ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/8 rup. 6-7
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Icigwa cerekeye ukubabarira abandi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Atanga Icigwa mu vy’Ikigongwe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ubwo Imana izombabarira?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Imana “yiteguriye kubabarira”
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/8 rup. 6-7

Ibibazo vy’abasomyi

Ni kubera iki Yezu yabwiye umugore yari azwi ko ari umucumuzi yuko ivyaha vyiwe bibabariwe?​—Luka 7:37, 48.

Igihe Yezu yari ku meza ariko arafungura mu nzu y’Umufarizayo yitwa Simoni, umugore umwe ‘yaragiye inyuma yiwe ku birenge.’ Yaratotesheje ibirenge vya Yezu amosozi yiwe maze abihanaguza umushatsi wo ku mutwe wiwe. Yaciye asomagura n’ikibabarwe ibirenge vyiwe, abisiga amavuta amota neza. Inkuru yo mu Njili ivuga yuko uwo mugore “yari azwi mu gisagara ko ari umucumuzi.” Ego ni ko, umuntu wese w’umunyagasembwa ni umucumuzi, mugabo akenshi Ivyanditswe birakoresha iyo mvugo mu kudondora umuntu afise ivyaha bizwi n’abantu benshi canke umuntu azwi ko akunda gucumura. Uwo mugore ashobora kuba yari umumaraya. Umuntu nk’uwo ni we Yezu yabwiye ati: “Ibicumuro vyawe birababariwe.” (Luka 7:36-38, 48) None aho Yezu yashaka kuvuga iki? Ko inkuka y’incungu itari bwatangwe, ukwo kubabarirwa kwari gushoboka gute?

Aho uwo mugore amariye kwoza ibirenge vya Yezu no kubisiga amavuta, mugabo imbere y’uko amubabarira, Yezu yarakoresheje ikigereranyo kugira ngo asigurire iciyumviro gihambaye nyene kumwakira ari we Simoni. Mu kugereranya igicumuro n’umwenda munini ku buryo atawoshobora kuwuriha, Yezu yabwiye Simoni ati: “Abantu babiri bari bafitiye umwenda umuntu yari yarabaguranye; umwe yari afise umwenda w’idenariyo amajana atanu, mugabo uwundi akagira umwenda wa mirongo itanu. Aho baburiye ico bari bwishure, arabababarira bompi ata gahigihigi. None ni uwuhe muri bo azomukunda kuruta?” Mu kwishura, Simoni yavuze ati: “Nibaza ko ari uwo yababariye vyinshi ata gahigihigi.” Yezu yasubijeyo ati: “Uruciye neza.” (Luka 7:41-43) Twese turafitiye Imana umwenda wo kuyigamburukira, akaba ari co gituma igihe tuyigambarariye tugacumura, tuba tunaniwe kuriha Imana ico ifitiye uburenganzira. Gutyo tuba turiko turongereza umwenda dufise. Naho ari ukwo, Yehova ameze nk’umuntu agurana abandi yiteguriye kubahebera imyenda yabo. Ni co gituma Yezu yaremesheje abayoboke biwe ngo basenge Imana basaba bati: “Uduhebere imyenda yacu nk’uko natwe twayihebeye abayidufitiye.” (Mat. 6:12) Muri Luka 11:4 havuga yuko iyo myenda ari ibicumuro.

None muri kahise, Imana yababariye ibicumuro yishimikije iki? Ubutungane bwayo butagira agahaze busaba ko umuntu akoze igicumuro acirwa urwo gupfa. Ni co gituma igicumuro Adamu yakoze yakirishe ubuzima bwiwe. Ariko rero, mu gihe ca rya Tegeko Imana yaha ihanga rya Isirayeli, umucumuzi yarashobora kubabarirwa ibicumuro vyiwe mu gushikanira Yehova ikimazi c’igitungwa. Intumwa Paulo yavuze ati: “Hafi ibintu vyose birahumanuzwa amaraso nk’uko Itegeko riri, kandi hadasheshwe amaraso nta kubabarirwa kuhaba.” (Heb. 9:22) Abayuda nta bundi buryo na bumwe bari bazi Imana yoshoboye gukoresha kugira ngo ibabarire umuntu. Ntibitangaje rero kuba abantu bo mu gihe ca Yezu bari kumwe na we kuri uwo musi barerekanye ko badashimye ivyo yabwiye wa mugore. Abari bicaranye na Yezu ku meza bibwiye muri bo bati: “Uyu ni nde ababarira mbere n’ibicumuro?” (Luka 7:49) None ibicumuro vy’uwo mugore w’umucumuzi katwa vyari gushobora kubabarirwa hishimikijwe iki?

Ubuhanuzi bwa mbere na mbere bwashikirijwe aho umugabo n’umugore ba mbere bamariye kugarariza, bwaravuze ibijanye n’umugambi Yehova afise wo gutuma haboneka “uruvyaro” rwokomerekejwe igitsintsiri na Shetani be n’“uruvyaro” rwiwe. (Ita. 3:15) Ukwo gukomeretswa kwashitse igihe Yezu yicwa n’abansi b’Imana. (Gal. 3:13, 16) Amaraso ya Kristu yasheshwe arakora bwa ncungu ituma abantu bakurwako igicumuro n’urupfu. Kubera ko ata kintu na kimwe gishobora kubuza Yehova kurangura ivyo yagabiye gukora, amajambo yo mw’⁠Itanguriro 3:15 akimara kuvugwa, Imana yabona ko ari nk’aho incungu yamaze gutangwa. Ico gihe yarashobora kubabarira abizera ivyo yasezeranye.

Mu bihe vy’imbere y’ubukirisu, hari abantu batari bake Yehova yabona ko ari abagororotsi. Muri bo harimwo Henoki, Nowa, Aburahamu, Rahabu na Yobu. Bari biteganye umushasharo iranguka ry’ivyo Imana yasezeranye babigiranye ukwizera. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Aburahamu yizeye Yehova, abiharurwako nk’ubugororotsi.” Ku vyerekeye Rahabu, Yakobo yavuze ati: “Muri ubwo buryo nyene, mbega Rahabu wa mumaraya we ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa?”​—Yak. 2:21-25.

Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yarakoze ibicumuro bikomeye bitari bike, mugabo yarizera Imana y’ukuri bimwe bikomeye kandi igihe cose yaba acumuye yaragaragaza ukwigaya nyakuri. Vyongeye, Ivyanditswe bivuga biti: “Imana [yashizeho Yezu] bwa shikanwa ku bw’impongano biciye ku kwizera amaraso yiwe. Kwari ukugira ngo yerekane ubugororotsi bwayo bwite kuko yariko ibabarira ibicumuro vyabaye kera igihe Imana yagira ukwirengagiza; kugira ngo yerekane ubugororotsi bwayo bwite muri iki kiringo, ngo ibe iyigororotse mbere n’igihe yita umugororotsi umuntu yizera Yezu.” (Rom. 3:25, 26) Yehova yishimikije inkuka y’incungu ya Yezu yari gutangwa muri kazoza, yarashoboye kubabarira ibicumuro vya Dawidi atarinze kurenga ku vyo we ubwiwe asaba mu bijanye n’ubutungane.

Biboneka yuko na wa mugore yasiga amavuta ibirenge vya Yezu, ivyiwe vyari vyifashe gutyo nyene. Yari yarabayeho mu buhumbu, ariko yari yigaye. Yaratahura yuko akeneye gucungurwa agakurwa mu gicumuro kandi biciye ku vyo yakoze yarerekanye yuko aha agaciro vy’ukuri uwo muntu Yehova yacishijeko mu gutuma ukwo gucungurwa gushoboka. Naho iyo nkuka itari bwatangwe, yari ntakekeranywa ku buryo agaciro kayo kashobora gukoreshwa imbere y’igihe ku bantu bameze nk’uwo mugore. Ni co gituma Yezu yamubwiye ati: “Ibicumuro vyawe birababariwe.”

Nk’uko iyo nkuru ivyerekana neza, Yezu ntiyaca kure abacumuzi. Yarabakorera ivyiza. N’ikindi kandi, Yehova ariteguriye kubabarira abacumuzi bigaye. Mbega ikintu ciza igitangaza kandi gikora ku mutima kiduhumuriza twebwe abantu b’abanyagasembwa!

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 7]

Babiharuweko nk’ubugororotsi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika