaziko iki?​—

Reka tubanze tuvuge ivyerekeye ba banditsi batatu bari no muri za ntumwa 12 za Yezu. Woba uzi amazina yabo?​— Ni Petero, Yohani na Matayo. Petero yandikiye abakirisu bagenziwe amakete abiri. Yarababariye ivyo yari azi ku bijanye n’ivyo Yezu yakoze be n’ivyo yavuze. Zingurura Bibiliya muri 2 Petero 1:16-18, usome ingene Petero adondora ukuntu yumvise Yehova Imana avugana na Yezu ari mw’ijuru.​—Matayo 17:5.

Intumwa Yohani yanditse ibitabu bitanu vyo muri Bibiliya. Yari iruhande ya Yezu ca gihe c’imfungurwa za nyuma intumwa zasangiye n’uwo Shebuja wazo. N’igihe Yezu yapfa, Yohani yari kumwe na we. (Yohani 13:23-26; 19:26) Yohani yaranditse imwe muri za nkuru zine zo muri Bibiliya zigana ubuzima bwa Yezu zitwa Injili. Yaranditse kandi igitabu c’Ivyahishuwe kivuga ivyo yahishuriwe na Yezu yongera arandika amakete atatu yitirirwa izina ryiwe ari muri Bibiliya. (Ivyahishuwe 1:1) Umwanditsi wa Bibiliya agira gatatu yahavuye aba intumwa ya Yezu ni Matayo. Yari yahoze ari umutozakori.

Abandi banditsi babiri ba Bibiliya bari bazi Yezu mu buryo budasanzwe. Bari barumunawe bavukana kuri nyina, bakaba bari abana ba Yozefu na Mariya. (Matayo 13:55) Mu ntango, ntibacitse abigishwa ba Yezu. Bariyumviriye mbere yuko yari yasaze kubera umwete yari afise mu kwamamaza inkuru nziza. (Mariko 3:21) None abo bavukana na Yezu bari bande?​— Umwe muri bo ni Yakobo. Ni we yanditse igitabu ca Yakobo. Uwundi ni Yuda, akaba yanditse igitabu co muri Bibiliya ca Yuda.​—Yuda 1.

Abandi babiri banditse ivyerekeye ubuzima bwa Yezu ni Mariko na Luka. Nyina wa Mariko, ari we Mariya, yari afise inzu yagutse i Yeruzalemu, aho abakirisu bo mu ntango bahurira, ushizemwo n’intumwa Petero. (Ibikorwa 12:11, 12) Imyaka nk’ingahe imbere y’aho, mw’ijoro Yezu yasangira Pasika yiwe ya nyuma n’intumwa ziwe, birashoboka ko Mariko yabakurikiye igihe bagenda mw’itongo ry’i Getsemani. Igihe Yezu yafatwa, abasoda baragerageje gucakira Mariko, ariko aca arahunga asize impuzu yiwe.​—Mariko 14:51, 52.

Luka yari umuganga yize, bikaba biboneka yuko yacitse umwigishwa inyuma y’urupfu rwa Yezu. Yaratohoje yitonze ibijanye n’ubuzima bwa Yezu maze arandika inkuru ibwerekeye itomoye kandi itarimwo amakosa. Mu nyuma, Luka yarafatanije n’intumwa Paulo mu ngendo yagize yongera arandika igitabu co muri Bibiliya c’Ibikorwa.​—Luka 1:1-3; Ibikorwa 1:1.

Paulo ni we agira umunani muri ba banditsi ba Bibiliya banditse ivyerekeye Yezu. Yigishijwe na wa muhinga mu vy’amategeko yari azwi cane yitwa Gamaliyeli. Paulo, uwitwa ico gihe Sauli, akaba yarezwe akongera akigishwa n’Abafarizayo, yaranka urunuka abigishwa ba Yezu kandi yaragize uruhara mw’iyicwa ryabo. (Ibikorwa 7:58–8:3; 22:1-5; 26:4, 5) Woba none uzi ingene Paulo yahavuye yiga ukuri kwerekeye Yezu?​—

Urumva, Paulo yariko araja i Damasiko gufata abigishwa ba Yezu, maze bukwi na bukwi umuco uvuye mw’ijuru umuhuma amaso. Yaciye yumva ijwi rimubaza riti: “Sauli, Sauli, umpamira iki?” Yezu ni we yariko aravuga! Yabariye Paulo ngo agende i Damasiko. Yezu rero yaciye arungika umwigishwa Ananiya ngo aje kuvugana na Paulo, maze Paulo acika umwigishwa wa Yezu. (Ibikorwa 9:1-18) Paulo yaranditse ibitabu 14 vyo muri Bibiliya, uhereye ku c’Abaroma ukabandanya gushika ku c’Abaheburayo.

Woba umaze gutangura gusoma ibitabu vyo muri Bibiliya bivuga ivyerekeye Yezu canke hoba hari uwumaze gutangura kubigusomera?​— Kimwe mu bintu vyiza kuruta ibindi vyose wokora mu buzima bwawe ni uko wotangura ubu ukiri muto kwiga ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Yezu.

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.

IBIBAZO:

  • Ni bande mu ntumwa za Yezu babaye abanditsi ba Bibiliya?

  • Ni abanditsi babiri ba Bibiliya abahe bari benewabo na Yezu basangiye nyina?

  • Ni kubera iki Mariko ashobora kuba yarabonye Yezu, ariko Luka akaba ashobora kuba atamubonye?

  • Paulo yacitse gute umwigishwa wa Yezu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika