“Mubwirizwa kuba abantu bameze gute!”
“Ko ivyo bintu vyose bibwirizwa gushonga gutyo, mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana!”—2 PET. 3:11.
1. Ni kubera iki ikete rigira kabiri rya Petero ryari uguhimiriza kuje hageze ku bakirisu bo mu gihe ciwe?
IGIHE intumwa Petero yandika ikete ryiwe rigira kabiri ryahumetswe, ishengero rya gikirisu ryari rimaze kwihanganira uruhamo rukomeye, mugabo ivyo ntivyari vyaragabanije umwete ryari rifise canke ngo bigabanye iyongerekana ryaryo. Shetani yaciye rero akoresha ubundi buhinga, ubwo na bwo bukaba bwari bwaragize ico buvamwo incuro nyinshi imbere y’aho. Nk’uko Petero yavyerekanye, Shetani yaragerageje kwonona abasavyi b’Imana akoresheje abigisha b’ikinyoma bari bafise “amaso yuzuye ukurenga ibigo” be n’“umutima wamenyerejwe umwina.” (2 Pet. 2:1-3, 14; Yuda 4) Ni co gituma ikete rigira kabiri rya Petero rihimiriza umuntu mu buryo bukora ku mutima kuguma ari umwizigirwa.
2. Muri 2 Petero ikigabane ca 3 hashimika ku biki, kandi ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?
2 Petero yanditse ati: “Mbona ko bibereye, mu gihe nkiri muri iyi taberenakulo, kubakangura mu kubibutsa, nzi yuko ukwambura itaberenakulo yanje kugiye kuba vuba . . . Rero, nzokora kandi uko nshoboye kwose igihe cose kugira ngo, ninamara kugenda, muze mushobore kwivugira ivyo bintu.” (2 Pet. 1:13-15) Egome, Petero yari azi ko urupfu rwiwe rwegereje, mugabo yipfuza ko ivyibutswa yatanze hageze vyobandanya kwibukwa. Kandi vyahavuye koko biba bimwe mu bigize Bibiliya kandi twese turashobora kubisoma muri kino gihe. Turakwiye kwitwararika bimwe bidasanzwe ikigabane ca 3 c’ikete rigira kabiri rya Petero, kuko gishimika ku “misi ya nyuma” y’ivy’iyi si no ku gutikizwa kw’amajuru n’isi vy’ikigereranyo. (2 Pet. 3:3, 7, 10) Ni impanuro iyihe Petero aduha? Gushira mu ngiro impanuro atanga bizodufasha gute kwemerwa na Yehova?
3, 4. (a) Ni amajambo yo gutangara ayahe Petero yanditse, kandi ni ingabisho iyihe yatanze? (b) Ni ivyiyumviro bitatu ibihe tugira twihweze?
3 Petero amaze kuvuga ibijanye n’ugushonga kw’isi ya Shetani, yaciye avuga ati: “Mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana!” (2 Pet. 3:11, 12) Biragaragara yuko atariko arabaza ikibazo ahubwo yariko aravuga amajambo akangura ubwenge, ni ukuvuga ko yariko aratangara. Petero yari azi ko abakora ivyo Yehova Imana agomba bakongera bakagaragaza kamere zishimwa na we ari bo bonyene bazozigurizwa kuri wa “musi wo kwīhōra” uriko uraza. (Yes. 61:2) Ni co gituma iyo ntumwa yongeyeko iti: “Mwebwe rero bakundwa, ko musanzwe muzi ivyo, mwiyubare ngo ntimutwarwe hamwe na bo [ni ukuvuga abigisha b’ikinyoma] biciye ku buzimire bw’abantu batibanga amategeko mugata ugushikama kwanyu bwite.”—2 Pet. 3:17.
4 Kubera ko Petero yari mu bari ‘basanzwe bazi’ ivyo bintu, yari azi ko mu misi ya nyuma, abakirisu bwobwirijwe kuba maso mu buryo budasanzwe kugira ngo bagumane ugutungana kwabo. Mu nyuma, intumwa Yohani yarasiguye mu buryo butomoye igituma. Yarabonye imbere y’igihe Shetani yomowe mw’ijuru yongera arabona “ishavu ryinshi” afitiye “[a]bakurikiza amabwirizwa y’Imana kandi bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu.” (Ivyah. 12:9, 12, 17) Abasavyi b’Imana b’intahemuka barobanuwe bari kumwe na bagenzi babo bo mu “zindi ntama” b’abizigirwa, bazotahukana intsinzi. (Yoh. 10:16) Ariko none, tuvuge iki ku bitwerekeye umwumwe wese ku giti ciwe? Twoba tuzogumana ugutungana kwacu? Tuzofashwa kubishikako nitwihatira (1) gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana, (2) kuguma tutagirako agatosi be n’ikirabagu mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu, (3) kubona ibigeragezo mu buryo bubereye. Nimuze twihweze ivyo vyiyumviro.
Nutsimbataze kamere zishimwa n’Imana
5, 6. Ni kamere izihe dukwiye kwihatira gutsimbataza, kandi ni kubera iki ivyo bisaba ko tugira ‘akigoro kagiranywe ubwira’?
5 Mu ntango y’ikete rya Petero rigira kabiri, yanditse ati: “Mu guterera namwe akigoro kose kagiranywe ubwira, muronse ukwizera kwanyu ingeso nziza, ingeso nziza zanyu muzironse ubumenyi, ubumenyi bwanyu muburonse ukwigumya, ukwigumya kwanyu mukuronse ukwihangana, ukwihangana kwanyu mukuronse ukwihebera Imana, ukwihebera Imana kwanyu mukuronse igishika ca kivukanyi, igishika ca kivukanyi canyu mukironse urukundo. Kuko nimba ivyo bintu biriho muri mwebwe kandi bigasesekara, bizobabuza kuba abantu ata co bakora canke barumvye ku bijanye n’ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Umukama wacu Yezu Kristu.”—2 Pet. 1:5-8.
6 Mu vy’ukuri, bisaba yuko tugira ‘akigoro kagiranywe ubwira’ kugira ngo tugire uruhara mu bikorwa bidufasha gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana. Nk’akarorero, bisaba akigoro kugira ngo twitabe amakoraniro ya gikirisu yose, dusome Bibiliya ku musi ku musi, twongere tugume dufise urutonde rwiza rwo kwiyigisha. Vyongeye vyoshobora gusaba ko dukora tugatama tukongera tugategekanya ibintu neza kugira ngo tugire umugoroba ugenewe Ugusenga kwo mu muryango kudahorereza, guhimbaye kandi kw’ingirakamaro. Mugabo iyo tumaze kugira akamenyero keza ko gukora ikintu, bica birushiriza kutworohera kugikora, na canecane igihe twiboneye ivyiza bivamwo.
7, 8. (a) Bamwebamwe bavuze ibiki ku vyerekeye umugoroba ugenewe Ugusenga kwo mu muryango? (b) Uriko wungukira gute ku gusenga kwanyu kwo mu muryango?
7 Ku bijanye n’intunganyo yerekeye ugusenga kwo mu muryango, umuvukanyikazi umwe yandika ati: “Iradufasha kwiga ibintu vyinshi cane.” Uwundi avuga ati: “Mvugishije ukuri, sinashaka yuko inyigisho y’igitabu ivaho. Ni ryo koraniro nakunda cane. Mugabo ubu, kubera ko dufise umugoroba ugenewe Ugusenga kwo mu muryango, ndabona yuko Yehova azi ivyo dukenera be n’igihe tubikenererako.” Serugo umwe avuga ati: “Ugusenga kwo mu muryango kuradufasha bimwe bikomeye. Kugira ikoraniro rihuza neza n’ivyo dukeneye uko twubakanye usanga bihimbaye cane! Twempi turiyumvamwo yuko turiko turagira ico turyohoye mu bijanye no kugaragaza ivyamwa vy’impwemu nyeranda, kandi turarushiriza kugira umunezero mu busuku bwacu kuruta uko twahora.” Uwundi serugo avuga ati: “Abana baragira ubushakashatsi bwabo bwite bakongera bakiga ibintu vyinshi, ivyo bikaba bibaryohera. Iyo ntunganyo iratuma turushiriza kwizigira yuko Yehova azi ibituraje ishinga be n’uko yishura amasengesho tumutura.” Ivyo vyiyumviro vyoba biserura ukuntu ubona iyo ntunganyo nziza igitangaza yo mu buryo bw’impwemu?
8 Ntureke ngo utuntu dutoduto duhagarike ugusenga kwo mu muryango. Hari umugabo n’umugore bavuze bati: “Imisi yose ku wa kane ku mugoroba mu ndwi zine ziheze, hariho ikintu cashika mu muryango iwacu cahakwa kutubuza kugira inyigisho yacu, mugabo ntitwaretse ngo kiyihagarike.” Ego ni ko, vyoshobora gushika bikaba ngombwa ko muhindura urutonde rwanyu. Ariko rero, nimwiyemeze kudakuraho umugoroba wanyu ugenewe Ugusenga kwo mu muryango, naho mbere yoba indwi imwe gusa!
9. Yehova yafashije gute Yeremiya, kandi ni igiki dushobora kwigira ku karorero uno yatanze?
9 Umuhanuzi Yeremiya araduha akarorero keza. Yari akeneye imfashanyo yo mu vy’impwemu yahawe na Yehova kandi yarayikengurutse cane. Ivyo bifungurwa vyatumye ashobora kubwira inkuru nziza yihanganye abantu batavyakira neza. Yavuze ati: ‘Ijambo ry’Uhoraho ryabaye nk’umuriro uyingana uhishije uburimbi amagufa yanje.’ (Yer. 20:8, 9) Vyaramufashije kandi kwihanganira ibihe bitoroshe vyashitse ku gihe cavyo c’agaheta igihe Yeruzalemu yasangangurwa. Muri iki gihe, turafise Ijambo ry’Imana ryanditse ryuzuye. Nitwaryiga tubigiranye umwete maze tukabona ibintu nk’uko Yehova abibona, nka kumwe kwa Yeremiya, tuzoshobora kwihangana tunezerewe mu busuku, tugume turi abizigirwa mu bigeragezo, twongere tugume tudahumanye mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu.—Yak. 5:10.
Mugume “mutagirako agatosi, mutagirako ikirabagu”
10, 11. Ni kubera iki dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tugume ‘tutagirako ikirabagu, tutagirako agatosi,’ kandi ivyo bidusaba iki?
10 Kubera ko turi abakirisu, turazi yuko tubayeho mu gihe c’iherezo. Ku bw’ivyo, ntidutangazwa no kubona isi yaratwawe n’ibintu Yehova yanka urunuka, nk’umunoho, ubuhumbu, n’ubukazi. Ubuhinga bwa Shetani bwoshobora kuvugwa muri make muri ubu buryo: ‘Nimba abasavyi b’Imana badashobora guterwa ubwoba, barashobora kumbure kwononwa.’ (Ivyah. 2:13, 14) Ku bw’ivyo, dutegerezwa gufata nka nkama impanuro iranga urukundo Petero atanga igira iti: “Mukore uko mushoboye kwose ngo amaherezo [Imana ize i]basange mutagirako agatosi, mutagirako ikirabagu, muri mu mahoro.”—2 Pet. 3:14.
11 Imvugo ngo “mukore uko mushoboye kwose” irasa n’amajambo Petero yavuze mu ntango ahimiriza guterera “akigoro kose kagiranywe ubwira.” Biragaragara yuko Yehova, we yahumekeye Petero guserura ivyo vyiyumviro, azi yuko dukeneye kwihata kugira ngo tugume ‘tutagirako agatosi, tutagirako ikirabagu,’ tutandujwe n’umwanda w’isi ya Shetani. Kwihata birimwo kurinda umutima wacu ngo ntutwarwe n’ivyipfuzo bibi. (Soma Imigani 4:23; Yakobo 1:14, 15.) Birimwo kandi no gushikama ngo ntidutsindwe n’abazazanirwa ku bijanye n’ukubaho rukirisu kwacu maze “bakabandanya ku[du]tuka.”—1 Pet. 4:4.
12. Muri Luka 11:13 hadukura amazinda ku biki?
12 Kubera turi abanyagasembwa, usanga ari urugamba gukora ibigororotse. (Rom. 7:21-25) Dushobora kwizigira ko tuzororanirwa igihe gusa twituye Yehova, we aha atitangiriye itama impwemu nyeranda abayimusavye babikuye ku mutima. (Luka 11:13) Iyo mpwemu ica itsimbataza muri twebwe kamere zishimwa n’Imana kandi zidufasha kuvyifatamwo neza mu nyosha mbi zidushikira mu buzima no mu bigeragezo bidushikira mu buzima, bino bikaba bishobora rwose kwongerekana uko umusi wa Yehova wegereza.
Nureke ibigeragezo bigukomeze
13. Ibigeragezo nivyadushikira mu buzima, ni igiki kizodufasha kwihangana?
13 Magingo tuba muri iyi si ishaje, ntitubura gushikirwa n’ibigeragezo vy’ubwoko butandukanye. Mugabo aho kuvunika umutima, ubona gute ubonye ko ibigeragezo ari akaryo ko kugaragaza yuko ukunda Imana no kurushiriza kuyizera no kwizera Ijambo ryayo? Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Mubibone nk’akanyamuneza gasa, bavukanyi banje, igihe muhuye n’ibigeragezo bitari bimwe, muzi yuko ako gaciro kagejejwe k’ukwizera kwanyu kazana ukwihangana.” (Yak. 1:2-4) Uribuka kandi yuko “Yehova [azi] kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana.”—2 Pet. 2:9.
14. Akarorero ka Yozefu kagukomeza gute?
14 Rimbura akarorero k’umwana wa Yakobo ari we Yozefu, uwagurishijwe mu buja na benewabo bwite. (Ita. 37:23-28; 42:21) Yozefu yoba yaratakaje ukwizera bitumwe n’ico kintu kiranga ubunyamaswa camushikiye? Yoba yarashavuriye Imana kubera yaretse ico kibi kikamushikira? Ijambo ry’Imana ririshura mu buryo butomoye yuko atari ukwo vyagenze! Vyongeye, ibigeragezo vya Yozefu ntivyari biheze. Mu nyuma, yaragirijwe abesherwa yuko yagerageje gufata umugore w’abandi ku nguvu aca atabwa mw’ibohero. Ariko rero, n’ico gihe nyene ntiyigeze ahungabana mu kwihebera Imana kwiwe. (Ita. 39:9-21) Ahubwo nyabuna, yararetse ibigeragezo biramukomeza, kandi ivyo vyatumye aronka impera nyinshi.
15. Ni igiki twigira ku karorero ka Nawomi?
15 Birumvikana ko ibigeragezo bishobora kutubabaza canke mbere bigatuma tudendebukirwa. Kumbure vyarashitse Yozefu arumva amerewe gutyo. Nta nkeka ko n’abandi basavyi b’Imana b’abizigirwa bumvise bamerewe gutyo. Rimbura ivyashikiye Nawomi, uwabuze umugabo wiwe n’abahungu biwe babiri. Yavuze ati: “Ntimube mukinyita Nawomi, ariko munyite Mara [risobanura ngo “Umururāzi”]; kuko Rugira Vyose ivyo yangiriye vyambereye umururāzi.” (Rusi 1:20, 21, akajambo k’epfo.) Ukwo kuntu Nawomi yavyifashemwo kwari ugusanzwe kandi kwarumvikana. Ariko rero nka kumwe kwa Yozefu, ntiyatsitaye mu buryo bw’impwemu canke ngo ahungabane mu gutungana kwiwe. Yehova na we yarahaye impera uwo mugore w’agaciro. (Rusi 4:13-17, 22) Si ivyo gusa, mw’Iparadizo yo kw’isi igiye kuza, azokuraho ibintu bibi vyose vyatewe na Shetani n’isi yiwe mbi. “Ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa.”—Yes. 65:17.
16. Dukwiye kubona gute ibijanye n’isengesho, kandi kubera iki?
16 Naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute, urukundo rw’Imana ruriho kugira ngo rudushigikire. (Soma Abaroma 8:35-39.) Naho Shetani atazoreka kugerageza kuduca intege, bizomuta ku w’amazi nitwaguma turi “abaroranye mu muzirikanyi” tukongera ‘tukarikanura ku bw’amasengesho.’ (1 Pet. 4:7) Yezu yavuze ati: “Mugume muri maso rero, mutakamba igihe cose kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu.” (Luka 21:36) Urabona ko Yezu akoresha ijambo ‘gutakamba,’ ubwo bukaba ari uburyo bwo gusengana ubwira bwinshi. Mu kuduhanura ngo dutakambe, Yezu yarashimitse ku vy’uko iki atari igihe co gufata minenerwe ibijanye n’impagararo dufise imbere yiwe n’imbere ya Se wiwe. Abafise impagararo ishimwa na Yehova ni bo bonyene bazokwitega kurokoka umusi wiwe.
Nugume uri umunyamwete mu murimo wa Yehova
17. Nimba icibare ushingamwo intahe kigoye, ushobora gute kwungukira ku karorero keza katanzwe n’abahanuzi ba kera?
17 Kugira uruhara mu bikorwa vy’impwemu biraturuhura. Ivyo biratwibutsa amajambo ya Petero agira ati: “Mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana!” (2 Pet. 3:11) Igihambaye kuruta ibindi vyose muri ivyo bikorwa ni ukwamamaza inkuru nziza. (Mat. 24:14) Ego ni ko, mu vyibare bimwebimwe igikorwa co kwamamaza coshobora kuba urugamba, kumbure bitumwe n’ukutanegwa ibintu canke ukurwanywa kibure bitumwe gusa n’uko abantu batwarwa n’imyitwarariko yo mu buzima bwa misi yose. Abasavyi ba Yehova ba kera babwirizwa guhangana n’inyifato nk’izo. Yamara, ntibigeze batana n’akabando, ahubwo ‘bama’ basubirayo bajanye ubutumwa bahawe n’Imana. (Soma 2 Ngoma 36:15, 16; Yer. 7:24-26) None ni igiki cabafashije kwihangana? Igikorwa bari barashinzwe bakibona nk’uko Yehova akibona, ntibakibona nk’uko isi ikibona. Vyongeye, babona ko kwitirirwa izina rya Yehova ari iteka rihambaye kuruta irindi ryose.—Yer. 15:16.
18. Igikorwa co kwamamaza Ubwami kizogira ico gikoze gute ku bijanye n’ukuninahaza izina ry’Imana muri kazoza?
18 Na twebwe nyene turafise agateka ko kumenyesha izina rya Yehova be n’umugambi wiwe. Zirikana kuri iki kintu: Kubera igikorwa cacu co kwamamaza, abansi b’Imana ntibazoshobora kwitwaza yuko batigeze bamenya ibiyerekeye nibihurira na yo mu gihe ca wa musi wayo uhambaye. Nkako, nka kumwe kwa Farawo wa kera, bazomenya yuko Yehova ari we ariko arabarwanya. (Kuv. 8:1, 20; 14:25) Muri ico gihe nyene, Yehova azotera iteka abasavyi biwe b’abizigirwa mu kwerekana mu buryo butomoye rwose yuko ari bo vy’ukuri bămuserukira.—Soma Ezekiyeli 2:5; 33:33.
19. Twokwerekana gute ko twipfuza kwungukira ku kwihangana kwa Yehova?
19 Petero ari hafi kurangiza ikete ryiwe rigira kabiri, yandikiye abo basangiye ukwemera ati: “Nimubone ukwihangana kw’Umukama wacu nk’ubukiriro.” (2 Pet. 3:15) Egome, nimuze tubandanye kwungukira ku kwihangana kwa Yehova. Uti gute? Mu gutsimbataza kamere zimuhimbara, mu kuguma ‘tutagirako agatosi kandi tutagirako ikirabagu,’ mu kubona mu buryo bubereye ibigeragezo, no mu kuguma dufise vyinshi dukora mu murimo w’Ubwami. Tubigenjeje gutyo, tuba dutumye bishoboka ko tuzoronka imihezagiro itagira iherezo ijanye na rya “juru rishasha n’isi nshasha.”—2 Pet. 3:13.
Woba uvyibuka?
• Twotsimbataza gute kamere zishimwa n’Imana?
• Dushobora gute kuguma ‘tutagirako agatosi, tutagirako ikirabagu’?
• Twokwigira iki kuri Yozefu na Nawomi?
• Ni kubera iki kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza ari agateka gahambaye?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 9]
Banega, ni ibiki bizobafasha gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana, mugafasha n’umuryango wanyu kuzitsimbataza?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 10]
Twokwigira iki ku kuntu Yozefu yavyifashemwo mu bigeragezo?